Ibibazo vy’abasomyi
Ni mu buryo ki urupfu rw’intahemuka za Yehova Imana ari “urw’agaciro mu maso yiwe”?
▪ Umwanditsi umwe w’amazaburi yaririmvye ahumekewe n’Imana ati: “Urupfu rw’intahemuka za Yehova ni urw’agaciro mu maso yiwe.” (Zab. 116:15) Ubuzima bw’umusavyi nyakuri wa Yehova wese buri n’agaciro kanini kuri we. Ariko rero, ayo majambo duhejeje gusubiramwo yo muri Zaburi ya 116 ntiyerekeza gusa ku rupfu rw’umuntu umwe ukwiwe.
Igihe hariko harashikirizwa insiguro y’amaziko y’umukirisu, ntibibereye kwerekeza ibivugwa muri Zaburi 116:15 kuri uwo muntu yapfuye, naho nyene aba yapfuye ari umusavyi wa Yehova w’intahemuka. Kubera iki? Kubera ko amajambo y’uwo mwanditsi w’amazaburi afise insobanuro yagutse kuruta. Asobanura ko Imana itazoreka ngo intahemuka zayo zose uko zigize umugwi zipfe kubera ko ibona ko ziri n’agaciro kanini.—Raba Zaburi 72:14; 116:8.
Muri Zaburi 116:15 hadusubiriza umutima mu nda yuko Yehova atazoreka ngo abasavyi biwe b’intahemuka uko bagize umugwi baherengetere kw’isi. Nkako, inkuru zo muri kino gihe zivuga ibitwerekeye zirigana ukuntu twihanganiye ibigeragezo n’uruhamo bikomeye, gutyo zigatanga ikimenyamenya gitomoye c’uko Imana itazokwigera ireka ngo duherengetezwe.
Kubera ko Yehova afise ububasha butagira aho bugarukira be n’umugambi uzoranguka ata kabuza, ntazokwemera ko dutikizwa twese uko tugize umugwi. Hamwe Imana yoreka ivyo bikaba, vyosa n’uko abansi bayo bayirusha ububasha, ico kikaba ari ikintu kidashoboka! Umugambi Yehova afise w’uko iyi si ibako abantu b’intahemuka kuri yo ntiworanguka, ivyo na vyo bikaba bidashoboka. (Yes. 45:18; 55:10, 11) Eka mbere kurangurira Yehova umurimo mweranda vyohagarara kw’isi mu gihe ata bantu bosigara kugira ngo bamusengere mu bigo vyo kw’isi vy’urusengero rwiwe ruhambaye rwo mu buryo bw’impwemu! Ntihoboneka umushinge w’“isi nshasha,” ni ukuvuga abantu bagororotse bazoba kuri iyi si bategekwa n’“ijuru rishasha.” (Ivyah. 21:1) N’ikindi kandi, ya Ngoma ya Kristu y’imyaka igihumbi ntiyobaho idafise abantu itwara bo kw’isi.—Ivyah. 20:4, 5.
Ikibanza Imana irimwo hamwe n’izina ryayo vyokekeranywa mu gihe yoreka abansi bayo bagaherengeteza kw’isi abasavyi bayo bose uko bagize umugwi. Ikintu nk’ico cosiga iceyi ikibanza Yehova arimwo co kuba Segaba w’ibiriho vyose. Vyongeye, kubera ko Yehova yiyubahiriza akongera akubahiriza izina ryiwe ryeranda, ntazoreka ngo intahemuka ziwe zipfe uko zigize umugwi. Rimbura kandi iki kintu: Kubera ko Imana “itagira akarenganyo,” ntizokwigera inanirwa gukingira umugwi w’abantu bamaze igihe bayikorera badahemuka. (Gus. 32:4; Ita. 18:25) N’ikindi kandi, kureka ngo abasavyi bayo baherengetere uko bagize umugwi vyoba bihushanye n’Ijambo ry’Imana, irigira riti: “Yehova [n]tazota abantu biwe, kubera izina ryiwe rihambaye.” (1 Sam. 12:22) Ego cane, “Yehova [n]tazoheba abantu biwe, eka ntazota intoranwa yiwe.”—Zab. 94:14.
Ese ukuntu duhumurizwa no kumenya yuko abasavyi ba Yehova batazokwigera baherengetera kw’isi! Uko bishoboka kwose rero, nimuze twame turi intahemuka ku Mana, twizigiye umuhango yatanze ugira uti: “Ikirwanisho ico ari co cose kizocurirwa kukurwanya ntikizororanirwa, kandi ururimi urwo ari rwo rwose ruzoguhagurukira mu rubanza, uzorutsindisha. Iyo ni yo ntoranwa y’abasavyi ba Yehova, kandi ubugororotsi bwabo buva kuri jewe.”—Yes. 54:17.
[Iciyumviro nyamukuru ku rup. 22]
Imana ntizokwigera ireka ngo abasavyi bayo baherengetezwe