Zaburi
2 Ewe Mucamanza w’isi+, nuhaguruke!
Nusubirize mu nkoko abantu bibona+.
4 Bapfa ivyo bavuze kandi bakabivugana ubwishime.
Inkozi z’ikibi zose ziguma ziyemera.
6 Barica umupfakazi na kavamahanga,
bakica n’abana b’impfuvyi.
9 Mbega uwaremye* ugutwi, ntashobora kwumva?
Canke uwaremye ijisho, ntashobora kubona+?
10 Umwe akosora amahanga, ntashobora kubahana+?
Ni we atuma abantu baca ubwenge+.
12 Ewe Yehova*, hahiriwe umuntu ukosora+,
uwo wigisha itegeko ryawe+,
13 kugira agume yitekaniye mu misi y’ivyago,
gushika ababisha bimbiwe icobo+.
15 Emwe, hazosubira gucibwa imanza zigororotse,
kandi abantu bose b’umutima ugororotse bazozisunga.
16 Ni nde azongwanira akankiza ababisha?
Ni nde azomfasha kurwanya inkozi z’ikibi?
18 Igihe navuga nti: «Ikirenge canje kiriko kiranyerera»,
urukundo* rwawe, ewe Yehova, rwagumye runshigikira+.
23 Azotuma ibibi bakora bibagarukako+.
Azobahonya* kubera ububisha bwabo.
Yehova Imana yacu azobahonya+.