Ukunezerwa kw’Abagendera mu Muco
“Ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho.”—YESAYA 2:5.
1, 2. (a) Umuco uhambaye ku rugero rungana iki? (b) Ni kuki imburizi yuko umwiza wotwikiriye isi ihambaye cane?
YEHOVA ni we Soko ry’umuco. Bibiliya imwita “uwatanze izuba ngo ribe umuco w’umurango, akagera ukwezi n’inyenyeri ngo vyake mw ijoro.” (Yeremiya 31:35; Zaburi 8:3) Ni we yaremye izuba ryacu, na ryo rikaba mu vy’ukuri ari itanure amahero rirekurira mu kirere inguvu nyinshi cane, zimwe zikaba mu buryo bw’umuco n’ubushuhe. Agace inzatsa k’izo nguvu kadushikira ari umuco w’izuba ni ko kabungabunga ubuzima kw’isi. Tudafise umuco w’izuba, ntitwoshobora kubaho. Isi yoba umubumbe utagirako ubuzima.
2 Ivyo tubifise ku muzirikanyi, turashobora gutahura uburemere bw’ibintu vyadondowe n’umuhanuzi Yesaya. Yavuze ati: “Rāba, umwiza uzotwikira isi, umwiza w’umuzitanya uzotwikira amahanga.” (Yesaya 60:2) Birumvikana, ivyo ntivyerekeza ku mwiza nyamwiza. Yesaya ntiyashaka kuvuga yuko umusi uri zina izuba, ukwezi, n’inyenyeri vyoretse kwaka. (Zaburi 89:36, 37; 136:7-9) Ahubwo, yariko avuga ivyerekeye umwiza wo mu buryo bw’impwemu. Ariko umwiza wo mu buryo bw’impwemu ukwega urupfu. Ntidushobora kubaho igihe kirekire tutagira umuco wo mu buryo bw’impwemu, nk’uko nyene tudashobora kubaho tutagira umuco nyamuco.—Luka 1:79.
3. Bafatiye ku majambo ya Yesaya, Abakirisu bakwiye gukora iki?
3 Dufatiye kuri ivyo bintu vyose, birahambaye kumenya yuko amajambo ya Yesaya, naho yarangukiye ku Buyuda bwa kera, ariko aragira iranguka rihambaye kuruta muri iki gihe. Egome, muri iki gihe cacu isi iratwikiriwe n’umwiza wo mu buryo bw’impwemu. Mu gihe c’ingeramizi nk’iki, umuco wo mu buryo bw’impwemu usanga uhambaye cane. Ni co gituma Abakirisu bakwiye kwumvira inkeburo ya Yezu igira iti: “Umuco wanyu ubonesh[e] imbere y’abantu.” (Matayo 5:16) Abakirisu b’abizerwa barashobora gutuma mu mwiza habona ku bw’abagwaneza, gutyo bakabaha akaryo ko kuronka ubuzima.—Yohana 8:12.
Ibihe vy’Umwiza Muri Isirayeli
4. Amajambo y’ubuhanuzi ya Yesaya yarangutse ryari ari bwo bwa mbere, ariko ibintu vyari bimaze kwifata gute mu misi yiwe ubwiwe?
4 Amajambo ya Yesaya yerekeye umwiza utwikira isi yarangutse ari bwo bwa mbere igihe Ubuyuda bwasigara ari umusaka kandi abantu baho bakaba bari mu bunyagano i Babuloni. Ariko rero, n’imbere yaho, mu misi ya Yesaya ubwiwe, igice kinini c’iryo hanga cari kimaze gutwikirwa n’umwiza wo mu buryo bw’impwemu, akaba ari co kintu camusunikiye guhimiriza abavukagihugu bagenziwe ati: “Yemwe ab’inzu ya Yakobo, ni muze tugendere mu muco w’Uhoraho”!—Yesaya 2:5; 5:20.
5, 6. Ni ibiki biri mu vyatumye haba umwiza wo mu misi ya Yesaya?
5 Yesaya yavugiye ubuhanuzi i Buyuda “ku ngoma ya Uziya no ku ya Yotamu no ku ya Ahazi no ku ya Hezekiya, abami b’i Buyuda.” (Yesaya 1:1) Cari igihe c’umudurumbanyo uturuka ku ruhagarara rwo mu vya politike, ku bwiyorobetsi mu vy’idini, ku biturire vyo mu manza hamwe no ku guhahaza abakene. Mbere no mu kiringo c’ingoma z’abami b’abizerwa, nka Yotamu, ibicaniro vy’imana z’ikinyoma vyarashobora kuboneka ku mpinga z’imisozi myinshi. Mu gihe c’abami b’abahemu, ibintu vyarunyutse. Nk’akarorero, Umwami w’umubisha Ahazi, yaramenje gushika n’aho atanga uruvyaro rwiwe kw’ikimazi c’umuhamuro ahaye imana Moleki. Uwo wari umwiza vy’ukuri!—2 Abami 15:32-34; 16:2-4.
6 No mu yandi mahanga ibintu vyari mu mwijima. Mowabu, Edomu n’Ubufilisitiya vyari bihanamiye Ubuyuda ku mbibe zabwo. Naho Ubwami bwa Isirayeli bwo mu Buraruko bwari n’ico bupfana n’Ubuyuda, bwarabwanka bimwe vyeruye. Amaja ruguru cane, Siriya yari ihanamiye amahoro y’Ubuyuda. Abari babageramiye mbere kuruta bari Abashuri bifata runyamaswa, abarondera nantaryo uturyo two kwagura akarere batwara. Mu kiringo Yesaya yashikiririzamwo ubuhanuzi, Ashuri yarigaruriye ihanga rya Isirayeli kandi isangangura Ubuyuda nka bwose. Hari igihe ibisagara vyose bizitiye vy’i Buyuda vyari mu maboko y’Abashuri kiretse Yeruzalemu.—Yesaya 1:7, 8; 36:1.
7. Ni inzira iyihe Isirayeli n’Ubuyuda vyahisemwo, kandi Yehova yavyakiriye gute?
7 Abasavyi b’Imana bo mw’isezerano barakubaguwe n’ivyago nk’ivyo kubera ko Isirayeli n’Ubuyuda vyari vyarayihemukiye. Cokimwe na bamwe bavugwa mu gitabu c’Imigani, “ba[ra]ta inzira zo kugororoka, ngo bagendere mu nzira z’umwiza.” (Imigani 2:13) Yamara, naho Yehova yari yararakiye abasavyi biwe, ntiyabahevye buhere. Ahubwo, yarahagurukije Yesaya n’abandi bahanuzi kugira batange umuco wo mu buryo bw’impwemu ku bw’uwo ari we wese muri iryo hanga yobaye akirondera gusukurira Yehova ari umwizerwa. Umuco watangwa biciye kuri abo bahanuzi wari uw’agaciro vy’ukuri. Wari ntangabuzima.
Ibihe vy’Umwiza Muri Iki Gihe
8, 9. Ni ibintu ibihe biri mu bituma haba umwiza mw’isi muri iki gihe?
8 Mu misi ya Yesaya ibintu vyari vyifashe nk’uko vyifashe muri iki gihe. Muri iki gihe cacu, indongozi bantu zarateye umugongo Yehova n’Umwami wiwe yimitswe, Yezu Kirisitu. (Zaburi 2:2, 3) Indongozi z’amadini zo mu Bitwa Abakirisu zarahenze imikuku yazo. Mwene izo ndongozi birarira yuko bakorera Imana, ariko mu vy’ukuri benshi muri bo bashira hejuru imana z’iyi si—ukwiratira igihugu, igisoda, ubutunzi be n’abantu ba rurangiranwa—tutavuze ivy’ukwigisha inyigisho za gipagani.
9 Amadini y’Abitwa Abakirisu yarisutse mu ntambara be no mu matati y’abanyagihugu ashingiye ku vyo gutyorora ubwoko hamwe n’ayandi mabi, uyu musi akabigira ngaha ejo hariya. Vyongeye, aho gushigikira ukwigenza runtu gushingiye kuri Bibiliya, amadini menshi ariko arirengagiza canke ashigikira n’umwete ingeso z’ubushegabo nk’ubusambanyi be n’ukumarana inambu kw’abasangiye igitsina. Ukwo gutera akagere ingingo ngenderwako za Bibiliya kwatumye imikuku yo mu Bitwa Abakirisu imera nka ba bantu bavugwa n’umwanditsi wa Zaburi wa kera. Agira ati: “Nta co bazi, nta co batahura, bagendagenda mu mwiza.” (Zaburi 82:5) Mu vy’ukuri, Abitwa Abakirisu cokimwe n’Ubuyuda bwa kera, bari mu mwiza w’umuzitanya.—Ivyahishuriwe 8:12.
10. Ni gute umuco waka mu mwiza muri iki gihe, kandi ni gute abagwaneza bahungukira?
10 Hagati y’umwiza nk’uyo, Yehova ariko aratuma umuco waka ku bw’ineza y’abagwaneza. Ku bw’ivyo, ariko arakoresha abasavyi biwe basizwe bari kw’isi, “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” (NW) kandi bano bariko “[baraka] nk’amatara mw isi.” (Matayo 24:45; Ab’i Filipi 2:15) Uwo mugwi w’umushumba, ushigikiwe na bagenzi babo amamiliyoni bo mu “zindi ntama,” urarekura umuco wo mu buryo bw’impwemu ushingiye kw’Ijambo ry’Imana, Bibiliya. (Yohana 10:16) Muri iyi si y’umwiza, umuco nk’uyo uraha abagwaneza icizigiro, ukabasahiriza kugira ngo bagiranire ubucuti n’Imana, kandi ukabafasha kwirinda imitego yo mu buryo bw’impwemu. Uwo muco ni uw’agaciro, ni ntangabuzima.
“Ntazir[a] Izina Ryawe”
11. Ni ibintu ibihe Yehova yamenyesheje mu misi ya Yesaya?
11 Mu misi y’umwiza Yesaya yabamwo no mu misi irushirije mbere kuba iy’umwiza yo hanyuma igihe Abanyababuloni batwara ihanga rya Yehova mu bunyagano, ni ubuyobozi bwoko ki Yehova yatanze? Turetse ugutanga ubuyobozi bwo mu vy’ukwigenza runtu, yaraberetse mu buryo butomoye imbere y’igihe ukuntu yoranguye imigambi yiwe ku vyerekeye abasavyi biwe. Nk’akarorero, rimbura ubuhanuzi bw’akaroruhore buri muri Yesaya ikigabane ca 25 gushika ku ca 27. Amajambo yo muri ivyo bigabane arerekana ukuntu Yehova yavyifashemwo ico gihe hamwe n’ukuntu avyifatamwo muri iki gihe.
12. Ni amajambo ayahe avuye ku mutima Yesaya ashikiriza?
12 Ubwa mbere, Yesaya avuga ati: “Ewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje; nzogushira hejuru, ntazire izina ryawe.” Mbega amajambo yo gushemeza avuye ku mutima! Ariko ni igiki casunikiye uwo muhanuzi kwatura isengesho nk’iryo? Imvo nyamukuru irahishuwe mu gice ca kabiri c’uwo murongo, aho dusoma duti: “Kuko [wewe Yehova] wakoze ibitangaza, ivyo wagabiye uhereye kera, ur’uwo kwizigirwa n’uw’ukuri.”—Yesaya 25:1.
13. (a) Ni ubumenyi ubuhe bwatumye Yesaya akomeza ugukengurukira Yehova? (b) Dushobora gute kwigira ku karorero ka Yesaya?
13 Mu misi ya Yesaya, Yehova yari yarakoreye Isirayeli ibintu vyinshi vy’akaroruhore, kandi ivyo vyari vyaranditswe. Biboneka ko Yesaya yari asanzwe amenyereye ivyo vyanditswe. Nk’akarorero, yari azi yuko Yehova yakuye abasavyi biwe mu buja mu Misiri kandi ko yabarokoye abakura mu vyara vy’ingabo za Farawo ku Kiyaga Gitukura. Yari azi yuko Yehova yarongoye abasavyi biwe abacisha mu bugaragwa abajana mu Gihugu c’Isezerano. (Zaburi 136:1, 10-26) Mwene izo nkuru za kahise zerekanye yuko Yehova Imana ari umwizerwa akaba n’umwizigirwa. Ivyo “[y]agabiye,” ni ukuvuga ibintu vyose afitiye umugambi, biraranguka. Ubumenyi nyakuri butangwa n’Imana bwarakomeje Yesaya bituma aguma agendera mu muco. Ku bw’ivyo, yari akarorero keza kuri twebwe. Mu gihe twize twitonze Ijambo ry’Imana ryanditse tugatako tukarishira mu ngiro mu buzima bwacu, na twebwe tuzoguma mu muco.—Zaburi 119:105; 2 Ab’i Korinto 4:6.
Igisagara Gisangangurwa
14. Ni igiki kiburwa ku vyerekeye igisagara, kandi gishobora kuba cari igisagara ikihe?
14 Akarorero k’ivyo Imana ifitiye umugambi tugasanga muri Yesaya 25:2, aho dusoma duti: “Wahinduye igisagara ibirundo vy’amasakamburira, igisagara cubakiwe inzitiro wakigize amatongo, ingoro z’abanyamahanga watumye zitakiba igisagara, ntikizokwongera kwubakwa kugeza ibihe vyose.” Ico gisagara ni ikihe? Yesaya ashobora kuba yariko aravuga Babuloni mu buryo menyeshakazoza. Kukaba nkako, igihe carashitse aho Babuloni ata kindi icika atari ikirundo c’amabuye.
15. Ni “igisagara gihambaye” ikihe kiriho muri iki gihe, kandi ni ibiki bizogishikira?
15 Igisagara cavuzwe na Yesaya coba gifise ico bihuye muri iki gihe? Egome. Igitabu c’Ivyahishuriwe kivuga ivyerekeye “igisagara gihambaye, kiganza abami bo kw isi.” (Ivyahishuriwe 17:18) Ico gisagara gihambaye ni “Babuloni Hahambaye,” inganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. (Ivyahishuriwe 17:5) Muri iki gihe, igice nyamukuru ca Babuloni Hahambaye ni Abitwa Abakirisu, abo abakuru babo baja imbere mu kurwanya igikorwa co kwamamaza Ubwami kirangurwa n’abasavyi ba Yehova. (Matayo 24:14) Ariko rero, nka kurya kwa Babuloni ya kera, vuba Babuloni Hahambaye igiye gusangangurwa, ntizokwongere kuvyuka ukundi.
16, 17. Ni gute abansi ba Yehova bamuninahaje mu bihe vya kera no mu bihe vya none?
16 Ni ikindi giki Yesaya abura ku vyerekeye “igisagara cubakiwe inzitiro”? Yesaya abwira Yehova ati: “Ubgoko bg’inkomezi bu[zo]kwubaha, igisagara c’amahanga y’agaterabgoba kizogutinya.” (Yesaya 25:3) Ni gute ico gisagara cuzuye urwanko, “igisagara c’amahanga y’agaterabgoba,” coninahaje Yehova? Emwe, niwibuke ivyashikiye umwami w’inkomezi zirushirije w’i Babuloni, Nebukadineza. Amaze gushikirwa n’ibintu bituma azirikana bigaragaza ubugoyagoye ubwiwe afise, yabwirijwe kwemera icese ubukuru bwa Yehova be n’ububasha bwiwe budasumbwa. (Daniyeli 4:34, 35) Igihe Yehova akoresha ububasha bwiwe, n’abansi biwe babwirizwa kwemera icese ibikorwa vyiwe vy’ububasha, naho boba batabishaka.
17 Babuloni Hahambaye yoba yarigeze ibwirizwa kwemera icese ibikorwa vy’ububasha vya Yehova? Egome. Mu gihe c’intambara ya mbere y’isi yose, abasavyi ba Yehova basizwe bamamaza bari mu marushwa. Mu 1918, baragiye mu bunyagano bwo mu buryo bw’impwemu igihe abashingwabikorwa barongora Sosiyete Watch Tower batabwa mw’ibohero. Igikorwa co kwamamaza gitunganijwe cabaye nk’igihagaze. Maze, mu 1919, Yehova yarabasubije umutamana yongera arabongeramwo inkomezi akoresheje impwemu yiwe, baca batangura kurangura ibanga ryo kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose ibako abantu. (Mariko 13:10) Ivyo vyose vyari vyarabuwe mu gitabu c’Ivyahishuriwe, nk’uko nyene n’ingaruka vyogize ku babarwanya yari yarabuwe. Bano “baterwa n’ubgoba, bahimbaza Imana Nyen’ijuru.” (Ivyahishuriwe 11:3, 7, 11-13) Si ukuvuga yuko bose bahinduye ukwemera, ariko ico gihe babwirijwe kwemera icese ibikorwa vy’ububasha vya Yehova, nk’uko nyene Yesaya yari yarabibuye.
‘Igihome ku Mugorwa’
18, 19. (a) Ni kuki abarwanya abasavyi ba Yehova bananiwe gusenyura ukutadohoka kwabo? (b) Ni gute “ivyivugo vy’abantu [batwaza umukazo]” bizokurwaho?
18 Ubu na ho mu kwerekeza ku bikorwa birangwa ubuntu Yehova agirira abangendera mu muco, Yesaya abwira Yehova ati: “Umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubgugamo mu gihuhuta, n’igitūtu mu ndugumba, iy’inkūbi y’abantu [batwaza umukazo] imeze nk’igihuhuta cisuka ku nzu. Nk’ukw indugumba yo mu gihugu kigadutse ikūrwaho, ni k’uzozibiza urwamo rw’abanyamahanga; nk’ukw indugumba ikūrwaho n’igitūtu c’igicu, ni k’uzozibiza ivyivugo vy’abantu [batwaza umukazo].”—Yesaya 25:4, 5.
19 Guhera mu 1919, abatwaza umukazo baragerageje uburyo bwose ngo basenyure ukutadohoka kw’abasenga b’ukuri, ariko barananiwe. Kuki? Kubera ko Yehova ari igihome akaba n’ubuhungiro bw’abasavyi biwe. Arabaha igitutu co kwikingira indugumba iturira ari rwo ruhamo kandi akababera nk’igihome gikomeye co kwikingamwo imvura y’igihuhusi ari rwo rurwanyo. Twebwe abagendera mu muco w’Imana, duhanze amaso ata mazinda igihe ‘ivyivugo vy’abantu batwaza umukazo bizozibizwa.’ Egome, turarindiranye igishika umusi abansi ba Yehova batazoba bakiriho.
20, 21. Ni amazimano ayahe Yehova atanga, kandi ayo mazimano azoba arimwo iki mw’isi nshasha?
20 Yehova ntakingira gusa abasavyi biwe. Aranabaronsa ivyo bakeneye nk’Umuvyeyi wabo w’umunyarukundo. Amaze kubohoza abasavyi biwe muri Babuloni Hahambaye mu 1919, yabashize imbere amazimano yo kwigina intsinzi, imfungurwa z’umusesekara zo mu buryo bw’impwemu. Ivyo vyari vyarabuwe muri Yesaya 25:6, aho dusoma duti: “Kur’uyu musozi Uhoraho Nyen’ingabo azohategurira amahanga yose amazimano y’inyama zinuze, amazimano ya vino y’umukāka, inyama zinuze zuzuye imisokōro, na vino y’umukāka imiminnye neza.” Ese ukuntu twahezagiwe kuba tugira uruhara muri iyo nzimano! (Matayo 4:4) “Imeza y’Umwami wacu” mu vy’ukuri yuzuye ibintu vyiza vyo gufungura. (1 Ab’i Korinto 10:21) Biciye kuri wa “mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge,” turaronswa ikintu ico ari co cose twoshobora gukenera mu buryo bw’impwemu.
21 Kandi hari n’ibindi vyiyongereye kuri ayo mazimano atangwa n’Imana. Inzimano yo mu buryo bw’impwemu twinovora ubu iratwibutsa umusesekara w’imfungurwa z’umubiri zizoboneka mw’isi nshasha yasezeranywe n’Imana. Muri ico gihe, “amazimano y’inyama zinuze” azoba arimwo n’imfungurwa z’umubiri z’umusesekara. Nta n’umwe azoba agitubika umukanda haba mu buryo bw’umubiri canke mu buryo bw’impwemu. Mbega ukuntu abantu b’intahemuka bakundwa bacumukura ubu kubera “amapfa” yabuwe ari mu bigize “ikimenyetso” c’ukuhaba kwa Yezu bazoba batabawe! (Matayo 24:3, 7) Kuri bo, amajambo y’umwanditsi wa Zaburi arahumuriza koko! Yavuze ati: “Hazokwera impeke habe agahimbo mu gihugu no ku mpinga z’imisozi.”—Zaburi 72:16.
22, 23. (a) “Ukugandara,” canke “icitwikiro” bizokurwaho ni ibihe kandi bizokurwaho gute? (b) Ni gute ‘iceyi co ku bantu ba Yehova’ kizokurwaho?
22 Ubu na ho nutege amatwi uwundi muhango w’akaroruhore kuruta. Mu gufata icaha n’urupfu akabigereranya n’“ukugandara,” cabure “icitwikiro,” Yesaya avuga ati: “Kur’uyu musozi ni ho [Yehova] azoherengetereza icitwikiro c’ukugandara catwikiriye amoko yose, n’icitwikiro gitwikiriye amahanga yose.” (Yesaya 25:7) Niwibaze gato! Icaha n’urupfu vyaremereye ubwoko-muntu nk’ikirengeti kibuza guhema uwucipfutse, ntibizoba bikiriho. Ese ukuntu ducambirwa kubona umusi ivyiza biva ku nkuka y’incungu ya Yezu bizokoreshwa bimwe vyuzuye ku bantu bagamburuka kandi b’abizerwa!—Ivyahishuriwe 21:3, 4.
23 Mu kwerekeza kuri ico gihe kininahaye, uwo muhanuzi yahumekewe aradukura amazinda ati: “Urupfu [Imana i]zorumira miyonzwa gushitsa ibihe vyose; kand’Umwami Uhoraho azohanagura amosozi ku maso ya bose; n’[iceyi c]o ku bantu biwe azo[gi]kūra kw isi yose; kuk’Uhoraho ari we abivuze.” (Yesaya 25:8) Nta n’umwe azoba agihitanwa n’urupfu rusanzwe canke ngo arizwe n’ukubura uwo yakunda. Mbega ihinduka rinezereje! Vyongeye, nta na hamwe kw’isi tuzosubira kwumva amajambo asiga iceyi canke amaporopagande y’ikinyoma Imana n’abasavyi bayo bihanganiye kuva kera. Kubera iki tutazovyumva? Kubera Yehova azokuraho isoko ryavyo, ni ukuvuga se w’ikinyoma, ari we Shetani wa Mucokoranyi, bijane n’urubuto rwose rwa Shetani.—Yohana 8:44.
24. Ni gute abagendera mu muco bitabira ibikorwa vy’ububasha Yehova akora ku bw’ineza yabo?
24 Bamaze kuzirikana kuri mwene ivyo bintu bigaragaza ububasha bwa Yehova, abagendera mu muco baravyurirwa umutima wo kwiha akamo bati: “Eh’iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.” (Yesaya 25:9) Vuba, abantu b’abagororotsi bazoba bafise impamvu zikwiye zo kunezerwa. Umwiza uzokurwaho buhere, kandi abizerwa bazoba mu muco wa Yehova ibihe vyose. Hari ikindi cizigiro na kimwe coba ari ic’akaroruhore kuruta? Mu vy’ukuri ntaco!
Woba Ushobora Kubisigura?
• Ni kuki kugendera mu muco bihambaye muri iki gihe?
• Ni kuki Yesaya yataziriye izina rya Yehova?
• Ni kuki abansi batazokwigera basenyura ukutadohoka kw’abasavyi b’Imana?
• Ni imihezagiro iyihe irimwo vyinshi irindiriye abagendera mu muco?
[Ifoto ku rup. 20, 21]
Ababa i Buyuda baratanga ibimazi vy’abana babishikanira Moleki
[Amafoto ku rup. 23]
Ukumenya ibikorwa vy’ububasha vya Yehova vyarasunikiye Yesaya gutazira izina rya Yehova
[Ifoto ku rup. 24]
Abagororotsi bazoba mu muco wa Yehova ibihe bidahera