ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/9 rup. 3-5
  • Shetani—Si Igisigo Gisa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Shetani—Si Igisigo Gisa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Yezu Yavyibazako Iki?
  • Abamarayika b’Abagambarazi
  • Shetani ni Umwansi Ateye Ubwoba
  • Umwansi w’Ubuzima Budashira
    Urashobora Kubaho Ibihe Bidashira mw Iparadizo ngaha kw Isi
  • Murwanye Shetani, na we azohunga!
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
  • Woba ubona ko Shetani abaho koko?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Ntuhe Shetani ikibanza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/9 rup. 3-5

Shetani​—Si Igisigo Gisa

“Mw’Isezerano Rishasha hose, haravugwa intambara ikomeye iba hagati y’inguvu z’Imana ari zo zo gukora iciza, n’izindi zo gukora ikibi ari zo za Shetani. Ico si iciyumviro c’umwanditsi umwe canke babiri, ariko ni ikintu bose bahurizako. . . . Intahe rero ishingwa n’Isezerano Rishasha iratomoye. Shetani ni sekibi atari umugani na gato, atigera yerekwa Imana n’abasavyi bayo.”​—“The New Bible Dictionary.”

NI KUKI none abantu benshi biyita ngo bari mu Bukirisu, kandi bakaba bavuga ko bemera Bibiliya, hanyuma bagatera akagere iciyumviro c’uko Shetani abaho koko? Ku bwa ngingo, ni kubera batemera ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. (Yeremiya 8:9) Bavuga yuko abanditse Bibiliya bakurikiza ubwenge bw’amahanga yari abakikije, be n’uko batashikirije ukuri kuvuye ku Mana. Nk’akarorero, umunyatewolojiya w’umugatolika Hans Küng yandika ati: “Ivyiyumviro bishingiye ku migani yerekeye Shetani n’ingabo ziwe nyinshi z’abadayimoni . . . vyaranyengetereye mw’Idini ry’Abayuda ryo mu ntango bivuye mu migani y’Abanyababiloni, maze vyisobeka mw’Isezerano Rishasha biciye kuri iryo dini.”​—On Being a Christian.

Mugabo, Bibiliya si ijambo ry’abantu gusa; mu vy’ukuri ni Ijambo ry’Imana ryahumetswe. Twoba rero tugaragaje ubukerebutsi tudafashe minenegwe ico rivuga ku biraba Shetani.​—2 Timoteyo 3:14-17; 2 Petero 1:20, 21.

Yezu Yavyibazako Iki?

Yezu Kirisitu yemera yuko Shetani abaho koko. Yezu ntiyageragejwe n’ikibi kinaka cari imbere muri we. Yatewe n’ikiremwa nya kiremwa, ari co mu nyuma ciswe “umwami w’isi.” (Yohana 14:30; Matayo 4:1-11) Yaremera kandi ko ibindi biremwa vy’impwemu vyafashe mu mugongo Shetani mu migambi yiwe y’urwenge yuzuye ububisha. Yarakijije abantu “[b]injiwemwo na dayimoni.” (Matayo 12:22-28) Mbere n’igitabu kimwe gishigikira ivy’uko Imana itabaho (A Rationalist Encyclopædia), kirerekana ico ivyo bintu bisobanura igihe kivuga giti: “Ukuntu Yezu wo mu Njili yemera yuko amashetani abaho, ni ikintu cama nantaryo gisiga abanyatewolojiya.” Igihe Yezu yavuga ivyerekeye Shetani n’amashetani yiwe, ntiyariko asubiramwo ivyerekeye ibisigo vyavugwa mu migani y’Abanyababiloni. Yari azi yuko babaho koko.

Turiga vyinshi ku vyerekeye Shetani igihe turimbura amajambo Yezu yabwiye abigisha bo mu vy’idini bo mu gihe ciwe ati: “Mwebge mur’aba so wa Murwanizi, kand’ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’umunyabinyoma, kand’ari we se wavyo.”​—Yohana 8:44.

Nk’uko tubibona muri ayo majambo, Shetani, uwo rimwe mu mazina amudondora mu Kigiriki risobanura “Mucokoranyi,” yari ‘umunyabinyoma akaba na se wavyo.’ Ni we kiremwa catanguye kubeshera Imana, ivyo akaba yabigize mw’itongo rya Edeni. Yehova yari yabwiye abavyeyi bacu ba mbere ko ‘bopfuye ata kabuza’ baramutse bariye ku giti kimenyekanisha iciza n’ikibi. Abicishije ku kanwa k’inzoka, Shetani yavuze yuko ayo majambo atari ay’ukuri. (Itanguriro 2:17; 3:4) Mu buryo bukwiriye, yitwa “ya nzoka ya mbere, . . . Murwanizi, irindi ni Satani.”​—Ivyahishuriwe 12:9.

Shetani yarabeshe ku vyerekeye ca giti kimenyekanisha iciza n’ikibi. Yahaririye avuga ngo mu kubabuza kurya kuri ico giti vyari bidakwiriye; ngo Imana yariko ibatwara nabi. Yavuze yuko Adamu na Eva “[bobaye] nk’Imana” mu kwihitiramwo iciza n’ikibi. Shetani yashaka kuvuga yuko kubera bari ibiremwa bifise uburenganzira bwo kwihitiramwo, bari bakwiye kugira umwidegemvyo ukwiye. (Itanguriro 3:1-5) Ico gitero cagizwe co kutemera ko uburyo Imana itwara bugororotse, caravyuye ibibazo bihambaye. Ni co gituma Yehova yaretse ngo hace igihe kugira ngo ivyo bibazo bishobore gushirwa mu buryo. Ivyo bisobanura yuko Shetani yaretswe akabandanya kubaho mu gihe gito. Igihe gito afise ubu kiriko kiramuherana ningoga. (Ivyahishuriwe 12:12) Naho ari ukwo, Shetani abandanya kwonkora umuryango w’abantu ku Mana abicishije ku binyoma n’ububeshi, agakoresha abantu bameze nka ba banyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo bo mu gihe ca Yezu kugira ngo bakwiragize inyigisho ziwe.​—Matayo 23:13, 15.

Yezu yavuze kandi ko Shetani “yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi,” be n’uko “[ata]hagaze mu kuri.” (Ni twe tubihiritse). Ivyo ntibisobanura yuko Yehova yaremye Shetani ari “umwicanyi.” Bibiliya ntiyigisha yuko Shetani yaremewe kuba nk’igisizimwe kijejwe gucungera ikibanza c’umuriro kibabarizwamwo umuntu wese arwanya Imana, kanatsinda ntiyigisha yuko ico kibanza kinabaho. Bibiliya yerekana yuko abapfuye bari mu mva rusangi y’abantu bose, ko batari mu muriro w’aho Shetani aba.​—Ivyakozwe 2:25-27; Ivyahishuriwe 20:13, 14.

Mu ntango Shetani yari “mu kuri.” Yahoze mu bagize umuryango wo mw’ijuru wa Yehova ari umwana wiwe w’impwemu atagira agasembwa. Ariko “ntiyahagaze mu kuri.” Yihitiyemwo inzira ziwe bwite be n’ingingo ziwe bwite zishingiye ku binyoma. ‘Ntiyatanguye’ igihe yaremwa ari umwana mumarayika w’Imana, ahubwo yatanguye igihe yagarariza Yehova n’ibigirankana maze akabesha Adamu na Eva. Shetani ameze nka ba bantu bagarariza Yehova mu misi ya Musa. Kubiberekeye dusoma duti: “Barayihemukiye, ntibakir’abana bayo, ariko vyabateye agasembga.” (Gusubira mu Vyagezwe 32:5) Twovuga ko na Shetani vyamugendeye gutyo nyene. Yacitse “umwicanyi” igihe yagarariza maze akaba we abazwa ivy’urupfu rwa Adamu na Eva be n’urw’umuryango wose w’abantu.​—Abaroma 5:12.

Abamarayika b’Abagambarazi

Hari abandi bamarayika bifatanije na Shetani muri ubwo bugarariji. (Luka 11:14, 15) Abo bamarayika “bātaye ahantu habo” maze biyambika imibiri y’abantu kugira ngo banezererwe uguhuza ibitsina n’“abakobga b’abantu” mu misi ya Nowa. (Yuda 6; Itanguriro 6:1-4; 1 Petero 3:19, 20) “Ikigira gatatu c’inyenyeri zo kw ijuru,” ni ukuvuga ibiremwa vy’impwemu bikeyi, carakurikiye iyo ngendo.​—Ivyahishuriwe 12:4.

Ca gitabu c’Ivyahishuriwe kirimwo ibigereranyo vyinshi, kidondora ko Shetani ari “igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge.” (Ivyahishuriwe 12:3) Kubera iki? Si kubera yuko afise umutumba w’ikidagaramudanda canke ushisha. Kukaba nkako, ntituzi ukuntu imibiri y’ibiremwa vy’impwemu imeze, mugabo, birashoboka ko muri ivyo Shetani ataho ataniye n’ibindi biremwa bimarayika vy’impwemu. Ariko rero, imvugo ngo “igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge” ni yo ibereye kudondora agatima kiwe karanga ubunyamaswa, gateye ubwoba, k’ububasha n’ubusanganguzi.

Shetani n’amashetani yiwe ubu nta kintu kinini bashobora gushikako. Ntibagishobora kwiyambika imibiri y’inyama nk’uko bigaragara ko bigeze kubigira. Inyuma gatoyi y’aho Ubwami bw’Imana bushiriwe mu minwe ya Kirisitu mu 1914, barashiburiwe mu micungararo y’isi.​—Ivyahishuriwe 12:7-9.

Shetani ni Umwansi Ateye Ubwoba

Naho ari ukwo, Shetani aguma ari umwansi ateye ubwoba. “Agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa.” (1 Petero 5:8) Si ikibi kidatahurika gicumbitse mu mubiri wacu munyagasembwa. Ego ni ko, twama imisi yose turwana n’impengamiro zacu z’icaha. (Abaroma 7:18-20) Mugabo indwano nya ndwano ni iyo turwana “n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.”​—Abanyefeso 6:12.

Akosho ka Shetani gakwiragiye gushika he? Intumwa Yohani ivuga ati: “Isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) Birumvikana, ntidushaka guhagarikwa umutima na Shetani canke ngo tureke ubwoba bwo kumutinya nk’igisigo buduce ivutu. Ariko rero, vyoba biranga ubukerebutsi tugumye turi maso tukamenya utwigoro agira kugira ngo aduhume amaso ntitubone ukuri, vyongeye ngo atume tudohoka ku Mana.​—Yobu 2:3-5; 2 Ab’i Korinto 4:3, 4.

Shetani ntiyama nantaryo akoresha uburyo buranga ubukazi mu gutera abashaka gukora ivyo Imana igomba. Rimwe na rimwe, yigira nk’“umumarayika w’umuco.” Intumwa Paulo yaragabishije Abakirisu kuri iyo ngeramizi igihe yandika ati: “[Ndatinya] yuko, nk’uko ya nzoka yahendesheje Eva ukwiyorobeka kwayo, kumbure ivyiyumviro vyanyu vyokwoshwa, mugaca mureka ukugororoka n’ukwera mu vya Kristo.”​—2 Ab’i Korinto 11:3, 14.

Ni co gituma dukeneye ‘[kwigerera], tukama tugavye, tukamurwanya dufise ukwizera gukomeye.’ (1 Petro 5:8, 9; 2 Ab’i Korinto 2:11) Twirinde gukamira Shetani mu coze mu kurondera kumenya ikintu cose gifitaniye isano n’ivy’ubupfumu. (Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12) Nitube abatohoji beza b’Ijambo ry’Imana, twibuka yuko Yezu Kirisitu yagumye yisunga Ijambo ry’Imana igihe yageragezwa na Shetani. (Matayo 4:4, 7, 10) Dusabe Imana impwemu yayo. Ivyamwa vyayo birashobora kugufasha kwirinda ibikorwa vy’umubiri, ari vyo Shetani akorereza akererwa. (Ab’i Galatiya 5:16-24) Ikindi kandi, nusenge Yehova ubigiranye ubwira igihe wumva ko utunywe mu buryo kanaka na Shetani be n’amashetani yiwe.​—Ab’i Filipi 4:6, 7.

Ntibikenewe ko ducibwa ivutu na Shetani. Yehova adusezeranira kuzoturinda koko ikintu cose Shetani ashobora kugira. (Zaburi 91:1-4; Imigani 18:10; Yakobo 4:7, 8) Intumwa Paulo avuga ati: “Muremesherezwe mu mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.” Maze niho “[muzoshobora] guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi.”​—Abanyefeso 6:10, 11.

[Ifoto ku rup. 3]

Yezu yari azi ko Shetani abaho koko

[Amafoto ku rup. 5]

Nuhagarare ushikamye urwanye Shetani mu kwiga Ijambo ry’Imana no mu kudahengeshanya gusenga

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika