Ubumwe nyakuri bw’abakirisu bushoboka gute?
1 Ni igiki gituma abantu barenga imiliyoni zitandatu bo mu bihugu 234, bavuga indimi zishika ku 380 bunga ubumwe? Nta kindi atari ugusenga Yehova Imana (Mika 2:12; 4:1-3). Ivyabona vya Yehova bafatiye ku vyo bibonera, barazi yuko ubumwe nyakuri bw’abakirisu atari umugani muri iki gihe. Kubera ko tugize “umukuku umwe” tukaba turongowe “n’umwungere umwe”, twariyemeje kunanira agatima k’amacakubiri k’iyi si.—Yoh. 10:16; Ef. 2:2.
2 Umugambi ntahinduka w’Imana ni uw’uko ibiremwa bifise ubwenge vyunga ubumwe mu gusenga kw’ukuri (Ivyah. 5:13). Kubera ko Yezu yari azi yuko ivyo bihambaye, yarasenganye ubwira asaba yuko abayoboke biwe bokwunga ubumwe (Yoh. 17:20, 21). None umwe wese muri twebwe yoremesha gute ubumwe bw’ishengero rya gikirisu?
3 Ukuntu dushika ku bumwe: Hatari Ijambo ry’Imana be n’impwemu yayo, ubumwe bw’abakirisu ntibwoshoboka. Gushira mu ngiro ivyo dusoma muri Bibiliya biratuma impwemu y’Imana ikora ata kiyitangira mu buzima bwacu. Ivyo biradushoboza ‘kuzigamisha ubumwe buva ku mpwemu umugozi w’amahoro’ (Ef. 4:3). Biratugobera kwihanganirana mu rukundo (Kol. 3:13, 14; 1 Pet. 4:8). Woba uremesha ubumwe mu kuzirikana kw’Ijambo ry’Imana ku musi ku musi?
4 Igikorwa tujejwe co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa na co nyene kiratuma twunga ubumwe. Igihe dukorana n’abandi mu busuku bwa gikirisu, “[d]uhuje umutima mu kurwanira ukwizera ubutumwa bgiza”, turacika ‘abakozi bunganirana mu kuri’ (Flp. 1:27; 3 Yoh. 8, UB). Uko dukora gutyo, imigozi y’urukundo yunga ubumwe mw’ishengero irakomera. Ni kubera iki none utosaba umuntu mudaheruka gukorana ngo mujane mu busuku bwo mu ndimiro muri iyi ndwi?
5 Ese ukuntu twatewe agateka ko kuba mu bagize ikivukano mpuzamakungu conyene c’ukuri co kw’isi muri iki gihe (1 Pet. 5:9)! Abantu ibihumbi n’ibihumbi baherutse kwibonera n’amaso yabo ubwo bumwe bwo kw’isi yose kuri ya Mahwaniro Mpuzamakungu yataziriwe ngo: “Ninahaza Imana”. Ese umwe wese muri twebwe yoremesha ubwo bumwe bw’agaciro mu gusoma Ijambo ry’Imana ku musi ku musi, mu gutorera umuti mu rukundo ukutumvikana be no mu kwamamaza inkuru nziza “n’umutima umwe”!—Rom. 15:6.