ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w03 1/10 rup. 4-7
  • Ni mu buhe buryo twokwitega ko Imana ihaseruka?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ni mu buhe buryo twokwitega ko Imana ihaseruka?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ukuhaseruka ryoba ryari itegeko?
  • ‘Ibihe n’ibiza bipfa kuza’
  • Ukuntu Imana ihaseruka muri iki gihe
  • Isengesho ryaratumye Yehova agira ico akoze
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2022
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 2
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ni Nde Azodutandukanya n’Urukundo rw’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
w03 1/10 rup. 4-7

Ni mu buhe buryo twokwitega ko Imana ihaseruka?

MU KINJANA c’umunani B.G.C., Umwami Hezekiya w’Ubuyuda amaze imyaka 39, yaramenye ko yari afise indwara idakira. Ayo makuru yaravunye umutima Hezekiya, aca yinginga Imana mw’isengesho ngo imukize. Imana yishuye ibicishije ku mumenyeshakazoza wayo iti: ‘Narumvise ugusenga kwawe, nabonye n’amosozi yawe; ehe ku misi yawe nongeyeko imyaka cumi n’itanu’.​—Yesaya 38:1-5.

Ni kubera iki Imana yahaserutse muri ico gihe kidasanzwe? Hari hashize ibinjana Imana isezeraniye Umwami w’umugororotsi Dawidi iti: “Inzu yawe n’ubgami bgawe bizohora bihamye imbere yiwe, . . . n’ingoma yawe izokwama ihangamye na ntaryo”. Imana kandi yarahishuye yuko Mesiya yovukiye mu muryango wa Dawidi (2 Samweli 7:16; Zaburi 89:20, 26-29; Yesaya 11:1). Igihe Hezekiya yarwara, ntiyari bwaronke akana k’agahungu. Ku bw’ivyo, umuryango wa cami wa Dawidi wari ugeramiwe no guhona. Kuba Imana yarahaserutse mu bijanye na Hezekiya vyari bifise intumbero itomoye yo kuzigama umuryango wovuyemwo Mesiya.

Kugira ngo Yehova arangure imihango yiwe, yategerejwe kuhaseruka akatari gake ku bw’ihanga ryiwe mu kiringo cose c’imbere y’ubukirisu. Musa yavuze ku bihereranye n’uguhabuzwa kwa Isirayeli ikava mu buja bwo mu Misiri ati: “N’uk’Uhoraho abakunda, akagomba gushitsa indahiro yarahiye ba sogokuruza banyu; ni co catumye Uhoraho abakūzay’ububasha bgiwe bginshi”.​—Gusubira mu vyagezwe 7:8.

No mu kinjana ca mbere, ukuhaseruka kw’Imana kwari gufise intumbero yo guteza imbere imigambi yayo. Nk’akarorero, ku nzira ija i Damasiko, Umuyuda yitwa Sauli yaragize ivyo yerekwa ku gitangaro kugira ngo areke guhama abigishwa ba Kirisitu. Uguhinduka kw’uwo mugabo, uwahavuye aba intumwa Paulo, kwaragize uruhara nyamukuru mu bijanye no gukwiragiza inkuru nziza mu mahanga.​—Ivyakozwe 9:1-16; Abaroma 11:13.

Ukuhaseruka ryoba ryari itegeko?

Imana yoba yabwirizwa kwama yahaserutse canke yahaseruka mu gihe kinaka gusa? Ivyanditswe birerekana mu buryo butomoye yuko itabwirizwa kwama yahaserutse. Naho Imana yarokoye ya misore itatu y’Abaheburayo ikabakura mw’itanure rirurumba umuriro ikongera ikarokora Daniyeli mu cobo c’intambwe, nta co yakoze kugira ngo ikize urupfu abandi bamenyeshakazoza (2 Ngoma 24:20, 21; Daniyeli 3:21-27; 6:16-22; Abaheburayo 11:37). Petero yararokowe mu buryo bw’igitangaro, akurwa mw’ibohero, iryo yari yashizwemwo na Herode Agiripa wa mbere. Yamara, uwo mwami nyene yaricishije intumwa Yakobo, kandi Imana ntiyahaserutse kugira ngo ibuze ubwo bugizi bwa nabi (Ivyakozwe 12:1-11). Naho Imana yahaye intumwa ububasha bwo gukiza abarwaye eka mbere n’ubwo kuzura abapfuye, ntiyemeye gukura ‘ihwa mu mubiri’ ryazibura intumwa Paulo, irishobora kuba ryari indwara y’umubiri.​—2 Ab’i Korinto 12:7-9; Ivyakozwe 9:32-41; 1 Ab’i Korinto 12:28.

Imana ntiyahaserutse kugira ibuze uruhamo rukaze Umwami w’abami Nero w’Umuroma yateje abigishwa ba Kirisitu. Abakirisu baratotejwe, baraturirwa babona, bongera baratererwa inyamaswa. Ariko rero, ukwo kurwanywa ntikwatangaje abakirisu bo mu ntango, eka mbere ntikwagabanije ukwizera bari bafise yuko Imana ibaho. Nakare, Yezu yari yaraburiye abigishwa biwe yuko borengukijwe mu masentare be n’uko bobwirijwe kwitegurira kubabazwa, eka mbere no gupfa bagapfa kubera ukwizera kwabo.​—Matayo 10:17-22.

Nk’uko Imana yabigize kera, muri iki gihe irashoboye koko gukiza abasavyi bayo ibintu biteye akaga, kandi abiyumvamwo yuko bungukiye ku gukingirwa n’Imana, umuntu ntakwiye kubanebagura. Ariko rero, biragoye guca umuntu yemeza yuko Imana yoba yarahaserutse canke itahaserutse mu bihe nk’ivyo. Abasavyi ba Yehova b’abizerwa batari bake barakomerekejwe n’ibombe yaturikiye i Toulouse, abakirisu b’abizerwa ibihumbi n’ibihumbi na bo barapfira muri ya makambi y’Abanazi n’ay’Abakomunisita, canke barapfira mu bindi bintu vy’agaterantimba Imana itarinze kuhaseruka kugira ibibuze. Ni kubera iki Imana idaca ihaseruka ku bw’abantu bose bashimwa na yo?​—Daniyeli 3:17, 18.

‘Ibihe n’ibiza bipfa kuza’

Iyo hateye icago, kirashobora kugira ico gikoze ku muntu uwo ari we wese, kandi kuba umwizerwa ku Mana si vyo bituma umuntu ashikirwa n’ivyago canke bitamushikira. Mu gihe ca rya turika ry’ibombe i Toulouse, iryo Alain na Liliane barokotse, abantu 30 barapfuye, abandi amajana n’amajana na bo barakomereka, naho bitari vyabavuyeko. Ahatari hake, abantu ibihumbi mirongo barakorerwa amabi, bakagongwa n’abatwara imiduga batitaho ibintu, canke bagahitanwa n’intambara, mugabo Imana si yo yobazwa ivyo vyago bibashikira. Bibiliya iratwibutsa yuko ‘ibihe n’ibiza ku muntu bipfa kubazako’.​—Umusiguzi 9:11.

Ikigeretseko, abantu bararwara, bagasaza kandi bagapfa. Mbere n’abantu bamwebamwe biyumviriye yuko Imana yarokoye ubuzima bwabo ku gitangaro canke bavuze ko yabakijije indwara batari bavyiteze, bahavuye bapfa. Ugukuraho indwara, urupfu be n’‘uguhanagura amosozi yose ku maso’ y’abantu biracari ivyo muri kazoza.​—Ivyahishuriwe 21:1-4.

Kugira ngo ivyo bibe, hari ikintu gikenewe kirengeye kure n’iyo kandi gikomeye cane kuruta ukuhaseruka mu bihe bimwebimwe. Bibiliya iravuga ivy’ikintu kizoba citwa “umusi uhambaye w’Uhoraho” (Zefaniya 1:14). Mu gihe c’ukwo kuhaseruka kuzogirwa kw’isi yose, Imana izokuraho ubukozi bw’ikibi bwose. Abantu bazohabwa akaryo ko kubaho ibihe bidahera bamerewe neza, aho ‘ivya mbere bitazokwibukwa, kandi bitazoruha vyiyumvirwa’ (Yesaya 65:17). Mbere n’abapfuye bazosubizwa bazima, gutyo habe hakuweho ca kintu mu vy’ukuri gihambaye kuruta ibindi vyose mu vyago bishikira abantu (Yohana 5:28, 29). Imana ibigiranye urukundo rwayo be n’ukumera neza kwayo bitagira aho bigarukira, izoba rero itoreye umuti ingorane z’umuryango w’abantu rimwe rizima.

Ukuntu Imana ihaseruka muri iki gihe

Ariko rero, ivyo ntibisigura yuko Imana mu kurindira yirorerera gusa ata co ikora igihe ivyaremwe biniha. Muri iki gihe, Imana iriko iraha abantu bose, itaravye ubwoko bwabo canke amamuko yabo, akaryo ko kuyimenya no kugiranira ubucuti na yo (1 Timoteyo 2:3, 4). Ivyo Yezu yabidondoye muri aya majambo: “Nta n’umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegereye” (Yohana 6:44). Imana irakwegera abantu b’umutima nziraburyarya kuri yo biciye ku butumwa bw’Ubwami bwamamazwa kw’isi yose n’abasavyi bayo.

Ikigeretseko, Imana ubwayo irayobora ubuzima bw’abantu bashaka kuyoborwa na yo. Imana ibicishije ku mpwemu yayo yera, iriko ‘irugurura imitima yabo’ kugira ngo batahure ivyo igomba bongere bashire mu ngiro ivyo isaba (Ivyakozwe 16:14). Egome, biciye mu gutanga akaryo ko kuyimenya, kumenya Ijambo ryayo be n’imigambi yayo, Imana iratanga ikimenyamenya c’uko yitwararikana urukundo umwe wese muri twebwe.​—Yohana 17:3.

Ubwa nyuma, Imana irafasha abasavyi bayo muri iki gihe, atari mu kubarokora mu buryo bw’igitangaro, ariko mu kubaha impwemu yayo yera be n’“ubushobozi buhebuje” kugira ngo bihanganire ikintu ico ari co cose bohangana (2 Ab’i Korinto 4:7). Intumwa Paulo yanditse ati: “Nshobozwa vyose n[a Yehova Imana a]mpa inkomezi”.​—Ab’i Filipi 4:13.

Gutyo turafise imvo yumvikana yo gukengurukira Imana imisi yose kubona yaraduhaye ubuzima, ikaduha n’icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera mw’isi izoba yakuwemwo imibabaro yose. Umwanditsi wa Zaburi yabajije ati: “Ivyiza Uhoraho yangiriye vyose ndabimwishura iki? Ndābīra igikombe c’agakiza, nambaze izina ry’Uhoraho” (Zaburi 116:12, 13). Gusoma iki kinyamakuru udahorereza bizogufasha gutahura ivyo Imana yakoze, ivyo iriko irakora be n’ivyo iraririye gukora bishobora kukuzanira agahimbare ubu, bikakuronsa n’icizigiro gikomeye ca kazoza.​—1 Timoteyo 4:8.

[Iciyumviro ku rup. 6]

“Ivya mbere ntibizokwibukwa, kandi ntibizoruha vyiyumvirwa”.​—Yesaya 65:17

[Amafoto ku rup. 5]

Mu bihe vya Bibiliya, Yehova ntiyabujije ko Zekariya yicishwa amabuye . . .

eka mbere ntiyabujije n’uko Herode yica abantu ata co bazira

[Ifoto ku rup. 7]

Igihe kiregereje aho ugucumukura kutazoba kukihari; mbere n’abapfuye bazosubira kubaho

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika