Rwaruka, muzokoresha gute ubuzima bwanyu?
“Uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere.”—1 KOR. 9:26.
1, 2. Kugira ngo uroranirwe mu kiringo kigushikana ku kuba umuntu akuze, ukeneye kuba ufise iki?
HAMWE woba ugira ufate urugendo uciye mu nzira utazi, hari aho woshima kwitwaza ikarata be n’akuma bita rugenimpande. Iyo karata yogufasha kumenya aho uri no kumenya inzira ucamwo. Iyo rugenimpande yogufasha kuguma mu nzira ibereye. Ariko rero, iyo karata be n’iyo rugenimpande nta co vyokumarira mu gihe woba utazi iyo ugiye. Kugira ngo wirinde kuyerera ata ntumbero ufise, wokenera kumenya neza iyo ugiye.
2 Ivyawe vyifashe gutyo nyene mu kiringo kigushikana ku kuba umuntu akuze. Urafise ikarata yo kwizigirwa be na rugenimpande. Bibiliya ni ikarata ishobora kugufasha kumenya inzira wohitamwo. (Imig. 3:5, 6) Mu gihe ijwi ryawe ryo mu mutima ryaramenyerejwe neza, rirashobora kugufasha cane mu bijanye no kuguma mu nzira ibereye. (Rom. 2:15) Rirashobora kukubera nka rugenimpande. Ariko rero kugira uroranirwe mu buzima, urakeneye kandi kumenya iyo uriko uraja. Urakeneye kwishingira imigambi itomoye.
3. Ni ivyiza ibihe biva ku kwishingira imigambi Paulo avuga mu 1 Abakorinto 9:26?
3 Intumwa Paulo yaravuze muri make ivyiza biva ku kwishingira imigambi no kwihatira kuyishikako igihe yandika ati: “Uko niruka . . . , si nk’uwutazi iyo aja; uko ntera ibipfunsi, ni ku buryo ntakubita ikirere.” (1 Kor. 9:26) Mu gihe ufise imigambi wishingiye, urashobora kwiruka uzi iyo uja. Bitebe bitebuke, bizoba ngombwa ko ufata ingingo zimwezimwe zikomeye zijanye n’ugusenga, akazi, ukwubaka urwawe be n’umuryango, aho tukaba tuvuze nkeyi gusa. Rimwe na rimwe, woshobora kwumva umenga urabuze ico ufata n’ico ureka kubera yuko uhanganye n’ibintu vyinshi cane vyo guhitamwo. Mugabo niwategekanya imbere y’igihe inzira ucamwo, ingingo ufata ukazishingira ku bintu vy’ukuri no ku ngingo ngenderwako dusanga mw’Ijambo ry’Imana, ntuzogira agatima ko kwerekeza mu nzira itari yo.—2 Tim. 4:4, 5.
4, 5. (a) Ni ibiki bishobora gushika mu gihe utokwishingira imigambi? (b) Ni kubera iki amahitamwo ugira akwiye kuyoborwa n’icipfuzo co guhimbara Imana?
4 Mu gihe utokwishingira imigambi, birashoboka rwose ko abo mu runganwe rwawe be n’abigisha bawe bakwosha gukora ibintu babona ko vyokubera vyiza. Ariko rero, n’igihe nyene uba ufise imigambi itomoye, hari aboshobora kuguterera ivyiyumviro. Igihe uriko urumviriza inama bakugira, niwibaze uti: ‘Iyo migambi bavuga yoba yomfasha kwibuka Umuremyi wanje mu buto bwanje canke yombuza kubigira?’—Soma Umusiguzi 12:1.
5 Ni kubera iki amahitamwo ugira mu buzima akwiye kuyoborwa n’icipfuzo co guhimbara Imana? Imvo imwe yobituma ni iy’uko Yehova ari we yaduhaye ikintu ciza cose dufise. (Yak. 1:17) Mu vy’ukuri, abantu bose barakwiye gukengurukira Yehova. (Ivyah. 4:11) Hari ubundi buryo none wokwerekanamwo yuko ukenguruka buruta kwibuka Yehova igihe uriko urishingira imigambi? Nimuze turimbure imigambi ushobora gushikako be n’ico utegerezwa gukora kugira ngo uyishikeko.
Ni imigambi iyihe wokwishingira?
6. Ni umugambi uhambaye uwuhe wokwishingira, kandi kubera iki?
6 Nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, umugambi uhambaye ushobora kwishingira ni ukwiyemeza neza yuko ibivugwa muri Bibiliya ari ukuri. (Rom. 12:2; 2 Kor. 13:5) Abo mu runganwe rwawe boshobora kwemera ya nyigisho y’ihindagurika canke inyigisho zitandukanye zo mu madini y’ikinyoma kubera yuko abandi bababwiye ko ari vyo bakwiye kwemera. Ariko rero, si ngombwa ngo wemere ikintu kubera gusa yuko abandi bashaka ko ucemera. Uribuka yuko Yehova yipfuza ko umukorera n’umuzirikanyi wawe wose. (Soma Matayo 22:36, 37.) Data wa twese wo mw’ijuru yipfuza yuko ushingira ukwizera kwawe ku bimenyamenya.—Heb. 11:1.
7, 8. (a) Ni imigambi ushobora gushikako mu gihe gito iyihe wokwishingira ikagufasha gukomeza ukwizera kwawe? (b) Uzokwumva umerewe gute uko uzoza urashika ku migambi imwimwe wishingiye ushobora gushikako mu gihe gito?
7 Kugira ngo ukomeze ukwizera kwawe, ubona gute wishingiye imigambi imwimwe ushobora gushikako mu gihe gito? Umugambi umwe muri iyo, woshobora kuba uwo gusenga buri musi. Kugira ngo ugume utura amasengesho adomako kandi udasubiramwo vya bindi nyene, woshobora kwiyumvira mu bwenge canke ukandika ibintu binaka vyashitse ku musi wipfuza gushira mu masengesho yawe. Uraraba neza ntuvuge gusa ingorane zagushikiye mugabo kandi uvuge n’ibintu vyagushimishije. (Flp. 4:6) Uwundi mugambi ni uwo gusoma Bibiliya buri musi. Wari uzi yuko ugiye urasoma impapuro nka zine ku musi, woba wahejeje gusoma Bibiliya yose mu mwaka umwe gusa?a Muri Zaburi 1:1, 2 hagira hati: “Hahiriwe umuntu . . . ahimbarwa n’itegeko rya Yehova, kandi itegeko ryiwe a[ka]risoma n’ijwi ritoyi umurango n’ijoro.”
8 Umugambi ushobora gushikako mu gihe gito ugira gatatu wokwishingira, ni uwo kwitegurira gutanga inyishu kuri buri koraniro ry’ishengero. Mu ntango, woshobora gushima gusoma iyo nyishu canke gusoma icanditswe. Mu nyuma, woshobora kwishingira umugambi wo kwishura mu majambo yawe. Mu vy’ukuri, igihe cose utanze inyishu, uba uriko urashikanira Yehova ingabirano. (Heb. 13:15) Niwamara gushika ku migambi imwimwe muri iyo, uzorushiriza guhera amazinda, wongere urushirize gukengurukira Yehova, kandi uzoba witeguriye kwishingira imigambi ushobora gushikako mu gihe kirekire.
9. Nimba utaraba umwamamaji w’Ubwami, ni imigambi ushobora gushikako mu gihe kirekire iyihe wokwishingira?
9 Ni imigambi ushobora gushikako mu gihe kirekire iyihe wokwishingira? Nimba utaratangura kwamamaza inkuru nziza ku mugaragaro, umugambi ushobora gushikako mu gihe kirekire wokwishingira woshobora kuba uwo gucika umwamamaji w’Ubwami. Umaze gushika kuri uwo mugambi uteye iteka, hari aho woshima kuza uramamaza udahorereza kandi mu buryo buri n’ico buvamwo, ntihagire ukwezi na kumwe kugucika. Hari aho kandi woshima kwiga gukoresha Bibiliya mu busuku. Uko uzoza urabigira, birashoboka rwose ko uzosanga igikorwa co kwamamaza kirushirije kukuryohera. Ico gihe uzoshobora kwongereza umwanya umara mu gikorwa c’inzu ku nzu canke mbere wihatire kurongora inyigisho ya Bibiliya. Kubera ko uri umwamamaji atarabatizwa, hoba hari uwundi mugambi wokwishingira uruta uwo gukwiza ibisabwa kugira ngo ubatizwe maze ube Icabona ca Yehova Imana yiyeguye akabatizwa?
10, 11. Ni imigambi ishobora gushikwako mu gihe kirekire iyihe abakiri bato babatijwe bokwishingira?
10 Nimba usanzwe uri umusavyi wa Yehova yabatijwe, ng’iyi imigambi imwimwe ushobora gushikako mu gihe kirekire wokwishingira. Hari aho woshima kuza urafasha amashengero kwamamaza mu cibare gikorerwamwo gake. Woshobora kandi guhitamwo gukoresha inguvu zawe n’amagara yawe meza mu gukora ubutsimvyi bwo gufasha canke busanzwe. Abatsimvyi ibihumbi mirongo bahimbawe bazokubwira yuko umurimo w’igihe cose ari uburyo bumara akanyota bwo kwibuka Umuremyi wawe mu buto bwawe. Iyo ni imigambi ushobora gushikako igihe ukiri i muhira. Ishengero urimwo na ryo nyene rizohungukira niwashika kuri iyo migambi.
11 Iyindi migambi ushobora gushikako mu gihe kirekire, yoshobora gutuma ugirira akamaro n’abandi turetse ishengero urimwo. Nk’akarorero, woshobora kwishingira umugambi wo gukorera mu kandi karere canke mu kindi gihugu aho bikenewe kuruta ahandi. Hari aho woshima gufasha mu bijanye no kwubaka Ingoro z’Ubwami canke inyubakwa z’amashami mu bindi bihugu. Woshobora mbere kuja mu murimo wo kuri Beteli canke kuba umumisiyonari. Birumvikana yuko umugambi uhambaye kuruta iyindi yose uzokenera kubanza gushikako imbere y’uko utandukira myinshi muri iyo migambi ushobora gushikako mu gihe kirekire yavuzwe ng’aha, ari uwo kubatizwa. Nimba utarabatizwa, nurimbure ico bisaba kugira ngo ushike kuri uwo mugambi uhambaye kuruta iyindi yose mu buzima bwawe.
Gushika ku mugambi wo kubatizwa
12. Ni imvo izihe zituma bamwebamwe babatizwa, kandi ni kubera iki izo mvo zidahagije?
12 Wodondora gute intumbero yo kubatizwa? Bamwe boshobora kwiyumvira yuko ibatisimu ibarinda kwisuka mu gicumuro. Abandi boshobora kubona yuko bakwiye kubatizwa kubera ko abo mu runganwe rwabo na bo nyene babatijwe. Abandi bakiri bato boshobora kubatizwa kugira ngo banezereze abavyeyi babo. Ariko rero, ibatisimu si icemeza kikubuza gukora ibintu wokwipfuza gukorera mu kinyegero; eka kandi ntukwiye kubatizwa kubera ko abandi baguhatiye kubigira. Ukwiye kubatizwa igihe utahura neza ico kuba Icabona ca Yehova bisobanura be n’igihe uzi neza yuko witeguriye kwikorera iryo banga kandi ko ufise umutima ukunze wo kuryikorera.—Umus. 5:4, 5.
13. Ukwiye kubatizwa kubera iki?
13 Imvo imwe ikwiye gutuma ubatizwa ni iy’uko Yezu yashinze abayoboke biwe igikorwa co ‘guhindura abantu abigishwa, bakababatiza.’ Yaratanze kandi akarorero mu kubatizwa. (Soma Matayo 28:19, 20; Mariko 1:9.) Vyongeye, ibatisimu ni intambwe ihambaye abipfuza kurokoka babwirizwa gutera. Intumwa Petero amaze kuvuga ibijanye na ca gihe Nowa yubaka ubwato, ubwo we n’umuryango wiwe bakirijwemwo mu gihe ca rya Segenya, yagize ati: “Igihuye n’ico ni na co ubu kiriko kirabakiza, ni ukuvuga ibatisimu . . . , biciye kw’izuka rya Yezu Kristu.” (1 Pet. 3:20, 21) Ariko rero, ivyo ntibisobanura yuko ubatizwa kugira gusa ushobore gukingirwa. Ahubwo nyabuna, ubatizwa kubera yuko ukunda Yehova be n’uko wipfuza kumukorera n’umutima wawe wose, n’ubuzima bwawe bwose, n’umuzirikanyi wawe wose be n’inkomezi zawe zose.—Mrk. 12:29, 30.
14. Ni kubera iki bamwebamwe boshobora kugonanwa kubatizwa, mugabo ni igiki kigusubiriza umutima mu nda?
14 Bamwebamwe boshobora kugonanwa kubatizwa kubera batinya yuko bohava bacibwa mu nyuma. Woba utinya ico kintu? Nimba ari ukwo biri, ugutinya nk’ukwo kurashobora kukugirira akamaro. Kurashobora kwerekana yuko utahura ibanga rihambaye umuntu agira iyo abaye Icabona ca Yehova. Hoba hoshobora kuba hariho iyindi mvo ituma ugonanwa kubatizwa? Kumbure nturajijuka yuko kubaho wisunga ingingo mfatirwako z’Imana ari bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi. Muri ico gihe, kuzirikana ku ngaruka zishikira abirengagiza ingingo mfatirwako zo muri Bibiliya birashobora kugufasha gufata ingingo. Ku rundi ruhande, woshobora kuba ukunda ingingo mfatirwako z’Imana mugabo ukaba utizigira yuko ushobora kubaho uzisunga. Mu bisanzwe, ivyo birashobora kuba ikimenyetso ciza, kubera ko vyerekana yuko wicisha bugufi. Na kare, Bibiliya ivuga yuko imitima y’abantu b’abanyagasembwa yose ari imihemu. (Yer. 17:9) Mugabo urashobora kuroranirwa nimba ‘uguma wirinze nk’uko ijambo ry’Imana rivuga.’ (Soma Zaburi 119:9.) Imvo zituma ugonanwa zaba izihe, urakeneye gutorera umuti ivyo bibazo be n’ivyo bintu bikuraje ishinga.b
15, 16. Ushobora gute kumenya nimba ugeze kubatizwa?
15 Ariko none, ushobora gute kumenya nimba ugeze kubatizwa? Uburyo bumwe wobimenya ni mu kwibaza mwene ibi bibazo: ‘Noba nshobora gusigurira abandi inyigisho z’ishimikiro zo muri Bibiliya? Noba ngira uruhara mu busuku naho nyene abavyeyi banje boba batabigira? Noba nihatira kwitaba amakoraniro yose ya gikirisu? Noba nshobora kwibuka ibihe binaka nananiye akosho k’urunganwe? Noba nobandanya gukorera Yehova naho nyene abavyeyi be n’abagenzi banje bohagarika kumukorera? Noba naratuye amasengesho ku bijanye n’ubucuti mfitaniye n’Imana? Vyongeye, noba vy’ukuri nariyeguriye Yehova ata co nisigarije biciye mw’isengesho?’
16 Kubatizwa ni intambwe ituma ubuzima buhinduka idakwiye gufatwa minenerwe. Woba uhumuye bihagije kugira ngo urimbure ibijanye n’iyo ntambwe ata gufyina? Kuba uwuhumuye ntibisobanura gusa kuba umuntu ashoboye gutanga ibiganiro vyiza ari ku mukiruruko canke ashoboye gutanga inyishu zitangaje kw’ikoraniro. Bisaba ko umuntu aba uwushoboye gufata ingingo yisunze ugutahura ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya. (Soma Abaheburayo 5:14.) Nimba mu buzima bwawe ugeze aho ushobora kubatizwa, imbere yawe rero hari agateka gahambaye kuruta utundi twose, ni ukuvuga agateka ko gukorera Yehova n’umutima wawe wose no kubaho mu buryo bwerekana yuko wamwiyeguriye vy’ukuri.
17. Ni ibiki bizogufasha kwihanganira ibigeragezo vyoshobora kugushikira umaze kubatizwa?
17 Ugiheza kubatizwa, woshobora kwiyumvamwo yuko ushashaye cane gukorera Imana. Ariko rero budakeye na kabiri, woshobora gushikirwa n’ibintu bizogerageza ukwizera kwawe n’ukwumira kw’ibanga kwawe. (2 Tim. 3:12) Ntiwiyumvire ko ubwirizwa kunyinyana n’ivyo bigeragezo uri wenyene. Nurondere guhanurwa n’abavyeyi bawe. Niwiture abahumuye bo mw’ishengero kugira bagufashe. Nugume ufitaniye ubugenzi n’abantu bazogufata mu mugongo. Ntiwigere wibagira yuko Yehova akubabara, be n’uko azokuronsa inkomezi ukeneye kugira ngo wihanganire ikintu ico ari co cose coshobora kwaduka.—1 Pet. 5:6, 7.
Ushobora gute gushika ku migambi yawe?
18, 19. Ushobora gute kwungukira ku gusuzuma ivyo ushira imbere y’ibindi?
18 Naho woba ufise imigambi myiza kuruta iyindi, woba ubona umenga ntiwigera uronka umwanya uhagije wo gukora ivyo wipfuza kandi ukeneye gukora? Nimba ari ukwo biri, urakwiye gusuzuma ivyo ushira imbere y’ibindi. Tubitangire ikigereranyo: Nufate indobo ya purasitike maze uyishiremwo amabuye maninimanini nk’angahe. Nuce usuka umusenyi muri iyo ndobo. Urafise indobo yuzuyemwo amabuye n’umusenyi. Nukure uwo musenyi n’ayo mabuye muri iyo ndobo mugabo ntihagire ibindi wongerako. Ubu hoho, nubanze usuke uwo musenyi muri iyo ndobo, hanyuma ugerageze gushiramwo ya mabuye. Woba ubona ko ikibanza kikubanye gitoya? Ni kubera yuko wabanje gushira umusenyi muri iyo ndobo.
19 Iyo ngorane nyene ni yo ugira igihe uriko urarondera ukuntu wokoresha umwanya wawe. Niwashira mu kibanza ca mbere ibintu nk’ukwiruhura, ntuzokwigera ubona ko ufise umwanya uhagije mu buzima bwawe wo gukora ibintu bihambaye, ivyo na vyo bikaba ari ibintu vy’impwemu. Mugabo niwakurikiza impanuro Bibiliya itanga yo ‘kwiyemeza neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo,’ uzosanga ufise umwanya wo kwitwararika ivy’Ubwami n’uwo kwiruhura.—Flp. 1:10.
20. Nimba ugira amaganya n’ugukekeranya uko wihatira gushika ku migambi yawe, ukwiye gukora iki?
20 Uko wihatira gushika ku migambi yawe, harimwo n’uwo kubatizwa, vyoshobora kuza birashika ukagira amaganya n’ugukekeranya. Igihe bishitse, “terera umuzigo wawe kuri Yehova ubwiwe, na we ubwiwe azogushigikira.” (Zab. 55:22) Ubu, urafise akaryo ko kugira uruhara mu gikorwa gishimishije kandi gihambaye kuruta ibindi vyose vyigeze gukorwa muri kahise k’abantu, ni ukuvuga isekeza ryo kwamamaza no kwigisha ririko riragirwa kw’isi yose. (Ivyak. 1:8) Woshobora guhitamwo kuba umurorerezi maze ukihweza ingene abandi bakora ico gikorwa. Canke woshobora kukigiramwo uruhara. Ntugonanwe gukoresha ububangukirwe bwawe mu guteza imbere ivyungura Ubwami. Ntuzokwigera wicuza icatumye ukorera “Umuremyi wawe Ahambaye mu misi y’ubusore bwawe,” canke mu misi y’ubuto bwawe.—Umus. 12:1.
[Utujambo tw’epfo]
a Raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Myandagaro 2009, urupapuro rwa 15-18.
b Kugira ngo uronke icogufasha muri ivyo, raba igitabu Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakimazi (mu gifaransa), imbumbe ya 2, ikigabane ca 34.
Wokwishura gute?
• Ni kubera iki ukwiye kwishingira imigambi?
• Ni imigambi imwimwe iyihe ushobora gushikako?
• Bisaba iki kugira ngo umuntu ashike ku mugambi wo kubatizwa?
• Gusuzuma ivyo ushira imbere y’ibindi bishobora gute kugufasha gushika ku migambi yawe?
[Ifoto ku rup. 13]
Woba ufise umugambi wo gusoma Bibiliya buri musi?
[Ifoto ku rup. 15]
Ni ibiki bizogufasha gushika ku mugambi wo kubatizwa?
[Ifoto ku rup. 16]
Ni igiki wigira kuri iki kigereranyo?