ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w07 15/4 rup. 25-29
  • Ishengero niryubakwe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ishengero niryubakwe
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abagabo bakoreshwa n’Imana
  • Tugume twiyegereje ishengero
  • Inkingi ishigikiye ukuri
  • Ishengero nirishemeze Yehova
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Ukuntu ishengero ritunganijwe
    Ishirahamwe rikora ivyo Yehova agomba
  • Abakurambere bakora iki mw’ishengero?
    Ni bande bariko barakora ivyo Yehova agomba muri iki gihe?
  • Ingene ishengero ritunganijwe
    Urashobora kwiberaho ibihe bidahera—Ivyigwa bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
w07 15/4 rup. 25-29

Ishengero niryubakwe

“Ishengero . . . rigira amahoro, [“rirubakwa”, “NW”]”.​—IVYAKOZWE N’INTUMWA 9:31.

1. Ni ibibazo ibihe umuntu yoshobora kwibaza ku bijanye n’“ishengero ry’Imana”?

KU MUSI wa Pentekote yo mu 33 G.C., Yehova yaremeye icese ko umugwi w’abigishwa ba Kristu ucika ihanga rishasha, ni ukuvuga ‘Isirayeli y’Imana’ (Ab’i Galatiya 6:16). Abo bakirisu basizwe impwemu baracitse kandi ico Bibiliya yita “ishengero ry’Imana” (1 Ab’i Korinto 11:22). Ariko none, ukwo gucika ishengero ry’Imana kwasobanura iki? Iryo “shengero ry’Imana” ryotunganijwe gute? Ryokoreye gute kw’isi, naho abarigize bobaye bari hehe? Kandi ni gute ivyo bigira ico bikoze ku buzima bwacu no ku guhimbarwa kwacu?

2, 3. Yezu yerekanye gute ko ishengero ryobaye ritunganijwe?

2 Nk’uko twabibonye mu kiganiro c’imbere y’iki, Yezu yari yarerekanye ko hobayeho iryo shengero ry’abayoboke biwe basizwe, igihe yabwira intumwa Petero ati: “Kur’urwo rutare [ari rwo Yezu Kristu] nzorwubakakw ishengero ryanje, kand’amarembo y’i kuzimu ntazorishobora” (Matayo 16:18). N’ikindi kandi, igihe Yezu yari akiri kumwe n’intumwa ziwe, yaravuze ibintu bimwebimwe vyerekana ukuntu iryo shengero ryari ryimirije gushingwa ryokoze be n’ukuntu ryotunganijwe.

3 Yezu yarerekanye biciye ku vyo yavuze be no ku vyo yakoze, yuko bamwebamwe mu bagize ishengero bogiye imbere abandi. Ivyo bobigize mu gukorera abandi bari kumwe mw’ishengero. Kristu yavuze ati: “Murazi yukw abavugwa ko baganza amahanga bayatwaza amanyama, kandi n’abakuru bayo bayagirak’ububasha. Ariko muri mwebge si ko biri. Yamar’ūgomba kuba mukuru muri mwebge, az’abe umukozi wanyu: kand’ūgomba kuba uw’imbere az’abe umuja wa mwese” (Mariko 10:42-44). Biribonekeza rero yuko “ishengero ry’Imana” ritobaye ari ishengero ridatunganijwe neza rigizwe n’abantu basabagiye umwe wese ari ukwiwe. Ahubwo riho, ryobaye ari ishengero ritunganijwe rigizwe n’abantu bakora bashira hamwe.

4, 5. Ni ibiki bitwereka ko ishengero ryokeneye kuronswa inyigisho y’ivy’impwemu?

4 Uwobaye Umutwe w’iryo “shengero ry’Imana” yarerekanye yuko intumwa ziwe be n’abandi bari baramwigiyeko bogize amabanga manaka bajejwe ku bijanye n’abandi bagize ishengero. Uti yobaye ari amabanga nyabaki? Igikorwa kimwe gihambaye boranguye, cobaye ico guha inyigisho y’ivy’impwemu abo mw’ishengero. Niwibuke yuko Yezu, uwari amaze kuzuka, yabwiriye Petero imbere ya bamwebamwe mu ntumwa ziwe ati: “Simoni, mwene Yohana, mbeg’urankunda?”. Petero yishuye ati: “Ego, Mugenzi, wewe urazi ko nkunogera”. Yezu na we ati: “Ahura imyagazi y’intama zanje. . . . Ragira intama zanje. . . . Ahura intama zanje” (Yohana 21:15-17). Emwe, iryo ryari ibanga ryo kubangira ingata pe!

5 Turavye ayo majambo Yezu yavuze, turabona ko abatororokanywa ngo bagire ishengero bagereranywa n’intama ziri mu ruhongore. Izo ntama, ari bo bakirisu bagizwe n’abagabo, abagore n’abana, zokeneye kugaburirwa mu vy’impwemu kandi zikaragirwa neza. Vyongeye, narirya Yezu yategetse abayoboke biwe bose gukora igikorwa co kwigisha abandi no guhindura abantu abigishwa, uca wumva ko abashasha abo ari bo bose bocitse intama ziwe, bokeneye kwigishwa no kumenyerezwa mu bijanye n’ukuntu borangura ico gikorwa cashinzwe n’Imana.​—Matayo 28:19, 20.

6. Ni indinganizo izihe zashizweho mw’“ishengero ry’Imana” ryari riherutse gushingwa?

6 “Ishengero ry’Imana” rimaze gushingwa, abari barigize baza barahurira hamwe kugira ngo bigishwe bongere baremeshanye. “Ba[ra]shishikara cane mu vyo intumwa zigisha, no kugira ubumwe, no kumanyagura umutsima no gusenga” (Ivyakozwe n’intumwa 2:42, 46, 47). Ikindi kintu gihambaye kivugwa mu nkuru ijanye n’iryo shengero, ni uko abagabo bamwebamwe bakwije ibisabwa bagenwa kugira ngo bafashe mu kwitwararika ibikorwa bimwebimwe. Mu kubagena ntihisungwa amashure menshi bize canke ubuhanga bunaka bari bafise bwo gukora ibintu. Bari abagabo “buzuye [im]pwemu [y]era n’ubgenge”. Umwe muri abo bagabo yari Sitefano, kandi inkuru ivyigana yerekana yuko yari “umuntu yuzuye ukwizera n[’im]pwemu [y]era”. Kuba hariho ishengero ritunganijwe vyatumye ‘ijambo ry’Imana rigwira, n’abigishwa bakagwira cane i Yeruzalemu’.​—Ivyakozwe n’intumwa 6:1-7.

Abagabo bakoreshwa n’Imana

7, 8. (a) Intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu barangura irihe banga mu bakirisu bo mu ntango? (b) Igihe hatangwa ubuyobozi biciye ku mashengero, ni igiki cavuyemwo?

7 Intumwa ni zo zaja abandi imbere mw’ishengero ryo mu kinjana ca mbere, kandi ivyo ntibitangaje. Ariko rero, hariho n’abandi babafasha. Igihe kimwe, Paulo be n’abo bari bafatanije urugendo barasubiye i Antiyokiya ho muri Siriya. Mu Vyakozwe n’intumwa 14:27 higana hati: “Bashitseyo bakoranya ishengero, babīgānira ivy’Imana yakoranye na bo vyose”. Bakiri muri iryo shengero, haravyutse ikibazo ku bijanye n’uko abanyamahanga bari bizeye boba canke batoba bari bakwiye gukebwa. Kugira ngo ico kibazo gitorerwe inyishu, Paulo na Barunaba bararungitswe “i Yerusalemu ku ntumwa n’[“abagabo b’inararibonye”, NW]”, abo bigaragara ko bari bagize inama nyobozi.​—Ivyakozwe n’intumwa 15:1-3.

8 Wa mukurambere mukirisu Yakobo, uwari asangiye nyina na Yezu mugabo akaba atari intumwa, ni we yayoboye inama igihe “intumwa n’abakuru”, ari bo bagabo b’inararibonye, “bakoranira hamwe kuja inama y’iryo jambo” (Ivyakozwe n’intumwa 15:6). Bamaze gusuzuma ico kibazo bitonze kandi bafashijwe n’impwemu yera, baragize ico bapfunditse gihuje n’Ivyanditswe. Ico kintu bapfunditse baciye bacandika maze bakirungikira amashengero (Ivyakozwe n’intumwa 15:22-32). Abaronse ayo makuru barayakiriye neza bongera barayakurikiza. None ivyo vyavuyemwo iki? Abavukanyi n’abavukanyikazi barubatswe bongera bararemeshwa. Bibiliya yigana iti: “Nukw amashengero akomerezwa mu kwizera, agenda yunguka ibitigiri imisi yose”.​—Ivyakozwe n’intumwa 16:5.

9. Ni amabanga ayahe Bibiliya yerekana arangurwa n’abagabo bakirisu bakwije ibisabwa?

9 Mugabo none, amashengero yogiye arakora gute? Fata akarorero k’amashengero yo mw’izinga ry’i Kirete. Naho benshi mu baba muri iryo zinga bari bazwi nabi, bamwebamwe muri bo barahindutse maze bacika abakirisu b’ukuri (Tito 1:10-12; 2:2, 3). Baba mu bisagara bitandukanye, kandi ivyo bisagara vyose vyari kure y’i Yeruzalemu aho inama nyobozi yakorera. Ariko rero iyo ntiyari ingorane ikomeye kuri bo, kubera yuko hari “abakuru b’ishengero”, ni ukuvuga abagabo b’inararibonye, bakomeye mu vy’impwemu bagenda baragenwa muri buri shengero ryo muri Kirete, nk’uko vyagenda n’ahandi. Mwene abo bagabo bari bakwije ibisabwa dusanga muri Bibiliya. Bagenwa ngo babe abakurambere, ari bo bacungezi, bashobora “guhanūra abantu mu kwigisha kuzima no [‘gukangira abakuvuguruza’, NW]” (Tito 1:5-9; 1 Timoteyo 3:1-7). Abandi bagabo bakomeye mu vy’impwemu barakwiza ibisabwa kugira ngo bafashe amashengero ari abakozi b’ishengero, canke abadiyakoni.​—1 Timoteyo 3:8-10, 12, 13.

10. Twisunze ibivugwa muri Matayo 18:15-17, ingorane zikomeye zotegerejwe gutorerwa umuti gute?

10 Yezu yarerekanye ko indinganizo nk’iyo yobayeho. Niwibuke ya nkuru ivugwa muri Matayo 18:15-17, aho yerekanye ko rimwe na rimwe vyoshoboye gushika hakaba ingorane hagati y’abasavyi b’Imana babiri, umwe ugasanga yacumuye kuri mugenziwe mu buryo bunaka. Uwacumuweko yotegerejwe kwegera uwamucumuyeko kugira ngo “[a]muhishuke” biherereye, ari babiri gusa. Ivyo bidaciye bituma ingorane bafitaniye itorerwa umuti, umuntu umwe canke babiri bazi ibijanye n’ivy’iyo ngorane boshoboye guhamagarwa kugira ngo bagire ico bafashije. Vyogenze gute nka hamwe n’ico gihe nyene iyo ngorane itotorewe umuti? Yezu yavuze ati: “N’atabumvira ubgire ishengero; ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori” (Ni twe dushimitse.). Igihe Yezu yavuga ayo majambo, Abayuda ni bo bari bakigize “ishengero ry’Imana”, ivyo bikaba vyerekana ko mu ntango ayo majambo ari bo yerekezakoa. Ariko rero, ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa, ubwo buyobozi yatanze bwokurikijwe muri ryo. Ico ni ikindi kintu cerekana ko abasavyi b’Imana bobaye bagize ishengero ritunganijwe, kugira ngo umwe wese mu bakirisu barigize yubakwe yongere aronke ubuyobozi.

11. Ni uruhara uruhe abakurambere bogize mu bijanye n’ugutorera umuti ingorane?

11 Birabereye kubona abagabo b’inararibonye, ari bo bacungezi, boserukiye ishengero mu kwicarira canke mu gutorera umuti ingorane, kibure mu kwihweza imanza zijanye n’ivyaha. Ivyo birahuje n’ibisabwa abakurambere bivugwa muri Tito 1:9. Ariko ntiwumve, abo bakurambere b’amashengero bari abantu b’abanyagasembwa, nk’uko vyari biri kuri Tito, uwo Paulo yarungitse mu mashengero kugira ngo “[a]tunganye ivyasigaye” vyari bikeneye gutunganywa (Tito 1:4, 5). Muri iki gihe, abaratwa kugira ngo babe abakurambere bategerezwa kuba baramaze igihe kitari gito bagaragaza vy’ukuri ko bafise ukwizera be n’uko bayobokera Imana. Ivyo rero biraheza bigatuma abandi bagize ishengero bizigira ubuyobozi baronka biciye kw’ishengero bakizigira n’ubukuru bwashinzwe muri ryo.

12. Ni ibanga irihe abakurambere bajejwe ku bijanye n’ishengero?

12 Paulo yabwiye abakurambere b’ishengero ry’i Efeso ati: “Mwirinde ubganyu, muzigame n’ubusho bgose [im]pwemu [y]era yabashizemwo, ngo mube abo kubuzēzwa, kugira ngo muragire ishengero ry’Imana, iryo yaguze amaraso [“y’Umwana wayo bwite”, NW]” (Ivyakozwe n’intumwa 20:28). Abacungezi b’amashengero bo muri iki gihe na bo nyene bagenwa kugira ngo “[ba]ragire ishengero ry’Imana”. Ivyo bakwiye kubigirana urukundo, ntibatwaze amanyama ubusho (1 Petero 5:2, 3). Abacungezi bakwiye kwihatira kwubaka no gufasha “ubusho bgose”.

Tugume twiyegereje ishengero

13. Ni ibiki bishobora rimwe na rimwe gushika mw’ishengero, kandi kubera iki?

13 Abakurambere be n’abandi bagize ishengero ni abanyagasembwa, akaba ari co gituma rimwe na rimwe gacamwo hakaba ukutumvikana canke izindi ngorane, nk’uko vyagenda no mu kinjana ca mbere igihe intumwa zimwezimwe zari zikiriho (Ab’i Filipi 4:2, 3). Vyoshobora gushika umucungezi canke uwundi muntu akavuga ijambo risa n’iryobabaza, canke akavuga ikintu bisa n’uko atari ic’ukuri ijana kw’ijana. Canke twoshobora kwiyumvira yuko hari ikintu kinaka giteye kubiri n’Ivyanditswe kiriko kiraba mw’ishengero, ariko bigasa n’uko naho abakurambere bakizi, batagikosora. Ariko mu bisanzwe, woshobora gusanga ico kibazo kimaze kwihwezwa canke kiriko kirihwezwa hisunzwe Ivyanditswe be n’ibindi bintu tutazi. Mugabo naho ibintu vyoba vyifashe uko tuvyiyumvira, zirikana kuri iki kintu: Hari ikibi gikomeye camaze igihe kinaka kiri mw’ishengero ry’i Korinto kandi iryo shengero Yehova yararyitwararika. Mu nyuma, Yehova yaratumye ico kibi gikosorwa mu buryo bubereye kandi ata gufyina (1 Ab’i Korinto 5:1, 5, 9-11). Twoshobora kwibaza duti: ‘Mbega iyo nza kuba mba i Korinto ico gihe, nari kuvyifatamwo gute mu mwanya ico kibi kitari bwakosorwe?’.

14, 15. Ni kubera iki bamwebamwe baretse gukurikira Yezu, kandi ivyo bitwigisha iki?

14 Rimbura ikindi kintu gishobora gushika mw’ishengero. Dufate yuko umuntu kanaka bimugoye gutahura canke kwemera inyigisho yinaka yo mu Vyanditswe. Ashobora kuba yaragize ubushakashatsi muri Bibiliya no mu bitabu turonswa biciye kw’ishengero, akaba kandi yararondeye gufashwa n’abakirisu bagenziwe bahumuye mu vy’impwemu, eka mbere n’abakurambere. Ariko naho ivyo vyose yabigize, biracamugora gutahura canke kwemera iyo nyigisho. None uwo muntu yokora iki? Hari ikintu nk’ico cabaye umwaka umwe imbere y’uko Yezu apfa. Yavuze yuko yari “umutsima w’ubugingo” be n’uko kugira ngo umuntu abeho ibihe bidahera yategerezwa “[ku]rya umubiri w’Umwana w’umuntu” akongera “[akanywa] amaraso yiwe”. Ivyo vyaratsitaje bamwebamwe mu bigishwa biwe. Abigishwa benshi, aho kurondera kubisigurirwa na Yezu canke kurindira babigiranye ukwizera, “ntibāba[ye] bakijana na we” (Yohana 6:35, 41-66). Dusubire kandi twibaze duti: ‘Iyo nja kuba ari ho ndi ico gihe, nari kuvyifatamwo gute?’.

15 Muri iki gihe, hari abaretse kwifatanya n’ishengero bahoramwo, bibwira yuko bazokorera Imana badafatanije n’abandi. Boshobora kuvuga ko babitumwe n’uko bababajwe mu mutima, canke yuko babitumwe n’uko biyumvira ko hari ikibi cakozwe kitariko kirakosorwa, kibure ko babitumwe n’uko hari inyigisho yinaka batemera. Mbega ukwo kuntu bavyifashemwo kwoba gufise ishingiro? Naho ari ivy’ukuri yuko umukirisu wese akwiye kugiranira ubucuti n’Imana ku giti ciwe, nta woharira yuko Imana iriko irakoresha ishengero rikwiye kw’isi yose, nk’uko yabigize mu gihe c’intumwa. N’ikindi kandi, Yehova yarakoresheje amashengero yo mu kinjana ca mbere yongera arayahezagira, aratuma habaho abakurambere n’abakozi b’ishengero bakwije ibisabwa bo kuyafasha. Ni ko bimeze no muri kino gihe.

16. Ni igiki umuntu akwiye kuzirikanako igihe vyoshika akiyumvira ivyo kwitandukanya n’ishengero?

16 Igihe umukirisu yiyumvira ko amaze kugiriranira ubucuti n’Imana ata kindi kintu kiba gikenewe, aba ariko aratera akagere indinganizo Imana yashizeho, ni ukuvuga ishengero rikwiye kw’isi yose be n’amashengero atandukanye y’abasavyi b’Imana. Uwo muntu yoshobora kwikumira canke akaza aragiranira imigenderanire n’abantu bakeyi gusa bo mw’ishengero. Ariko none, hari ahandi yosanga indinganizo ijanye n’abakurambere b’ishengero be n’abakozi b’ishengero atari mw’ishengero nyene? Biri n’ico bivuze kubona igihe Paulo yandikira ikete ishengero ry’i Kolosayi akongera agasaba ko risomerwa n’iry’i Lawodikiya, yaravuze ibijanye no ‘gushinga imizi muri [Kristu]’ no “[k]wubakwa muri we”. Abari bitandukanije n’amashengero si bo boshoboye gushinga imizi no kwubakwa muri Kristu, ahubwo ni abari bacifatanije na yo.​—Ab’i Kolosayi 2:6, 7; 4:16.

Inkingi ishigikiye ukuri

17. Muri 1 Timoteyo 3:15 herekana iki ku bijanye n’ishengero?

17 Mw’ikete rya mbere intumwa Paulo yandikiye umukurambere mukirisu Timoteyo, yarerekanye ibisabwa ku basukurira mw’ishengero ari abakurambere n’abakozi b’ishengero. Ahejeje kwerekana ivyo bintu bisabwa, yaciye avuga ibijanye n’“ishengero ry’Imana nzima”, ko “[ari] inkingi ishigikiye ukuri” (1 Timoteyo 3:15). Nta gukeka yuko mu kinjana ca mbere ishengero ry’abakirisu basizwe ryose uko ringana ryerekanye ko ryari inkingi ishigikiye ukuri. Kandi nta woharira yuko umukirisu umwumwe wese yaronka ukwo kuri biciye canecane kw’ishengero yaba arimwo. Aho ni ho ukuri kwigishirizwa kukongera kugashigikirwa, akaba ari na ho bashobora kwubakirwa.

18. Ni kubera iki amakoraniro y’ishengero ahambaye cane?

18 Ishengero rya gikirisu rikwiye kw’isi yose na ryo nyene ni urugo rw’Imana rikaba n’“inkingi ishigikiye ukuri”. Kuza turitaba tudahorereza amakoraniro y’ishengero turimwo kandi tukayagiramwo uruhara, ni uburyo bumwe nyamukuru butuma twubakwa, bugatuma dukomeza ubucuti dufitaniye n’Imana, bukongera bugatuma tuba abiteguriye gukora ivyo Imana igomba. Igihe Paulo yandikira ishengero ry’i Korinto, yarashimitse ku vyavugirwa muri mwene ayo makoraniro. Yanditse yuko yipfuza ko ivyavugirwa mu makoraniro bagira biba ivyumvikana kandi bitahurika kugira ngo abayitaba bashobore “[gu]komezwa” (1 Ab’i Korinto 14:12, 17-19). Na twebwe muri kino gihe turashobora gukomezwa muri ubwo buryo mu gihe twoba twemera yuko Yehova Imana ari we yashinze ivy’uko habaho amashengero kandi ko ariko arashigikira iyo ndinganizo.

19. Ni kubera iki wumva wokengurukira cane ishengero urimwo?

19 Vy’ukuri, nimba twebwe abakirisu twipfuza kwubakwa, dukwiye kuguma twifatanije n’ishengero. Ryamye rimeze nk’igihome kidukingira inyigisho z’ikinyoma, kandi Imana yamye irikoresha kugira ngo inkuru nziza yerekeye Ubwami bwayo burongowe na Mesiya yamamazwe kw’isi yose. Emwe, nta gukeka yuko Imana yaranguye ibitari bike biciye kw’ishengero rya gikirisu.​—Abanyefeso 3:9, 10.

[Akajambo k’epfo]

a Incabwenge mu vya Bibiliya yitwa Albert Barnes yavuze yuko ubuyobozi Yezu yatanze bw’uko umuntu ‘yobwira ishengero’ bushobora kuba bwasigura yuko yobwiye “abari barekuriwe kwicarira mwene ivyo bibazo, abo bakaba bari abaserukira ishengero, canke abakora ku bw’izina ry’abarigize. Mw’isinagogi y’Abayuda, hariho abakurambere baca imanza, akaba ari bo baturwa mwene izo manza”.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki dukwiye kwitega ko Imana ikoresha amashengero kw’isi?

• Naho abakurambere ari abanyagasembwa, ni igiki bamarira ishengero?

• Uriko wubakwa gute n’ishengero urimwo?

[Ifoto ku rup. 26]

Intumwa be n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu bari bagize inama nyobozi

[Ifoto ku rup. 28]

Abakurambere n’abakozi b’ishengero barigishwa kugira ngo barangure amabanga bajejwe mw’ishengero

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika