Murwanye Shetani, na we azohunga!
“Mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga”.—YAKOBO 4:7.
1, 2. (a) Ni agatima ka Shetani akahe kabonekera mu majambo yanditswe muri Yesaya ikigabane ca 14? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye guca irya n’ino?
SHETANI ni we munyabwibone ruheta. Ubwibone bwiwe bubonekera mu majambo yanditswe n’umuhanuzi w’Imana Yesaya. Imyaka irenga ijana imbere y’uko Babiloni icika intwaro nganzasi, abasavyi ba Yehova badondowe nk’abariko babwira “umwami w’i Babuloni” bati: “Wari warībariye mu mutima, uti Nzodūga nje mw ijuru, nkuze ingoma yanje isumbe inyenyeri z’Imana [ari zo bami bakomoka ku muryango wa cami wa Dawidi] . . . nzoba nk’Īsumba vyose” (Yesaya 14:3, 4, 12-15; Guharūra 24:17). Ubwibone bw’“umwami w’i Babuloni” nta ho bwari butaniye n’agatima ka Shetani, ya “mana y’iki gihe” (2 Ab’i Korinto 4:4). Yamara, ubwibone bwa Shetani buzomukwegera akarambaraye, nk’uko nyene umuryango w’abami batwaye Babiloni washikiwe n’iherezo ry’akamaramaza.
2 Ariko rero, kubera ko Shetani ata ho araja, twoshobora kwibaza ibibazo nk’ibi ngo: Twoba dukwiye gutinya Shetani? Ni kubera iki yosha abantu guhama abakirisu? Dushobora gute kwirinda gutsindwa na Shetani?.
Twoba dukwiye gutinya Shetani?
3, 4. Ni kubera iki abakirisu basizwe be na bagenzi babo badatinya Shetani?
3 Aya majambo Yezu Kirisitu yavuze arakomeza cane abakirisu basizwe: “Ntutinye ivy’ugira ubabazwe. Eh’uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo” (Ivyahishuriwe 2:10). Abasizwe be na bagenzi babo bafise icizigiro co kuzoba kw’isi ntibatinya Shetani. Ukwo kudatinya ntikuva ku burindutsi mvukanwa bafise. Igituma badatinya ni uko batinya Imana mu buryo burimwo icubahiro kigera kure bakongera ‘bagahungira mu gitutu c’amababa yayo’.—Zaburi 34:9; 36:7.
4 Abigishwa ba Yezu Kirisitu bo mu ntango b’intatinyurukamvye bagumye ari intahemuka naho bashikiwe n’ingorane. Ntibaretse ngo batwarwe no gutinya ivyo Shetani wa Mucokoranyi yashobora kugira, kubera ko bari bazi yuko Yehova atokwigeze aheba abagumye ari intahemuka kuri we. N’abakirisu basizwe be na bagenzi babo biyeguye, iyo bahanganye n’uruhamo rukomeye rwo mu gihe ca none, bariyemeza kuguma ari intadohoka ku Mana. Yamara, intumwa Paulo yarerekanye yuko Shetani yoshobora guteza urupfu. Ivyo ntibikwiye none gutuma dutinya?
5. Ni igiki twigira ku Baheburayo 2:14, 15?
5 Paulo yavuze yuko Yezu ‘yahuje n’abantu inyama n’amaraso’, mu guhinduka umuntu w’inyama n’amaraso, kugira ngo “urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi [bwo guteza] urupfu, ni we wa Murwanizi, kandi ngw arokore abājakariye ubgoba bg’urupfu bose, imisi yose y’ukubaho kwabo” (Abaheburayo 2:14, 15). Kubera ko Shetani ari we ‘afise ubushobozi bwo guteza urupfu’, yarigaruriye Yuda Isikariyoti, mu nyuma na ho arakoresha indongozi z’Abayuda be n’Abaroma mu kwica Yezu (Luka 22:3; Yohana 13:26, 27). Ariko rero, Yezu, biciye ku rupfu rwiwe rwo kwitangako inkuka, arakura abantu b’abanyavyaha mu vyara vya Shetani akongera agatuma bishoboka ko turonka ubuzima budahera.—Yohana 3:16.
6, 7. Ubushobozi Shetani afise bwo guteza urupfu bugarukira hehe?
6 Ubushobozi Shetani afise bwo guteza urupfu bugarukira hehe? Urabona, kuva Shetani atanguye ingendo yiwe y’ubukozi bw’ikibi, abantu barapfuye bitumwe n’ibinyoma vyiwe n’akosho kiwe. Urwo rupfu rwatewe n’uko Adamu yacumuye maze akanduza umuryango w’abantu icaha n’urupfu (Abaroma 5:12). Ikigeretse kuri ivyo, abakozi ba Shetani bo kw’isi barahamye abasavyi ba Yehova, rimwe na rimwe barabahama gushika n’aho babica, nk’uko babigenjeje kuri Yezu Kirisitu.
7 Naho ari ukwo, ntidukwiye kwiyumvira yuko Shetani ashobora kwica uwo ashaka wese. Imana irakingira abayo kandi ntizokwigera ireka ngo Shetani aherengeteze abasenga b’ukuri bose bari kw’isi (Abaroma 14:8). Ego ni ko, Yehova arareka uruhamo rugashikira abasavyi biwe bose, kandi arareka bamwebamwe muri twebwe bagapfa bivuye ku bitero vya Shetani. Yamara, Ivyanditswe biratanga icizigiro ciza igitangaza c’uko abari mu ‘gitabu c’icibutso’ c’Imana bazozuka, kandi Shetani ntashobora na gato kubuza ko basubira kuba bazima!—Malaki 3:16; Yohana 5:28, 29; Ivyakozwe n’intumwa 24:15.
Ni kubera iki Shetani aduhama?
8. Ni kubera iki Shetani ahama abasavyi b’Imana?
8 Niba turi abasavyi b’Imana b’intahemuka, hariho imvo nyamukuru ituma Shetani aduhama. Intumbero yiwe ni iyo gutuma tudohoka ku kwizera kwacu. Turafitaniye na Dawe wa twese wo mw’ijuru ubucuti bw’agaciro, Shetani akaba rero yipfuza kubusenyura. Ivyo ntibikwiye kudutangaza. Muri Edeni, Yehova yavuze ko hobaye inyankane hagati y’“umugore” wiwe w’ikigereranyo be n’“inzoka”, no hagati y’‘imvyaro’ zabo (Itanguriro 3:14, 15). Ivyanditswe bivuga ko Shetani ari we “ya nzoka ya mbere” bikongera bigahishura yuko igihe asigaranye ubu ari gito be n’uko afise inzigo nyinshi (Ivyahishuriwe 12:9, 12). Kubera ko urwanko ruri hagati y’izo ‘mvyaro’ zibiri rubandanya, abakorera Yehova badahemuka barashobora kwitega guhamwa (2 Timoteyo 3:12). Woba uzi imvo yihishije ituma Shetani aduhama?
9, 10. Ni ikibazo ikihe Shetani yavyuye, kandi inyifato abantu bagira ifitaniye isano gute n’ico kibazo?
9 Shetani yaravyuye ikibazo c’uwukwiye kugaba no kuganza isi n’ijuru. Hari n’ikindi kibazo kijanye n’ico yavyuye, na co kikaba ari ikijanye n’uko abantu badashobora kuguma bari intadohoka ku Muremyi wabo. Shetani yarateje uruhamo wa mugabo w’umugororotsi Yobu. Kubera iki? Kugira asambure ukutadohoka kuri Yehova kwiwe. Umugore wa Yobu be na ba “bagandazi [canke abiruzi] bagorana” biwe batatu, ico gihe bakoze ibihuye n’umugambi wa Shetani. Nk’uko vyerekanwa mu gitabu ca Yobu, Shetani yahigishije Imana avuga yuko ata muntu n’umwe yoguma ari intahemuka kuri yo hamwe Imana yoreka Shetani akamugerageza. Ariko Yobu yarumiye rwose ku kutadohoka kwiwe, aba agaragaje ko Shetani ari umubeshi (Yobu 1:8–2:9; 16:2; 27:5; 31:6). Shetani arahama Ivyabona vya Yehova muri iki gihe kugira asenyure ukutadohoka kwabo, gutyo abe yerekanye ko ivyo yavuze ahigisha Imana ari ivy’ukuri.
10 Kumenya yuko Shetani aduteza uruhamo kubera ko yipfuza rwose gusenyura ukutadohoka kwacu ku Mana birashobora vy’ukuri kudufasha kugira umutima rugabo no gukomera (Gusubira mu vyagezwe 31:6). Imana yacu ni yo Segaba w’ijuru n’isi, kandi izodufasha kuguma turi intadohoka. Nimuze twame nantaryo turondera guhimbara umutima wa Yehova mu kuguma turi intadohoka, gutyo tukaba tumuhaye ico yishura wa mutukanyi mukuru, ari we Shetani wa Mucokoranyi.—Imigani 27:11.
“Udukize wa Mubi”
11. Igihe dusaba ngo “Ntutujane mu bitwosha nabi” tuba dushaka kuvuga iki?
11 Kuguma turi intadohoka si ikintu coroshe; bisaba ko dusengana ubwira. Ikintu canecane codufasha, ni ya majambo ari muri rya sengesho ry’akarorero. Muri iryo sengesho, hari aho Yezu yavuze ati: “Ntutujane mu bitwosha nabi, arik’udukize wa Mubi” (Matayo 6:13). Yehova ntatwosha gukora icaha (Yakobo 1:13). Ariko rero, hari igihe Ivyanditswe bivuga ko Yehova ari we yakoze ibintu binaka canke ari we yatumye biba mu gihe mu vy’ukuri aba yaretse gusa bigashika (Rusi 1:20, 21). Igihe rero dusenze nk’uko Yezu yavyerekanye, tuba turiko dusaba Yehova ngo ntareke ngo dutwarwe n’ibitwosha nabi. Kandi ivyo nta vyo azogira kubera ko Ivyanditswe bidukura amazinda biti: “Imana n’iyo kwizigirwa ntizobakundira ko mugeragezwa n’ibiruta ivyo mushobora, ariko hamwe n’ikibagerageza izobacira icanzo, kugira ngo mubone ingene mushobora kucihanganira”.—1 Ab’i Korinto 10:13.
12. Ni kubera iki dusenga dusaba ngo “Udukize wa Mubi”?
12 Yezu amaze kuvuga ivy’amosha mabi muri rya sengesho ry’akarorero, birabereye kubona yaciye avuga ati: “Udukize wa Mubi”. Impinduro zimwezimwe za Bibiliya zivuga ziti: “Udukize akabi” (Ubwuzure Bushasha), canke ngo “Udukingire ikibi” (Contemporary English Version). Ariko rero, mu Vyanditswe imvugo ngo ‘gukiza’ ikoreshwa canecane ku bantu, kandi Injili ya Matayo ivuga yuko Shetani ari “Umugeragezi”, vyerekana yuko ari umuntu (Matayo 4:3, 11). Ku bw’ivyo, birahambaye ko dusenga dusaba ko twokizwa “wa Mubi”, ari we Shetani wa Mucokoranyi. Aragerageza kudukwegakwega ngo ducumure ku Mana (1 Ab’i Tesalonike 3:5). Igihe dusaba ngo “Udukize wa Mubi”, tuba turiko dusaba Data wa twese wo mw’ijuru ngo atuyobore yongere adufashe kugira ngo ntidutsindwe na Shetani.
Ntutsindwe na Shetani
13, 14. Ni kubera iki Abanyakorinto bari bakeneye kugira ico bahinduye ku kuntu bafata umugabo umwe wo mw’ishengero yari yahoze ari umusambanyi?
13 Igihe Paulo yahimiriza abakirisu b’i Korinto kuba abantu baharira abandi, yanditse ati: “Uwo muribuharire wese, nanje ndamuharira: kuko nanje ico mpariye, namba har’ico mparira, ngihariye kubganyu mu nyonga za Kristo, kugira ngo Satani ntaronke ic’adutsindisha, kuko tutayobewe imigabo yiwe” (2 Ab’i Korinto 2:10, 11). Shetani arashobora kudutsinda mu buryo butandukanye. Ariko ni kubera iki Paulo yavuze ayo majambo?
14 Paulo yari yarakangiriye Abanyakorinto kubera baretse umugabo w’umusambanyi akaguma mw’ishengero. Ivyo bitegerezwa kuba vyarahimbaye Shetani kubera ko iryo shengero ryarengeje uruho rw’amazi ku “busambanyi bu[tari] no mu banyamahanga”. Amaherezo, uwo nyene gukora ico kibi yaraciwe (1 Ab’i Korinto 5:1-5, 11-13). Uwo mugabo yahavuye yigaya. Iyo abo Banyakorinto banka kumuharira no kumugarukana mw’ishengero, Shetani yari kuba abatsinze mu bundi buryo. Uti gute? Bari kuba babaye abantu batagira impuhwe n’ikigongwe, nka Shetani ubwiwe. Iyo uwo mugabo yari yigaye ‘arengerwa n’umubabaro usagutse’ ntagaruke ku gusenga Imana, abakurambere canecane bari kugira ico babazwa na ya Mana y’inyembabazi Yehova (2 Ab’i Korinto 2:7; Yakobo 2:13; 3:1). Ariko ntiwumve, nta mukirisu w’ukuri n’umwe yoshima kwigana Shetani mu kuba umuntu atagira imbabazi, atagira impuhwe, kandi atagira ikigongwe.
Turakingirwa n’ibirwanishwa vy’Imana
15. Ni intambara iyihe turwana, kandi kugira tuyitsinde bisaba iki?
15 Niba tugomba gukizwa wa Mubi, dutegerezwa kurwana intambara yo mu buryo bw’impwemu yo kurwanya inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha. Kugira dutsinde abansi nk’abo, bisaba ko twambara “ibirwanishwa vyose vy’Imana” (Abanyefeso 6:11-18). Muri ivyo birwanishwa harimwo “icuma gikingira igikiriza” ari co “ukugororoka” (Abanyefeso 6:14). Wa Mwami Sauli wa Isirayeli ya kera yaragambarariye Imana, bituma impwemu yera imuvako (1 Samweli 15:22, 23). Mugabo twebwe niba dukora ivy’ukugororoka kandi tukambara ibirwanishwa vyose vyo mu buryo bw’impwemu, tuzoronka impwemu yera y’Imana twongere turonke uburinzi bukenewe buturinda Shetani be n’abamarayika biwe babi, ari bo madayimoni.—Imigani 18:10.
16. Dushobora gute kubandanya kwikingira inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha?
16 Kugira ngo tubandanye kwikingira inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha, bimwe mu bintu dukeneye ni ugusoma no kwiga Ijambo ry’Imana tudahorereza hamwe no gukoresha neza ibitabu turonka biciye kuri wa “mubgiriza wo kwizigirwa” (Luka 12:42). Gutyo, tuzoba turiko turuzuza ubwenge bwacu ibintu vyiza vy’impwemu, mu buryo buhuye n’iyi mpanuro ya Paulo igira iti: “Bene Data, ivy’ukuri vyose, ivyo kwubahwa vyose, ibigororotse vyose, ibitānduye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose, ni haba harih’ingeso nziza, ni haba hariho gushimwa, abe ari vyo mwiyumvira”.—Ab’i Filipi 4:8.
17. Ni igiki kizodufasha kuba abamamaji kirumara b’inkuru nziza?
17 Yehova aradushoboza ‘kwambara inkweto z’ivyo ubutumwa bwiza bw’amahoro bitwiteguza’ (Abanyefeso 6:15). Kwama tugira uruhara mu makoraniro ya gikirisu biradutegurira kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Ese umunezero turonkera mu gufasha abandi kumenya ukuri kwerekeye Imana no kuronka umwidegemvyo wo mu vy’impwemu (Yohana 8:32)! “Inkota [y’im]pwemu, [ari] yo jambo ry’Imana” ni ntahara kugira twikingire inyigisho z’ikinyoma no kugira ‘dushingure [“ibintu bihamangiye mu buryo bukomeye”, NW]’ (Abanyefeso 6:17; 2 Ab’i Korinto 10:4, 5). Gukoreshanya ubuhanga Ijambo ry’Imana ryanditse ari ryo Bibiliya, biradufasha kwigisha ukuri bikongera bikadukingira ngo ntidutwarwe n’amayeri ya Shetani.
18. Twoshobora gute ‘guhagarara tudatsinzwe n’ubugunge bwa wa Murwanizi’?
18 Igihe Paulo yavuga ivy’ibirwanishwa vyacu vyo mu buryo bw’impwemu, yatanguye ati: “Muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi. Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi” (Abanyefeso 6:10, 11). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo ‘guhagarara udatsinzwe’ ryerekeza ku kuntu umusoda aguma mu kibanza ariko arwaniramwo. Tuguma dushikamye mu ntambara yo mu vy’impwemu, naho Shetani akoresha amayeri atandukanye mu kugerageza gusambura ubumwe bwacu, kwonona inyigisho zacu no gusenyura ukutadohoka kwacu ku Mana. Ariko ntiwumve, gushika kuri ino saha, ibitero vya Shetani nta co birashikako, kandi nta n’ico bizokwigera bishikakoa!
Murwanye Shetani, na we azohunga
19. Uburyo bumwe bwo kurwanya Shetani twivuye inyuma ni ubuhe?
19 Turashobora gutsinda intambara turwana yo mu vy’impwemu yo kurwanya Shetani n’inteko z’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha ziyoborwa na we. Nta mvo n’imwe ihari yotuma tujugumizwa n’ubwoba kubera Shetani, kuko intumwa Yakobo yanditse ati: “Mugamburukire Imana, ariko murwanye wa Murwanizi, na we azobahunga” (Yakobo 4:7). Uburyo bumwe bwo kurwanya twivuye inyuma Shetani n’ibiremwa vy’impwemu vy’ibibisha bifatanije na we, ni mu kudakora ikintu na kimwe gifitaniye isano n’ubupfumu canke ivy’amareba, canke ngo twifatanye n’ababikora. Ivyanditswe birerekana neza yuko abasavyi ba Yehova bategerezwa kwirinda kurondera kumenya ibizoba biciye ku bimenyetso canke kuja mu vyo kuragurisha inyenyeri, mu vyo kuraguza no mu vyo kubaza imizimu. Niba dufise vyinshi dukora mu vy’impwemu tukaba kandi dukomeye mu kwizera, ntidukwiye gutinya ko hari uwuzohava adutera ibitega.—Guharūra 23:23; Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Yesaya 47:12-15; Ivyakozwe n’intumwa 19:18-20.
20. Dushobora gute kurwanya Shetani?
20 ‘Turarwanya wa Murwanizi’ mu kwumira ku ngingo mfatirwako be n’ukuri vyo muri Bibiliya, no mu guhagarara tudatsinzwe na we. Isi irahuza na Shetani kubera ko ari imana yayo (2 Ab’i Korinto 4:4). Ku bw’ivyo rero, turamirira kure udutima turanga isi, nk’ubwibone, ubwikunzi, ubuhumbu, ubukazi be n’ugukunda amaronko. Turazi yuko Shetani yahunze igihe Yezu yananira igitero ciwe akoresheje Ivyanditswe, hamwe yariko yoshwa gukora ibibi mu bugaragwa (Matayo 4:4, 7, 10, 11). Muri ubwo buryo nyene, Shetani azoneshwa ‘aduhunge’ nitwaba tuyobokera Yehova tugaherezako tukongera tukamwihekako mw’isengesho (Abanyefeso 6:18). Dushigikiwe na Yehova Imana be n’Umwana wiwe mukundwa, nta muntu n’umwe ashobora kutugirira inabi idahera, emwe, naho yoba Shetani!—Zaburi 91:9-11.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ayandi makuru yerekeye ibirwanishwa vy’Imana vyo mu buryo bw’impwemu, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Rusama 1992, urupapuro rwa 21-23.
Wokwishura gute?
• Twoba dukwiye gutinya Shetani wa Mucokoranyi?
• Ni kubera iki Shetani ateza uruhamo abakirisu?
• Ni kubera iki dusenga dusaba ngo dukizwe “wa Mubi”?
• Dushobora gute gutsinda intambara turwana yo mu buryo bw’impwemu?
[Ifoto ku rup. 26]
Abayoboke ba Kirisitu b’intatinyurukamvye bo mu ntango bagumye ari intahemuka gushika ku gupfa
[Ifoto ku rup. 27]
Shetani ntashobora kubuza ko abo Yehova yibuka bazuka
[Ifoto ku rup. 28]
Woba usenga usaba ngo ukizwe “wa Mubi”?
[Ifoto ku rup. 29]
Woba wambaye “ibirwanishwa vyose vy’Imana”?