Ni indirimbo ya Dawidi yo gushemeza Imana.
א [Alefu]
145 Nzoguhayagiza, ewe Mwami Mana yanje+.
Nzoshemeza izina ryawe gushika ibihe bidahera+.
ב [Beti]
2 Nzogushemeza burinde bwira+.
Nzoshemeza izina ryawe gushika ibihe bidahera+.
ג [Gimelu]
3 Yehova arahambaye kandi arabereye gushemezwa cane+.
Ubukuru bwiwe burasiga ubwenge+.
ד [Daleti]
4 Abantu bazoshemeza ibikorwa vyawe ibihe vyose.
Bazovuga ibikorwa vyawe vy’ububasha+.
ה [He]
5 Bazovuga ubwiza buhebuje bw’icubahiro cawe+
kandi nzozirikana ibikorwa vyawe bitangaje.
ו [Vau]
6 Bazovuga ibikorwa vyawe biteye ubwoba,
kandi nzotangaza ubukuru bwawe.
ז [Zayini]
7 Nibibuka ukumera neza kwawe kwinshi, bazogushemeza bisubiriza+,
kandi bazovuza akaruru k’umunezero kubera ubugororotsi bwawe+.
ח [Heti]
8 Yehova ni Imana y’impuhwe n’imbabazi+,
iteba gushavura kandi yuzuye urukundo+.
ט [Teti]
9 Yehova ni mwiza kuri bose+,
kandi imbabazi ziwe ziribonekeza mu bikorwa vyiwe vyose.
י [Yodi]
10 Ewe Yehova, ibikorwa vyawe vyose bizokuninahaza+,
kandi intahemuka zawe zizogushemeza+.
כ [Kafu]
11 Bazotangaza ubuninahazwa bw’ubwami bwawe+,
kandi bavuge ibijanye n’ububasha bwawe+,
ל [Lamedi]
12 kugira bamenyeshe abantu ibikorwa vyawe vy’ububasha+
hamwe n’ubwiza buhebuje bw’ubwami bwawe+.
מ [Memu]
13 Ubwami bwawe ntibugira iherezo,
kandi ubutegetsi bwawe buzokwamaho ibihe vyose+.
ס [Sameki]
14 Yehova ashigikira abariko baratemba bose+,
agahagurutsa abunamitswe n’ingorane bose+.
ע [Ayini]
15 Ibiremwa vyose biguhanga amaso,
ukabironsa ivyo birya igihe kigeze+.
פ [Pe]
16 Upfumbaturura igipfunsi cawe,
ugahaza icipfuzo c’ikiri n’ubuzima cose+.
צ [Tsade]
17 Yehova aragororotse mu nzira ziwe zose+
kandi ni intahemuka mu vyo akora vyose+.
ק [Kofu]
18 Yehova ari hafi y’abamwambaza bose+,
abamwambaza mu kuri bose+.
ר [Reshi]
19 Ahaza icipfuzo c’abamutinya+.
Arumva ugutakamba kwabo, akabakiza+.
ש [Shini]
20 Yehova akingira abamukunda bose+,
ariko ababisha bose azobazimanganya+.
ת [Tau]
21 Akanwa kanje kazoshemeza Yehova+.
Ikiri n’ubuzima cose nigishemeze izina ryiwe ryeranda gushika ibihe bidahera+.