ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/7 rup. 17-20
  • “Umunyamakenga agenda agavye”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Umunyamakenga agenda agavye”
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Nuhitemwo ingendo yawe mu buryo buranga ubukerebutsi
  • Igihe “umutima ushobora kubabara”
  • Uwutizera be n’umuntu mwiza bahazwa gute?
  • ‘Ntiwemere ijambo iryo ari ryo ryose’
  • “Umuntu w’akazikira baramwanka”
  • “Ababi bacira bugufi abeza”
  • “[Ku]girira akagongwe impahazwa”
  • Bibagendera gute?
  • ‘Umuntu w’inkerebutsi wese akorana ubwenge’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • ‘Umunwa uvuga Ukuri uzokwamaho ibihe bidahera’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • “Urugo rw’abagororotsi ruzogira umugisha”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • ‘Uwumvira igikangiro ni inkerebutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/7 rup. 17-20

“Umunyamakenga agenda agavye”

UMUNYAMAKENGA, ni umuntu azi gutunganya ibintu, azi ubwenge, abona ibintu neza kandi atahura ibintu ningoga, abona ibintu uko biri kandi yiyubara, azi gutandukanya ibintu kandi w’inkerebutsi. Ntiyigera aba umunyarwenge canke ngo ahatire abandi ku kwemera ivyo ashaka ku ruyeri. Mu Migani 13:16 havuga hati: “[Umunyamakenga] wese akorana ubgenge”. Ego cane, kugira amakenga canke kwiyubara ni kamere nziza cane.

Twogaragaza gute amakenga mu buzima bwacu bwa misi yose? Iyo kamere igaragarira gute mu mahitamwo tugira, mu kuntu dufata abandi be no mu buryo twifata mu bihe bitandukanye? Abantu biyubara baronka izihe mpera? Ni ivyago ibihe birinda? Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera aratanga inyishu ngirakamaro kuri ivyo bibazo, nk’uko tubisoma mu Migani 14:12-25a.

Nuhitemwo ingendo yawe mu buryo buranga ubukerebutsi

Nta nkeka ko kugira ngo ugire amahitamwo aranga ubukerebutsi wongere wererwe mu buzima, bisaba kuba uzi gutandukanya ikibereye n’ikitabereye. Ariko rero, Bibiliya igabisha iti: “Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu” (Imigani 14:12). Ku bw’ivyo, turakeneye kwiga gutandukanya ikibereye vy’ukuri n’igisa n’ikibereye. Imvugo ngo: “inzira ishikana mu rupfu” irerekana ko hariho mwene izo nzira z’uruhendo nyinshi. Nimuze dusuzume ibintu bimwebimwe dukwiye kumenya no kwirinda.

Abatunzi be na ba rurangiranwa b’iy’isi muri rusangi babonwa nk’abantu bafise icubahiro, bakwiye gushimagizwa. Ukwererwa kwabo mu vyo mu kibano be no mu vy’ubutunzi gushobora gutuma uburyo bakora ibintu buboneka nk’aho ari bwo bubereye. Ariko none, tuvuge iki ku nzira benshi muri abo bantu bacamwo kugira ngo baronke ubutunzi canke babe ba rurangiranwa? Inzira bacamwo zoba zama nantaryo zigororotse canke zijanye n’inyifato runtu? Hariho kandi abantu bamwebamwe usanga bagaragaza umwete urenze urugero mu vyo bemera mu vy’Imana. Ariko none ukuba bakora ibintu n’umutima utagira uburyarya vyoba koko vyerekana yuko ivyo bemera ari ivy’ukuri?​—Abaroma 10:2, 3.

Inzira yinaka yoshobora kandi kuboneka ko igororotse bitumwe n’ukwihenda. Iyo dufashe ingingo twisunze ico twebwe ubwacu tubona ko kibereye, tuba twizigiye umutima wacu, na wo ukaba wibesha (Yeremiya 17:9). Ijwi ryo mu mutima ritigishijwe kandi ritamenyerejwe rirashobora gutuma twiyumvira ko inzira itabereye ari yo ibereye. Ni igiki none kizodufasha guhitamwo inzira ibereye?

Dutegerezwa kwiyigisha n’umwete ukuri gushika ibwina kwo mw’Ijambo ry’Imana nimba dushaka kuronka ‘ububasha bwo gutegera bwamenyerejwe gutandukanya ikibi n’iciza’ (NW). Vyongeye, dutegerezwa kumenyereza ubwo bubasha igihe “[t]ubukoresha” mu gushira mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya (Abaheburayo 5:14). Dutegerezwa kwiyubara kugira ntitureke ngo inzira iboneka gusa ko ibereye itume duhusha ‘ya nzira yaga ijana mu buzima’.​—Matayo 7:13, 14.

Igihe “umutima ushobora kubabara”

Twoba dushobora guhimbarwa igihe ata mahoro dufise mu mutima? Ugutwenga be n’ukwinezereza vyoba bishobora kugabanya umubabaro washinze imizi mu mutima? Vyoba biranga ubukerebutsi kugabanya umubabaro mu kunywa inzoga, mu gufata ibiyayuramutwe canke mu kugerageza gukuraho uwo mubabaro mu kugira ubuzima burangwa n’ubuhumbu? Inyishu ni oya. Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “No mu gutwenga umutima ushobora kubabara”.​—Imigani 14:13a.

Ugutwenga kurashobora kunyegeza umubabaro, ariko ntigushobora kuwukuraho. Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco”. Kukaba nkako, hariho “igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina” (Umusiguzi 3:1, 4). Igihe tubandanije kugira umubabaro, dutegerezwa gutera intambwe zo kuwurengera, mu kurondera “inama y’ubgenge” igihe bikenewe (Imigani 24:6)b. Ugutwenga be n’ukwisamaza birafise akamaro kanaka, ariko agaciro kavyo ni gato cane. Mu kugabisha ku bijanye n’ubwoko butabereye bwo kwisamaza be n’ukurenza urugero mu vy’ukwinezereza, Salomo avuga ati: “Iherezo ry’ibitwengo [ni] amaganya”.​—Imigani 14:13b.

Uwutizera be n’umuntu mwiza bahazwa gute?

Wa mwami wa Isirayeli abandanya ati: “Usubira inyuma mu mutima wiwe azohāzwa n’inzira ziwe ubgiwe, umuntu mwiza na we azohāzwa n’ibikorwa vyiwe” (Imigani 14:14). Uwusubira inyuma canke uwutizera be n’umuntu mwiza bahazwa gute canke bamarwa akanyota gute n’ibikorwa vyabo?

Umuntu atizera ntarazwa ishinga n’uko Imana izogira ico imubaza. Ku bw’ivyo, gukora ibibereye mu nyonga za Yehova ntibihambaye ku muntu atagira ukwizera (1 Petero 4:3-5). Umuntu nk’uwo amarwa akanyota n’ivyo akura mu buzima burangwa no kwitwararika ivy’umubiri (Zaburi 144:11-15a). Umuntu mwiza wewe aritwararika ivy’impwemu. Mu vyo akora vyose, yisunga ingingo mfatirwako z’Imana zigororotse. Umuntu nk’uwo ahazwa canke amarwa akanyota n’ingaruka z’ukuntu yigenza kubera ko Yehova ari we Mana yiwe, kandi araronka umunezero utagira uko ungana uvuye ku gusukurira Musumbavyose.​—Zaburi 144:15b.

‘Ntiwemere ijambo iryo ari ryo ryose’

Mu guhushanya inzira z’umuntu w’imburabwenge n’umuntu yiyubara, Salomo avuga ati: “Imburabgenge yemera ijambo ryose, arik’umunyamakenga agenda agavye” (Imigani 14:15). Umunyamakenga ntiyoroshe guhenda. Aho kwemera ikintu cose yumvise canke ngo areke abandi biyumvire mu kibanza ciwe, agenda agavye. Kubera ko asuzuma ibimenyamenya vyose bishoboka, akorana ubwenge.

Nk’akarorero, dufate ikibazo kivuga ngo: “Imana yoba iriho?”. Umuntu w’imburabwenge usanga afise impengamiro yo gukurikira ivyo abantu benshi bemera canke ivyo abantu bahambaye bemera. Umunyamakenga wewe, arafata umwanya wo gusuzuma ibimenyamenya. Arazirikana ku vyanditswe, nk’ico mu Baroma 1:20 no mu Baheburayo 3:4. Mu vy’Imana, umuntu yiyubara ntapfa kwemera ivyo indongozi z’amadini zivuga. “[Ara]suzuma amajambo y’amahumekano yose kugira ngo [a]rabe nimba ava ku Mana”.​—1 Yohana 4:1, NW.

Mbega ukuntu biranga ubukerebutsi gukurikiza impanuro yo ‘kutemera ijambo iryo ari ryo ryose’! Abajejwe ibanga ryo guhanura abandi mw’ishengero rya gikirisu ni bo canecane bategerezwa gushira ku mutima iyo mpanuro. Uwuhanura abandi ategerezwa kuba azi neza inkuru y’imvaho. Ategerezwa kwumviriza neza, hanyuma akegeranya ibimenyamenya bivuye ku mpande zose kugira ngo ntatange impanuro zitabereye canke zihengamiye ku ruhande rumwe.​—Imigani 18:13; 29:20.

“Umuntu w’akazikira baramwanka”

Mu kwerekana irindi tandukaniro riri hagati y’umunyabwenge n’igipfu, wa Mwami wa Isirayeli avuga ati: “Umuntu w’ubgenge ariyubara, agahunga ibibi, arikw igipfu [kiri]dudarika, kikiremesha. Ikirandamuke gikora ivy’ubupfu, [“ariko umuntu w’ubushobozi bwo kwiyumvira arankwa”, “NW”]”.​—Imigani 14:16, 17.

Umuntu w’ubwenge aratinya inkurikizi ziva ku gukurikira inzira itabereye. Ni co gituma yemera kandi agashima impanuro iyo ari yo yose yomufasha kwirinda ikibi. Umuntu w’igipfu wewe ntagira mwene ukwo gutinya. Kubera yuko yiyizigira, arirengagiza n’ubwishime n’akantu impanuro abandi bamuha. Kubera afise impengamiro yo gushavura vuba, umuntu nk’uyo akora ibiranga ubupfu. Ariko none ni kubera iki umuntu w’ubushobozi bwo kwiyumvira bamwanka?

Mu rurimi rwo mu ntango, imvugo yahinduwe ngo “ubushobozi bwo kwiyumvira” ifise insobanuro zibiri. Mu buryo bwiza, ishobora gusobanura ugutahura canke ukumenya gutandukanya ibintu canke ukugira ubwenge (Imigani 1:4; 2:11; 3:21). Mu buryo bubi na ho, ayo majambo ashobora kwerekeza ku vyiyumviro bibi canke ku vyiyumviro birangwa n’ububisha.​—Zaburi 37:7; Imigani 12:2; 24:8.

Nimba imvugo ngo “umuntu afise ubushobozi bwo kwiyumvira” yerekeza ku muntu afise imigabo irangwa n’ububisha, ntibigoye gutahura igituma umuntu nk’uwo yankwa. Ariko none, si ivy’ukuri yuko umuntu afise ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza na we nyene ashobora kwankwa n’abatagira ubwo bushobozi? Nk’akarorero, abakoresha ubushobozi bwabo bwo kwiyumvira bagahitamwo kutaba “ab’isi”, isi irabanka (Yohana 15:19). Urwaruka rukirisu rukoresha ubushobozi bwarwo bwo kwiyumvira rukamirira kure akosho k’urunganwe kugira ngo rwirinde inyifato itabereye, ruratyekezwa. Ikizwi co ni uko abasavyi b’Imana b’ukuri bankwa n’isi, iyo na yo ikaba iganzwa na Shetani wa Mucokoranyi.​—1 Yohana 5:19.

“Ababi bacira bugufi abeza”

Abiyubara canke abanyamakenga baratandukanye n’imburabwenge mu bundi buryo. “Imburabgenge ziragwa ubupfu, arikw abanyamakenga bambikwa ibitsibo vy’ubgenge” (Imigani 14:18). Kubera ko imburabwenge zitagira ubushobozi bwo gutandukanya ikibi n’iciza, zihitamwo ivy’ubupfu, zikama zibaho gutyo. Ariko rero, ubwenge bwobwo burashariza umunyamakenga nka kurya nyene igitsibo gihesha icubahiro umwami.

Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Ababi [baca] bugufi [imbere y’]abeza, n’abanyavyaha bicisha bugufi ku marembo y’abagororotsi” (Imigani 14:19). Mu yandi majambo, impera n’imperuka abeza bazotsinda ababi. Dufate ibijanye n’iyongerekana ry’abasavyi b’Imana muri iki gihe be n’ivy’uko bafise ubuzima bwiza kuruta ubw’abandi bantu. Iyo abaturwanya bamwebamwe babonye iyo mihezagiro abasavyi ba Yehova bironkera, birabasunikira ku ‘guca bugufi’ imbere ya wa mugore w’ikigereranyo wa Yehova wo mw’ijuru, aserukirwa n’abakirisu bakiri kw’isi basizwe impwemu yera. Naho nyene abaturwanya batoshoka baca bugufi, kuri Harumagedoni bazobwirizwa kwemera icese yuko umuce w’ishirahamwe ry’Imana wo kw’isi userukira vy’ukuri umuce waryo wo mw’ijuru.​—Yesaya 60:1, 14; Ab’i Galatiya 6:16; Ivyahishuriwe 16:14, 16.

“[Ku]girira akagongwe impahazwa”

Mu kugira ico avuze ku kuntu abantu bameze, Salomo agira ati: “Umworo arankwa gushitsa no ku mubanyi, arik’umutunzi agira abakunzi benshi” (Imigani 14:20). Ese ukuntu ivyo ari ivy’ukuri ku bantu b’abanyagasembwa! Kubera yuko bafise impengamiro y’ubwikunzi, usanga bari n’agatima ko gushaka gutonesha umutunzi kuruta umukene. Naho abagenzi b’umutunzi usanga ari benshi, ni ba bakundukize. Ntidukwiye none kwirinda kurondera abagenzi biciye ku mahera canke ku rukundo rw’agahemo?

Vyogenda gute twisuzumye ata buryarya tugasanga turitonesha ku batunzi mugabo tugasuzugura abantu usanga ata co bafise? Dutegerezwa kumenya yuko Bibiliya yiyamiriza mwene ukwo kugira nkunzi. Ivuga iti: “Ūkēngēra umubanyi aba acumuye, arik’ūgirira akagongwe impahazwa aba ahiriwe”.​—Imigani 14:21.

Dukwiye kuzirikana ku bari mu bihe bigoye (Yakobo 1:27). None twobazirikanako gute? Mu kubaronsa “ibintu vyo mw’isi”, na vyo akaba ari amahera, ibifungurwa, uburaro, ivyambarwa be no kubitwararika (1 Yohana 3:17). Hahirwa ugirira akagongwe abantu nk’abo, kubera ko “gutanga kuzana [“agahimbare”, NW], kuruta guhabga”.​—Ivyakozwe n’intumwa 20:35.

Bibagendera gute?

Ingingo ngenderwako ivuga yuko “[ico] umuntu abiba cose ari co azokwimbura”, irakora ku munyamakenga no ku mburabwenge (Ab’i Galatiya 6:7). Umunyamakenga akora ivyiza; imburabwenge na yo ikigenera ikibi. Wa mwami w’inkerebutsi abaza ati: “Abigenera ikibi mbega ntibaba bazimiye?”. Inyishu ni egome, “baba bazimiye”. “Arikw abigenera iciza, imbabazi n’ukuri bizobazako” (Imigani 14:22). Abakora ivyiza baragiranira ubucuti bwiza n’abandi, bakongera bakinovora ubuntu-mvarukundo bw’Imana.

Mu gushira isano hagati y’ukwererwa n’ugukora ugatama be no mu kurishira hagati y’amajambo menshi n’ibikorwa bike, Salomo avuga ati: “Ubutame bg’ibikorwa vyose bugira umugwiza, ariko gupfa kubomboranya amanwa kuzana ubgoro gusa” (Imigani 14:23). Nta gukeka yuko iyo ngingo ngenderwako ikora ku twigoro tugira mu vy’impwemu. Igihe dukora tugatama mu busuku bwa gikirisu, turimbura ivyiza biva mu gutuma abandi bantu benshi bamenya ukuri kurokora ubuzima kwo mw’Ijambo ry’Imana. Kurangura tudahemuka igikorwa ico ari co cose ca gitewokarasi twoshingwa bituma turonka umunezero tukongera tugashira akanyota.

Mu Migani 14:24 havuga hati: “Igitsibo c’abanyabgenge [ni] ubutunzi bgabo, arik’ubupfu bg’ibipfu [ni] ubupfu nyene”. Ivyo vyoshobora gusobanura yuko ubwenge canke ubukerebutsi abantu b’inkerebutsi bihatira kuronka ari bwo butunzi bwabo, kandi burabambika igitsibo, canke bukabashariza. Ibipfu vyovyo, nta kindi bironka atari ubupfu. Nk’uko igitabu kimwe kibivuga, uwo mugani ushobora kandi kuba ushaka kuvuga yuko “ubutunzi ari nk’igisharizo ku babukoresha neza . . . [mu gihe] ibipfu ata kindi bironka atari ubupfu”. Uko bimeze kwose, umuntu w’inkerebutsi bimugendera neza kuruta umuntu w’igipfu.

Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Icabona c’ukuri kirokora ubugingo bg’abantu, arik’ūvuga ibinyoma arabaroha” (Imigani 14:25). Naho ivyo ari ukwo biri koko mu bijanye no guca imanza, rimbura ingene ivyo bikora ku busuku bwacu. Mu gikorwa cacu co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, harimwo ugushingira intahe ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana. Ukwo gushinga intahe kurakura abafise imitima igororotse mw’idini ry’ikinyoma, kukongera kukarokora ubuzima. Nitwama twirinda ubwacu no ku vyo twigisha, tuzokwikizanya n’abatwumviriza (1 Timoteyo 4:16). Uko tubandanya kubigenza gutyo, nimuze ntitugishe akaryo na kamwe ko kugaragaza amakenga mu mice yose y’ubuzima.

[Utujambo tw’epfo]

a Nimba ushaka ikiganiro gica irya n’ino Imigani 14:1-11, raba inomero y’Umunara w’Inderetsi yo ku wa 15 Munyonyo 2004, ku rupapuro rwa 26-30.

b Raba inomero ya Réveillez-vous! yo ku wa 22 Gitugutu 1987, ku rupapuro rwa 11-16.

[Ifoto ku rup. 18]

Dutegerezwa kwiga n’umwete ukuri gushika ibwina nimba dushaka gutandukanya ikibi n’iciza

[Ifoto ku rup. 18]

Ubuzima burangwa no kwitwararika ivy’umubiri bwoba vy’ukuri bumara akanyota?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika