ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • bi12 rup. 1966-1969
  • 21 Insiguro y’amajambo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • 21 Insiguro y’amajambo
  • Bibiliya y’isi nshasha
Bibiliya y’isi nshasha
21 Insiguro y’amajambo

21 Insiguro y’amajambo

  • Abafarizayo.

    Ni akadumbi k’idini ry’Abayuda kazwi cane kariho mu kinjana ca mbere G.C. Bari no mu bagize Inama Nkuru.

  • Abakerubi.

    Ni abamarayika bo mu rwego rwo hejuru bajejwe amabanga adasanzwe.

  • Abakozi b’ishengero.

    Ijambo ry’ikigiriki rirafata insobanuro idasanzwe ijanye n’urutonde rw’ivyo mw’ishengero be n’ukuntu ishengero ritunganijwe. Abakozi b’ishengero bari mu bagize inama z’abagabo bajejwe amabanga mw’ishengero.

  • Abakurambere.

    Uretse ko iryo jambo rikoreshwa ku bantu bitereye mu myaka, rirakoreshwa kandi mu buryo budasanzwe ku bantu bafise ubukuru n’amabanga mu kibano canke mw’ihanga.

  • Abasadukayo.

    Kari akadumbi k’idini ry’Abayuda kazwi cane kari n’ico gahuriyeko n’ubuherezi. Bari mu bagize Inama Nkuru.

  • Abaserafi.

    Ni ibiremwa vy’impwemu biri irya n’ino y’intebe y’ubwami ya Yehova mw’ijuru.

  • Aheranda.

    Hitwa kandi Ahantu heranda. Cari igihimba ca mbere cagutse kuruta c’itaberenakulo, mu nyuma kiba ic’urusengero, kikaba cari gitandukanye n’igihimba c’ahitereye citwa Aheranda rwose.

  • Aheranda rwose.

    Cari icumba c’ahitereye c’itaberenakulo, mu nyuma kiba ic’urusengero; citwa kandi Aheranda h’Aheranda.

  • Alabasitironi.

    Rikunze kuba ari ibuye ryera, rimwe na rimwe rikagira uturongorongo tw’amabara atandukanye. Ryari ibuye rigumye cane. Bararyimburura canke bakarikorogoshora kugira ngo rijemwo ibiseseka.

  • Alufa na Omega.

    Alufa ni urudome rwa mbere rwo mu rukurikirane rw’indome z’ikigiriki, Omega na yo ikaba urudome rwa nyuma. Zikoreshwa nk’izina ry’icubahiro incuro zitatu mu gitabu c’Ivyahishuwe.

  • Amadayimoni.

    Ni ibiremwa vy’impwemu bitaboneka kandi vy’ibibisha bifise ububasha burengeye ubw’abantu. Ni abamarayika bagambarariye Imana mu gihe ca Nowa bakifatanya na Shetani mu kugarariza Yehova.

  • Amagunira.

    Akenshi wasanga ajishwe mu bwoya bw’impene bufise ibara ryijimye. Ni zo mpuzu bakunda kwambara mu gihe c’ikigandaro.

  • Antikristu.

    Ijambo ku rindi ni “uwurwanya Kristu” canke “mu gishingo ca Kristu.” Iryo jambo rikoreshwa kuri abo bose barwanya Kristu canke biyita Kristu canke bakiyita abamuserukira, rigakoreshwa no ku bahakana ico Ijambo ry’Imana rivuga ku bijanye na Kristu.

  • Azazeli.

    Ni ijambo rikoreshwa igihe haba hariko haravugwa ibijanye n’impene yarungikwa mu gahinga. Nk’uko igisomwa c’igiheburayo c’Abamasoreti kibivuga, bisa n’uko ryakomotse ku majambo abiri ayandi akomokako, rimwe rikaba risobanura “impene” irindi rigasobanura “gukamangana.” Aho ni ho havuye insobanuro ngo “Impene ikamangana.” Imvugo y’ikigiriki yakoreshejwe muri ya Bibiliya yitwa Septante isobanura “uwujana ikibi (uwugikevya).”

  • Gutorora.

    Kwari ukwegeranya ivyimburwa ivyo ari vyo vyose abimbuzi baba basigaje babishaka canke batabishaka.

  • Harumagedoni.

    Bisobanura ngo “Umusozi wa Megido.” Intambara ya Harumagedoni ni indwano yo muri kazoza izoba kw’isi yose aho Umwami Yehova yagenye, ari we Yezu Kristu, azotikiza abansi b’Imana.

  • Ibibanza bikirurutse.

    Bino bishobora gusa gusobanura ahantu hataramutse, uturambi, n’imisozi; mugabo akenshi usanga bifitaniye isano n’amazu canke utunyabugoro basengeramwo ibigirwamana kera. “Ibibanza bikirurutse” bikunze kuba bifitaniye isano n’ivy’ugusenga, na canecane bikaba ari ibibanza bigirirwamwo ugusenga kw’ikinyoma.

  • Idenariyo.

    Ikingorongoro c’ifeza c’Abaroma. Cariko ishusho y’umutwe wa Sezari. Mu gihe c’ubusuku bwa Yezu bwo kw’isi, abakozi bo mu mirima mu bisanzwe baronka idenariyo imwe ku musi w’ibikorwa w’amasaha 12.

  • Igicaniro canke Uruhimbi.

    Ni icubakano gitaramutse canke ikibanza gitaramutse bashikanirako ibimazi canke baturirirako imibavu mu bijanye n’ugusenga Imana y’ukuri canke iyindi mana.

  • Igihe kitagira urugero.

    Rimwe na rimwe iyo mvugo iba ifitaniye isano n’ikintu camaho ibihe bidahera. Akenshi ikoreshwa ku bintu bifise iherezo, mugabo ikiringo ivyo bintu bimara kigashobora kuvugwa ko ari ico ‘gushika igihe kitagira urugero’ kubera ko igihe bizoherera kitaba gitomowe muri uwo mwanya.

  • Ilino.

    Ni igiterwa carimwe kuva mu bihe vya kera kivamwo inyuzi zahingurwamwo impuzu nk’uko bigirwa no muri iki gihe.

  • Imikate ishirwa imbere y’Imana, imikate yerekanwa.

    Yari imikate cumi n’ibiri yashirwa ku meza muri ca gihimba c’itaberenakulo canke c’urusengero citwa Aheranda, ikaba yama isubirizwa imishasha buri Sabato.

  • Imira.

    Ibirirarira bifata bimota neza. Imira ni ibirirarira biva ku dusaka tw’amahwa dutandukanye canke ku duti dutoduto. Uduti n’ibishishwa vyatwo birafise akamoto gakaze.

  • Impatane z’ibiti.

    Ni ikintu bakoresha kera mu gupfunga no mu guhana cari gikozwe mu bibaho, kikaba cugaranirwamwo ibirenge vy’uwafashwe, akacugaranirwamwo yicaye (2Ng 16:10; Yer 20:2, 3), akenshi akaba yashirwa ahantu abantu bose bamubona bakanamutwenga.

  • Impongano.

    Iciyumviro nyamukuru ritekeye ni ico “gupfuka” canke “gukāba,” kandi igikabwa ikindi, canke “igipfuka” ikindi, gitegerezwa kuba gihuye na co.

  • Imva y’icibutso.

    Ijambo ry’ikigiriki (mne·meiʹon) rihindurwa ngo imva y’icibutso, ryumvikanisha ko umuntu yapfuye aguma yibukwa. Rishimika ku kubandanya kwibuka umuntu yapfuye.

  • Inama Nkuru.

    Abantu mirongo irindwi n’umwe ni bo bari bagize iyo sentare nkuru, hakaba hari harimwo n’umuherezi mukuru be n’abandi bigeze kurangura ibanga ry’umuherezi mukuru. Iyo Nama Nkuru yari ifise ubukuru mu bijanye n’ubuzima bw’abanyagihugu, mu vy’intwaro, no mu vy’idini.

  • Incungu.

    Ni ikiguzi catangwa mu kugaruza canke kubohora ikintu canke umuntu bigakurwako ikintu kinaka cari kibiboshe canke bigakurwa mu bintu bidahimbaye. Iryo jambo ririmwo iciyumviro c’ugukāba, be n’ic’ugukwirana, ukuringanira, canke ugusubirira.

  • Ingingo y’ubutungane.

    Yehova Imana, we Mucamanza, we ashinga ivyagezwe, akaba n’Umwami, yarahaye ihanga rya Isirayeli icegeranyo c’amategeko y’ido n’ido. Ingingo ziwe ku bibazo bijanye n’itegeko zaratanga ubuyobozi bwo kwisunga mu gutunganya ibibazo biraba abantu ku giti cabo n’ibibazo vyo hagati mw’ihanga n’ivyo hanze yaryo.

  • Ingǒgo.

    Wari umutambikwa umuntu yatwara ku bitugu, ku mpera zawo zompi henenetseko imitwaro (gereranya na Yes 9:4), canke umutambikwa w’igiti canke ikintu gikozwe mu giti cashirwa ku bikanu vy’ibitungwa bibiri bikwega ibintu (akenshi bikaba vyari inka) igihe vyaba biriko birakwega ikirimisho canke umukogote. (Guh 19:2; Gus 21:3; 1Sm 6:7)

  • Inkone.

    Ni umuntu w’igitsina-gabo yashahuwe. Mwene abo bantu bashingwa gukorera ku birimba ari abasuku canke ababungabunzi b’umwamikazi, b’abagore b’i Bwami, n’ab’abandi bagore. Iryo jambo ryarakoreshwa kandi ku mukozi uwo ari we wese yashinzwe amabanga ku kirimba c’umwami, ariko ridashaka kwerekana ko nya muntu ari inkone yashahuwe.

  • Inyenyeri y’umutwenzi.

    Ni cokimwe n’“inyenyeri y’agatondo.” Ni yo nyenyeri iseruka ubwa nyuma ibuheramaso mu buseruko imbere y’uko izuba riseruka, ikaba imenyesheje ko umutwenzi w’umusi mushasha ugira utambike.

  • Ishikanwa rizungagizwa.

    Biboneka ko umuherezi yashira amaboko munsi y’amaboko ya nyene gutanga ishikanwa, uno akaba ari we yaba afashe iryo shikanwa rigira rishikanwe, maze akayazungagiza irya n’ino, canke na ho nya kintu gishikanywe kikazungagizwa n’umuherezi ubwiwe. Umuherezi ashobora kuba yarazungagiza ibihimba bishikanywe ajana imbere n’inyuma avyerekeza ku gicaniro.

  • Itaberenakulo.

    Ryari ihema rishobora kwimurwa ryakoreshwa n’Abisirayeli mu vy’ugusenga; hari aho yitwa “ihema ry’ihuriro.”

  • Ivy’isi, ivy’iki gihe, igihe, ibiriho.

    Ijambo ry’ikigiriki (ai·onʹ) ryahinduwe ngo “ivy’isi,” “ivy’iki gihe,” rishobora canecane kwerekeza ku kuntu ibintu biba vyifashe canke biba bimeze mu kiringo kanaka, canke rikerekeza ku bintu biranga ikiringo canke igihe kanaka, bigatuma kiba ikimeze ukwaco, aho kwerekeza kuri ico gihe ubwaco.

  • Kurobanuza amavuta.

    Ijambo ku rindi ni ugusiga amavuta. Mu bihe Bibiliya yanditswemwo, Abaheburayo bararobanura icese abatware n’abaherezi bakoresheje amavuta, bikaba vyemeje ko bagenywe icese mu mabanga kanaka. Nya mavuta yasukwa ku mutwe w’umuntu.

  • Manu.

    Imfungurwa nyamukuru Abisirayeli bafungura mu rugendo bagize mu gahinga rwamaze imyaka 40. Yehova ni we yayitanga ku gitangaro.

  • Mubesheranyi.

    Shetani yiswe iryo zina kubera ko ari we kizigenza mu kubeshera no mu kwambika ibara Yehova n’ijambo ryiwe ryiza, be n’izina ryiwe ryeranda.

  • Nisani.

    Ni izina ryahawe ukwezi kwa mbere kw’Abayuda mu kirangamisi ceranda inyuma ya kwa kujanwa inyagano i Babiloni, kukaba guhuye n’igice ca Ntwarante be n’igice ca Ndamukiza. Ukwo kwezi kwari kwahoze kwitwa “Abibu.”

  • Pasika.

    Pasika (Mu giheburayo ni peʹsach; Mu kigiriki ni paʹskha) yatangujwe ku mugoroba w’imbere y’uko Abisirayeli bava mu Misiri. Pasika yibukiriza ukurokorwa kw’Abisirayeli bakuwe mu Misiri n’ukuntu umumarayika yarenganye hejuru y’imfura zabo igihe Yehova yatikiza imfura za Misiri.

  • Pentekoti.

    Ni izina rikoreshwa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu mu kuvuga Umusi mukuru w’Iyimbura (Kv 23:16) canke Umusi mukuru w’Amayinga (Kv 34:22); witwa kandi “umusi w’ivyamwa vya mbere vyeze.” (Guh 28:26) Wabwirizwa guhimbazwa ku musi ugira 50 (Pentekoti bisobanura “[Umusi] ugira mirongo itanu”) uhereye ku wa 16 Nisani. Ku kirangamisi c’Abayuda uhura n’igenekerezo rya 6 Sivani.

  • Sela.

    Ni ijambo ry’igiheburayo rikoreshwa mu muziki canke mu bijanye n’ibisomwa bifatwa ku mutwe. Insobanuro yaryo ntizwi neza.

  • Terafimu.

    Zari imana canke ibigirwamana vy’umuryango. Ibintu vyubuwe n’abacukuzi b’ivya kera mu karere ka Mezopotamiya no mu turere tubanyi vyerekana yuko ugutunga ibishusho vya terafimu vyagira ico bikoze ku bijanye no kuronka intoranwa.

  • Ubushirasoni.

    Ntiryerekeza ku kwigenza nabi kudakomeye. Ryerekeza ku bikorwa birenga mu buryo bukomeye ku mategeko y’Imana kandi vyerekana agatima k’akagagazo canke k’agasuzuguro keruye, akaba ari agatima kagaragaza ko umuntu atubaha ubukuru, amategeko, n’ingingo ngenderwako canke mbere ko abisuzugura.

  • Ugutungana.

    Ugutungana kurimwo iciyumviro co kuba umuntu agororotse, atagirako umugayo, aroranye, kandi atagira amahinyu. Ariko rero, ugutungana si ugukora gusa ibigororotse. Ni ukuba umuntu aroranye mu nyifato runtu canke yihebera Imana n’umutima wiwe wose.

  • Umunaziri.

    Bisobanura “Uwashizwe ku ruhande;” “Uweguwe;” “Uwatandukanijwe n’abandi.” Hari imigwi ibiri y’Abanaziri: abavyishakiye be n’abagenywe n’Imana.

  • Umurumyo w’impongano.

    Ni wa murumyo w’isandugu y’isezerano; umuherezi mukuru yajojotereza imbere yawo amaraso y’amashikanwa y’igicumuro ku Musi w’impongano.

  • Umusi w’urubanza.

    Ni “umusi” canke ikiringo kandondwa, aho imigwi kanaka y’abantu, amahanga kanaka, canke abantu muri rusangi bagira ico babazwa n’Imana. Gishobora kuba igihe co kwica abamaze gucirwa urubanza bakabonwa ko bakwiriye gupfa, canke urwo rubanza rugashobora kuronsa bamwebamwe akaryo ko kurokorwa, bakanaronka ubuzima budahera.

  • Umusomozo.

    Ni ico ari co cose mu bwoko bwinshi bw’ibimera, uduti n’ibiti, bivamwo ibintu bimota bikunze kuba bimeze nk’amavutavuta, nk’uburembo. Abantu bo mu Buseruko bamye babiha agaciro kanini.

  • Urimu na Tumimu.

    Ni ibikoresho vyakoreshwa mu kurondera kumenya neza ivyo Imana igomba igihe haba havyutse ibibazo bijanye n’ihanga ryose bikeneye inyishu ivuye kuri Yehova.

  • Yehova nyen’ingabo.

    Imvugo “Yehova nyen’ingabo” irimwo iciyumviro c’ububasha, ububasha bufiswe na wa Mutegetsi Segaba w’ibiriho vyose, we ategeka inteko igifyo z’ibiremwa vy’impwemu.

  • Yubile.

    Uko haheze ibiringo indwi vy’imyaka ndwindwi, umwaka ukurikira ni wo waca witwa Yubile, uharuye kuva Isirayeli yinjiye mu Gihugu c’Isezerano. Mu buryo bunaka Yubile wari umwaka wuzuye w’umusi mukuru, umwaka w’umwidegemvyo.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika