Ubumwe bw’abakirisu buraninahaza Imana
‘Mwihatire n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu.’—EF. 4:3.
1. Ni gute abakirisu bo mu kinjana ca mbere b’i Efeso batumye Imana ininahazwa?
UBUMWE bw’ishengero rya gikirisu ry’i Efeso ha kera bwaraninahaje Imana y’ukuri Yehova. Muri ico kibanza cagirirwamwo ivy’ubudandaji cari gisagamvye, birumvikana ko abavukanyi bamwebamwe b’abakirisu bari abatunzi bafise abashumba, mu gihe abandi bari abashumba kandi bishoboka ko bari bakenye cane. (Ef. 6:5, 9) Bamwe bari Abayuda bamenye ukuri mu mezi atatu intumwa Paulo yamaze avugira mw’isinagogi yabo. Abandi na bo bari bahoze basenga Arutemi, bakaba kandi bahora bagira ivy’ubupfumu. (Ivyak. 19:8, 19, 26) Biratomoye rero yuko ubukirisu nyakuri bwatumye abantu bo mu mice myinshi y’ubuzima bunga ubumwe. Paulo yaremeye icese yuko Yehova yaninahajwe biciye ku bumwe bw’ishengero rya gikirisu. Iyo ntumwa yanditse ati: “Ubuninahazwa bube ubwiwe biciye kw’ishengero.”—Ef. 3:21.
2. Ni igiki cari kibangamiye ubumwe bw’abakirisu b’i Efeso?
2 Ariko rero, ubumwe bwari buhezagiwe bw’iryo shengero ry’i Efeso bwari bubangamiwe. Paulo yagabishije abakurambere baho ati: “Muri mwebwe ubwanyu hazohaguruka abagabo bavuge ibigoramanze kugira ngo bakwegere abigishwa inyuma yabo.” (Ivyak. 20:30) Vyongeye, abavukanyi bamwebamwe ntibari barahevye rwose impwemu yo kwicamwo ibice, iyo Paulo yagabishije ko “ikorera mu bana b’ubugambarazi.”—Ef. 2:2; 4:22.
Ikete rishimika ku bumwe
3, 4. Ikete Paulo yandikiye Abanyefeso rishimika gute ku bumwe?
3 Paulo yaratahura yuko kugira ngo abakirisu babandanye gusenyera ku mugozi umwe neza, umwe wese muri bo ategerezwa kugira akigoro abigiranye ubwira kugira ngo aremeshe ubumwe. Imana yarahumekeye Paulo kugira ngo yandikire Abanyefeso ikete ryashimika ku bumwe. Nk’akarorero, Paulo yaranditse ibijanye n’umugambi Imana ifise wo “kwongera gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu.” (Ef. 1:10) Vyongeye, yagereranije abakirisu n’amabuye atandukanye yubatse inyubakwa. Yanditse ati: “Inyubakwa yose, mu kuba ifatanirijwe hamwe ikanywana, irakura ikaba urusengero rweranda ku bwa Yehova.” (Ef. 2:20, 21) Ikigeretse kuri ivyo, Paulo yarashimitse ku bumwe bw’abakirisu b’Abayuda n’abakirisu b’Abanyamahanga yongera aributsa abo bavukanyi yuko bose bakomotse hamwe. Yavuze ko Yehova ari “Data, umwe umuryango wose mw’ijuru no kw’isi ukesha izina ryawo.”—Ef. 3:5, 6, 14, 15.
4 Uko dusuzuma ikigabane ca 4 c’Abanyefeso, turaza kubona igituma kwunga ubumwe bisaba akigoro, ingene Yehova adufasha kwunga ubumwe, be n’inyifato zizodufasha kuguma twunze ubumwe. Ubona gute none usomye ico kigabane cose kugira ngo urushirize mbere kwungukira kuri iki cigwa?
Igituma kwunga ubumwe bisaba akigoro kagiranywe ubwira
5. Ni kubera iki abamarayika b’Imana bashobora kuyisukurira mu bumwe, mugabo ni kubera iki kwunga ubumwe vyoshobora kurushiriza kuba urugamba kuri twebwe?
5 Paulo yaringinze abavukanyi biwe b’Abanyefeso ngo ‘bihatire kugumya ubumwe bw’impwemu.’ (Ef. 4:3) Kugira ngo utahure ko bikenewe yuko hagirwa akigoro muri ivyo, rimbura ivyerekeye abamarayika b’Imana. Kubera ko ata bintu bibiri bifise ubuzima vyo kw’isi bisa nk’igiharo n’igiharage, turashobora mu buryo bwumvikana gushika ku ciyumviro c’uko Yehova yahezagiye umwe wese mu bamarayika biwe amamiliyoni n’amamiliyoni mu kumurema mu buryo ata wundi basa. (Dan. 7:10) Yamara, barashobora gusukurira Yehova mu bumwe kubera ko bose bamwumviriza bakongera bagakora ivyo agomba. (Soma Zaburi 103:20, 21.) Mu gihe abamarayika b’abizigirwa bafise kamere nziza zitandukanye, abakirisu bobo usanga bafise utunenge tutari tumwe. Ivyo birashobora gutuma kwunga ubumwe birushiriza kuba urugamba.
6. Ni inyifato izihe zizodufasha gusenyera ku mugozi umwe n’abavukanyi bafise utunenge dutandukanye n’utwacu?
6 Igihe abantu b’abanyagasembwa bagerageza gusenyera ku mugozi umwe, barashobora bitagoranye kugiranira ingorane. Nk’akarorero, tuvuge iki mu gihe hari umuvukanyi yitonda ariko akunda gushika yacerewe, asukurira Yehova ari kumwe n’umuvukanyi yubahiriza umwanya mugabo ashavura n’ingoga? Umwe wese muri bo yoshobora kubona ko mu nyifato ya mugenziwe hari ikintu kitagenda neza mugabo agashobora kwibagira yuko no mu nyifato yiwe bwite harimwo ibintu bitabereye. Abavukanyi babiri nk’abo bashobora gute none gusukurira Imana bari kumwe kandi bahuza? Raba ukuntu inyifato zivugwa mu majambo ya Paulo akurikira zobafasha. Nuce uzirikana ku kuntu twoshobora kuremesha ubumwe mu gutsimbataza izo nyifato. Paulo yanditse ati: “Ndabinginga ngo mugende nk’uko bibereye . . . muri n’ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi be n’ubwitonzi bikwiye, hamwe n’ukwiyumanganya, mwihanganirana mu rukundo, mwihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.”—Ef. 4:1-3.
7. Ni kubera iki bihambaye cane ko twihatira kwunga ubumwe n’abandi bakirisu b’abanyagasembwa?
7 Kwiga gusukurira Imana mu bumwe turi kumwe n’abandi bantu b’abanyagasembwa birahambaye cane kubera yuko hari umubiri umwe gusa ugizwe n’abasenga Imana b’ukuri. Bibiliya ivuga iti: “Hari umubiri umwe, n’impwemu imwe, nk’uko nyene mwahamagawe muri ca cizigiro kimwe mwahamagariwe; hari Umukama umwe, ukwizera kumwe, ibatisimu imwe; hari Imana imwe ikaba na Se wa bose, iri hejuru ya bose, ikora biciye kuri bose kandi igakorera muri bose.” (Ef. 4:4-6) Impwemu ya Yehova ikorera mw’ishirahamwe rimwe rigizwe n’abavukanyi Imana iriko irakoresha kandi ni ryo ahezagira. Naho nyene hogira umuntu wo mw’ishengero atubabaza, hari ahandi none twoja? Nta handi dushobora kwumvira amajambo y’ubuzima budahera.—Yoh. 6:68.
“Abagabo b’ingabirano” bararemesha ubumwe
8. Kristu akoresha iki kugira ngo adufashe kwirinda ibintu vyotuma twicamwo ibice?
8 Paulo yarakoresheje ikintu cakunda kugirwa mu basoda bo mu bihe vya kera kugira ngo yerekane ingene Yezu yatanze “abagabo b’ingabirano” ngo bafashe mu vyo gutuma ishengero ryunga ubumwe. Umusoda yaba yatahukanye intsinzi yarashobora gutahana imbohe y’umunyamahanga akayigira umushumba kugira ngo ifashe umugore wiwe udukorwa two mu rugo. (Zab. 68:1, 12, 18) Muri ubwo buryo nyene, kuba Yezu yaratsinze isi vyatumye aronka abashumba benshi b’umutima ukunze. (Soma Abanyefeso 4:7, 8.) None yakoresheje gute abo bashumba, tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo? “Hari abo yatanze ngo babe intumwa, abo yatanze ngo babe abahanuzi, abo yatanze ngo babe abamamaji b’injili, abo yatanze ngo babe abungere n’abigisha, ku bw’ukubogorwa kw’aberanda, ku bw’igikorwa c’ubusuku, ku bw’ukwubakwa kw’umubiri wa Kristu, kugeza twese dushikiriye ubumwe mu kwizera no mu bumenyi butagira amakosa bw’Umwana w’Imana, tugashikira urugero rw’umugabo akuze, urugero rw’igihagararo rw’ukunengesera kwa Kristu.”—Ef. 4:11-13.
9. (a) “Abagabo b’ingabirano” bafasha gute kugira ngo tugume twunze ubumwe? (b) Ni kubera iki umwe wese mu bagize ishengero akwiye kugira ico aterereye ku bumwe bwaryo?
9 Kubera ko abo “bagabo b’ingabirano” ari abungere banyarukundo, barafasha kugira ngo tugume twunze ubumwe. Nk’akarorero, igihe umukurambere wo mw’ishengero abonye abavukanyi babiri bariko ‘baravyura uguhiganwa,’ arashobora kugira ico aterereye mu buryo bukomeye ku bumwe bw’ishengero mu gutanga impanuro zo mu mwiherero, kugira ngo ‘ababogore n’umutima w’ubwitonzi.’ (Gal. 5:26–6:1) Kubera ko abo “bagabo b’ingabirano” ari abigisha, baradufasha kugira ukwizera gukomeye gushingiye ku nyigisho zo muri Bibiliya. Gutyo bararemesha ubumwe bakongera bakadufasha gutera imbere tugana ku kuba abakirisu bahumuye. Paulo yanditse yuko ivyo ari “ukugira ngo ntidusubire kuba inzoya, nk’abazungazungishwa n’ibisebuzi tujanwa irya n’ino n’umuyaga uwo ari wo wose w’inyigisho biciye ku mayeri y’abantu, biciye ku rwenge mu kurementanya uruhendo.” (Ef. 4:13, 14) Umukirisu wese arakwiye kugira ico aterereye ku bumwe bw’umuryango w’abavukanyi, nk’uko nyene igihimba cose c’umubiri wacu cubaka ibindi mu gufasha gutanga ibikenewe.—Soma Abanyefeso 4:15, 16.
Nutsimbataze inyifato nziza
10. Inyifato irangwa ubuhumbu ishobora gute kubangamira ubumwe bwacu?
10 Woba wabonye ko ikigabane ca kane c’ikete Paulo yandikiye Abanyefeso cerekana yuko kugaragaza urukundo ari co kintu nyamukuru gituma twunga ubumwe turi abakirisu bahumuye? Gica cerekana ico kugaragaza urukundo bisaba. Kimwe coco, gukurikira inzira y’urukundo ntivyorekurira umuntu gukora ubusambanyi no kugira ubushirasoni. Paulo yahimirije abavukanyi biwe ‘kutabandanya kugenda nk’uko abo mu mahanga bagenda.’ Abo bantu bari ‘barabaye ibiti,’ kandi bari ‘barihereje ubushirasoni.’ (Ef. 4:17-19) Isi irangwa ubuhumbu tubamwo irabangamira ubumwe bwacu. Abantu usanga batebura bavuga ibijanye n’ubusambanyi, bakaririmba ibibwerekeye, bakaburaba kugira ngo binezereze, bakongera bakabukora haba mu mpisho canke ku mugaragaro. Yamara rero, mbere no gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina, ivyoshobora kuba birimwo kugira inyifato isa n’iyerekana yuko umuntu munaka agukwegera mu vy’igitsina kandi udafise intumbero yo kwubakana na we, birashobora kugukura kuri Yehova no kw’ishengero. Uti kubera iki? Kubera ko bishikana ku busambanyi bitagoranye. Vyongeye, igihe umuntu yubatse akweganye n’uwo badasangiye igitsina bikamushikana ku kurenga ibigo, birashobora mu buryo bubabaje gutuma abavyeyi batandukana n’abana, abubatse bahemukiwe na bo bagatandukana n’abo bari bubakanye. Emwe, ivyo biratuma haba ibice! Ntibitangaje kubona Paulo yaranditse ati: “Mwebwe ukwo si ko mwize Kristu”!—Ef. 4:20, 21.
11. Bibiliya iremesha abakirisu kugira ihinduka irihe?
11 Paulo yarashimitse ku vy’uko dukwiye guheba uburyo bwo kwiyumvira butubuza gukora ibintu mu buryo bubereye maze tugatsimbataza nyabuna inyifato zituma dushobora kubaho duhuza n’abandi. Yavuze ati: “Mukwiye kwambura wa muntu wa kera ahura n’ingeso zanyu za kera akononekara yisunze ivyipfuzo vyiwe [ni ukuvuga vy’uwo muntu wa kera] bihendana; . . . mukwiye guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wanyu, mukambara wa muntu mushasha yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana mu bugororotsi bw’ukuri no mu kudahemuka kw’ukuri.” (Ef. 4:22-24) Dushobora gute none ‘guhindurwa bashasha mu nguvu zikoresha umuzirikanyi wacu’? Nimba tuzirikana tubigiranye ugukenguruka ku vyo twiga mw’Ijambo ry’Imana be no ku vyo twigira ku karorero keza gatangwa n’abakirisu bahumuye, turashobora guhinduka umuntu mushasha “yaremwe hisunzwe ukugomba kw’Imana,” igihe tugize akigoro.
Nutsimbataze uburyo bwiza bwo kuvuga
12. Ni gute kuvuga ukuri biremesha ubumwe, kandi ni kubera iki hari abo bigora kuba imvugakuri?
12 Kuvuga ukuri birahambaye cane ku bantu usanga ari ibihimba vya bagenzi babo mu muryango canke mw’ishengero. Kuvuga ata guca ku ruhande, ata guhisha kandi mu buryo buranga ubuntu birashobora gutuma abantu bunga ubumwe. (Yoh. 15:15) Ariko none tuvuge iki mu gihe umuntu ahenze umuvukanyi wiwe? Igihe uwo muvukanyi abimenye, ukwizigiranira kwari hagati yabo guca kugabanuka. Urashobora gutahura igituma Paulo yanditse ati: “Umwe wese muri mwebwe navugane ukuri na mugenziwe, kuko turi ibihimba vya bagenzi bacu.” (Ef. 4:25) Umuntu amenyereye kubesha, kumbure akaba yabitanguye kuva akiri muto, vyoshobora kumugora gutangura kuvuga ukuri. Mugabo Yehova azoshima akigoro agira kugira ngo ahindure kandi azomufasha.
13. Kwiyambura ugutukana birimwo iki?
13 Yehova aratwigisha ingene twotuma mw’ishengero no mu muryango haba ukwubahana be n’ubumwe mu gucungera bimwe bikomeye uburyo tuvuga. Bibiliya igira iti: “Ntihagire ijambo riboze riva mu kanwa kanyu . . . .Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose.” (Ef. 4:29, 31) Uburyo bumwe bwo kwirinda imvugo ibabaza ni ukwihatira gufata abandi mu buryo burushirije kubamwo icubahiro. Nk’akarorero, umugabo atuka umugore wiwe arakwiye kwihatira guhindura ukuntu amufata, na canecane uko agenda ariga ukuntu Yehova atera iteka abagore. Imana mbere irarobanura abagore bamwebamwe ikoresheje impwemu nyeranda, ikabaha icizigiro co kuzofadikanya na Kristu kuganza ari abami. (Gal. 3:28; 1 Pet. 3:7) Muri ubwo buryo nyene, umugore akunda gukankamira umugabo wiwe arakwiye kuvyurirwa umutima wo guhindura, uko agenda ariga ingene Yezu yigumya igihe yaba asomborokejwe.—1 Pet. 2:21-23.
14. Ni kubera iki guserura ishavu birimwo akaga?
14 Akenshi umuntu atukana kubera ko aba atashoboye gucungera ishavu. Ivyo na vyo nyene birashobora gutandukanya abantu usanga ari ibihimba vya bagenzi babo. Ishavu rimeze nk’umuriro. Rirashobora kugora gucungera maze rigatuma ibintu vyononekara. (Imig. 29:22) Umuntu afise imvo yumvikana yo guserura ibimubabaje, ategerezwa gucungera neza ishavu ryiwe kugira ngo yirinde kwonona ubucuti bw’agaciro afitaniye n’abandi. Abakirisu barakwiye kwihatira kubabarira abandi, ntibababikire inzika kandi ntibaze barasubira kuvuga ibijanye n’ingorane bafitaniye. (Zab. 37:8; 103:8, 9; Imig. 17:9) Paulo yahanuye Abanyefeso ati: “Murake, yamara ntimucumure; izuba ntirirenge mugishavuye, kandi ntimuhe ikibanza Shetani.” (Ef. 4:26, 27) Igihe umuntu adashoboye gucungera ishavu vyotuma Shetani aronka akaryo ko kubiba ukwicamwo ibice eka mbere n’amatati mw’ishengero.
15. Gutwara ikintu kitari icacu bishobora kugira ingaruka iyihe?
15 Kwubaha ivyo abandi batunze biragira ico biterereye ku bumwe bw’ishengero. Dusoma duti: “Uwiba ntiyongere kwiba.” (Ef. 4:28) Mu basavyi ba Yehova usanga harangwa ukwizigiranira. Hamwe umukirisu yorira mbege kuri ukwo kwizigiranira mu gutwara ikintu kitari iciwe, yoba yononye ubwo bumwe buhimbaye.
Gukunda Imana biratuma twunga ubumwe
16. Dushobora gute gukoresha imvugo yubaka kugira ngo dukomeze ubumwe bwacu?
16 Ubumwe bw’ishengero rya gikirisu buva ku kuba urukundo bose bakunda Imana rubavyurira umutima wo gufata abandi mu buryo buranga urukundo. Gukenguruka ubuntu bwa Yehova biratuvyurira umutima wo kugira akigoro gakomeye ko gushira mu ngiro iyi mpanuro igira iti: “[Muvuge] ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva. . . . Mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu.” (Ef. 4:29, 32) Yehova abigiranye ubuntu arababarira abantu b’abanyagasembwa nkatwe. None natwe ntidukwiye kubabarira abandi igihe tubonye udusembwa twabo?
17. Ni kubera iki dukwiye kwihatira kuremesha ubumwe tubigiranye ubwira?
17 Ubumwe bw’abasavyi b’Imana buraninahaza Yehova. Impwemu yiwe iratuvyurira umutima mu buryo butandukanye wo kuremesha ubumwe. Nta gukeka ko tutipfuza kurwanya ubuyobozi iyo mpwemu itanga. Paulo yanditse ati: “Ntimutuntuze impwemu nyeranda y’Imana.” (Ef. 4:30) Ubumwe ni itunga rikwiye gukingirwa. Buratuma abantu bose bafitaniye ubwo bumwe bagira umunezero bukongera bukaninahaza Yehova. “Nimwigane Imana rero nk’abana ikunda, kandi mubandanye kugendera mu rukundo.”—Ef. 5:1, 2.
Wokwishura gute?
• Ni inyifato izihe ziremesha ubumwe mu bakirisu?
• Inyifato yacu ishobora gute kuremesha ubumwe mw’ishengero?
• Imvugo yacu ishobora gute kudufasha gusenyera ku mugozi umwe n’abandi?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 17]
Abantu bo mu mice myinshi y’ubuzima barunze ubumwe
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 18]
Woba utahura ingeramizi ziri mu gukwegana n’uwo mudasangiye igitsina?