Ubumwe ni bwo buranga ugusenga kw’ukuri
“Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa.”—MIKA 2:12.
1. Ivyaremwe bigaragaza gute ubukerebutsi bw’Imana?
UMWANDITSI wa Zaburi umwe yavuze atangara ati: “Ewe kuntu ibikorwa vyawe ari vyinshi, Yehova we! Vyose wabikoranye ubukerebutsi. Isi yuzuye ivyo wakoze.” (Zab. 104:24) Ubukerebutsi bw’Imana buragaragarira mu kuntu ubwoko amamiliyoni n’amamiliyoni bw’ibimera, udukoko, ibikoko, be n’utunyabuzima dutoduto cane tutaboneka bita bagiteri, uburi muri rwa rusobangane rutangaje rw’ibinyabuzima biri kw’isi, usanga ari magiriranire. Vyongeye, mu mubiri wawe, harimwo ibihimba ibihumbi n’ibihumbi bikora ibikorwa bitandukanye, kuva ku bihimba bininibinini gushika ku duhimba tunzwinya turi mu tugingo ngengabuzima twawe, ivyo vyose bikaba bikorera hamwe kugira ngo ube umuntu akwiye kandi afise amagara meza.
2. Nk’uko vyerekanwa kw’ishusho iri ku rupapuro rwa 13, ni kubera iki ubumwe bwari mu bakirisu butegerezwa kuba bwaboneka ko ari igitangaro?
2 Yehova yaremye abantu kugira ngo babe magiriranire. Usanga abantu batandukanye cane mu kuntu basa, muri kamere zabo no mu buhanga bafise. N’ikindi kandi, yarahaye abantu ba mbere kamere zimeze nk’iziwe zotumye bashobora gusenyera ku mugozi umwe no kuba magiriranire. (Ita. 1:27; 2:18) Ariko rero, isi y’abantu muri rusangi ubu iratandukanijwe n’Imana kandi tuyifatiye hamwe ntiyigeze ishobora gukora yunze ubumwe. (1 Yoh. 5:19) Ku bw’ivyo, uravye ukuntu ishengero rya gikirisu ryo mu kinjana ca mbere ryari rigizwe n’abantu batandukanye, muri abo hakaba harimwo abashumba b’Abanyefeso, abagore b’abamenyekana b’Abagiriki, abagabo b’Abayuda bize, be n’abahora basenga ibigirwamana, ubumwe bwabo butegerezwa kuba bwaboneka ko ari igitangaro.—Ivyak. 13:1; 17:4; 1 Tes. 1:9; 1 Tim. 6:1.
3. Bibiliya idondora gute ubumwe bw’abakirisu, kandi ni ibiki tugira turimbure muri iki cigwa?
3 Ugusenga kw’ukuri kuratuma abantu bashobora gusenyera ku mugozi umwe neza nka kurya kw’ibihimba vy’umubiri wacu. (Soma 1 Abakorinto 12:12, 13.) Bimwebimwe mu bintu tugira turimbure muri iki kiganiro ni ibi: Ni gute ugusenga kw’ukuri gutuma abantu bunga ubumwe? Ni kubera iki Yehova ari we wenyene ashoboye gutuma abantu amamiliyoni bo mu mahanga yose bunga ubumwe? Ni ibintu ibihe Yehova adufasha kurengera bibangamira ubumwe? Vyongeye ku bijanye n’ubumwe, abakirisu b’ukuri batandukanye gute n’abiyita abakirisu?
Ni gute ugusenga kw’ukuri gutuma abantu bunga ubumwe?
4. Ni gute ugusenga kw’ukuri gutuma abantu bunga ubumwe?
4 Abantu bari mu gusenga kw’ukuri baremera yuko, kubera ko Yehova yaremye ibintu vyose, ari we Segaba w’ibiriho vyose abifitiye uburenganzira. (Ivyah. 4:11) Ku bw’ivyo rero, naho abakirisu b’ukuri baba mu mihingo myinshi kandi ivyabo bikaba vyifashe mu buryo butandukanye, bose bagamburuka amategeko y’Imana amwe bakongera bakabaho bisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zimwe. Abasavyi b’Imana b’ukuri bose bavuga mu buryo bubereye ko Yehova ari ‘Se wabo.’ (Yes. 64:8; Mat. 6:9) Gutyo, bose baravukana mu buryo bw’impwemu kandi barinovora ubumwe bwiza igitangaza bwadondowe n’umwanditsi wa Zaburi, uwavuze ati: “Raba! Ese ukuntu ari vyiza kandi bihimbaye ko abavukana babana mu bumwe!”—Zab. 133:1.
5. Ni kamere iyihe igira ico iterereye ku bumwe bw’abasavyi b’Imana b’ukuri?
5 Naho abakirisu b’ukuri ari abanyagasembwa, basenga Imana bunze ubumwe kubera ko bize gukundana. Yehova arabigisha gukundana mu buryo ata wundi muntu n’umwe ashobora kubibigisha. (Soma 1 Yohani 4:7, 8.) Ijambo ryiwe rivuga riti: “Nimwambare ikibabarwe cuzuye impuhwe, ubuntu, ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi, ubwitonzi, n’ukwiyumanganya. Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. Nk’uko Yehova yabababariye ata gahigihigi, namwe nyene mugenze mutyo. Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.” (Kol. 3:12-14) Uwo mugozi utagira akanenge wunga ubumwe, ni ukuvuga urukundo, ni kamere iranga ahanini abakirisu b’ukuri. Ufatiye ku vyo wewe ubwawe wiboneye, ntiwabonye none yuko ubwo bumwe ari ikintu kiranga abakirisu b’ukuri?—Yoh. 13:35.
6. Icizigiro cerekeye Ubwami kidufasha gute kugiranira ubumwe?
6 Vyongeye, abasavyi b’Imana b’ukuri barafitaniye ubumwe kubera ko bahanga amaso Ubwami bw’Imana nka co kintu conyene abantu bakwiye kwizigira. Barazi yuko Ubwami bw’Imana bugiye gusubirira intwaro z’abantu maze bugahezagira abantu bagamburuka mu kubaronsa amahoro nyakuri kandi yamaho. (Yes. 11:4-9; Dan. 2:44) Ni co gituma abakirisu bakurikiza ivyo Yezu yavuze ku bijanye n’abayoboke biwe ati: “Si ab’isi, nk’uko nanje ntari uw’isi.” (Yoh. 17:16) Abakirisu b’ukuri baguma ata ho begamiye mu matati yo mw’isi; ku bw’ivyo, usanga bashoboye kugiranira ubumwe n’igihe nyene ababakikuje baba bari mu ntambara.
Isoko rimwe rudende ry’inyigisho yo mu vy’impwemu
7, 8. Ni mu buryo ki inyigisho ishingiye kuri Bibiliya ituma twunga ubumwe?
7 Abakirisu bo mu kinjana ca mbere bari bafitaniye ubumwe kubera ko bose baronka indemesho zivuye kw’isoko rimwe. Baremera yuko Yezu yigisha akongera akayobora ishengero abicishije ku nama nyobozi, iyari igizwe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu. Abo bagabo bitanga cane bafata ingingo bisunze Ijambo ry’Imana kandi barasaba abacungezi b’ingenzi ngo bashikirize amashengero yo mu bihugu vyinshi ubuyobozi baba batanze. Ku bijanye na bamwebamwe muri abo bacungezi, Bibiliya ivuga iti: “Baragenda baca mu bisagara, bagenda bashikiriza abaho ingingo zashinzwe zari zapfunditswe n’intumwa be n’abagabo b’inararibonye bari i Yeruzalemu, ngo bazubahirize.”—Ivyak. 15:6, 19-22; 16:4.
8 No muri iki gihe nyene, Inama Nyobozi igizwe n’abakirisu barobanujwe impwemu iratuma ishengero rikwiye kw’isi yose ryunga ubumwe. Inama Nyobozi irasohora mu ndimi nyinshi ibisohokayandikiro biremesha mu buryo bw’impwemu. Ivyo bifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu usanga bishingiye kw’Ijambo ry’Imana. Ku bw’ivyo, ivyigishwa ntibiva ku bantu ahubwo biva kuri Yehova.—Yes. 54:13.
9. Igikorwa Imana yadushinze kidufasha gute kwunga ubumwe?
9 Abacungezi bakirisu na bo nyene bararemesha ubumwe mu kuja imbere abandi mu gikorwa co kwamamaza. Ubucuti somambike butuma abakorana mu murimo w’Imana bunga ubumwe burakomeye rwose kuruta ubucuti butuma abandi bantu bo muri iyi si bapfa gusa kwifatanya. Ishengero rya gikirisu ntiryashinzwe kugira gusa rize riratuma abantu bahurira hamwe, ahubwo ryashinzwe kugira ngo ritere iteka Yehova ryongere ritume harangurwa igikorwa, ni ukuvuga igikorwa co kwamamaza inkuru nziza, guhindura abantu abigishwa, no kwubaka ishengero. (Rom. 1:11, 12; 1 Tes. 5:11; Heb. 10:24, 25) Ni co gituma intumwa Paulo yashoboye kuvuga ku bijanye n’abakirisu ati: “Muhagaze mushikamye mu mpwemu imwe, murwanira hamwe urugamba mufatanye mu nda ku bw’ukwizera kujanye n’inkuru nziza.”—Flp. 1:27.
10. Ni mu buryo bumwebumwe ubuhe twunze ubumwe twebwe abasavyi b’Imana?
10 Ku bw’ivyo, twebwe abasavyi ba Yehova turunze ubumwe kuko twemera ubusegaba bwa Yehova, tugakunda abavukanyi bacu, tukizigira Ubwami bw’Imana, tukongera tukubaha abo Imana ikoresha kugira ngo baje imbere abandi muri twebwe. Yehova aradufasha gutsinda inyifato zinaka zoshobora guhungabanya ubumwe bwacu kubera ko turi abanyagasembwa.—Rom. 12:2.
Gutsinda ubwishime n’ishari
11. Ni kubera iki ubwishime butuma abantu bicamwo ibice, kandi Yehova adufasha gute kubutsinda?
11 Ubwishime buratuma abantu bicamwo ibice. Umuntu w’umunyabwishime usanga akunda kwibona ko aruta abandi kandi akenshi usanga ahimbarwa no kuvuga amajambo yo kwirata. Mugabo ivyo akenshi birabangamira ubumwe; abumva ukwo kuntu yirata boshobora kumugirira ishari. Umwigishwa Yakobo atubwira atarya umunwa ati: “Ukwishima mwene ukwo kwose ni kubi.” (Yak. 4:16) Ntibiranga urukundo kubona ko abandi bari hasi. Mu buryo budasanzwe, Yehova ni akarorero ko kwicisha bugufi mu kuntu afata abantu b’abanyagasembwa nkatwe. Dawidi yanditse ati: “Ukwicisha bugufi kwawe [ni ukuvuga kw’Imana] ni kwo kungira uwuhambaye.” (2 Sam. 22:36) Ijambo ry’Imana riradufasha gutsinda ubwishime mu kutwigisha kuzirikana mu buryo bubereye. Paulo yarahumekewe kugira ngo abaze ati: “Ni nde akugira uwutandukanye n’uwundi? Mu vy’ukuri, ni igiki ufise utahawe? Nimba none waragihawe koko, kubera iki wirata nk’aho utagihawe?”—1 Kor. 4:7.
12, 13. (a) Ni kubera iki vyoroshe kugira ishari? (b) Kubona abandi nk’uko Yehova ababona bivamwo iki?
12 Ishari ni ikindi kintu gikunze kubangamira ubumwe. Kubera ko twese twarazwe agasembwa, turafise “agatima k’ishari,” kandi mbere n’abakirisu bamaze igihe kirekire vyoshobora gushika bakagirira ishari ukuntu ivy’abandi vyifashe, ivyo batunze, uduteka batewe, canke ubushobozi bafise. (Yak. 4:5) Nk’akarorero, umuvukanyi afise umuryango yoshobora kugirira ishari uduteka umusuku w’igihe cose afise, atazi yuko uwo musuku w’igihe cose na we ashobora kuba hari ukuntu afitiye ishari uwo mugabo afise umuryango akagira n’abana. Dushobora gute none kubuza bene iryo shari ngo ntirihungabanye ubumwe twifitiye?
13 Kugira ngo dufashwe kwirinda ishari, nitwibuke yuko Bibiliya igereranya abarobanuwe bo mw’ishengero rya gikirisu n’ibihimba vy’umubiri w’umuntu. (Soma 1 Abakorinto 12:14-18.) Nk’akarorero, naho ijisho ryawe ryoshobora kuba ari ryo riboneka kuruta umutima wawe, none ivyo bihimba vyompi ntibigufitiye akamaro? Muri ubwo buryo nyene, Yehova araha agaciro abagize ishengero bose naho bamwebamwe boshobora kumara igihe kinaka ari bo baboneka kuruta abandi. Ku bw’ivyo rero, nimuze tubone abavukanyi bacu nk’uko Yehova ababona. Aho kugirira ishari abandi, turashobora kwerekana yuko tubababaye be n’uko tubitwararika. Tubigize gutyo, tuba dutumye itandukaniro riri hagati y’abakirisu b’ukuri n’abari mu madini y’abiyita abakirisu rirushiriza kwibonekeza.
Abiyita abakirisu barangwa n’ukwicamwo ibice
14, 15. Ni gute ubukirisu bw’ubuhuni bwahavuye bwicamwo ibice?
14 Ubumwe bw’abakirisu b’ukuri buratandukanye cane n’ugushihana kuri mu madini y’abiyita abakirisu. Mu kinjana ca kane, ubukirisu bw’ubuhuni bwari bukwiragiye cane ku buryo n’umwami w’abami w’Uburoma w’umupagani yabaye umuyoboke wabwo akongera akabwigarurira, ivyo bikaba vyatumye abiyita abakirisu bongerekana. Maze, kubera ko hagiye haraba ukwicamwo ibice, ubwami bwinshi bwariyonkoye ku Buroma hanyuma bushinga amadini yabwo bwite ashigikiwe na Leta.
15 Bwinshi muri ubwo bwami bwaramaze imyaka amajana n’amajana butana mu mitwe. Mu kinjana ca 17 be n’ica 18, abantu bo mu Bwongereza, mu Bufaransa, no muri Leta Zunze Ubumwe bararemesheje ivyo kwihebera igihugu cabo, ku buryo ivyo gukunda igihugu birenze urugero vyahavuye bicika koko nk’idini. Mu kinjana ca 19 n’ica 20, ivyiyumviro vy’abantu benshi vyaratanguye kwizizirwa n’ivyo gukunda igihugu birenze urugero. Amaherezo, amadini y’abiyita abakirisu yariciyemwo imice itari mike, myinshi muri yo ikaba irenza uruho rw’amazi ku vyo gukunda igihugu birenze urugero. Abayoboke b’amadini mbere baragiye mu vyo gutana mu mitwe n’abo basangiye ukwemera bo mu kindi gihugu. Muri iki gihe, mu biyita abakirisu harangwa ukwicamwo ibice bitumwe n’ukudahuza mu bijanye n’inyigisho be n’ivyo gukunda igihugu birenze urugero.
16. Ni ibibazo bwoko ki bituma abiyita abakirisu bicamwo ibice?
16 Mu kinjana ca 20, imwimwe mu mice amajana n’amajana y’abiyita abakirisu yaratanguye kugira akigoro ko kuremesha ubumwe. Mugabo inyuma y’imyaka amajana n’amajana bamaze bagira ako kigoro, amadini makeyi ni yo gusa yashoboye kuja hamwe, kandi mu bayoboke bayo haracarimwo ukudahuza ku bibazo bimwebimwe nk’ihindagurika, ugukorora imbanyi, uguhuza ibitsina kw’ababisangiye, be n’ivyo gushinga amabanga abagore. Mu madini amwamwe y’abiyita abakirisu, indongozi z’amadini ziragerageza gutuma abantu bo mu mice itandukanye bunga ubumwe mu kubereka yuko inyigisho zahora zibatandukanya zidahambaye rwose. Ariko rero, ukwo kwerekana ko izo nyigisho zidahambaye rwose bica bituma abantu basigara bafise ukwizera kudafashe kandi mu vy’ukuri ivyo ntibituma amadini y’abiyita abakirisu yari asanzwe yiciyemwo ibice yunga ubumwe.
Ivyo gukunda igihugu birenze urugero nta kibanza bifise mu gusenga kw’ukuri
17. Ni gute vyari vyaravuzwe ko ugusenga kw’ukuri kwotumye abantu bunga ubumwe “mu kiringo ca nyuma c’imisi”?
17 Naho ubu usanga abantu biciyemwo ibice mu buryo buteye ubwoba kuruta ikindi gihe cose, ubumwe burabandanya kuba ikintu kiranga abasavyi b’Imana b’ukuri. Umuhanuzi w’Imana ari we Mika yari yaravuze ati: “Nzobashira hamwe, nk’umukuku mu rugo rw’ibitungwa.” (Mika 2:12) Mika yari yaravuze yuko ugusenga kw’ukuri kwoshizwe hejuru y’ubundi buryo bwo gusenga bwose, kwaba ugusenga imana z’ikinyoma canke ugusenga igihugu nk’imana. Yanditse ati: “Ibi ni vyo bizotegerezwa kuba mu kiringo ca nyuma c’imisi: umusozi w’inzu ya Yehova uzoshimangirwa hejuru y’isonga ry’imisozi, emwe, uduzwe hejuru y’imirambi; kandi ibisata vy’abantu bizorindiga koko bija kuri wo. Kuko ibisata vy’abantu vyose bizogendera kimwekimwe cose mw’izina ry’imana yaco; ariko tweho tuzogendera mw’izina rya Yehova Imana yacu gushika igihe kitagira urugero, egome, ibihe bidahera.”—Mika 4:1, 5.
18. Ugusenga kw’ukuri kwadufashije kugira ayahe mahinduka?
18 Mika yaradondoye kandi ukuntu ugusenga kw’ukuri kwotumye abahora badacana uwaka bunga ubumwe. Yavuze ati: ‘[Abantu] bo mu mahanga menshi bazogenda koko, bavuge bati: “Nimuze tuduge ku musozi wa Yehova no ku nzu y’Imana ya Yakobo; izotwigisha inzira zayo, natwe tuzogendera mu minyuro yayo.” . . . Kandi inkota zabo bazobwirizwa kuzicuramwo ibirimisho, n’amacumu yabo bayacuremwo imihoro yo gututūra. Ntibazobangura inkota, ihanga ngo riyibangurire irindi hanga, eka ntibazokwongera kwiga kurwana.’ (Mika 4:2, 3) Abaheba ivyo gusenga imana zakozwe n’abantu canke ivyo gusenga ibihugu bagatangura gusenga Yehova, barafitaniye ubumwe kw’isi yose. Imana irabigisha ibijanye n’urukundo.
19. Kuba abantu amamiliyoni bunze ubumwe mu gusenga kw’ukuri ni ikimenyamenya gitomoye c’iki?
19 Ubumwe abakirisu b’ukuri bafitaniye kw’isi yose muri iki gihe ni ikintu kidasanzwe kandi ni ikimenyamenya gitomoye c’uko Yehova abandanya kuyobora abasavyi biwe abicishije ku mpwemu yiwe. Abantu bo mu mahanga yose bariko barunga ubumwe ku rugero rutari bwigere ruboneka muri kahise k’abantu. Ivyo birerekana ko ibivugwa mu Vyahishuwe 7:9, 14, biriko biraranguka mu buryo buboneka, kandi birerekana yuko abamarayika b’Imana bagiye kurekura ya “miyaga” izotikiza iyi si mbi. (Soma Ivyahishuwe 7:1-4, 9, 10, 14.) Wumva none atari agateka kuba turi mu muryango w’abavukanyi wunze ubumwe ukwiye kw’isi yose? None umwumwe wese muri twebwe ashobora gute kugira ico aterereye kuri ubwo bumwe? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.
Wokwishura gute?
• Ni gute ugusenga kw’ukuri gutuma abantu bunga ubumwe?
• Dushobora gute kubuza ishari ngo ntirihungabanye ubumwe bwacu?
• Ni kubera iki ivyo gukunda igihugu birenze urugero bidatuma abasavyi b’Imana b’ukuri bicamwo ibice?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 13]
Abakirisu bo mu kinjana ca mbere baturuka mu mice myinshi y’ubuzima
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 15]
Kuba ufasha mu vyo kwubaka Ingoro z’Ubwami bigira ico biterereye gute ku bumwe?