“Izobēgēra”
“[Imana nti]ri kure y’umuntu n’umwe muri twebge.”—IVYAKOZWE 17:27.
1, 2. (a) Iyo turavye kw’ijuru ryuzuye inyenyeri, ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza ku vyerekeye Umuremyi? (b) Bibiliya idukura amazinda gute yuko abantu bafise agaciro mu nyonga za Yehova?
WOBA urigera uraba kw’ijuru ryuzuye inyenyeri mw’ijoro rikeye, maze ugatangazwa n’ukuntu ari ryiza? Inyenyeri nyinshi koko be n’ikirere kinini birateye akoba. Muri ico kirere amahero, isi ni akantu inzatsa gusa. Ivyo vyoba bisobanura yuko Umuremyi, “Usumba vyose, akaganza isi yose,” yoba ari hejuru cane ku buryo atitwararika ivyerekeye abantu canke yoba ari kure cane kandi atoroshe kurondera ku buryo abantu batomumenya?—Zaburi 83:18.
2 Bibiliya iradukura amazinda yuko abantu bafise agaciro mu nyonga za Yehova. Kanatsinda, Ijambo ry’Imana rituremesha kumurondera, rikavuga riti: “[Nt]ari kure y’umuntu n’umwe muri twebge.” (Ivyakozwe 17:27; 1 Ngoma 28:9) Nkako, turamutse duteye intambwe yo kwiyegereza Imana, izokwishura utwigoro twacu. Mu buhe buryo? Amajambo ari mu canditswe cacu c’umwaka w’2003 aratanga iyi nyishu yeza umutima, igira iti: “Izobēgēra.” (Yakobo 4:8) Nimuze duce irya n’ino imwimwe mu mihezagiro myiza igitangaza Yehova ashungururira ku bamwiyegereje.
Ingabirano Iva Kuri Yehova Ubwiwe
3. Ni ingabirano iyihe Yehova aha abamwiyegereza?
3 Ubwa mbere, abasavyi ba Yehova barafise ingabirano y’agaciro Yehova yaziganirije igisata ciwe. Ububasha bwose, ubutunzi bwose be n’inyigisho zose uru runkwekwe rw’ibintu rutanga, ntibishobora kuronsa umuntu iyo ngabirano. Ni ingabirano ya Yehova ubwiwe, iyo aha gusa abamwiyegereza. Iyo ngabirano ni iyihe? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Mbere . . . [niwa]shira ijwi hejuru uririra ugutahura; ni waburondera nk’ifeza, ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana. Kuk’Uhoraho atanga ubgenge.” (Imigani 2:3-6) Ibaze ntuze, abantu b’abanyagasembwa barashobora kuronka “ukumenya Imana”! Iyo ngabirano ari bwo bumenyi buri mw’Ijambo ry’Imana, igereranywa n’“izahabu zanyegejwe.” Uti kubera iki?
4, 5. Ni kubera iki “ukumenya Imana” gushobora kugereranywa n’“izahabu zanyegejwe”? Tanga akarorero.
4 Ikizwi coco, ubumenyi bwerekeye Imana burafise agaciro kanini. Umwe mu mihezagiro y’agaciro kuruta iyindi bufise ni uko butuma umuntu agira icizigiro c’ubuzima budahera. (Yohana 17:3) Mugabo ubwo bumenyi buratungisha ubuzima bwacu mbere n’ubu. Nk’akarorero, kubera ukwiga Ijambo ry’Imana tuvyitondeye, twarashitse ku kumenya inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi: Izina ry’Imana ni irihe? (Yesaya 12:2) Abapfuye bamerewe bate vy’ukuri? (Umusiguzi 9:5, 10) Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi n’umuryango w’abantu? (Yesaya 45:18) Twarashitse kandi ku kumenya yuko uburyo bwiza cane bwo kubaho ari ugushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya. (Yesaya 30:20, 21; 48:17, 18) Gutyo, turafise ubuyobozi bufise ishingiro budufasha guhangana n’amaganya y’ubuzima maze tukabandanya inzira y’ubuzima ituma haba agahimbare nyakuri n’ugushira akanyota. Ikiruta vyose ni uko ukwiga Ijambo ry’Imana kwacu kwatumye dushika ku kumenya kamere nziza igitangaza za Yehova no ku kumwiyegereza. Ni ikindi kintu ikihe coza gifise agaciro kuruta ukugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova bushingiye ku “kumenya Imana”?
5 Hariho iyindi mvo ituma ubumenyi bwerekeye Imana bushobora kugereranywa n’“izahabu zanyegejwe.” Cokimwe n’ubutunzi bwinshi, hari ukuntu usanga ubwo bumenyi ari imbonekarimwe muri iyi si. Ku bantu imiliyaridi zitandatu baba kw’isi, abasavyi ba Yehova nk’imiliyoni zitandatu canke nk’umuntu 1 mu bantu 1.000 ni bo baronse “ukumenya Imana.” Kugira ngo dutange akarorero k’ukuntu ari agateka k’imbonekarimwe kumenya ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana, rimbura ikibazo kimwe gusa gishingiye kuri Bibiliya: Ni ibiki bishikira abantu iyo bapfuye? Turazi mu Vyanditswe yuko ubugingo bupfa kandi yuko abapfuye ata co bazi. (Ezekiyeli 18:4) Yamara, iciyumviro kitari co c’uko hari ikintu kiri mu muntu kibandanya kubaho amaze gupfa, kiremerwa n’amadini atari make yo kw’isi. Ni umuce w’inyigisho nyamukuru yo mu madini y’Abiyita Abakirisu. Iyo nyigisho kandi iragwiriye mw’idini y’Ababuda, y’Abahindu, y’Abajayini, y’Abashinto, y’Abasiki, y’Abatawo, y’Abayuda be n’iy’Abisilamu. Iyumvire gatoyi, abantu amamiliyaridi bahendwa n’iyo nyigisho imwe y’ikinyoma!
6, 7. (a) Ni bande bonyene bashobora kuronka “ukumenya Imana”? (b) Ni akarorero akahe kerekana yuko Yehova yaduhezagiye mu kuduha ugutahura mu buryo bwimbitse “abanyabgenge n’abahanga” benshi badafise?
6 Ni kubera iki abantu benshi bataronse “ukumenya Imana”? Ni kubera yuko umuntu adashobora gutahura mu buryo bushitse insobanuro y’Ijambo ry’Imana itamufashije. Ibuka yuko ubwo bumenyi ari ingabirano. Yehova abuha gusa abafise umutima ukunze wo kurondera Ijambo ryiwe ata buryarya kandi babigiranye ukwicisha bugufi. Abantu nk’abo bashobora kuba atari “inkerebutsi mu buryo bw’umubiri.” (1 Ab’i Korinto 1:26, NW) Abatari bake muri bo barashobora mbere gufatwa ko ari abantu ‘batize kandi basanzwe’ bafatiye ku vyo isi yisunga. (Ivyakozwe 4:13) Yamara, ivyo nta co bitwaye. Yehova araturonsa impera mu kuduha “ukumenya Imana” kubera kamere abona mu mutima wacu.
7 Dufate akarorero. Incabwenge nyinshi zo mu Biyita Abakirisu zarasohoye ibitabu vyinshi bisigura Bibiliya. Ibitabu nk’ivyo birashobora gusigura ivyo muri kahise bivugwa muri ico gitabu, insobanuro y’amajambo y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki n’ibindi. Uravye ibintu vyose bize, incabwenge nk’izo zoba vy’ukuri zararonse “ukumenya Imana”? Mbega boba batahura mu buryo butomoye umutwe shimikiro wa Bibiliya, ni ukuvuga iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova biciye ku Bwami bwiwe bwo mw’ijuru? Boba bazi yuko Yehova Imana atari mu bigize Ubutatu? Ariko tweho turatahura mu buryo butagira agakosa ibibazo nk’ivyo. Kubera iki? Yehova yaraduhezagiye mu kuduha ugutahura ukuri kwo mu vy’impwemu kudafiswe n’“abanyabgenge n’abahanga” benshi. (Matayo 11:25) Ese ukuntu Yehova ahezagira abamwiyegereje!
“Uhoraho Azigama Abamukunda Bose”
8, 9. (a) Dawidi yadondoye gute uwundi muhezagiro abiyegereje Yehova baronka? (b) Ni kubera iki Abakirisu b’ukuri bakeneye uburinzi bw’Imana?
8 Abiyegereje Yehova barinovora uwundi muhezagiro, ni ukuvuga uburinzi bw’Imana. Dawidi, Umwanditsi wa Zaburi, uwahuye n’ingorane nyinshi, yanditse ati: “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, y’abamwambaza mu vy’ukuri bose. Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; kand’azokwumva ugutakamba kwabo, abakize. Uhoraho azigama abamukunda bose; arikw abanyakibi bose azobahonnya.” (Zaburi 145:18-20) Egome, Yehova ari hafi y’abamukunda kandi ni co gituma ashobora kwishura ningoga intakambo bamutura basaba imfashanyo.
9 Ni kubera iki dukeneye uburinzi bw’Imana? Turetse ivyo gushikirwa n’ingaruka ziva ku kuba muri ibi “bihe bigoye,” Abakirisu b’ukuri ni bo canecane baronderwa na wa mwansi mukuru wa Yehova, ari we Shetani wa Mucokoranyi. (2 Timoteyo 3:1) Uwo mwansi w’uruyeri yiyemeje ‘kuturotsa.’ (1 Petero 5:8) Shetani araduhama, akadushirako umukazo kandi akatwosha nabi. Arondera inyifato yo mu muzirikanyi no mu mutima ashobora gufatirako. Intumbero afise mu muzirikanyi ni iyo gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya maze akadusangangura mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuriwe 12:12, 17) Kubera yuko dufise umwansi akomeye gutyo tunigana, ntibisubiriza umutima mu nda none kumenya yuko “Uhoraho azigama abamukunda bose”?
10. (a) Yehova arinda gute abasavyi biwe? (b) Ni uburinzi ubuhe buhambaye kuruta ubundi bwose, kandi kubera iki?
10 Ariko none Yehova arinda gute abasavyi biwe? Umuhango wo kudukingira aduha si icemeza yuko tuzogira ubuzima butarimwo ingorane muri uru runkwekwe; eka mbere ntusobanura yuko ategerezwa kudukorera ibitangaro. Ariko rero, Yehova arakingira abasavyi biwe mu buryo bw’umubiri uko bagize umugwi. Nakare, ntiyokwigeze areka ngo Shetani ahanagure kw’isi abasenga b’ukuri! (2 Petero 2:9) Ikiruta vyose, Yehova aradukingira mu buryo bw’impwemu. Araturonsa ivyo dukeneye kugira ngo twihanganire ibigeragezo no kugira dukingire ubucuti dufitaniye nawe. Impera n’imperuka, uburinzi bwo mu vy’impwemu usanga ari bwo burinzi buhambaye kuruta ubundi bwose. Uti kubera iki? Tugumye dufitaniye ubucuti na Yehova, nta kintu na kimwe, naho rwoba urupfu, gishobora kutugirira nabi ibihe bidahera.—Matayo 10:28.
11. Ni intunganyo izihe Yehova yagize kugira ngo akingire abasavyi biwe mu vy’impwemu?
11 Yehova yarashizeho intunganyo umuyoro kugira akingire mu buryo bw’impwemu abamwiyegereje. Abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, araduha ubukerebutsi budufasha guhangana n’ibigeragezo bitandukanye. (Yakobo 1:2-5) Gushira mu ngiro impanuro ngirakimazi dusanga mu Vyanditswe, ubwaco ni uburinzi. Vyongeye, Yehova araha ‘impwemu yera abayimusavye.’ (Luka 11:13) Iyo mpwemu ni inguvu ikomeye kuruta izindi zose mw’ijuru no kw’isi, ari co gituma ishobora kuturonsa vy’ukuri ibikwiye vyose kugira ngo duhangane n’ikigeragezo ico ari co cose canke inyosha mbi iyo ari yo yose bishobora kutubera intambamyi tugashobora kwererwa. Biciye kuri Kirisitu, Yehova aratanga “abantu b’ingabirano.” (Abanyefeso 4:8, NW) Abo bantu bakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu barihatira kugaragaza imbabazi zivuye ku mutima nk’iza Yehova bwite igihe bafasha abo basenga hamwe.—Yakobo 5:14, 15.
12, 13. (a) Yehova aturonsa imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe kibereye akoresheje iki? (b) Wiyumva gute ku vyerekeye intunganyo Yehova yagize zituma tumererwa neza mu vy’impwemu?
12 Hari ikindi kintu Yehova atanga kugira aturinde: imfungurwa zo mu vy’impwemu ziza ku gihe kibereye. (Matayo 24:45) Biciye ku bisohokayandikiro bicapurwa, ushizemwo ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! hamwe n’amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro, Yehova araturonsa ivyo dukeneye igihe tubikeneye. Woba ushobora kwibuka igihe wumva ikintu kw’ikoraniro rya gikirisu, kw’iteraniro canke kw’ihwaniro cagukoze ku mutima kikongera kikagukomeza canke kikaguhumuriza? Hoba hari ikiganiro urasoma mu kinyamakuru kimwe muri ivyo bihejeje kuvugwa, maze ukumva yuko ari we candikiwe?
13 Kimwe mu birwanisho bikomeye kuruta ibindi vyose Shetani akoresha ni ugucika intege, natwe tukaba tutatewe urucanco rudukingira ingaruka ziva kuri ukwo gucika intege. Arazi neza yuko kwihebura igihe kirekire bishobora kudutwara inkomezi, mbere bigatuma tumworohera. (Imigani 24:10) Kubera yuko Shetani agerageza gufatira ku nyiyumvo zo gucika intege, turakeneye imfashanyo. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyama rimwe na rimwe birimwo ibiganiro bidufasha kurwanya ugucika intege. Hari umuvukanyikazi mukirisu yanditse ku vyerekeye ikiganiro kimwe nk’ico ati: “Nsoma ico kiganiro hafi imisi yose, ariko amasozi ntareka gucuncubuka. Ndakigumiza hafi y’igitanda canje kugira ngo nshobore kucikorako igihe cose numvise ncitse intege. Biciye ku biganiro nk’ivyo, ndashobora guca numva yuko amaboko y’uburinzi ya Yehova ariko arangumbira.”a Ntidukurira none ubwatsi Yehova kubona aturonsa imfungurwa zo mu vy’impwemu ku gihe? Niwibuke yuko intunganyo ashiraho ku bw’ukumererwa neza kwacu kwo mu vy’impwemu ari ikimenyamenya c’uko ari hafi yacu kandi yuko yadushize aho atwitwararika akadukingira.
Uburyo bwo Gushikira Umwe ‘Yumva Isengesho’
14, 15. (a) Ni umuhezagiro uwuhe Yehova ubwiwe ahunda abamwiyegereza? (b) Ni kubera iki kuba umuntu yemererwa kwishikirira Yehova mw’isengesho ari agateka kadasanzwe?
14 Woba urabona ukuntu iyo abantu baronse ububasha be n’ubukuru, usanga kenshi bigora abantu bari munsi y’ubukuru bwabo kubegera? Bite ho ku vyerekeye Yehova Imana? Yoba ari kure cane ku buryo atitwararika amajambo abantu buntu bamubwira? Ihibambewe! Ingabirano y’isengesho ni uwundi muhezagiro Yehova ahunda abamwiyegereje. Kuba twemererwa kwishikirira umwe ‘Yumva isengesho’ mu vy’ukuri ni agateka kadasanzwe. (Zaburi 65:2) Kubera iki?
15 Tubitangire akarorero: Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rinini afise amabanga menshi. Arafata ingingo y’ibintu azorangura ubwiwe be n’ivyo azoshinga abandi. Muri ubwo buryo nyene, wa Mutegetsi Segaba w’ivyaremwe vyose arafise uburenganzira bwo gufata ingingo y’ibintu ubwiwe azokwikorera be n’ivyo azoshinga abandi. Rimbura ibintu vyose Yehova yashinze Umwana wiwe mukundwa, ari we Yezu. Uwo Mwana yahawe “ububasha bgo guca imanza.” (Yohana 5:27) ‘Yahawe gutwara’ abamarayika. (1 Petero 3:22) Yezu yararonkejwe impwemu yera y’ububasha ya Yehova kugira imufashe kurongora abigishwa biwe kw’isi. (Yohana 15:26; 16:7) Gutyo, Yezu yarashoboye kuvuga ati: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.” (Matayo 28:18) Yamara, ku vyerekeye amasengesho dutura, Yehova yahisemwo kuvyirabira ubwiwe. Ni co gituma Bibiliya idutegeka gutura amasengesho yacu Yehova wenyene, tukabigira mw’izina rya Yezu.—Zaburi 69:13; Yohana 14:6, 13.
16. Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko Yehova vy’ukuri yumviriza amasengesho yacu?
16 Yehova yoba vy’ukuri yumviriza amasengesho yacu? Iyo aba atayanegwa canke atayitwararika, ntiyokwigeze aduhimiriza ‘gushishikara gusenga’ canke guterera imitwaro yacu n’amaganya yacu kuri we. (Abaroma 12:12; Zaburi 55:22; 1 Petero 5:7) Abasavyi b’abizerwa bo mu bihe vya Bibiliya bari barizigiye baherezako yuko Yehova yumviriza amasengesho. (1 Yohana 5:14) Ku bw’ivyo, umwanditsi wa Zaburi yitwa Dawidi, yavuze ati: “[Yehova] azokwumva ijwi ryanje.” (Zaburi 55:17) Na twebwe turafise imvo yumvikana yo kwizigira tudakeka yuko Yehova ari hafi, yiteguriye kwumviriza iciyumviro cacu cose n’ikituraje ishinga cose.
Yehova Araha Impera Abasavyi Biwe
17, 18. (a) Yehova yumva amerewe gute ku vyerekeye umurimo uranga ubwizerwe urangurwa n’ibiremwa vyiwe bifise ubwenge? (b) Sigura ukuntu mu Migani 19:17 herekana yuko ibikorwa vyacu biranga ikigongwe bitabura kubonwa na Yehova.
17 Ivyo abantu buntu bashobora gukora canke banka gukora nta co bihindura ku kibanza Yehova arimwo co kuba Segaba w’Ivyaremwe vyose. Yamara rero, Yehova ni Imana ikenguruka. Araha agaciro, agakunda umurimo uranga ubwizerwe urangurwa n’ibiremwa vyiwe bifise ubwenge. (Zaburi 147:11) Ikindi kintu abiyegereje Yehova bahungukira na co ni uko aha impera abasavyi biwe.—Abaheburayo 11:6.
18 Bibiliya irerekana mu buryo butomoye yuko Yehova aha agaciro ivyo abamusenga bakora. Nk’akarorero, dusoma duti: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura.” (Imigani 19:17) Ukwitwararika kuranga ikigongwe Yehova agirira umugorwa kwaragaragariye mu Vyagezwe vya Musa. (Abalewi 14:21; 19:15) Yehova yumva amerewe gute igihe twiganye ikigongwe ciwe mu kuntu dufata abagowe? Igihe duhaye umugorwa, tutitega ko hagira ico adusubiza, Yehova abona ko ico kintu ari ico tumuguranye. Yehova asezerana kutwishura iryo deni mu kudutonesha no mu kuduhezagira. (Imigani 10:22; Matayo 6:3, 4; Luka 14:12-14) Egome, igihe tugaragarije imbabazi uwo dusangiye ugusenga ari n’ivyo akeneye, Yehova biramukora ku mutima. Ese ukuntu dukura ubwatsi kumenya yuko ibikorwa vyacu biranga ikigongwe bitazobura kubonwa na Data wa twese wo mw’ijuru!—Matayo 5:7.
19. (a) Ni kubera iki dushobora guhera amazinda yuko Yehova aha agaciro ivyo dukora mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa? (b) Yehova atanga impera gute ku bw’ibikorwa vy’umurimo birangurwa mu gushigikira Ubwami bwiwe?
19 Yehova araha agaciro canecane ivyo dukora ku bw’Ubwami bwiwe. Igihe twiyegereje Yehova, ni ibisanzwe yuko twumva dushatse gukoresha umwanya wacu, inguvu zacu n’ubutunzi bwacu kugira ngo tugire uruhara mu buryo bwose bushitse bushoboka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20) Rimwe na rimwe, dushobora kwumva yuko turiko turangura ikintu gitoyi. Umutima wacu munyagasembwa ushobora mbere gutuma twibaza nimba Yehova ahimbarwa n’utwigoro tugira. (1 Yohana 3:19, 20) Mugabo Yehova araha agaciro ingabirano yose ivuye ku mutima usunitswe n’urukundo, naho yoba ari ntoyi. (Mariko 12:41-44) Bibiliya iradukura amazinda iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo.” (Abaheburayo 6:10) Nkako, Yehova aribuka kandi agatanga impera mbere no ku gakorwa gatoyi cane umuntu aranguye kugira ashigikire Ubwami bwiwe. Uretse imihezagiro yo mu vy’impwemu myinshi turonka muri iki gihe, turashobora kwitegana igishika umunezero w’ubuzima mw’isi nshasha yegereje, aho Yehova azopfumbaturura igipfunsi ciwe abigiranye ubutanzi bwa cane maze agahaza ivyipfuzo bigororotse vy’abamwiyegereje bose!—Zaburi 145:16; 2 Petero 3:13.
20. Mu mwaka wose w’2003, twoshobora gute kugumiza mu muzirikanyi amajambo ari mu canditswe cacu c’umwaka, bigaheza bikavamwo iki?
20 Mu mwaka wose w’2003, nimuze twibaze nimba turiko turagira akigoro kabandanya kugira twiyegereze Data wa twese wo mw’ijuru. Nimba turiko turakagira, turashobora kudakeka yuko azotwishura nk’uko yabisezeranye. Nakare, “Imana [nti]zi kubesha.” (Tito 1:2) Niwayiyegereza, izokwegera. (Yakobo 4:8) Biheze bivemwo iki? Imihezagiro myinshi ubu be n’icizigiro co kuzorushiriza kwiyegereza Yehova ibihe vyose!
[Akajambo k’epfo]
a Uburyo ikiganiro kivuga ngo: “Jéhovah est plus grand que notre coeur,” (Yehova Arahambaye Gusumba Imitima Yacu) co mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 2000, ku rupapuro rwa 28-31 cakiriwe.
Woba Uvyibuka?
• Ni ingabirano iyihe Yehova aha abamwiyegereza?
• Ni intunganyo izihe Yehova ashiraho kugira akingire abasavyi biwe mu vy’impwemu?
• Ni kubera iki kuba umuntu yemererwa kwishikirira Yehova mw’isengesho ari agateka kadasanzwe?
• Bibiliya yerekana gute yuko Yehova akenguruka umurimo uranga ubwizerwe urangurwa n’ibiremwa vyiwe bifise ubwenge?
[Ifoto ku rup. 15]
Yehova yaraduhezagiye mu kuduha ugutahura ukuri kwo mu vy’impwemu
[Amafoto ku rup. 16, 17]
Yehova aratanga uburinzi bwo mu vy’impwemu
[Ifoto ku rup. 18]
Yehova ari hafi, yiteguriye kwumviriza isengesho ryose dutura