ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w12 1/1 rup. 22
  • Wari ubizi?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Wari ubizi?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Ivyo bijanye
  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • Yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Niwigane ukwizera kwabo
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Esiteri
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Esiteri yaraburaniye abasavyi b’Imana
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2016
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
w12 1/1 rup. 22

Wari ubizi?

Umwami w’Ubuperesi Ahasuwerusi avugwa mu gitabu co muri Bibiliya ca Esiteri ni nde?

▪ Igitabu ca Esiteri cerekana ko Ahasuwerusi yahisemwo umwigeme w’Umuyudakazi yitwa Esiteri ngo amubere umwamikazi, maze Esiteri akiza abantu bo mu bwoko bwabo ihonyabwoko bari bateguriwe. Haraciye igihe kinini hashikirizwa ivyiyumviro bitandukanye rwose ku vyerekeye uwo mwami w’Ubuperesi Ahasuwerusi uwo ari we. Ariko rero, amakuru basanze mu vyandiko vyo mu ndimi zitatu biri ku vyibutso vy’Ubuperesi bisa n’uko atomora neza uwo ari we. Ivyo vyandiko biratomora neza ko uwo Ahasuwerusi yari Zeruzi wa 1, umuhungu wa Dariyo Mukuru (Hystaspe). Ukuntu izina Zeruzi riboneka mu vyandiko vy’Abaperesi, uryanditse mu ndome z’igiheburayo rirasa cane n’ukuntu riboneka mu gisomwa c’igiheburayo c’igitabu ca Esiteri.

Ibintu vyose bivugwa kuri Ahasuwerusi mu gitabu ca Esiteri birahuye n’ubuzima bwa Zeruzi wa 1. Umwami w’Ubuperesi yaratwara n’Ubumedi ari ku mugwa mukuru wiwe i Susa (Shushani), i Elamu, kandi akarere yatwara kava mu Buhindi kagashika mu mazinga yo muri Mediterane. (Esiteri 1:2, 3; 8:9; 10:1) Umuhinga Lewis Bayles Paton avuga ati: “Nta wundi mwami w’Ubuperesi vyari vyifashe gutyo atari Zeruzi. Ukuntu Ahasuwerusi yari ameze, nk’uko adondorwa mu Gitabu ca Esiteri, na vyo nyene birahuye neza n’inkuru ya Zeruzi yiganwa n’umutohozakahise Herodote hamwe n’abandi batohozakahise b’Abagiriki.”

Ni igiki cerekana ko amatafari yabumbwa muri Misiri ya kera?

▪ Igitabu ca Bibiliya co Kuvayo kivuga ko Abanyamisiri bashize abashumba babo b’Abaheburayo ku gikorwa co kubumba amatafari. Abo bashumba bategerezwa kubumba ku musi ku musi igitigiri bashingiwe c’amatafari, bakoresheje ubudongo bw’ibumba n’ibikumbi.​—Kuvayo 1:14; 5:10-14.

Kubumba amatafari bakayanikira ku zuba cari igikorwa gihambaye cakorerwa mu Mubande wa Nili mu bihe vya Bibiliya. Ivyibutso vya kera vyubakishijwe ayo matafari biracariho mu Misiri. Ishusho yashushanijwe mu mva ya Rekhmire yo mu kinjana ca 15 B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”) i Thèbes, uno akaba yabayeho mu gihe ibintu vyiganwa mu nkuru yo mu gitabu co Kuvayo vyabereyemwo, irerekana ukuntu ivyo kubumba amatafari vyagenda.

Igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (International Standard Bible Encyclopedia) kidondora ivyerekanwa kuri iyo shusho muri aya majambo: “Amazi arazanwa akuwe mw’ibenga, bagaponda ubudongo n’isuka bagaca babutwara ahantu uwubumba amafatari ashobora kuyabumbira. Ubwo budongo buratsindagirwa mw’iforoma y’imbaho nya mubumvyi ayifatiye hasi. Aca aterura nya foroma, hasi hagasigara itafari rivuye mw’iforoma maze rikumishwa n’izuba. Harabumbwa imirongo n’imirongo y’amatafari; yumye aca apangwa ahantu gushika igihe azokoreshwa. Ubwo buryo buracakoreshwa mu karere k’ibihugu vy’Abarabu.”

Inzandiko zitandukanye zigizwe n’impapuro z’urufunzo zo mu kimpumbi ca kabiri B.G.C. na zo nyene ziravuga ivy’ukubumba amatafari kwagirwa n’abashumba, ivy’ugukoresha ibikumbi n’amafatari y’ibumba, n’ivy’igitigiri c’amafatari abakozi bategerezwa kubumba ku musi ku musi.

[Ifoto ku rup. 22]

Ishusho ikorogoshoye kw’ibuye ya Zeruzi (ahagaze) na Dariyo Mukuru (yicaye)

[Abo dukesha ifoto ku rup. 22]

Werner Forman/Art Resource, NY

[Ifoto ku rup. 22]

Ibiri kuri ya shusho yo ku ruhome mu mva ya Rekhmire

[Abo dukesha ifoto ku rup. 22]

Erich Lessing/Art Resource, NY

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika