Umuryango wa Yehova Urinovora Iyungabumwe ry’Agaciro
“Raba! Ingene ari vyiza n’ingene biryoshe ku bavukanyi gucumbika kumwe mw iyungabumwe!”—ZABURI 133:1, NW.
1. Ingo nyinshi ubu zimerewe gute?
INGO zigeze habi muri iki gihe. Mu ngo nyinshi, imigozi y’ubwabirane igeze ahatemba. Umwahukāno uriko urushiriza gucika akaberahenshi, abana benshi b’abahukanye na bo usanga bari mu mubabaro mwinshi. Ingo amamiliyoni ntizigira ubuhirwe kandi n’abazirimwo ntibashize hamwe. Yamara, hariho urugo rumwe rufise umunezero nyakuri n’iyungabumwe nyaryo. Ni wa muryango ukwiye hose wa Yehova Mana. Muri wo, abamarayika igitigiri amabi bataboneka barashitsa ibikebere vyabo bashinzwe báhuza n’igomba ry’Imana. (Zaburi 103:20, 21) Ariko hoba hariho umuryango kw isi winovora iyungabumwe mwen’iryo?
2, 3. (a) Ni bande ubu barimwo mu muryango ukwiye hose w’Imana, kandi ni igiki twoshobora gusanisha Ivyabona vya Yehova bose muri iki gihe? (b) Ni ibibazo biki tuja kuyaga?
2 Umuposolo Paulo yanditse ati: “[Nda]pfukamira Data wa twese, uwo imiryango yose yo mw ijuru n’iyo mw isi yītirirwa.” (Abanyefeso 3:14, 15) Buri muryango wose wo kw isi izina ryawo urikesha Mana kubera ko ari we Muremyi. Naho mw ijuru ata ngo za kimuntu ziriyo, bivuzwe mu buryo bw’ikigereranyo Mana yabiriye iyungungane ryiwe ryo mw ijuru, Yezu na we akaba azoronka umugeni wo mu vy’impwemu yungânye na we mu majuru. (Yesaya 54:5; Luka 20:34, 35; 1 Ab’i Korinto 15:50; 2 Ab’i Korinto 11:2) Abasīzwe bizerwa bari kw isi, ubu bagize igihimba c’umuryango w’Imana ukwiye hose, “izindi ntama” za Yezu na zo, izifise ivyizigiro vyo kw isi, bakaba ari bo bazigwa kuzoba abaharurwa bawo. (Yohana 10:16; Abaroma 8:14-17; Umunara w’Inderetsi [mu gifaransa] wo ku wa 15 Nzero 1996, urupapuro 31) Mugabo rero, Ivyabona vya Yehova bose muri iki gihe barashobora gusanishwa n’umuryango wunze ubumwe ukwiye kw isi.
3 Wewe woba uri uwo muri uwo muryango w’igitangaza ukwiye mu mahanga yose w’abasuku ba Yehova? Niba uri muri wo, urinovora umwe mu mihezagiro mikuru umuntu yoshobora kugira. Amamiliyoni boshinga intahe yuko umuryango wa Yehova ukwiye ku mubumbe wose—iyungungane ryiwe riboneka—ari nk’akabômbwá k’amahoro n’iyungabumwe mu bugaragwa bw’isi y’umuryano n’amacakubiri. None rya yungabumwe ry’umuryango ukwiye kw isi wa Yehova ryoshobora kudondorwa gute? Kandi ni inyungamwo nki zikorereza iyungabumwe mwen’iryo?
Ingene Ari Vyiza Kandi Biryoshe!
4. Mu majambo yawe bwite, woserura gute ivyo Zaburi 133 ivuga ku vyerekeye iyungabumwe rya kivukanyi?
4 Umwandikamazaburi Dawidi yarakenguruka iyungabumwe rya kivukanyi bimwe bigera kure. Yaranahumekewe ngo ariririmbe! Mwīshushanirize mu bwenge afise inanga, aririmba ati: “[Raba! Ingene ari vyiza n’ingene biryoshe ku bavukanyi gucumbika kumwe mw iyungabumwe!, NW]. Bimeze nk’amavuta ya elayo y’igiciro kinini yasutswe ku mutwe, agashororokera mu bganwa, mu bganwa bga Aroni, agashororokera ku misozo y’impuzu ziwe. Kandi bimeze nk’ikime co kuri Herumoni, gitonda ku misozi y’i [Za]yoni: kukw ah’ari ho Uhoraho yagereye umugisha, ni wo [buzima] bg’ibihe bidashira.”—Zaburi 133:1-3.
5. Twisunze Zaburi 133:1, 2, ni igereranya nyabaki ryogirwa hagati y’Abisirayeli n’abasuku b’Imana bo mu gihe ca none?
5 Ayo majambo yakoreshejwe kw iyungabumwe rya kivukanyi ryǐnovorwa n’igisata c’Imana ca kera, ba Bisirayeli. Igihe bǎba bari i Yeruzalemu kuri ya misi mikuru yabo itatu ya buri mwaka, baracumbika hamwe koko mw iyungabumwe. Naho bǎza bava mu miryango itandukanye, bari bagize umuryango umwe. Ukuba bari hamwe kwarazana ingaruka nziza kuri bo nka kumwe kw’amavuta mahoroshi y’ugusiga afise akamoto keza. Igihe amavuta mwen’ayo yasukwa ku mutwe wa Aroni, yarashororotse ku bwanwa bwiwe hanyuma atembera ku misozo y’impuzu yiwe. Ku Bisirayeli, ukuba bari kumwe vyaragira ubwohe bwiza bwakwiragira mu bantu bose baterateranye tubafashe ikivunga. Ukutumvikana kwaratunganywa, iyungabumwe na ryo rigakorerezwa. Iyungabumwe mwen’iryo rirabaho mu muryago wa Yehova ukwiye ku mubumbe wose muri iki gihe. Ukuja hamwe ubudahorereza kuragira ingaruka nzanamagara mu vy’impwemu ku baharurwa bawo. Ukutumvikana ukwo ari kwo kwose canke ingorane, birakurwaho uko impanuro yo mw Ijambo ry’Imana ikurikizwa. (Matayo 5:23, 24; 18:15-17) Igisata ca Yehova barakenguruka rwose indemesho bahanahana bivuye kw iyungabumwe ryabo rya kivukanyi.
6, 7. Ni mu buryo ki iyungabumwe ry’Abisirayeli ryari rimeze nk’ikime co ku Musozi Herumoni, kandi ni hehe umuhezagiro w’Imana usangwa muri iki gihe?
6 Ni mu buryo ki ugucumbika hamwe kw’Abisirayeli mw iyungabumwe kwari kandi nk’ikime co ku Musozi Herumoni? Urabona, kubera ko isonga ry’uwo musozi rigereza ku metero zirenga 2 800 hejuru y’inivo y’ikiyaga, itaba ryawo rirîsakara amasimbi hafi umwaka wose. Itaba rishasheko amasimbi rya Herumoni riratuma haba ugucika amazi kw’imyuka yo mw ijoro hanyuma bigaca bivamwo ikime cinshi gitunga ibimera mu kiringo kirekire c’ubugaduke. Imipepuro y’impemu zikonje iva ku runani-misozi rwa Herumoni irashobora gutwara imyuka mwen’iyo kure mu bumanuko gushika mu karere ka Yeruzalemu, ari na ho icīkira ikime. Ni co gituma umwandikamazaburi yavuze atihenda ivy’ “ikime co kuri Herumoni gitonda ku musozi [Za]yoni.” Ese ukuntu ari inyibutsa nziza ya bwa bwohe buhorosha bukorereza iyungabumwe ry’umuryango w’abasenzi wa Yehova!
7 Imbere y’uko ikorane rikirisu rishingwa, Zayoni ari yo Yeruzalemu, ni ho hǎri ntimatima y’insengo y’ukuri. Ni co gituma Imana yari yabwirije ko ari ho hobera umuhezagiro. Kubera ko Isôko ry’imihezagiro yose ryari riherereye ahěrāre (ahěra) i Yeruzalemu kabuserukizi, imihezagiro aho ni ho yovuye. Bitewe n’uko insengo y’ukuri itakibēra gusa ahanaka na hamwe, nya muhezagiro, urukundo n’iyungabumwe vy’abasuku b’Imana rero birashobora gusangwa kw isi yose muri iki gihe. (Yohana 13:34, 35) Ni inyungamwo nyabaki zimwezimwe zikorereza iryo yungabumwe?
Inyungamwo Zikorereza Iyungabumwe
8. Ni igiki twegenya ku vyerekeye iyungabumwe muri Yohana 17:20, 21?
8 Iyungabumwe ry’abasenzi ba Yehova rishingiye ku gushira iyo Ijambo ry’Imana ritahuwe neza rishize, ushizemwo za nyigisho za Yezu Kirisitu. Aho Yehova arungikiye Umwana wiwe mw isi kugira ashingire intahe ukuri yongere apfe urupfu rw’ukwitangako inkuka, uburyo bwari bwuguruwe bw’uko haforomwa rya korane rikirisu ryunze ubumwe. (Yohana 3:16; 18:37) Ivy’uko hari hagiye kubaho iyungabumwe nyakuri mu baharurwa baryo vyaragiye ahibonekeje igihe Yezu yazamba ati: “Sinsabira aba gusa, ariko ndasabira n’abo bazonyizera kubg’ijambo ry’aba, kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, uri [mu buhure na] jewe, nanje nkaba [mu buhure na] wewe, ngo na bo abe ari ko baba [mu buhure na] twebge, ngw isi yizere kw ari wewe wantumye.” (Yohana 17:20, 21) Abakurikizi ba Yezu barashikiriye koko iyungabumwe rimeze nka rimwe riri hagati ya Mana n’Umwana wiwe. Ivyo vyabaye kubera bǎshize iyo Ijambo ry’Imana n’inyigisho za Yezu bishira. Ako gatima nyene ni inyungamwo nyamunini mw iyungabumwe ry’umuryango wa Yehova ukwiye kw isi muri iki gihe.
9. Ni uruhara ruki impwemu yera igira mw iyungabumwe ry’igisata ca Yehova?
9 Iyindi nyungamwo yungisha ubumwe igisata ca Yehova ni uko dufise impwemu yera y’Imana, ari yo nguvu nkwakwagizi. Iradushoboza gutahura ukuri kwahishuwe kwo mw Ijambo rya Yehova maze tukabona kumusukurira twunze ubumwe. (Yohana 16:12, 13) Nya mpwemu iradufasha kuzibukīra ibikorwa vy’umubiri birema amacakubiri, nk’umuryano, ishari, udushavushavu, hamwe n’amatati. Mu gishingo c’ivyo, impwemu y’Imana iratuzanamwo icamurano nyungabumwe c’urukundo, umunezero, amahoro, ukwihangana burebure, ubuntu, ubumereneza, ukwizera, igenzabuhoro, n’ukwigumya.—Ab’i Galatiya 5:19-23.
10. (a) Ni imbangabanganyo nyabaki rishobora kugirwa hagati y’urukundo ruri mu rugo rw’abantu rwunze ubumwe n’urukundo rwibonekeza hagati y’abibanda kuri Yehova? (b) Umuharurwa umwe w’Inama Nyobozi yaseruye gute inyiyumvo afise ku vyerekeye uguhwanira hamwe n’abavukanyi biwe bo mu vy’impwemu?
10 Abaharurwa b’urugo rwunze ubumwe usanga bakundana kandi bagahimbarwa n’ukuba bari kumwe. Tugereranije, abari mu muryango wunze ubumwe w’abasenzi ba Yehova baramukunda, bagakunda Umwana wiwe, hamwe n’abemera bagenzi babo. (Mariko 12:30; Yohana 21:15-17; 1 Yohana 4:21) Nk’uko nyene urugo bugo rurimwo urukundo usanga ruhimbarwa no gusangirira hamwe ivyibo, abibanze ku Mana baragirira akamwemwe ku kuba bahari ku mahwaniro makirisu, amateraniro, n’imikwakwa, kugira bungukire kw ijahamwe ryiza no ku mfungurwa z’ivy’impwemu nziza agatangaza. (Matayo 24:45-47; Abaheburayo 10:24, 25) Umuharurwa umwe w’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova igihe kimwe yavuze ibintu muri ubu buryo: “Kuri jewe, guhwanira hamwe n’abavukanyi ni umwe mu minezero mikurumikuru yo mu buzima, bikaba n’isôko ry’indemesho. Ndakunda kuba ndi ku Ngoro y’Ubwami mu ba mbere, no kuhava mu ba nyuma igihe bishoboka. Ndumva umunezero w’imbere muri jewe igihe nganira n’abantu b’Imana. Igihe ndi muri bo numva ndi nk’i muhira kumwe n’urugo rwanje.” Ukwo nawe kwoba ari kwo uvyiyumvamwo?—Zaburi 27:4.
11. Ivyabona vya Yehova baronkera ubuhirwe canecane mu murimo nyabaki, kandi ni igiki tuhakǔra tugize ubusuku bw’Imana co kintu gihambaye mu buzima bwacu?
11 Urugo rwunze ubumwe ruraronkera ubuhirwe ku kugirira ibintu hamwe. Ni kwo nyene, abo mu muryango w’abasenzi ba Yehova bararonkera umunezero mu gukora umurimo wabo w’ugukwiririza Ubwami hamwe n’uguhindura abantu abayoboke. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ukuja muri wo ubudahorereza biratwegereza abandi Vyabona vya Yehova. Kugira ubusuku bw’Imana co kintu gihambaye mu buzima bwacu no gushigikira imikwakwaguro (ibikorwa) yose y’igisata ciwe na vyo nyene biroherereza muri twebwe agatima k’umuryango.
Urupange rwa Gitewokarasi Ni Ntahara
12. Ni ibiki biranga urugo ruhiriwe kandi rwunze ubumwe, kandi ni intondeko nki yakorereje iyungabumwe mu makorane makirisu yo mu kinjana ca mbere?
12 Urugo rufise ububemutwe bukomeye ariko bw’urukundo rukaba kandi rurimwo urupange, rurakunda kuba urwunze ubumwe kandi rw’ubuhirwe. (Abanyefeso 5:22, 33; 6:1) Yehova ni Imana y’urupange nyamahoro, kandi abari mu muryango wiwe bose bamubona ko ari “Īsumba vyose.” (Daniyeli 7:18, 22, 25, 27; 1 Ab’i Korinto 14:33) Baremera icese kandi yuko we yagennye Umwana wiwe, Yezu Kirisitu kuba umuragwa w’ibintu vyose, n’uko yamushinze ubukuru bwose mw ijuru no kw isi. (Matayo 28:18; Abaheburayo 1:1, 2) Ikorane rikirisu ni iyungungane ririmwo urupange kandi ryunze ubumwe, Kirisitu akaba ari we Mutwe waryo. (Abanyefeso 5:23) Kugira imikwakwaguro y’amakorane yo mu kinjana ca mbere ihagarikirwe, hǎriho inama nyobozi yari igizwe n’abaposolo hamwe n’abandi ‘bagabo b’inararibonye’ bahumuye mu vy’impwemu. Amakorane rimwerimwe ukwaryo yari afise abacungenzi bǎgennywe, ari bo bakurambere, hamwe n’abasuku bagenwa. (Ivyakozwe n’intumwa 15:6; Ab’i Filipi 1:1) Kwubaha abo bagendera imbere vyarakorereza iyungabumwe.—Abaheburayo 13:17.
13. Yehova akwegēra abantu gute, kandi ivyo bivamwo iki?
13 Ariko urwo rupange rwose rwoba rwerekana yuko iyungabumwe ry’abasenga Yehova rishobora kwitirirwa ubugenderambere bunaka bukomeye, bukanyaraye? Gashwi da! Nta kintu kihari kiranga ukubura urukundo cerekeye Imana canke iyungungane ryiwe. Yehova akwegēra abantu biwe mu kuranga urukundo, kandi buri mwaka ibihumbi amajana baracika igihimba c’iyungungane rya Yehova bavyishakiye kandi bafise umunezero, mu kubatizwa bwa kimenyetso c’uko biyeguriye Imana batiziganya. Agatima bafise kameze nka kamwe ka Yosuwa, uwahimirije Abisirayeli bagenziwe ati: “Uyu musi ni mwitoranirize uwo muzosaba, . . . ariko jeho n’abo mu rugo rwanje tuzokwama tugendanira [Yehova, NW].”—Yosuwa 24:15.
14. Ni kuki dushobora kuvuga yuko iyungungane rya Yehova ari irya gitewokarasi?
14 Twebwe abari mu muryango wa Yehova, tugize kuba banyamunezero n’ukutagira inkomanzi. Ivyo ni ukwo biri kubera ko iyungungane ryiwe ari irya gitewokarasi. Ubwami bw’Imana ni itewokarasi (rivuye mu kigiriki the·osʹ, imana, na kraʹtos, ubutegetsi). Ni ubutegetsi bufiswe na Mana, bwatirirwa kandi bugashingwa na we. “Ihanga ryera” ryasīzwe rya Yehova ririyorohereza ubutegetsi bwiwe, bigatuma kandi rica riba irya gitewokarasi. (1 Petero 2:9) Kubera ko wa Mutewokarate Mukuru, Yehova, ari we Mucamanza wacu, Mutangangingo akaba na Mwami wacu, turafise impamvu zose z’ukwiyumvamwo ko tutagira inkomanzi. (Yesaya 33:22) Yamara, vyoba gute hamwe imihazano yovyuka hanyuma igahanamira umunezero, ububurenkomanzi n’iyungabumwe vyacu?
Inama Nyobozi Ifáta Inkwakuro
15, 16. Ni umuhazano nyabaki wavyutse mu kinjana ca mbere, kandi hǎri kubera iki?
15 Rimwe na rimwe, kugira iyungabumwe ry’urugo rikingirwe, vyoshobora kuba ngombwa ko umuhazano ushirwa mu buryo. Dufate rero nk’igihe hoba hâri imbangamyi yo mu vy’impwemu yategerezwa gutorerwa umuti kugira bakingire iyungabumwe ry’umuryango w’abasenzi b’Imana wo mu kinjana ca mbere G.C. None vyogenze bite? Inama nyobozi yarafata inkwakuro, igafata ingingo ku bibazo vy’ivy’impwemu. Turi n’inkuru zo mu Vyanditswe zitubwira ivy’inkwakuro mwen’iyo.
16 Nko mu 49 G.C., ya nama nyobozi yarahwaniye i Yeruzalemu ngo ishire mu buryo imbangamyi ikomeye, kugira rero hakingirwe iyungabumwe ry’ “abo mu ngoro y’Imana.” (Abanyefeso 2:19) Imyaka nka 13 imbere yaho, umuposolo Petero yari yarakwiririje kuri Koruneliyo, hanyuma Abapagani ba mbere, ni ukuvuga b’abanyamahanga, baracika abemera babatijwe. (Ivyakozwe n’intumwa, ikigabane c’10) Mu gihe ca rwa rugendo rw’ubumisiyonari rwa mbere Paulo yagira, Abapagani benshi bǎrakiriye Ubukirisu. (Ivyakozwe n’intumwa 13:1–14:28) Kukaba nkako, ikorane ry’Abakirisu bava mu Bapagani ryarashinzwe muri Antiyokiya, i Siriya. Abakirisu bamwebamwe b’Abayuda bǐbwira yuko abakebanuke bapagani bakwiye gukebwa no kugumya Amateka ya Musa, ariko abandi ntibavyemere. (Ivyakozwe n’intumwa 15:1-5) Uwo muhazano woshoboye gushikana abantu ku macakubiri yuzuye, eka mbere no kw iforomwa ry’amakorane y’Abayuda n’ay’Abapagani aremaremye ukwayo. Inama nyobozi rero yarafashe inkwakuro kugira ikingire iyungabumwe ry’Abakirisu.
17. Ni intambwe ndangabuhure za gitewokarasi izihe zidondowe mu Vyakozwe n’intumwa ikigabane ca 15?
17 Dukurikije Ivyakozwe n’intumwa 15:6-22, ‘abaposolo n’abagabo b’inararibonye baratororokaniye hamwe ngo baje inama kuri iryo jambo.’ Hariho n’abandi bari bahari, dushizemwo umugwi wari warungitswe uvuye i Antiyokiya. Petero ubwa mbere yasiguye yuko ‘mu kanwa kiwe ari ho abanyamahanga bumvise inkuru nziza bakemera.’ Maze “ishengero ryose” rirumviriza magingo Barunaba na Paulo babǐgānira “ibimenyetso n’ibitangaza vyose Imana yabahaye gukora mu banyamahanga,” ari bo Bapagani. Yakobo ubukwirikira yaciye abagīra inama y’ukuntu ico kibazo coshobora gutunganywa. Inama nyobozi imaze gufata ingingo, tubwirwa aya: ‘Ba baposolo na nya bagabo b’inararibonye bo n’ikorane ryose, bashima gucagura abagabo muri bo, babatuma muri Antiyokiya bari kumwe na Paulo na Barunaba.’ Abo ‘bagabo bacaguwe’—Yuda na Sila—bǎrashiriye ibaruwa ndemesha abemera bagenzabo.
18. Ni ingingo nki yafashwe n’inama nyobozi mu biraba Amateka ya Musa, kandi ivyo vyagize ico bikora gute ku Bakirisu bava mu Bayuda n’abava mu Bapagani?
18 Iyo baruwa itangaza ingingo yafashwe n’inama nyobozi yatangurana n’aya majambo: ‘Abaposolo n’abagabo b’inararibonye, abavukanyi, turabatasha mwebwe abavukanyi bo mu banyamahanga bari muri Antiyokiya n’i Siriya n’i Kilikiya.’ Abandi bavukanyi baritavye iryo hwaniro ry’intibagirwa, ariko biboneka ko inama nyobozi yari igizwe n’ ‘abaposolo n’abagabo b’inararibonye.’ Impwemu y’Imana yarabayoboye, kuko iryo kete rivuga riti: “[Impwemu yera] bi[yi]bereye vyiza, natwe n’uko, kutabīkoreza uwundi mutwaro urenze ibi bikwiye: mureke kurya ivyaterekerejwe ibigirwamana, n’amaraso, n’ibinizwe, mureke no gusambana.” (Ivyakozwe n’intumwa 15:23-29, ni twe duhiritse izo ndome.) Abakirisu ntibǎsabwe gukebwa no kugumya Amateka ya Musa. Iyo ngingo yarafashije Abakirisu bava mu Bayuda n’abava mu Bapagani gukwakura no kugamba mw iyungabumwe. Amakorane yaranezerewe, iyungabumwe ry’agaciro na ryo rirabandanya, nk’uko nyene ribandanya mu muryango w’Imana ukwiye kw isi muri iki gihe, munsi y’ubuyobozi bwo mu vy’impwemu bw’Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova.—Ivyakozwe n’intumwa 15:30-35.
Sukura mw Iyungabumwe rya Gitewokarasi
19. Ni kuki iyungabumwe ryasasagaye mu muryango w’Abasenzi ba Yehova?
19 Iyungabumwe rirasagarara iyo abaharurwa b’urugo bakorera hamwe. Ni na kwo bimeze mu muryango w’abasenzi ba Yehova. Abakurambere hamwe n’abandi mw ikorane ryo mu kinjana ca mbere, kubera ko bari aba gitewokarasi, bǎsukurira Imana bakorera hamwe rwose n’inama nyobozi kandi bakemera ingingo ifashe. Bafashijwe n’inama nyobozi, abakurambere ‘bǎrakwiririza rya jambo,’ abaharurwa b’amakorane na bo tubafatiye hamwe ‘bakavuga rimwe.’ (2 Timoteyo 4:1, 2; 1 Ab’i Korinto 1:10) Nuko, ivyo bintu-kuri nyene vyo mu Vyanditswe vyarashikirijwe mu gikorwa ngenerwa no ku mahwaniro makirisu, haba i Yeruzalemu, Antiyokiya, Roma, Korinto, canke ahandi aho ari ho hose. Iyungabumwe rya gitewokarasi mwen’iryo ririho muri kino gihe.
20. Kugira dukingire iyungabumwe rikirisu ryacu, ni ibiki dutegerezwa kugira?
20 Kugira dukingire iyungabumwe ryacu, twese abari muri wa muryango wa Yehova ukwiye ku mubumbe wose, dukwiye kwigora ngo twerekane urukundo rwa gitewokarasi. (1 Yohana 4:16) Turakeneye kworohera igomba ry’Imana n’ukurangira ubwubashi bugera kure ‘wa mushumba w’umwizerwa’ hamwe na ya Nama Nyobozi. Nka kumwe kwa bwa bwiyegure bwacu ku Mana, birumvikana ko ubugamburutsi bwacu buva ku kwishakira kandi bukaba burimwo umunezero. (1 Yohana 5:3) Ese rero ukuntu ari vyiza kubona wa mwandikamazaburi yafatanije umunezero n’ubugamburutsi! Yaririmvye ati: “Haleluya! Hahirwa uwubaha [Yehova, NW], agahimbarwa cane n’ivyagezwe vyiwe.”—Zaburi 112:1.
21. Dushobora guhinyuza gute ko turi abatewokarate?
21 Yezu, we Mutwe w’ikorane, ni umutewokarate yuzuye, kandi yama agira igomba rya Se wiwe. (Yohana 5:30) None rero, reka dukurikire Karorero wacu mu kugira igomba rya Yehova gitewokarasi kandi mw iyungabumwe, dukorera hamwe rwose n’iyungungane ryiwe. Maze, dúfise umunezero n’ubukengurutsi mvamutima, turashobora gusubiramwo ya ndirimbo y’umwandikamazaburi ngo: “Raba! Ingene ari vyiza n’ingene biryoshe ku bavukanyi gucumbika kumwe mw iyungabumwe!”
Wewe Wokwishura Ute?
◻ Iyungabumwe rikirisu ryacu rishobora guhuzwa gute na Zaburi 133?
◻ Ni inyungamwo zimwezimwe nki zikorereza iyungabumwe?
◻ Ni kuki urupange rwa gitewokarasi ari ntahara kw iyungabumwe ry’igisata c’Imana?
◻ Kugira inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere ikingire iyungabumwe yakwakuye ite?
◻ Ugusukura mw iyungabumwe rya gitewokarasi bisigura iki kuri wewe?
[Ifoto ku rup. 13]
Inama nyobozi yarakwakuye ngo ikingire iyungabumwe