ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • wt ikig. 8 rup. 70-78
  • ‘Kurwanya Ibiremwa vy’Impwemu Bibi’

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • ‘Kurwanya Ibiremwa vy’Impwemu Bibi’
  • Senga Imana yonyene y’ukuri
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abaganza Isi b’Ahantu ho mw’Ijuru
  • Ibikoresho vy’Uruyeri vya wa Mubi
  • Turi n’Ibikoresho Bidufasha Gutsinda
  • ‘Kurwanya Inteko z’Ibiremwa vy’Impwemu Bikora Ikibi’
    Abahurikiye hamwe mu gusenga Imana imwe nsa y’ukuri
  • Dushobora gute kunanira amadayimoni?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nurwanye Shetani n’amayeri yiwe
    “Mwigumize mu rukundo rw’Imana”
  • ‘Nimubandanye kwironsa inkomezi mu Mukama’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
Ibindi
Senga Imana yonyene y’ukuri
wt ikig. 8 rup. 70-78

Ikigabane c’Umunani

‘Kurwanya Ibiremwa vy’Impwemu Bibi’

1. Ni kuki dukwiye kwitwararika canecane ico ibiremwa vy’impwemu bibi bikora?

ABANTU benshi baratwengera mw’ijigo uvuze ko hariho ibiremwa vy’impwemu bibi. Ariko nta kujajura kurimwo. Abantu bavyemera canke batavyemera, ibiremwa vy’impwemu bibi biriho koko, kandi biragerageza gushira umukazo ku muntu wese. Abasenga Yehova ntibakuwemwo. Kukaba nkako, ni bo baronderwa ubwa mbere na mbere. Intumwa Paulo aratugabisha kuri iyo ngeramizi, mu kuvuga ati: “Abo tunigana [si] ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru.” (Abanyefeso 6:12) Muri iki gihe turimwo, umukazo ugirwa n’inteko z’ibiremwa vy’impwemu bibi warashitse ku rugero rutari bwigere rushikwako, kubera ko Shetani yajugunyiwe hanze y’ijuru, maze ishavu rikaba riniga kuko azi ko asigaranye igihe gito.—Ivyahishuriwe 12:12.

2. Bishoboka gute ko dutsinda urugamba rwo kurwanya ibiremwa vy’impwemu birengeye umuntu?

2 Mbega birashoboka ko dutsinda urugamba rwo kurwanya inteko z’ibiremwa vy’impwemu birengeye umuntu? Egome, mugabo bishoboka ari uko twihetse kuri Yehova tugaherezako. Dutegerezwa kumutega ugutwi kandi tukumvira Ijambo ryiwe. Ivyo tubigize, turashobora gukingirwa vyinshi mu bibi yotugirira ku mubiri, mu bwenge no mu mutima, ari vyo bihora bishikira abiganziwe na Shetani.—Yakobo 4:7.

Abaganza Isi b’Ahantu ho mw’Ijuru

3. Ni bande Shetani arwanya yivuye inyuma, kandi abigenza gute?

3 Yehova aratudondorera bimwe bitomoye ukuntu ivy’isi vyifashe nk’uko abibona ari mw’ijuru. Yareretse ibintu intumwa Yohani aho Shetani yavuzwe ko ari “igisato c’amahēro gisa n’ikibengebenge.” Cari kirindiriye kurotsa nimba bishoboka Ubwami bwa kimesiya bw’Imana bukivuka mw’ijuru mu 1914. Aho Shetani ivyo bimunaniriye, yaciye avyurira ukurwanywa gukaze abaserukira ubwo Bwami kw’isi. (Ivyahishuriwe 12:3, 4, 13, 17) None Shetani yorwanye iyo ntambara gute? Yoyirwanye aciye ku bantu bamuserukira.

4. Ni nde ari isoko ry’ububasha bw’intwaro z’abantu, kandi ivyo tubizi gute?

4 Mu nyuma Yohani yareretswe igikoko gifise imitwe indwi n’amahembe cumi, kikaba gitwara “imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose n’amahanga yose.” Ico gikoko kigereranya urunkwekwe rw’ivya politike rwose uko rwakabaye. Yohani yabwiwe yuko ‘ca gisato [Shetani Mucokoranyi] giha ca gikoko ububasha bwaco, no kuja ku ngoma yaco, n’ubutware buhambaye.’ (Ivyahishuriwe 13:1, 2, 7) Egome, Shetani ni we soko ry’ububasha n’ubukuru bw’intwaro z’abantu. Gutyo, nk’uko intumwa Paulo yanditse, “abaganza iyi si” ni “impwemu mbi z’ahantu ho mw’ijuru,” ziganziye intwaro z’abantu. Abashaka gusenga Yehova bose barakwiye gutegera insobanuro ikwiye y’ivyo bintu.—Luka 4:5, 6.

5. Abatware bo mu vya politike ubu bariko bakoranirizwa ku giki?

5 Naho abatware benshi bo mu vya politike bavuga ko basenga Imana, nta gihugu na kimwe usanga kiyobokera ubutware bwa Yehova canke ubw’Umwami yashinze, ari we Yezu Kirisitu. Ibihugu vyose usanga vyita ku rutare kugira ngo bigumane ububasha bwavyo. Muri iki gihe, nk’uko inkuru iri mu Vyahishuriwe ivyerekana, “impwemu z’abadayimoni” ziriko zirakoraniriza abatware b’isi ku “ntambara yo ku musi uhambaye w’Imana ishobora vyose” kuri Harumagedoni.—Ivyahishuriwe 16:13, 14, 16; 19:17-19.

6. Ni kuki kwiyubara bikenewe kugira ngo twirinde ntidutwarwe mu vyo gushigikira urunkwekwe rw’ivya Shetani?

6 Ku musi ku musi, ubuzima bw’abantu bwama bwononekaye biturutse ku matati y’ivya politike, ivy’imibano, ivy’ubutunzi n’ivy’amadini, ayo matati akaba yirirwa aratabagura umuryango w’abantu. Muri ayo matati, birakunda gushika ko abantu baja ku ruhande rw’igihugu cabo, rw’ubwoko bwabo, rw’abo basangiye ururimi canke ku ruhande rw’abo basangiye umugwi mu kibano, bakabigira mu mvugo canke mu bundi buryo. N’igihe nyene abantu baba bategwa n’ayo matati, usanga kenshi bariko bavugira uruhande rumwe kuruta urundi. Mugabo uwo baba bashigikira wese canke ico baba bashigikira cose, mu vy’ukuri baba bariko bashigikira nde? Bibiliya ivuga itomoye iti: “Isi yose iri muri wa Mubi.” (1 Yohana 5:19) None umuntu ashobora gute kwirinda ntazimirizwe hamwe n’abandi bantu? Abishobora gusa mu gihe ashigikira agaherezako Ubwami bw’Imana, no mu kuguma atagira aho ahengamiye na hamwe ku bijanye n’amatati yo mw’isi.—Yohana 17:15, 16.

Ibikoresho vy’Uruyeri vya wa Mubi

7. Urwenge rwa Shetani rubonekera gute mu kuntu akoresha idini y’ikinyoma?

7 Mu bihe vyose vyo muri kahise, Shetani yamye akoresha uruhamo rwo mu majambo n’urwo ku mubiri kugira ngo akure abantu ku gusenga kw’ukuri. Yaranakoresheje ubundi buryo bwihishije, ibikorwa vy’urwenge n’ibikoresho vy’uruyeri. Ku ruyeri ku rwenge, yaragumije igitigiri kinini c’abantu mu mwiza akoresheje idini y’ikinyoma, atuma biyumvira ko bariko bakorera Imana. Kubera baba babuze ubumenyi ntagakosa bwerekeye Imana bakaba kandi badakunda ukuri bihagije, bashobora gukwegerwa n’ibirori vy’idini vy’amayobera bikabura umutima, canke bagatangazwa n’ibintu vy’ibitangaro. (2 Ab’i Tesalonike 2:9, 10) Mugabo turaburirwa yuko no mu bahoze bari mu gusenga kw’ukuri, “bamwe bazota . . . , bagashira umutima ku vy’impwemu zizimiza no ku vy’inyigisho z’abadayimoni.” (1 Timoteyo 4:1) Uti ivyo vyoshika gute?

8. Shetani ashobora gute kuturyosharyosha ngo twinjire mw’idini y’ikinyoma no mu gihe tuba dusenga Yehova?

8 Ku ruyeri, Shetani arakorera ku ntege nke zacu. Mbega ugutinya umuntu kwoba kukitwifatiye? Nimba kukitwifatiye, vyohava bishika tukagondozwa n’umukazo uva ku ncuti canke ku babanyi wo kuja mu migenzo ikomoka mw’idini y’ikinyoma. Twoba twishima? Twohava rero twumva tubabaye igihe baduhanuye canke igihe abandi batemeye ivyiyumviro dushigikira. (Imigani 15:10; 29:25; 1 Timoteyo 6:3, 4) Aho kubogora ivyiyumviro vyacu kugira ngo duhuze n’akarorero ka Kirisitu, twohava duhengamira ku bantu ‘boturyosharyosha amatwi’ bavuga yuko gusoma Bibiliya gusa no kubaho ata muntu ugirira nabi bihagije. (2 Timote 4:3, UB) Kwaba ukwinjira koko mu yindi dini canke kuguma mu yo turimwo ntibihambaye kuri Shetani, dupfa gusa kuba tudasenga Yehova mu buryo abitegeka abicishije mw’Ijambo ryiwe no mw’ishirahamwe ryiwe.

9. Ni mu buryo ki Shetani akoresha ku rwenge ivy’uguhuza ibitsina kugira ngo ashike ku vyo arondera?

9 Shetani arashobora kandi gukwegakwega abantu ku rwenge ngo bahaze ivyipfuzo vyabo bisanzwe mu buryo bubi. Ivyo yarabigize akoresheje icipfuzo co guhuza ibitsina. Kubera ko benshi muri iyi si usanga ukwigenza runtu kuvugwa muri Bibiliya bakuraba nk’ico imbwa ihaze, babona ko guhuza ibitsina hagati y’abantu batubakanye ari ukuryoherwa kwemewe, canke ko ari uburyo bwo kugaragaza ko bakuze. None ku bubatse hoho bite? Benshi usanga barenga ibigo. Kandi no mu gihe ata n’umwe muri bo aba yarenze ibigo, abantu benshi usanga barondera kwahukana canke gutandukana kugira ngo bashobore kwibanira n’uwundi. Shetani akora ibintu ku rwenge arondera kwosha abantu ngo babeho bironderera umunezero w’ako kanya, akabosha ngo birengagize ingaruka mbi z’igihe kirekire ivyo bitazana kuri bo gusa no ku bandi, ariko canecane ivyo bizana ku bucuti bafitaniye na Yehova be n’Umwana wiwe.—1 Ab’i Korinto 6:9, 10; Ab’i Galatiya 6:7, 8.

10. Shetani akoresha ibiki mu kugerageza gusenyura ukuntu tubona ivy’ubushegabo n’ubukazi?

10 Ikindi cipfuzo umuntu asanganywe ni ukwiruhura. Iyo kumeze neza, kurashobora gutuma umuntu yumva aremurutse mu mubiri, mu bwenge no mu mutima. Mugabo tuvyakira gute igihe Shetani akoresheje ku rwenge ibihe vy’ukwiruhura mu kugerageza gukura ivyiyumviro vyacu ku Mana? Turazi nk’akarorero yuko Yehova yanka ubushegabo be n’ubukazi. Igihe amasenema, ibiganiro vyo kuri televiziyo canke ibindi biteramo vyerekana ivyo bintu, twoba dupfa kwiyicarira ngo biduhereremwo vyose? Urama wibuka kandi yuko Shetani azokora ukwo ashoboye kwose kugira ngo mwene ivyo bintu birushirize kuba ibiteye isoni uko igihe c’isangangurwa ryiwe cegereza, kuko “abantu babi, bo n’[“abangushi,” UB], bazorushiriza kuba babi, bazimiza bakazimizwa.” (2 Timoteyo 3:13) Ni co gituma dukeneye kuguma turi maso ku migabo ya Shetani.—Itanguriro 6:13; Zaburi 11:5; Abaroma 1:24-32.

11. Ni mu buryo ubuhe mbere n’umuntu azi ukuri kwerekeye ivy’ubupfumu yoshobora guhendwa atabaye maso?

11 Turazi kandi yuko abaja mu bwoko na bumwe bw’amareba—kwaba ukuragura, gukoresha amageza, canke kugerageza kuganira n’abapfuye—ari ibintu vy’igisesema kuri Yehova. (Gusubira mu Vyagezwe 18:10-12) Kubera ivyo, ntitwokwiyumvira kuja kuraguza, eka mbere ntitwokwakira abapfumu i muhira iwacu ngo bahakorere ibintu vyabo vy’amashetani. Mugabo none ubwo twobumviriza hamwe twobabona kuri televiziyo canke kuri bwa buhinga bwa Internet? Naho nyene tutokwigera twemera umuti uvuye ku mupfumu, mbega twoshobora kwambika uruyoya umunoni ku kuboko, twiyumvira yuko hari ukuntu woshobora gukingira nya mwana ntashikirwe n’ikibi? Ko tuzi yuko Bibiliya yiyamiriza ivyo gutera abandi urubizo, mbega tworeka umugosi akagota ubwenge bwacu?—Ab’i Galatiya 5:19-21.

12. (a) Umuziki ukoreshwa gute ngo utume twiyumvira ibintu tuba tuzi ko ari bibi? (b) Uburyo umuntu yambara, uburyo atunganya imishatsi canke uburyo avuga, vyoshobora gute kwerekana ko atamarira abantu babaho mu buryo Yehova adashima? (c) Twebwe dusabwa iki nimba tugomba kwirinda gufatwa n’ibikoresho vy’urwenge vya Shetani?

12 Bibilya ivuga yuko ata busambanyi n’ubuhumane bw’uburyo na bumwe bukwiye mbere kuvugwa muri twebwe (bitumwe n’ubuhumane). (Abanyefeso 5:3-5) Ariko bite hoho mu gihe mwene ivyo biganiro ari ibiherekezwa n’umuziki urimwo agahibongozo keza, umugumirizo uryoshe canke umudundo w’urudaca? Mbega tuzoca dutangura kuza turasubiramwo amajambo arimwo yo guhayagiza ivy’uguhuza ibitsina kw’abatabiranye, ukwinywera ibiyayura umutwe ku bw’ukwinezereza be n’ibindi bikorwa biranga icaha? Canke mu gihe tuzi yuko tudakwiye kwigana uburyo abantu baja muri mwene ivyo bintu babayeho, twoba duhengamira ku kwishushanya na bo mu kwigana uburyo bambara, uburyo batunganya imishatsi yabo canke uburyo bavuga? Urazi urwenge ruri mu buhinga Shetani akoresha mu gukwegakwega abantu ngo bahuze n’uburyo bwiwe bwo kwiyumvira bwageseye! (2 Ab’i Korinto 4:3, 4) Kugira ngo tugume twirinze gufatwa n’ibikoresho vya Shetani vy’urwenge, dutegerezwa kwirinda kujana n’isi. Dukeneye kwama twibuka “abaganza iyi si y’umwiza” abo ari bo, kandi tukarwanya akosho kabo twivuye inyuma.—1 Petero 5:8.

Turi n’Ibikoresho Bidufasha Gutsinda

13. Bishoboka gute ko uwo ari we wese muri twebwe atsinda isi Shetani atwara kandi turi abanyagasembwa?

13 Imbere y’uko apfa, Yezu yabwiye intumwa ziwe ati: “Ni muhūmure, jewe naranesheje isi.” (Yohana 16:33) Na bo nyene boshoboye kunesha isi. Inyuma y’imyaka nka 60, intumwa Yohani yanditse ati: “Ni nde atsinda isi, atar’uwizera yuko Yesu ar’Umwana w’Imana?” (1 Yohana 5:5) Mwene ukwo kwizera kurerekanwa n’ukuntu tugamburuka amabwirizwa ya Yezu kandi tukiheka kw’Ijambo ry’Imana, nk’uko na Yezu yabigira. Ni igiki kindi gisabwa? Harasabwa yuko tuguma twiyegereje ishengero abereye Umutwe. Igihe ducumuye, dutegerezwa kwigaya bivuye ku mutima kandi tukarondera ikigongwe c’Imana twishimikije inkuka ya Yezu. Muri ubwo buryo, naho turi n’agasembwa kandi tugakora n’amakosa, na twebwe turashobora gutsinda.—Zaburi 130:3, 4.

14. Soma Abanyefeso 6:13-17, hanyuma ukoreshe ibibazo n’ivyanditswe bitanzwe muri iyi ngingo ngo bibe ishimikiro ry’ukuganira ivyiza biva kuri kimwe cose muri ivyo birwanishwa vy’impwemu.

14 Kugira ngo turoranirwe, dukeneye kwambara “ibirwanishwa vyose vy’Imana,” ata na kimwe muri vyo twanjanjwoko. Turakwinginze uzingurure Bibiliya yawe mu Banyefeso 6:13-17, hanyuma usome uburyo ivyo birwanishwa bidondorwa. Maze, mu kwishura ibibazo biri aha hepfo, nurimbure ukuntu ushobora kwungukira ku gukingirwa na kimwekimwe cose muri ivyo birwanishwa.

“Mukenyeje ukuri”

Naho twoba tuzi ukuri, ni mu buryo ki ukwiyigisha tudahorereza, ukuzirikana ku kuri kwa Bibiliya hamwe n’ukwitaba amakoraniro bidukingira? (1 Ab’i Korinto 10:12, 13; 2 Ab’i Korinto 13:5; Ab’i Filipi 4:8, 9)

“Mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza”

Ukwo ni ukugororoka gufatiwe kuri nde? (Ivyahishuriwe 15:3)

Tanga ikigereranirizo c’ukuntu ukudakurikiza inzira zigororotse za Yehova bituma umuntu ahura n’ingorane mu vy’impwemu. (Gusubira mu Vyagezwe 7:3, 4; 1 Samweli 15:22, 23)

“Mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibīteguza”

Turindwa gute no kuguma dukoresha ibirenge vyacu mu kuja kuganirira abantu ivyo Imana yatunganije kugira ngo turonke amahoro? (Zaburi 73:2, 3; Abaroma 10:15; 1 Timoteyo 5:13)

“Inkinzo y’ukwizera”

Nimba dufise ukwizera kwubakiye ku mushinge ushikamye, tuzovyakira gute igihe hari abagira utwigoro two gutuma dukekeranya canke dutinya? (2 Abami 6:15-17; 2 Timoteyo 1:12)

“Inkofero y’agakiza”

Icizigiro c’agakiza gifasha gute umuntu kwirinda gutwarwa n’umwitwarariko urengeje urugero w’amaronko? (1 Timoteyo 6:7-10, 19)

‘Inkota y’impwemu’

Dukwiye kwama twiheka ku ki igihe turwanya ibitero biterwa twebwe canke abandi mu vy’impwemu? (Zaburi 119:98; Imigani 3:5, 6; Matayo 4:3, 4)

Ni ikindi kintu ikihe gihambaye kugira ngo turoranirwe mu ntambara y’ivy’impwemu? Gikoreshwa kangahe? Gikoreshwa ku neza ya nde? (Abanyefeso 6:18, 19)

15. Dushobora gute kwirwanira muri ya ntambara y’ivy’impwemu?

15 Bwa basoda ba Kirisitu, turi mu bagize ingabo nyinshi ziri mu ntambara y’ivy’impwemu. Tugumye turikanuye kandi tugakoresha neza ibirwanishwa bikwiye biva ku Mana, ntituzogwa muri iyo ntambara. Ahubwo, tuzobera imfashanyo ikomeza abasavyi b’Imana bagenzi bacu. Tuzoba twiteguye kandi dushashaye kwirwanira, dukwiragize inkuru nziza y’Ubwami bwa kimesiya bw’Imana, ya ntwaro yo mw’ijuru Shetani arwanya bimwe bikaze.

Ikiganiro c’Isubiramwo

• Ni kuki abasenga Yehova baguma birinze kugira aho bahengamira ku bijanye n’amatati y’isi?

• Bimwebimwe mu bikoresho vy’urwenge bikoreshwa na Shetani kugira ngo atume Abakirisu bagwa mu vy’impwemu ni ibihe?

• Ibirwanisho vy’impwemu bitangwa n’Imana biturinda gute mu ntambara turimwo y’ivy’impwemu?

[Amafoto ku rup. 76]

Amahanga ariko akoranirizwa kuri Harumagedoni

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika