ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/12 rup. 13-18
  • Nunezerererwe Ukwiyigisha Ijambo ry’Imana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nunezerererwe Ukwiyigisha Ijambo ry’Imana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Inyifato Ibereye Ivamwo Ivyiza
  • Kugenda nk’Uko Bibereye Yehova
  • Ibikoresho Bidufasha Gutahura
  • Tugume tuzirikana ku bintu vy’impwemu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ukwiga—Birahesha Impera Kandi Biraryoshe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Ukwiyigisha Kuturonsa Ivyangombwa Kugira Tube Abigisha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Nukurikire Icitegererezo c’Abami
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/12 rup. 13-18

Nunezerererwe Ukwiyigisha Ijambo ry’Imana

“Nzokwiyumvira ivyo wakoze vyose, nshire umutima ku bikomeye wakoze.”​—ZABURI 77:12.

1, 2. (a) Ni kubera iki dutegerezwa gushira ku ruhande umwanya w’ukuzirikana? (b) “Kuzirikana” no “kwiyumvira cane ku kintu” bisobanura iki?

BWA bigishwa ba Yezu Kirisitu, dukwiye kwitwararika bimwe bigera ibwina ubucuti dufitaniye n’Imana be n’imvo zituma tuyisukurira. Ariko rero, muri iki gihe abantu benshi babaho bafise vyinshi bacurumbamwo ku buryo badategekanya umwanya w’ukuzirikana. Batwarwa no kwiruka inyuma y’amaronko, kugura ibigezweho be n’ukurondera ibihimbara ata co bimaze. Dushobora gute kwirinda bene ukwo kwiruka inyuma y’ibintu ata co bimaze? Nk’uko nyene dushira ku ruhande umwanya kanaka ku musi ku musi w’ibikorwa vya nkenerwa, nk’ugufungura n’ukuryama, ni ko kandi dutegerezwa kurondera umwanya ku musi ku musi wo kuzirikana ku bikorwa vya Yehova.​—Gusubira mu Vyagezwe 8:3; Matayo 4:4.

2 Woba ureka kuzirikana? Kuzirikana bisigura iki? Inyizamvugo imwe isobanura iryo jambo ko ari “gushira ivyiyumviro ku kintu: ni ukuvuga kukirimbura canke kuciyumvirako cane.” Ijambo “kwiyumvira cane ku kintu” na ryo risigura “kuciyumvira: kukizirikanako . . . kuciyumvira canke kukirimbura canecane utekereje, witonze, kandi mu buryo bugera ibwina.” Ivyo bisobanura iki kuri twebwe?

3. Kugira iterambere mu vy’impwemu bifitaniye isano cane n’iki?

3 Kimwe coco ni uko bikwiye kutwibutsa ivyo intumwa Paulo yandikiye umusuku mugenziwe Timoteyo ati: “Gushitsa aho nzozira wame ugira umwete wo gusomera abantu no kubahanūra no kubigisha. . . . Ivyo [“ubizirikaneko,” NW], uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose.” Emwe, ugutera imbere kwari kwitezwe, kandi ayo majambo ya Paulo yarerekanye yuko kuzirikana ku bintu vy’impwemu no kugira iterambere vyari bifitaniye isano cane. Ivyo ni ko biri no muri iki gihe. Kugira ngo dushire akanyota mu vyerekeye ugutera imbere mu vy’impwemu, dutegerezwa kuguma ‘tuzirikana’ ku bintu bijanye n’Ijambo ry’Imana no “[k]uvyam[a]mwo.”​—1 Timoteyo 4:13-15.

4. Ni ibikoresho ibihe ushobora gukoresha kugira bigufashe kuzirikana kw’Ijambo rya Yehova ubudahorereza?

4 Umwanya urushirije kuba mwiza w’ukuzirikana uva kuri wewe no ku kamenyero umuryango wawe ufise. Abenshi bazirikana ku gisomwa ca Bibiliya hakiri kare mu gitondo igihe basoma muri ka gatabu Twihweze Ivyanditswe ku Musi ku Musi. Nkako, abishakire bashika 20.000 bakorera mu mazu ya Beteli hirya no hino kw’isi batangura umusi mu kurimbura icanditswe c’umusi ca Bibiliya mu minuta 15. Naho bakeyi gusa mu bagize umuryango wa Beteli ari bo batanga insasanuro imisi yose mu gitondo, abasigaye baca bazirikana ku biba biriko biravugwa canke ku biriko birasomwa. Ivyabona bandi barazirikana kw’Ijambo rya Yehova igihe baba bagiye ku kazi. Barumviriza amakaseti ashingiye kuri Bibiliya no ku binyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! aboneka mu ndimi zimwezimwe. Ba inarugo benshi ivyo babigira bariko barakora udukorwa tw’imuhira. Ku bwa ngingo, baba bariko barigana umwanditsi wa Zaburi yitwa Asafu, uwanditse ati: “Nzovuga ibikorwa vy’Uhoraho, kuko nzokwibuka ibitangaza vyawe vya kera. Nzokwiyumvira ivyo wakoze vyose, nshire umutima ku bikomeye wakoze.”​—Zaburi 77:11, 12.

Inyifato Ibereye Ivamwo Ivyiza

5. Ni kubera iki ukwiyigisha gukwiye kuba uguhambaye kuri twebwe?

5 Muri kino gihe cacu aho za televiziyo, amavidewo, be na za orodinateri vyiraye, gukunda ivy’ugusoma biriko biragabanuka cane, mbere bigahakwa no kugenda amazimayongo. Nta gukeka yuko ivyo atari ko bikwiye kumera mu Vyabona vya Yehova. Kanatsinda, gusoma Bibiliya bimeze nk’umugozi ndokorabuzima udufatanya na Yehova. Haraheze imyaka ibihumbi n’ibihumbi Yosuwa asubiriye Musa kugira abe indongozi ya Isirayeli. Kugira Yosuwa aronke umuhezagiro wa Yehova, yategerezwa kwisomera Ijambo ry’Imana. (Yosuwa 1:8; Zaburi 1:1, 2) Ico kiracari igisabwa muri iki gihe. Ariko rero, kubera ko abantu bamwebamwe bataba barize amashure menshi, gusoma birashobora kubagora canke bakabona ko biruhisha. Ni igiki none gishobora kudufasha gushaka gusoma no kwiga Ijambo ry’Imana? Inyishu dushobora kuyisanga mu majambo y’Umwami Salomo yanditswe mu Migani 2:1-6. Turakwinginze uzingurure Bibiliya yawe, maze usome iyo mirongo. Hanyuma turaza kuyiganirako hamwe.

6. Ni agatima akahe dukwiye kwerekana ku bijanye n’ubumenyi bwerekeye Imana?

6 Mu gutangura, dusangamwo iyi nkeburo igira iti: “Mwana wanje, ni wemera amajambo yanje, ukabīka amabgirizwa yanje muri wewe, bigatuma utega ugutwi ubgenge, ugashira umutima ku gutahura; . . . ” (Imigani 2:1, 2) Ayo majambo tuyigirako iki? Ico tuhigira ni uko kwiga Ijambo ry’Imana ari ibanga ryega umwumwe wese muri twebwe. Raba iki kintu kivugwa ko umuntu yobanza kugira: “Ni wemera amajambo yanje.” Birahambaye kubona akajambo “ni” kashimitsweko kubera yuko abantu benshi batitwararika na gato Ijambo ry’Imana. Kugira turonkere umunezero mu kwiga Ijambo ry’Imana, dutegerezwa kuba dufise umutima ukunze wo kwemera amajambo ya Yehova hanyuma tukayafata nk’ubutunzi tutipfuza gutakaza. Ntidukwiye kwigera tureka akamenyero kacu ka misi yose ngo gatume tugira vyinshi cane dukora canke ngo gatume dusamara ku buryo dutangura gufata minenegwe Ijambo ry’Imana, mbere tugatangura kurikekeranyako.​—Abaroma 3:3, 4.

7. Ni kubera iki dukwiye kuba ari ho turi kandi tugatega ugutwi ku makoraniro ya gikirisu igihe cose bishoboka?

7 Twoba vy’ukuri “[d]utega ugutwi” kandi tukumviriza twitonze igihe Ijambo ry’Imana riba ririko rirasigurwa ku makoraniro yacu ya gikirisu? (Abanyefeso 4:20, 21) Twoba ‘duhengeka umutima’ kugira turonke ugutahura? Kumbure umushikirizansiguro si umuntu abimenyereye cane, mugabo rero mu gihe aba ariko arasigura Ijambo ry’Imana, birakwiye ko tumwumviriza twitonze. Birumvikana ko kugira twitwararike ubukerebutsi buva kuri Yehova, dutegerezwa kuba turi ku makoraniro ya gikirisu igihe cose bishoboka. (Imigani 18:1) Ibaze ukuntu abashobora kuba bari basivye rya koraniro ryo mu cumba co hejuru i Yeruzalemu kuri Pentekoti yo mu 33 G.C. bicujije! Naho amakoraniro yacu atarimwo ibintu bitangaje nk’ico cabaye, Bibiliya, co gitabu cacu c’ishimikiro ni yo iganirwako. Ni co gituma ikoraniro rimwerimwe ryose rishobora kuba umuhezagiro kuri twebwe mu gihe dutega ugutwi kandi tugakurikira muri Bibiliya zacu.​—Ivyakozwe 2:1-4; Abaheburayo 10:24, 25.

8, 9. (a) Ukwiyigisha kudusaba iki? (b) Agaciro k’izahabu be n’ugutahura ubumenyi bwerekeye Imana wobigereranya gute?

8 Amajambo akurikira ya wa mwami w’inkerebutsi agira ati: “Mbere ni wahamagara ubgenge, ugashira ijwi hejuru uririra ugutahura; . . . ” (Imigani 2:3) Ni agatima akahe canke impengamiro iyihe ayo majambo aduserurira? Emwe, ni icipfuzo gikomeye co gutahura Ijambo rya Yehova! Ayo majambo yerekeza ku mutima ukunze umuntu agira wo kwiga ashaka kuronka ugutahura, ugutegera ivyo Yehova agomba ivyo ari vyo. Mugabo ntiwumve ivyo bisaba akigoro, kandi ivyo bidushikana ku majambo akurikira ya Salomo n’ikigereranirizo yatanze.​—Abanyefeso 5:15-17.

9 Abandanya ati: “Ni wa[k]urondera [ugutahura] nk’ifeza, uka[g]usesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe, . . . ” (Imigani 2:4) Ivyo bica bituma twiyumvira ivyerekeye abantu bagira ivyo gucukura ubutare, bamaze ibinjana n’ibindi barondera icitwa amabuye y’agaciro y’ifeza n’izahabu. Abantu barishe abandi kubera izahabu. Abandi na bo baramaze ubuzima bwabo bwose bagerageza kuzirondera. None agaciro nyakuri k’izahabu ni akahe? Hamwe woba wazimiriye mu bugaragwa, maze ukaba wishwe n’inyota, wohitamwo iki: akagegene k’izahabu canke ikirahuri c’amazi? Yamara, ese umwete abantu baronderanye izahabu, itagira agaciro nyakuri kandi nya gaciro kayo kaguma gahindagurika!a Ese ingene dukwiye kurushiriza kuronderana umwete mwinshi ubukerebutsi, ugutegera n’ugutahura vy’Imana be n’ivyo igomba! Mugabo, ni ivyiza ibihe biva mu kurondera nk’ukwo?​—Zaburi 19:7-10; Imigani 3:13-18.

10. Dushobora kuronka iki mu gihe twize Ijambo ry’Imana?

10 Salomo abandanya asigura ati: “Ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana.” (Imigani 2:5) Ese ukuntu ari iciyumviro gitangaje, kubona twebwe abantu b’abanyavyaha dushobora kuronka “ukumenya Imana,” Yehova, Umukama Segaba w’ivyaremwe vyose! (Zaburi 73:28; Ivyakozwe 4:24) Abafilozofe be n’abantu bitwa ngo ni incabwenge b’isi baragerageje mu binjana n’ibindi gutahura ibintu vy’ibiyoberabahinga vyerekeye ubuzima be n’ikirere. Ariko rero, barananiwe kuronka “ukumenya Imana.” Uti kubera iki? Naho haheze imyaka ibihumbi n’ibihumbi ubwo bumenyi bwerekeye Imana buri mw’Ijambo ry’Imana ari ryo Bibiliya, barabushibuye, nk’aho bwoba ari ubusanzwe cane, maze barananirwa kubwakira no kubutahura.​—1 Ab’i Korinto 1:18-21.

11. Ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva mu kwiyigisha?

11 Aha hariho ikindi ciyumviro kituvyurira ingiro Salomo ashira ahabona ati: “Uhoraho atanga ubgenge, mu kanwa kiwe havamw’ukumenya n’ugutahura.” (Imigani 2:6) Yehova aratanga ku buntu kandi atitangiriye itama ubukerebutsi, ubumenyi be n’ugutegera, akabiha umuntu wese yiteguriye kubirondera. Nta gukeka, turafise imvo yumvikana yo gukunda ukwiyigisha Ijambo ry’Imana, naho bisaba akigoro, kwihata be n’ukwibabaza. Turafise n’imiburiburi Bibiliya zicapuwe, gutyo ntidukeneye kwigirira amakopi yanditswe n’iminwe, nk’uko bamwebamwe bo mu bihe vya kera babigira!​—Gusubira mu Vyagezwe 17:18, 19.

Kugenda nk’Uko Bibereye Yehova

12. Ni imvo iyihe ikwiye kudusunika mu gihe dukurikirana ubumenyi bwerekeye Imana?

12 Ni imvo iyihe ikwiye gutuma twiyigisha? Kwoba ari ukugira tuboneke ko hari ivyo turusha abandi? Kugira twerekane ko dufise ubumenyi buruta ubw’abandi? Kugira tumenyekane ko tuzi cane Bibiliya? Eka da! Intumbero yacu ikwiye kuba iyo kugenda rukirisu, kuvuga rukirisu, no gukora rukirisu, twama twiteguye gufasha abandi, tubigirana agatima ko kuruhura nka kamwe ka Kirisitu. (Matayo 11:28-30) Intumwa Paulo yatanze iyi mburizi: “Ubgenge burakakīsha, arik’urukundo rurubaka.” (1 Ab’i Korinto 8:1) Ku bw’ico, dukwiye kugira agatima k’ukwicisha bugufi nka kamwe Musa yagaragaza igihe yabwira Yehova ati: “N’unyereke imigendere yawe, kugira ngo nkumenye, mbone kurushiriza kugirirwa ubuntu imbere yawe.” (Kuvayo 33:13) Vyemere, dukwiye kwipfuza ubumenyi kugira ngo duhimbare Imana, atari ugutangaza abantu. Dushaka kuba abasavyi b’Imana babereye, bicisha bugufi. Iryo hangiro dushobora kurishikako gute?

13. Umuntu akeneye iki kugira abe umusavyi w’Imana abereye?

13 Paulo yarahanuye Timoteyo ku bijanye n’ukuntu yohimbara Imana, avuga ati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.” (2 Timoteyo 2:15) Imvugo ngo “aramiriza neza” ni inyubako ikuwe mu rivuga ry’Ikigiriki mu ntango ryasigura “ugukata mu buryo bugororotse,” canke ‘gukata ugoroye.’ (Kingdom Interlinear) Nk’uko incabwenge zimwezimwe zivuga, ivyo bitanga iciyumviro c’umushonyi w’impuzu akata igitambara yisunze icitegererezo kinaka, umurimyi aca imirongo yo guteragiramwo mu murima, n’ibindi. Muri kimwe cose, ico umuntu ashikako gitegerezwa kuba kigororotse, canke gitumbereye. Iciyumviro kirimwo ni uko kugira ngo Timoteyo abe umusavyi w’Imana abereye kandi ashimwa, yategerezwa ‘gukora uko ashoboye kwose’ kugira yiyemeze yuko ukwigisha kwiwe be n’ukuntu yigenza vyari bihuye n’ijambo ry’ukuri.​—1 Timoteyo 4:16.

14. Ukwiyigisha kwacu gukwiye kugira ico gukoze gute ku vyo dukora no ku vyo tuvuga?

14 Paulo yashikirije iciyumviro nk’ico nyene igihe yahimiriza Abakirisu bagenziwe b’i Kolosayi ‘kugenda nk’uko bibereye Yehova, bamunezereza muri vyose’ mu ‘[“kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose,” NW] bagwizwa no kumenya Imana.’ (Ab’i Kolosayi 1:10) Hano Paulo asanisha kuba ababereye Yehova no “kwama ivyamwa mu gikorwa ciza cose” be n’‘ukugwiza ukumenya Imana.’ Mu yindi mvugo, igihambaye kuri Yehova si urugero tugezako mu guha agaciro ubumenyi gusa, ariko kandi ni ukuntu twumira cane kw’Ijambo ry’Imana mu vyo dukora no mu vyo tuvuga. (Abaroma 2:21, 22) Ivyo bisobanura yuko ukwiyigisha kwacu gutegerezwa kugira ico gukoze ku buryo twiyumvira no ku buryo twigenza niba dushaka guhimbara Imana.

15. Dushobora gute gukingira no gucungera umuzirikanyi wacu n’ivyiyumviro vyacu?

15 Muri iki gihe, Shetani yiyemeje gusenyura kamere yacu y’ivy’impwemu mu kuremesha intambara yo mu muzirikanyi. (Abaroma 7:14-25) Ku bw’ico, dutegerezwa gukingira no gucungera umuzirikanyi wacu be n’ivyiyumviro vyacu kugira ngo tugaragaze ko turi ababereye Imana yacu Yehova. Ikirwanisho dufise ni “ukumenya Imana,” kukaba gushobora gutuma “dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, . . . tu[ka]bigomōrer[a] Kristo.” Iyo ni iyindi mvo yumvikana dufise ituma twitwararika kwiga Bibiliya ku musi ku musi, mu gihe dushaka guherengeteza ivyiyumviro vy’ubwikunzi canke vy’umubiri mu muzirikanyi wacu.​—2 Ab’i Korinto 10:5.

Ibikoresho Bidufasha Gutahura

16. Ni ivyiza ibihe dushobora kuronka igihe Yehova atwigisha?

16 Inyigisho ya Yehova irazana ivyiza vyo mu buryo bw’impwemu no mu bw’umubiri. Ntimeze nka tewolojiya idakwegera kandi ata gaciro kirumara ifise. Ni co gituma dusoma duti: “Ni jewe Uhoraho Imana yawe, nkwigisha ibikugirira ikimazi, nkakurōngōra mu nzira ukwiye gucamwo.” (Yesaya 48:17) Ni gute Yehova atuma tugendera mu nzira yiwe ngirakimazi? Ubwa mbere, turafise Ijambo ryiwe ryahumetswe ari ryo Bibiliya Yera. Ico ni co gitabu cacu c’ishimikiro twama twisunga. Ni co gituma ari vyiza gukurikira ku makoraniro ya gikirisu tuzinguruye Bibiliya. Ingaruka ngirakimazi ziva mu kubigenza gutyo ushobora kuzibonera mu nkuru yerekeye ya nkone y’Umunyetiyopiya yanditswe mu Vyakozwe, ikigabane c’⁠8.

17. Ni ibiki vyashitse ku bijanye na ya nkone y’Umunyetiyopiya, kandi ivyo vyerekana iki?

17 Ya nkone y’Umunyetiyopiya yari yarahindukiriye idini y’Abayuda. Yari umuntu yemera Imana ata buryarya kandi yariga Ivyanditswe. Ari ku rugendo mu mukogote wiwe, yariko asoma icanditswe co muri Yesaya igihe Filipo yiruka iyo ari hanyuma akamubaza ati: “Ivyo usoma urabitahuye?” Iyo nkone yishuye gute? “Nobishobora nte, ntabonye ūbindōngōramwo? Yinginga Filipo ngo yūrire bicarane.” Filipo, ayobowe n’impwemu yera, yarafashije iyo nkone gutahura ubuhanuzi bwa Yesaya. (Ivyakozwe 8:27-35) Ivyo vyerekana iki? Vyerekana yuko ugusoma Bibiliya turi twenyene bidahagije. Yehova, abicishije ku mpwemu yiwe, arakoresha umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge kugira adufashe gutahura Ijambo ryiwe mu gihe kibereye. Ivyo bikorwa gute?​—Matayo 24:45-47; Luka 12:42.

18. Umugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge udufasha gute?

18 Naho umugwi wa wa mushumba udondorwa ko ari “umwizerwa kandi [ari] incabwenge,” (NW) Yezu ntiyavuze ko wobaye mutihenda. Uwo mugwi w’abavukanyi basizwe b’abizerwa uracagizwe n’Abakirisu b’abanyagasembwa. Naho bafise imigabo myiza cane, barashobora kwihenda, nk’uko na ba bagabo bo mu kinjana ca mbere rimwe na rimwe bihenda. (Ivyakozwe 10:9-15; Ab’i Galatiya 2:8, 11-14) Ariko rero, imvo bakorana ntigira agahaze, kandi Yehova ariko arabakoresha kugira baturonse ibikoresho bidufasha kwiga Bibiliya kugira twubake ukwizera Ijambo ry’Imana be n’imihango yayo. Igikoresho c’ishimikiro co gukoresha mu kwiyigisha wa mushumba yaduhaye ni ya Bibiliya yitwa Les Saintes Écritures ​— Traduction du monde nouveau. Ubu iraboneka, yose canke igice, mu ndimi 42, kandi haramaze gucapurwa amakopi imiliyoni 114 mu nteguro nka zingahe. Dushobora kuyikoresha gute mu buryo kirumara mu kwiyigisha?​—2 Timoteyo 3:14-17.

19. Ni imice imwimwe iyihe ya Bibiliya Les Saintes Écritures ​— Traduction du monde nouveau ​— avec notes et références ishobora kuba ngirakamaro mu kwiyigisha?

19 Nk’akarorero, dufate ya Bibiliya Les Saintes Écritures ​— Traduction du monde nouveau ​— avec notes et références. Irafise inkingi zirimwo amarabiro, utujambo tw’epfo, inkoranyamajambo ntoyi yitwa “Ironderero ry’Amajambo ya Bibiliya” be n’“Ironderero ry’Amajambo Yakoreshejwe mu Tujambo tw’Epfo” hamwe n’Amayagwa y’Inyongera ahetura ibiganiro bishika 43, tutibagiye amakarata ndondabihugu be n’ibicapo. Hariho kandi “Amajambo y’Intangamarara” asigura amasoko menshi yakoreshejwe muri iyo mpinduro ya Bibiliya ntangere. Niba iri mu rurimi ushobora gutahura, uko bishoboka kwose numenye neza iyo mice maze uyikoreshe. Uko biri kwose, Bibiliya ni co kintu duherako muri porogarama yacu y’ukwiyigisha, tukaba dufise Bibiliya Traduction du monde nouveau ishimika mu buryo bubereye kw’izina ry’Imana, igashira ahabona n’ubutegetsi bw’Ubwami bw’Imana.​—Zaburi 149:1-9; Daniyeli 2:44; Matayo 6:9, 10.

20. Ni ibibazo ibihe vyerekeye ukwiyigisha bisaba kwishurwa ubu?

20 Ubu na ho, twoshobora kwibaza duti: ‘Ni ikindi gikoresho ikihe dukeneye kugira ngo dutahure Bibiliya? Dushobora gute gutegekanya umwanya wo kwiyigisha? Dushobora gute gutuma ukwiyigisha kwacu kurushiriza kuba kirumara? Ukwiyigisha kwacu gukwiye kugira ico gukoze gute ku bandi?’ Ikiganiro gikurikira kirarimbura iyo mice ihambaye ituma tugira iterambere rya gikirisu.

[Akajambo k’epfo]

a Kuva mu 1979, agaciro k’izahabu kagiye karahindagurika kava ku madolari 850 (amafaranga y’amarundi arenga 850.000) ku magarama y’izahabu 31 mu 1980 gashika ku madolari 252,80 (amafaranga y’amarundi arenga 252.800) ku magarama y’izahabu 31 mu 1999.

Woba Uvyibuka?

• “Kuzirikana” no “kwiyumvira cane ku kintu” bisobanura iki?

• Ni agatima akahe dukwiye kugira ku bijanye n’ukwiga Ijambo ry’Imana?

• Ni imvo iyihe ikwiye gutuma twiyigisha?

• Ni ibikoresho ibihe dufise bidufasha gutahura Bibiliya?

[Ifoto ku rup. 15]

Abagize umuryango wa Beteli basanga gutangurana umusi umwumwe wose n’ukurimbura icanditswe ca Bibiliya bikomeza mu buryo bw’impwemu

[Amafoto ku rup. 15]

Turashobora gucungura umwanya w’agaciro mu kwumviriza amakaseti ashingiye kuri Bibiliya igihe turi ku rugendo

[Ifoto ku rup. 16]

Abantu barakoze baratama kandi bakora igihe kirekire kugira baronke izahabu. Ni akigoro kangana gute ugira kugira wige Ijambo ry’Imana?

[Abo dukesha ifoto]

Courtesy California State Parks, 2002

[Amafoto ku rup. 17]

Bibiliya ni ubutunzi bushobora gushikana ku buzima budahera

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika