Ukwiyigisha Kuturonsa Ivyangombwa Kugira Tube Abigisha
“Ivyo ubishirek’umwete, uvyamemwo, kugira ngo kuja imbere kwawe kubonekere bose. Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha.”—1 TIMOTEYO 4:15, 16.
1. Ni igiki kitari agaseseshwarumuri ku vyerekeye umwanya be n’ukwiyigisha?
BIBILIYA ivuga mu Musiguzi 3:1 iti: “Ikintu cose cashingiwe igihe caco.” Nta nkeka ko ivyo ari ko biri no ku bijanye n’ukwiyigisha. Abantu benshi basanga bigoye kuzirikana ku bintu vy’impwemu iyo atari igihe kibereye canke ikibanza kibereye. Nk’akarorero, wamaze umusi ukora cane kandi ukaba wafunguye neza ku mugoroba, woba wokwipfuza kwiga, canecane niba wiyicariye mw’ifoteyi yawe uraba televiziyo? Kumbure ntiwovyipfuza. None umuti ni uwuhe? Biribonekeza ko dutegerezwa guhitamwo igihe co kwiga n’aho twigira, dufise intumbero yo kwungukira bimwe vyuzuye ku twigoro tugira.
2. Akenshi igihe ciza cane c’ukwiyigisha ni ikihe?
2 Abenshi basanga umwanya wabo mwiza wo kwiga ari kare mu gitondo igihe baba mu bisanzwe bagitekanye neza mu bwenge. Abandi bakoresha akaruhuko ka sasita kugira bige gatoyi. Raba ukuntu umwanya wo gukora ibikorwa vy’impwemu bihambaye werekezwako mu burorero bukurikira. Umwami Dawidi wa Isirayeli ya kera yanditse ati: “Mu gitondo unyumvishe imbabazi zawe, kukw ari wewe nizigira: ummenyeshe inzira nkwiye gucamwo, kukw ari wewe ncurūrira umutima.” (Zaburi 143:8) Umuhanuzi Yesaya yarerekanye mwene ukwo kwemera icese agaciro k’ukwiga igihe yavuga ati: “Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.” Iciyumviro kirimwo ni ic’uko dukeneye kwiga no guserurira Yehova akari ku mutima igihe dutekanye mu muzirikanyi, mu gihe ico ari co cose c’umusi.—Yesaya 50:4, 5; Zaburi 5:3; 88:13.
3. Ni ahantu hameze gute habereye kugirirwa inyigisho kirumara?
3 Ikindi kintu gituma ukwiga kuba kirumara ni uko tudakwiye guhitamwo kwicara mw’ifoteyi canke mw’idiva aho twumva tumerewe neza. Ubwo si uburyo bwotuma tuguma turi maso. Igihe turiko turiga, umuzirikanyi wacu utegerezwa kuguma uvyuriwe ingiro, maze kuba rero uri ahantu wumva ko wimererewe neza bisa n’ibitanga igihushane c’ivyo. Ikindi kintu ciza mu kwiga n’ukuzirikana ni ukuba uri ahantu hasa n’ahatekanye kandi ata bintu vyogusamaza bihari. Kugerageza kwiga wuguruye iradiyo, televiziyo, canke hari abana bagusamaza nta ngaruka nziza bivamwo. Igihe Yezu yashaka kuzirikana, yagiye ahantu hiherereye. Yaravuze kandi ivyerekeye agaciro ko kurondera ahantu hiherereye ho gusengera.—Matayo 6:6; 14:13; Mariko 6:30-32.
Ukwiyigisha Gutuma Turonka Inyishu Twishura
4, 5. Ni mu buryo butandukanye ubuhe agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? ari igikoresho kirumara co kwifashisha?
4 Ukwiyigisha kuratuma dushira akanyota igihe dukoresha ibikoresho bitandukanye bifasha gutahura Bibiliya kugira turushirize kwimba gushika mu mizi ikiganiro kinaka, canecane igihe tubigira kugira twishure ibibazo bitarimwo uburyarya umuntu aba yabajije. (1 Timoteyo 1:4; 2 Timoteyo 2:23) Mu gutangura, abashasha benshi bariko bariga ka gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba?,a ubu kakaba kaboneka mu ndimi 261. Ni igisohokayandikiro coroshe cane mugabo gitomoye, cose kikaba gishingiye kuri Bibiliya. Kirafasha abagisoma gutahura ningoga ivyo Imana isaba ku bijanye n’ugusenga kw’ukuri. Ariko rero, bivanye n’ukuntu gahinguwe, nta kibanza gafise cojamwo amayagwa yo kwiga mu buryo bugera ibwina ikiganiro kimwekimwe cose. Hamwe uwo mwigana Bibiliya yovyura ibibazo bihambaye ku vyerekeye ibiganiro kanaka bishingiye kuri Bibiliya muriko muraganirako, ushobora gute gutangura kurondera ayandi makuru muri Bibiliya azomufasha kwishura ivyo bibazo?
5 Ku bafise ka kadisiki mu rurimi rwabo gakoranirijwemwo ibisohokayandikiro vy’ishirahamwe mu buryo bwa elegitoronike bita CD-ROM (Watchtower Library on CD-ROM), biroroshe gushikira amasoko menshi y’amakuru kuri orodinateri. Mugabo none, tuvuge iki ku bantu badafise ivyo bikoresho? Nimuze dusuzume ibiganiro bibiri birimburwa mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kugira turabe ukuntu dushobora kwongerereza ugutahura kwacu maze tukaba abashoboye kwishura mu buryo burushirije kuba ubwimbitse, canecane niba umuntu avyuye ibibazo nk’ibi: Imana ni Nde? Yezu mu vy’ukuri yari ameze gute?—Kuvayo 5:2; Luka 9:18-20; 1 Petero 3:15.
Imana Ni Nde?
6, 7. (a) Ni ikibazo ikihe kivyuka ku vyerekeye Imana? (b) Ni ikintu gikomeye ikihe umukuru w’idini umwe yirengagije mu nsiguro yashikirije?
6 Icigwa ca 2 mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kirishura ikibazo gihambaye kivuga ngo: Imana ni nde? Ico ni iciyumviro nyamukuru kubera ko umuntu adashobora gusenga Imana y’ukuri niba atayizi canke kumbure akekeranya ko ibaho. (Abaroma 1:19, 20; Abaheburayo 11:6) Yamara, abantu benshi mw’isi yose bafise ivyiyumviro vyinshi ku vyerekeye Imana iyo ari yo. (1 Ab’i Korinto 8:4-6) Filozofiya iyo ari yo yose y’idini itanga inyishu itandukanye ku kibazo cerekeye akaranga k’Imana. Mu Biyita Abakirisu, amadini menshi abona ko Imana ari Ubutatu. Hari umukuru w’idini wa rurangiranwa wo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yashikirije insiguro yari ifise umutwe uvuga ngo: “Woba Uzi Imana?” mugabo nta na rimwe yigeze acishamwo izina ry’Imana mu nsiguro yiwe, naho yasubiyemwo ibiri mu Vyanditswe vy’Igiheburayo akatari gake. Erega ni ko birumvikana, yasomye mu mpinduro ya Bibiliya yakoresha rya zina rishobora gutahurwa mu buryo bwinshi kandi ritadomako ari ryo “Umukama” aho gukoresha Yehova canke Yahweh.
7 Ese ukuntu ari iciyumviro gihambaye cacitse uwo mukuru w’idini igihe yasubiramwo Yeremiya 31:33, 34: “Ntibazoba bacigishanya, ng’umuntu wese yigishe mugenzi we, canke ngo yigishe uwo bavukana, ati Menya Uhoraho [mu Giheburayo, “Menya Yehova”]; kuko bose bazonyimenyera, uhereye kuri nyarucari ugashitsa k’ūhambaye, ni jewe Uhoraho [mu Giheburayo, Yehova] mbivuze.” Impinduro yakoresheje ntiyarimwo izina ry’uruharo ry’Imana, ari ryo Yehova.—Yesaya 12:2.
8. Ni igiki cerekana akamaro ko gukoresha izina ry’Imana?
8 Muri Zaburi 8:9 harerekana igituma gukoresha izina Yehova bihambaye cane: “Ewe Yehova Mukama wacu, ese ukuntu izina ryawe ari agahambaye mw’isi yose!” (NW) Gereranya ayo majambo n’aya yo muri Bibiliya Yera agira ati: “Uhoraho, Mwami wacu, ereg’izina ryawe ni ryiza mw isi yose!” (raba kandi The New American Bible, The Holy Bible—New International Version, Tanakh—The Holy Scriptures) Yamara, nk’uko vyavuzwe mu kiganiro c’imbere y’iki, turashobora kuronka “ukumenya Imana” mu gihe turetse Ijambo ryiwe rikatumurikira. Mugabo, ni igikoresho ikihe gifasha gutahura Bibiliya kizokwishura bitagoranye ibibazo vyacu vyerekeye akamaro k’izina ry’Imana?—Imigani 2:1-6.
9. (a) Ni igisohokayandikiro ikihe gishobora kudufasha gusigura akamaro ko gukoresha izina ry’Imana? (b) Abahinduzi benshi bananiwe gute kugaragaza ko bubaha izina ry’Imana?
9 Turashobora kuja mu gatabu Le nom divin qui demeure à jamais (Izina ry’Imana rizokwamaho ibihe vyose), kakaba karahinduwe mu ndimi 69.b Igice kivuga ngo: “Le nom divin — sa signification et sa prononciation” (Izina ry’Imana—Ico Risobanura be n’Ukuntu Risomwa) (ku rupapuro rwa 6-11) kirerekana mu buryo butomoye yuko ya Tetaragarama y’Igiheburayo (Tetaragarama rikaba ari ijambo rivuye mu Kigiriki risobanura “indome zine”) iboneka nk’incuro 7.000 mu vyanditswe vya kera vy’Igiheburayo. Yamara, abakuru b’amadini n’abahinduzi b’idini y’Abayuda be n’iy’Abiyita Abakirisu bararyirengagije nkana mu mpinduro zabo nyinshi za Bibiliya.c Bashobora kwivugisha gute ko bazi Imana kandi ko bafitaniye na yo ubucuti bwiza niba banka kuyita izina ryayo? Izina nyakuri ryayo riraca inzira yo gutahura imigambi yayo iyo ari yo be n’akaranga kayo. Vyongeye, igice c’amajambo ya Yezu ari muri rya sengesho ry’akarorero kivuga ngo “Data wa twese wo mw ijuru, izina ryawe ryubahwe” cogira agaciro akahe niba izina ry’Imana ritanakoreshwa?—Matayo 6:9; Yohana 5:43; 17:6.
Yezu Kirisitu Ni Nde?
10. Ni mu buryo butandukanye ubuhe dushobora kubona neza ukuntu ubuzima bwa Yezu n’ubusuku bwiwe vyari bimeze?
10 Icigwa ca 3 co mu gatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? kivuga ngo: “Yezu Kirisitu Ni Nde?” Mu ngingo zitandatu gusa, karatanga ivyiyumviro bigufi vyerekeye Yezu, amamuko yiwe, be n’umugambi yari afise mu kuza kw’isi. Ariko rero, niba ushaka inkuru yuzuye yerekeye ubuzima bwiwe, uretse inkuru zo mu Njili ubwazo, nta yindi nkuru nziza iriho iruta iyiri mu gitabu Umuntu Ahambaye Kuruta Ababayeho Bose, kikaba kiboneka mu ndimi 111.d Ico gitabu gishikiriza inkuru y’ubuzima bwa Kirisitu be n’inyigisho ziwe uko ibihe vyabereyeko vyagiye bikurikirana, ikaba ishingiye kuri za Njili zine. Kigizwe n’ibigabane 133 bihetura ibintu vyabaye mu buzima bwa Yezu no mu busuku bwiwe. Ushaka kubisuzuma mu bundi buryo kandi mu mice itandukanye, urashobora kwikora ku gitabu Étude perspicace, Imbumbe ya 2, ku mutwe uvuga ngo: “Jésus Christ” (Yezu Kirisitu).
11. (a) Ni igiki gituma Ivyabona vya Yehova baba abatandukanye n’abandi mu vyo bemera ku vyerekeye Yezu? (b) Ni ivyanditswe vya Bibiliya bimwebimwe ibihe vyamirira kure mu buryo buboneka inyigisho y’Ubutatu, kandi ni igisohokayandikiro ikihe gifasha muri ivyo?
11 Mu Biyita Abakirisu, ibihari vyerekeye Yezu bishingiye ku kumenya niba ari “Umwana w’Imana” akongera akaba “Imana Mwana,” mu yandi majambo, ibihari bishingiye ku co Ikatekisimu ya Ekeleziya Gatolika (Catéchisme de l’Église catholique) yita “ikinyegezwa nyamukuru c’ukwemera kw’Abakirisu,” ari co Butatu. Mu buryo butandukanye n’amadini y’Abiyita Abakirisu, Ivyabona vya Yehova bemera yuko Yezu yaremwe n’Imana, mugabo ko atari Imana. Ivyiyumviro vyiza vyashikirijwe ku vyerekeye ico kiganiro biri mu gatabu Doit-on croire à la Trinité? (Twoba Dukwiye Kwemera Ubutatu), kahinduwe mu ndimi 95.e Mu vyanditswe vyinshi gakoresha kugira ngo kamirire kure inyigisho y’Ubutatu harimwo Mariko 13:32; be n’1 Ab’i Korinto 15:24, 28.
12. Ni ikindi kibazo ikihe dukwiye kurimbura?
12 Ivyo duhejeje kuganira ku vyerekeye Imana na Yezu Kirisitu birafasha kwerekana uburyo butandukanye dushobora kwiyigishirizamwo dufise umugambi wo gufasha abantu batazi ukuri kwa Bibiliya kugira baronke ubumenyi ntagakosa. (Yohana 17:3) Tuvuge iki none ku bantu bamaze imyaka myinshi bifatanije n’ishengero rya gikirisu? Kubera yuko bamaze kugira ubumenyi bwa Bibiliya bwinshi, boba bagikeneye kwitwararika ukwiyigisha Ijambo rya Yehova?
Ni Kubera Iki ‘Wokwirinda’?
13. Ni ukubona ibintu ukuhe kurimwo ukwihenda bamwebamwe bashobora kugira ku vyerekeye ukwiyigisha?
13 Abantu bamwebamwe bamaze imyaka myinshi bari mu bagize ishengero bashobora kugwa mu kamenyero ko kwiheka gusa ku bumenyi bwa Bibiliya baronse mu myaka mikeyi yabo ya mbere yo kuba Ivyabona vya Yehova. Biroroshe kuzirikana uti: “Sinkeneye kwiga cane nk’abantu bakiri bashasha. Nakare, raba incuro maze gusoma Bibiliya be n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo mu myaka n’iyindi.” Ivyo vyoba ari cokimwe no kuvuga ngo: “Mu vy’ukuri sinkeneye kwitwararika cane ivyo mfungura ubu uko bingana, kuko raba imfungurwa zose maze gufungura.” Turazi ko umubiri ukeneye ingaburo ya misi yose iva mu mfungurwa nziza, ziteguwe neza kugira ugume ufise amagara meza kandi ukora neza. Ese ukuntu ivyo birushirije kuba ari ko biri ku vyerekeye kuguma dufise amagara n’inkomezi mu vy’impwemu!—Abaheburayo 5:12-14.
14. Ni kubera iki dukeneye kwirinda ubwacu?
14 Ku bw’ivyo rero, twaba turi abatohoji ba Bibiliya bamaze igihe kirekire canke ata gihe kirekire kihaciye, twese turakeneye kwumvira impanuro Paulo yahaye Timoteyo, uwari ico gihe umucungezi ahumuye kandi yitwararika, igira iti: “Wirinde ubgawe no ku vyo wigisha. Wame ushishikara ivyo, kuko ni wagira urtyo uzokwikizanya n’abakwumva.” (1 Timoteyo 4:15, 16) Ni kubera iki dukwiye gushira ku mutima impanuro ya Paulo? Ibuka yuko Paulo yerekanye kandi ko turwana n’“ubugunge [“ibikorwa vy’uruyeri,” NW, akajambo k’epfo] bga wa Murwanizi” be “n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” Intumwa Petero na yo yaratuburiye yuko Shetani ariko “arondera uwo arotsa,” kandi ko “uwo” yoshobora kuba uwo ari we wese muri twebwe. Ukwumva ko ata co tubuze bifatanije no kwumva ko ata co twinona bishobora kuba akaryo Shetani aba ariko ararondera.—Abanyefeso 6:11, 12; 1 Petero 5:8.
15. Ni ibikoresho ibihe vyo mu vy’impwemu dufise bidufasha kwirwanira, kandi dushobora kubizigama gute?
15 None, ni ibikoresho ibihe dufise bidufasha kwirwanira? Intumwa Paulo atwibutsa ati: “Mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye.” (Abanyefeso 6:13) Kugira uwo mwambaro w’ibirwanisho ube kirumara ntibivana gusa n’uko wari umeze mu ntango, ariko kandi bivana n’ukuntu umuntu yama awubungabunga. Ku bw’ivyo rero, uwo mwambaro w’ibirwanisho ukwiye uva ku Mana utegerezwa kuba urimwo ubumenyi bw’Ijambo ry’Imana buza burahuzwa n’igihe. Ivyo vyerekeza ku kamaro ko kuguma duhuza n’igihe mu bijanye n’ugutahura kwacu ukuri, nk’uko Yehova yaguhishuye abicishije kw’Ijambo ryiwe no ku mugwi wa wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge. Ukwiyigisha Bibiliya n’ibisohokayandikiro bishingiye kuri yo ubudahorereza, ni ngirakamaro kugira tuzigame ibirwanisho vyacu vy’impwemu.—Matayo 24:45-47; Abanyefeso 6:14, 15.
16. Dushobora gukora iki kugira twiyemeze yuko ‘inkinzo yacu y’ukwizera’ imeze neza?
16 Paulo arashimika ku vy’uko “inkinzo y’ukwizera” ari umuce ntahara w’ibirwanisho vyacu bidufasha kwirwanira, ari na yo dushobora gukoresha mu gukevya no mu kuzimya imyampi ya Shetani yaka umuriro y’ibirego vy’ikinyoma be n’inyigisho z’abahakanyi. (Abanyefeso 6:16) Ni nkenerwa rero ko dusuzuma urugero inkinzo yacu y’ukwizera ishikanako mu gukomera be n’intambwe twotera kugira igume ari nziza kandi ikomeye. Nk’akarorero, woshobora kwibaza uti: ‘Nitegurira gute inyigisho ya Bibiliya igirwa ku ndwi ku ndwi hakoreshejwe Umunara w’Inderetsi? Noba narize bihagije kugira nshobore “[k]urwan[a] ishaka ryo gukundana n’iry’ibikorwa vyiza” mu gutanga inyishu zateguwe neza mu gihe c’ikoraniro? Noba nzingurura Bibiliya, ngasoma ivyanditswe vyatanzwe mugabo bitasubiwemwo? Noba ndemesha abandi biciye mu kugira uruhara ruranga igishika mu makoraniro?’ Imfungurwa zacu z’ivy’impwemu ziragumye, kandi turakeneye kuzisya tukanoza kugira tuzungukireko bimwe bishitse.—Abaheburayo 5:14; 10:24.
17. (a) Ni ubumara ubuhe Shetani ariko arakoresha kugira ngo agerageze gutuma kamere yacu y’ivy’impwemu igenda yononekara? (b) Umuti w’ubwo bumara bwa Shetani ni uwuhe?
17 Shetani arazi aho umubiri munyacaha ugoyagoya, kandi ibikorwa vyiwe vy’uruyeri usanga bitaboneka. Bumwe mu buryo akoresha mu gukwiragiza akosho kiwe kabi ni mu gutuma ivyerekana ubushegabo birushiriza kuboneka kuri televiziyo, kuri Internet, ku mavidewo, be no mu bitabu bicapurwa. Abakirisu bamwebamwe bararetse ubwo bumara buranyengetera mu bikoresho vyabo vyo kwirwanira bigoyagoya, biraheza bibashikana ku gutakaza uduteka mw’ishengero canke mbere no ku ngaruka zirushirije kuba izikomeye. (Abanyefeso 4:17-19) Umuti w’ubwo bumara bwo mu vy’impwemu bwa Shetani ni uwuhe? Dutegerezwa kudafata minenegwe ukwiyigisha Bibiliya ubudahorereza, amakoraniro yacu ya gikirisu, be n’umwambaro ukwiye w’ibirwanisho vy’Imana. Ivyo vyose hamwe, biraturonsa ubushobozi bwo gutandukanya iciza n’ikibi no kwanka ivyo Imana yanka.—Zaburi 97:10; Abaroma 12:9.
18. ‘Inkota y’‘impwemu’ ishobora gute kudufasha mu ntambara yacu y’ivy’impwemu?
18 Tugumanye utumenyero twacu two kwiga Bibiliya ubudahorereza, ntituzoronka gusa igikoresho gikomeye co kwirwanira kiboneka biciye ku bumenyi ntagakosa bw’Ijambo ry’Imana, ariko kandi tuzoronka ubushobozi bwo kurwana biciye ku “nkota y[’im]pwemu, [ar]i yo jambo ry’Imana.” Ijambo ry’Imana “rifise ubugi buruta ubg’inkota zose, rikinjira n’aho ritanya ubugingo n’impwemu, rigatanya ingingo n’umusokōro, risuzuma ivyo umutima wiyumvira, ukagabira.” (Abanyefeso 6:17; Abaheburayo 4:12) Niba tubaye abahanga mu gukoresha iyo “nkota,” igihe duhanganye n’inyosha mbi rero, tuzoshobora kumenya neza igishobora kuboneka ko ata nabi kirimwo, canke mbere ko gikwegera, duheze tubone ko ari umutego ukwega urupfu wa wa mubisha. Ubushinguro bwacu bwerekeye ubumenyi bwa Bibiliya be n’ukuyitahura buzodufasha gushiburira kure ikibi, maze dukore iciza. Gutyo, twese turakeneye kwibaza duti: ‘Inkota yanje yoba ikarishe, canke yaraguye ingese? Vyoba bingora kwibuka ivyanditswe vyo muri Bibiliya bishobora gukomeza ubushobozi bwo kurwana?’ Nimuze tugume dufise utumenyero twiza two kwiyigisha Bibiliya maze tubone kunanira Shetani.—Abanyefeso 4:22-24.
19. Ni ivyiza ibihe dushobora kuronka mu gihe twituniye ku kwiyigisha?
19 Paulo yanditse ati: “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana, kandi bigira ikimazi co kwigisha umuntu, no kumuhana, no kumutunganya, no kumutoza indero nziza mu kugororoka: kugira ng’umuntu w’Imana abe ūshitse, afise ibimukwiye vyose, ngw akore igikorwa ciza cose.” Dushize ku mutima ayo majambo Paulo yandikiye Timoteyo, turashobora gukomeza kamere yacu bwite y’ivy’impwemu kandi tugashobora gutuma ubusuku bwacu burushiriza kuba kirumara. Abakurambere n’abakozi b’ishengero bakomeye mu vy’impwemu barashobora kurushiriza kuba kirumara kw’ishengero, gutyo twese tugashobora kuguma dukomeye mu kwizera.—2 Timoteyo 3:16, 17; Matayo 7:24-27.
[Utujambo tw’epfo]
a Mu bisanzwe, umuntu aherutse gushimishwa ariko yiga agatabu Ni Ibiki Imana Idusaba? yoshobora gutambukira ku gitabu Ubumenyi Bujana mu Buzima Budahera, ivyo bisohokayandikiro vyompi bikaba vyasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Ivyiyumviro bitangwa muri ako gatabu bizofasha gukuraho intambamyi zituma umuntu adatera imbere mu vy’impwemu.
b Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova. Abafise igitabu Étude perspicace des Écritures mu rurimi rwabo barashobora kuraba Imbumbe ya 2, munsi y’umutwe uvuga ngo: “Jéhovah.”
c Impinduro zitari nke z’Igisupanyoli n’Igikatalani ni zo zonyene zibonekeje mu buryo zihindura ya Tetaragarama y’Igiheburayo zigakoresha “Yavé,” “Yahveh,” “Jahvè,” be na “Jehová.”
d Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
e Kasohowe n’Ivyabona vya Yehova.
Woba Uvyibuka?
• Umuntu yoba ari ahantu hameze gute kugira ngo ashobore kwiyigisha mu buryo kirumara?
• Ni ikosa irihe impinduro nyinshi za Bibiliya zikora ku vyerekeye izina ry’Imana?
• Ni ivyanditswe vyo muri Bibiliya ibihe wokoresha kugira wamirire kure inyigisho y’Ubutatu?
• Dutegerezwa gukora iki kugira ngo twikingire ibikorwa vy’uruyeri vya Shetani, naho twoba tumaze imyaka myinshi turi Abakirisu b’ukuri?
[Amafoto ku rup. 19]
Kugira wiyigishe mu buryo kirumara, ukeneye kuba uri ahantu habereye hari ibigusamaza bike cane
[Amafoto ku rup. 23]
“Inkota” yawe yoba ikarishe canke yaraguye ingese?