Kurimbanya Amabanga y’Ukuba Umunega n’Umukurambere
‘Umucungezi akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa.’—1 TIMOTEYO 3:2.
1, 2. Ni kuki ubusiribateri bw’igipadiri butajanye n’Ivyanditswe?
MU KINJANA ca mbere, Abakirisu b’abizerwe bararazwa ishinga n’ukurimbanya amabanga atari amwe bari bashinzwe. Igihe umuposolo Paulo yavuga yuko Umukirisu agumye ari umwirebange ‘azoba arushirije kugira neza,’ yoba yasobanuye yuko umugabo nk’uwo ari ho yobaye abereye birushirije gusukura bwa mucungezi mw ikorane rikirisu? Mu vy’ukuri yoba yariko agira ubwirebange igisabwa ku bukurambere? (1 Ab’i Korinto 7:38) Ubusiribateri burasabwa ku bakuru ba Gatolika. Ariko ubusiribateri bw’igipadiri bwoba bujanye n’Ivyanditswe? Amakeleziya y’Aborotodogisi bo mu Buseruko ararekurira abapadiri bayo ba paruwasi kuba abagabo bubatse, yamara ntavyemerera abepisikopi bayo. Ivyo vyoba bihuye na Bibiliya?
2 Ba baposolo 12 ba Kirisitu bari bagize ishingiro ry’ikorane rikirisu bari abagabo bubatse. (Matayo 8:14, 15; Abanyefeso 2:20) Paulo yanditse ati: “Ntitwokwemerewe kujana abagore bacu ari bene Data nk’ukw izindi ntumwa zikora, na bene nyina w’Umwami wacu, na Kefa [Petero]?” (1 Ab’i Korinto 9:5) Igitabu kimwe, New Catholic Encyclopedia, kiremera yuko “itegeko ry’ubusiribateri ryamuka muri Ekeleziya” n’uko “abakozi b’U[bwuzure] B[ushasha] batari bagobererewe ku busiribateri.” Ivyabona vya Yehova bakurikira indorerwako yo mu Vyanditswe aho gukurikira itegeko rya Ekeleziya.—1 Timoteyo 4:1-3.
Ubukurambere n’Ukwubaka Birashobokana
3. Ni ibirukuri bihe vyo mu Vyanditswe biranga yuko Abakirisu b’abacungezi bashobora kuba ari abagabo bubatse?
3 Aho gusaba yuko abagabo bagennywe ngo babe abacungezi bakwiye kuba ari abatubatse, Paulo yandikiye Tito ibi: ‘Icatumye ngusiga i Kirete kwar’ukugira ng’utunganye ivyasigaye, kandi mu gisagara caho cose ng’uhashinge abagabo b’inararibonye [Ikigiriki, pre·sbyʹte·ros] nk’uko nabikubariye: [abe] ar’umuntu atabonekak’umugayo, afise umugore umwe gusa, afise abana bizera, bataregwa kw ar’ibihumbu cank’ibiganda. Kuk’umucungezi [Ikigiriki, e·piʹsko·pos, ari ho havuye ijambo “umwepisikopi”] akwiye kutabak’umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene.’—Tito 1:5-7.
4. (a) Tumenya gute ko ukwubaka atari igisabwa ku Bakirisu b’abacungezi? (b) Ni akarusho gaki umuvukanyi w’umwirebange ari n’umukurambere afise?
4 Ku rundi ruhande, ukwubaka si igisabwa n’Ivyanditswe ku bukurambere. Yezu yagumye ari umwirebange. (Abanyefeso 1:22) Paulo, umucungezi yiserukije mw ikorane rikirisu ryo mu kinjana ca mbere, ico gihe yari uwutubatse. (1 Ab’i Korinto 7:7-9) Kino gihe, hariho Abakirisu benshi b’abirebange basukura bwa bakurambere. Ubwirebange bwabo kumbure burabaronsa umwanya urushirije w’ugushitsa ibikorwa vyabo vy’abacungezi.
‘Umugabo Yubatse Arabangikanya’
5. Ni ikirukuri giki co mu Vyanditswe abavukanyi bubatse bakwiye kwemera icese?
5 Iyo umugabo mukirisu yubatse, akwiye gutahura yuko yakiriye ayandi mabanga azomusaba kuyashirako umwanya n’ikebu. Bibiliya ivuga icese iti: “Ūtagira umugore yitwaririka ivy’Umwami wacu, uko yonezereza Umwami: arik’ūmufise yitwaririka ivy’isi, uko yonezereza umugore. [Uwo akaba abangikanije, UB].” (1 Ab’i Korinto 7:32-34) None ni ukubangikanya mu buryo ki?
6, 7. (a) Uburyo bumwe umugabo yubatse ashobora ‘kuba abangikanije’ ni ubuhe? (b) Ni impanuro nki Paulo aha Abakirisu bubatse? (c) Ivyo vyoshobora kugira ico vyoheje gute ku ngingo umugabo afata yo kwemera ukurungikwa ku gikorwa?
6 Kimwe co, umugabo yubatse araheba ukugaba umubiri wiwe. Paulo ivyo yarabitonganuye neza pe ati: “Umugore [nt]aganza umubiri wiwe, arik’uganzwa n’umugabo; kand’umugabo na we ntaganza umubiri wiwe, arik’uganzwa n’umugore.” (1 Ab’i Korinto 7:4) Abariko bategekanya kwubaka bamwebamwe hari aho bokwiyumvira yuko ivyo ataco bitwaye kubera ko ivy’ukwimara inambu y’umubiri atari vyo bizoba ikintu kinini mu mubano wabo. Ariko rero, kubera ko ubwerentegerwa bw’imbere y’ukwubaka ari igisabwa co mu Vyanditswe, Abakirisu imbere y’uko bubaka mu binyakuri ntibaba bazi inkenero uwo bazokwubakana afise mu vy’ukumarwa inambu y’umubiri.
7 Paulo aranga yuko mbere n’inyabubiri ‘bashira imizirikanyi yabo ku vy’impwemu’ bategerezwa kurimbūra inkenero umwumwe aba afise z’ukumarwa inambu y’umubiri. Yahanuye Abakirisu b’i Korinto ati: “Umugabo ahe umugore wiwe ivy’akwiye, kand’umugore na we abigenze artyo ku mugabo wiwe. Ntimukīmane, shiti kumbure musezeranye igihe, kugira ngo mubone uburyo bgo gusenga, kandi mwongere mubane, Satani ntabageragereshe [kutigumya] kwanyu.” (Abaroma 8:5; 1 Ab’i Korinto 7:3, 5) Ikibabaje ni uko hariho uburengabigo bwabaye igihe iyo mpanuro itari yakurikijwe. Kubera ico, Umukirisu yubatse akwiye gupima ibintu yitonze imbere yuko yemera kurungikwa ahantu ku gikorwa bimwe vyotuma atana n’umugore wiwe mu kiringo kirekire. Ntaba agifise wa mwidegemvyo yari afise igihe yari umwirebange.
8, 9. (a) Ni igiki Paulo yashaka kuvuga igihe yagira ngo Abakirisu bubatse “[bi]twararika ivy’isi”? (b) Abakirisu bubatse ni igiki bakwiye kwitwararika kugira?
8 Ni mu nyuro nki none vyovugwa yuko abagabo bakirisu bubatse, dushizemwo abakurambere, “[bi]twaririka ivy’isi [koʹsmos]”? (1 Ab’i Korinto 7:33) Biragaragara neza yuko Paulo atǎriko avuga vya bintu bibi vy’iyi si, ivyo Abakirisu b’ukuri bose bakwiye kwigira kure. (2 Petero 1:4; 2:18-20; 1 Yohana 2:15-17) Ijambo ry’Imana ritubwiriza ‘kwikunkumura ukutubaha Imana n’ivyipfuzo binyasi [ko·smi·kosʹ], rikatwigisha kwama tudahugumba, tugororoka, twubaha Imana, mu gihe ca none.’—Tito 2:12.
9 Umukirisu yubatse rero, aba “[yi]twararika ivy’isi” mu buryo bw’uko yaba umugore canke umugabo ku bwa ngingo arazwa ishinga n’ibintu vyo mw isi bigize igihimba c’ubuzima bw’abubatse busanzwe. Muri ivyo harimwo uburaro, ibifungurwa, ivyambarwa, akaruhuko—tutavuze ibindi birazashinga bidaharurwa niba hariho abana. Ariko no ku nyabubiri itagira abana, niba bagomba ko uwo mwabirano ukora, bompi umugabo n’umugore bategerezwa kwitwararika ‘kunezereza’ umwumwe umwubakane wiwe. Abakirisu b’abakurambere canecane ivyo barakwiye kuvyitwararika uko barimbanya amabanga bashinzwe.
Abanega Beza Hamwe n’Abakurambere Beza
10. Kugira Umukirisu asinzokere kuba umukurambere, abavukanyi biwe hamwe n’abantu bo hanze bakwiye kuba bashoboye kwibonera iki?
10 Naho ukwubaka atari igisabwa ku bukurambere, niba umugabo mukirisu yubatse, imbere yuko arātwa ngo agenwe kuba umukurambere, akwiye koko gutanga ikimenyamenya c’uko yihatira kuba umunega mwiza munyarukundo, akongera agatumikisha ububemutwe bubereye. (Abanyefeso 5:23-25, 28-31) Paulo yanditse ati: “Umuntu [niyaramvurira ibanga ry’ukuba umucungezi], aba yifuje igikorwa ciza. Nuk’[umucungezi] akwiye kutabak’umugayo, kand’akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa.” (1 Timoteyo 3:1, 2) Bikwiye kuba ivyibonekeje yuko umukurambere ariko agira iherezeko ryiwe kugira abe umunega mwiza, umugore wiwe yaba ari Umukirisu nka we canke atari we. Kukaba nkako, n’abo hanze y’ikorane bakwiye kuba bashoboye kwibonera yuko yitwararika neza umugore wiwe hamwe n’ayandi mabanga ashinzwe. Ehe ivyo Paulo yongeyeko: “Akwiye gushingirwa intahe neza n’abo hanze, kugira ngo ntatembere mu mugayo no mu mutego wa wa Murwanizi.”—1 Timoteyo 3:7.
11. Imvugo ngo “umugabo afise umugore umwe gusa” ishaka kuvuga iki, none rero ni integanyo nki abakurambere bakwiye kugira?
11 Ni icumvikana, imvugo ngo “umugabo afise umugore umwe gusa” irigizayo iharika, ariko kandi itekeye ubwizerwe bwo mu bwabirane. (Abaheburayo 13:4) Abakurambere canecane barakeneye kuba maso bimwe bidasanzwe igihe bafasha abavukanyikazi mw ikorane. Umukurambere akwiye kwirinda kuba ari wenyene igihe c’ukugendera umuvukanyikazi akaneye impanuro n’impumurizo. Yoba agize neza aherekejwe n’uwundi mukurambere, umusuku mugenwa, canke mbere agaherekezwa n’umugore wiwe niba ari ukumutemberera gusa ngo amuremeshe.—1 Timoteyo 5:1, 2.
12. Ni indondoro nki abagore b’abakurambere n’ab’abasuku bagenwa bakwiye kwihatira gushitsa?
12 Bucishemwo, mu gihe umuposolo Paulo yariko atondekanya ibisabwa abakurambere n’abasuku bagenwa, yari afise kandi akajambo k’impanuro aha abagore babiriwe n’abarimbūrirwa utwo duteka. Yanditse ati: “N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose.” (1 Timoteyo 3:11) Umukirisu w’umunega ashobora kugira vyinshi ngo afashe umugore wiwe ahuze n’iyo ndondoro.
Ivyogirirwa Umugore Bitegerezwa n’Ivyanditswe
13, 14. Naho umugore w’umukurambere yoba atari Icabona nka we, ni kuki akwiye kumugumana no kuba umunega mwiza?
13 Birumvikana, iyo mpanuro yahawe abagore babiriwe n’abakurambere canke n’abasuku bagenwa irimwo ivy’uko abagore mwen’abo ubwabo ari Abakirisu biyeguye. Ubusanzwe, ni ko usanga ivyo biri kubera ko Abakirisu basabwa kwubaka ‘mu Mwami gusa.’ (1 Ab’i Korinto 7:39) Ariko hovugwa iki ku muvukanyi aba yari amaze kwubakana n’uwutizeye igihe yěgurira Yehova ubuzima bwiwe, canke umugore wiwe akaba atemvye agata inzira bitavuye kw ikosa rinaka rya nya muvukanyi bubakanye?
14 Ivyo ubwavyo ntivyomutangīra kuba umukurambere. Mugabo na ho nyene ntivyomuha impamvu y’ugutâna n’umugore wiwe kubera gusa yuko adasangiye na we ivyemero. Paulo yajenamye ati: “Wahambiriwe ku mugore? Nturondere kubohorwa.” (1 Ab’i Korinto 7:27) Yarongeye avuga ati: “Mwene Data asanzwe afise umugore atizera, kand’uwo mugore agakunda kubana na we, yoye kumuta. Kand’umugore afise umugabo atizera, na we agakunda kubana na we, yoye kuvana n’umugabo wiwe. Arik’ūtizera, namb’agomba kwahukana, ni yahukane. Mwene Data w’umugabo canke w’umugore ntahambirwa, iyo bimeze birtyo. Imana yaduhamagariye amahoro. Yewe mugore, ubgirwa n’iki yuk’u[ta]zokiza umugabo wawe? Yewe mugabo, ubgirwa n’iki yuk’u[ta]zokiza umugore wawe?” (1 Ab’i Korinto 7:12, 15, 16) Naho nyene umugore wiwe yoba atari Icabona, umukurambere akwiye kuba umunega mwiza.
15. Ni impanuro nyabaki umuposolo Petero aha Abakirisu b’abanega, kandi ingaruka zishobora kuba nki mu gihe umukurambere vyogaragara ko ari umunega w’intiteho?
15 Nya mukirisu w’umukurambere, umugore wiwe yaba yizeye nka we canke atizeye, akwiye kumenya yuko umugore wiwe akeneye ko amwitwaririkana urukundo. Umuposolo Petero yanditse uku: “Namwe bagabo n’uko, mubane n’abagore banyu nk’abazi ibibereye, kukw ari nk’imbombovu zidahwanije namwe inkomezi: kandi mubahe icubahiro, kuko na bo ar’abaraganwa namwe ubuntu bg’[ubuzima], kugira ng’ugusenga kwanyu ntikugire [ikigutangīra].” (1 Petero 3:7) Umunega abura kwitaho ivyo umugore wiwe akeneye n’ibigirankana aba ashize mu kaga ubucuti we ubwiwe afitaniye na Yehova; ivyo bishobora gutambamira ukwegera Yehova kwiwe, nka kumwe hoba ‘hari igicu kibuza izambo ngo ntirimenēre.’ (Gucura intimba 3:44) Ivyo vyoshobora kumushikana ku gukurwa mu murongo w’ugusukura ari Umukirisu w’umucungezi.
16. Ni iciyumviro nyamukuru giki Paulo yaseruye, kandi abakurambere ivyo bakwiye kubibona gute?
16 Nk’uko twabibonye, igikuru kiri mw isohoravyiyumviro rya Paulo ni uko iyo umugabo yubatse aheba urugero runaka rw’umwidegemvyo yari afise akiri umugabo w’umwirebange, uwamuha inzira y’ ‘ukwiyegurira Umukama adafise imitima ibiri.’ (1 Ab’i Korinto 7:35) Amaraporo araranga yuko hari abakurambere bubatse bamwebamwe batama bagira uburimbane mu gihe bazirikana ku majambo Paulo yahumekewe. Mu cipfuzo bafise c’ugushitsa ivyo biyumvamwo ko abakurambere beza bakwiye kugira, boshobora guca hejuru ibitegerezwa bimwebimwe bashinzwe vy’abanega. Bamwebamwe bosanga bitoroshe kwanka agateka kanaka boterwa mw ikorane, naho nyene vyoba vyibonekeza neza ko ukukemera kwoba ari ukugirira nabi abagore babo mu vy’impwemu. Barahimbarwa n’uduteka tujana n’ukwubaka. Ariko boba bari n’ukugomba gushitsa amabanga ajana na kwo?
17. Ni igiki cashikiye abagore bamwebamwe babiriwe, kandi ivyo vyoba vyari gushobora kuzibukīrwa gute?
17 Ntawohakana, ishaka ku mukurambere rirakwiye gukezwa. Mugabo none, Umukirisu yoba ari n’uburimbane iyo mu gushitsa ivyo ategerejwe mw ikorane yirengagije amabanga ashingwa n’Ivyanditswe ku biraba umugore wiwe? Naho umukurambere ari n’uburimbane yoba yipfuza gushigikira abari mw ikorane, azorazwa ishinga kandi n’ivy’impwemu vy’umugore wiwe. Abagore bamwebamwe b’abakurambere baracitse abagoyagoya mu vy’impwemu, abandi na bo bashikirwa n’ ‘ugusāba’ kwo mu vy’impwemu. (1 Timoteyo 1:19) Naho umugore arabwa n’ugukorera agakiza kiwe bwite, hamwehamwe nya ngorane yo mu vy’impwemu yari gushobora kwirindwa iyo nya mukurambere aba ‘yaragaburiye kandi akabungabunga’ umugore wiwe, ‘nk’uko Kristo na we agirira ikorane.’ (Abanyefeso 5:28, 29) Kugira abakurambere bavyiyemeze neza, bategerezwa ‘gushira ikebu kuri bo ubwabo no ku mukuku wose.’ (Ivyakozwe n’intumwa 20:28, NW) Niba bubatse, aho harajamwo n’abagore babo.
“Amagorwa mu Mubiri”
18. Imice imwimwe y’“amagorwa” ashikira Abakirisu bubatse ni iyihe, kandi ivyo bishobora gute kugira ico bikoze ku bikenurwa vy’umukurambere?
18 Uwo muposolo yanditse kandi ati: “[Iyo umuntu w’isugi yubatse], nta caha [a]ba [a]koze. Mugabo, abameze bartyo, bazogira amagorwa mu mubiri, ariko jewe nagomba kuyabakingira.” (1 Ab’i Korinto 7:28) Paulo yǐpfuza gukingira abashobora gukurikira akarorero kiwe k’ubwirebange, ngo ntibafatwe n’imyitwarariko idashobora kubura iyo umuntu yubatse. No ku nyabubiri zitagira abana nyene, iyo myitwarariko ishobora kuba ari imbangamyi z’ivy’amagara canke ingorane z’ivy’amahera hamwe n’amabanga ava mu Vyanditswe, ku biraba abavyeyi bashaje b’umwubakane wa muntu. (1 Timoteyo 5:4, 8) Mu buryo ntangakarorero, umukurambere ategerezwa kwemanga ayo mabanga, ivyo bikaba rimwe na rimwe bishobora kugira ico bikoze ku bikenurwa akora bwa Mukirisu w’umucungezi. Tugahirwa, abenshi mu bakurambere ni abakora igikorwa ciza mu gushitsa amabanga yompi bashinzwe mu ngo no mw ikorane.
19. Paulo yashaka kuvuga iki hamwe yagira ngo “abari n’abagore bamere nk’abatabagira”?
19 Paulo yongeyeko aya: “Igihe cāgiriye: uhereye none abari n’abagore bamere nk’abatabagira.” (1 Ab’i Korinto 7:29) Birumvikana, turavye ivyo yari amaze kwandika muri ico kigabane avyandikira Abanyakorinto, biribonekeza ko atashaka kuvuga yuko Abakirisu bubatse bakwiye kwirengagiza mu buryo bunaka abagore babo. (1 Ab’i Korinto 7:2, 3, 33) Yararanze ico ashaka kuvuga, igihe yandika ngo: “Abakoresha ivy’isi, bamere nk’abatabishishikaye: kuk’ukw isi imeze uku, kugenda [guhinduka].” (1 Ab’i Korinto 7:31) Ubu, kuruta mbere uko vyari mu gihe ca Paulo canke mu gihe c’umuposolo Yohani, ‘isi iriko irashira.’ (1 Yohana 2:15-17) Nuko rero, Abakirisu bubatse bumva inkenero y’ukugira utwibabazo mu gukurikira Kirisitu ntibashobora gutwarwa gusa n’iminezero hamwe n’uduteka bizanwa n’ubwabirane.—1 Ab’i Korinto 7:5.
Abagore Bībabaza
20, 21. (a) Ni utwibabazo duki abagore bakirisu batari bake bagirana umutima ukunze? (b) Ni igiki umugore yemerewe kwitega ku mugabo wiwe, naho uno yoba ari umukurambere?
20 Nk’uko nyene abakurambere bagira utwibabazo kugira bungure abandi, abagore benshi b’abakurambere barinanase kugira barimbanye amabanga yabo yo mu bwabirane hamwe n’ivyunguranyi bihambaye vy’Ubwami. Abagore bakirisu bashika ibihumbi baragira agahimbare k’ugufasha kugira abagabo babo bashitse ivyo bategerezwa bwa bacungezi. Yehova arabakunda kubera ico, kandi arahezagira agatima keza baranga. (Filemoni 25) Naho ari ukwo, impanuro irimbanye Paulo yatanze iraranga yuko abagore babiriwe n’abacungezi barekuriwe gushobora kwitega guhabwa n’abanega babo umwanya n’ikebu bigereranye. Uguhebera abagore babo umwanya ukwiriye kugirango barimbanye amabanga yabo y’ukuba abanega n’abacungezi ni igitegerezwa co mu Vyanditswe kiri ku bakurambere bubatse.
21 Ariko turetse ivy’ukuba ari umunega, vyogenda gute hamwe Umukirisu w’umukurambere yoba ari sebibondo? Ivyo birongereza ku mabanga ashinzwe kandi bikamwugururira ikindi cibare c’ubucungezi, nk’uko tuja kubibona mu gihimbu gikurikira.
Reka Twiyibutse
◻ Ni ibirukuri biki mvavyanditswe biranga yuko Umukirisu w’umucungezi ashobora kuba ari umugabo yubatse?
◻ Mu gihe umukurambere w’umwirebange yubatse, ni ibiki akwiye kutayoberwa?
◻ Umukirisu yubatse “yitwaririka ivy’isi” mu buryo ki?
◻ Abagore benshi babiriwe n’abacungezi baranga gute agatima keza k’ukwibabaza?
[Ifoto ku rup. 15]
Naho nyene umukurambere yoba afatīrwa n’ibikenurwa vya gitewokarasi, arakwiye kwitwararikana urukundo umugore wiwe