ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/4 rup. 20-24
  • Impfuvyi yigorewe yironkera umuvyeyi w’umunyarukundo

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Impfuvyi yigorewe yironkera umuvyeyi w’umunyarukundo
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Mba impunzi hanyuma nkaba impfuvyi
  • Bibiliya indonsa inyishu
  • Ndonka umuryango ushigikirana
  • Ukurwanywa kuvamwo ivyiza
  • Namaze imyaka cumi mu mabohero umunani
  • Nsagambira mu kivukano c’abakirisu
  • Narageragejwe n’Amarushwa Ameze nk’Itanure ry’Umuriro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2003
  • Yehova araha impera nyinshi abagumya inzira yiwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/4 rup. 20-24

Inkuru y’ubuzima

Impfuvyi yigorewe yironkera umuvyeyi w’umunyarukundo

NK’UKO VYAVUZWE NA DIMITRIS SIDIROPOULOS

“Fata iki kirwanisho urase”. Ukwo ni ko iyo ntwazangabo yambariye ikankama, ica ishira inkoho imbere yanje. Nariyankiye. Nya ntwazangabo yaciye itangura kurasagura, amasasu akanyuragirana aciye hejuru y’ibitugu vyanje, bitera ikinya abasoda bariko barorera. Nabona ko urwanje rushitse. Naragize amahirwe ndarusimba. Ariko ntibwari bwo bwa mbere mpakwa kuhasiga ubuzima.

UMURYANGO wacu wava mu bwoko bw’inkehwa bwaba hafi y’i Kayseri muri Kapadokiya, mu gihugu ca Turukiya. Biboneka yuko mu kinjana ca mbere G.C. hariho abantu bo muri ako karere bakiriye ubukirisu (Ivyakozwe 2:9). Ariko rero, mu ntango y’ikinjana ca 20 ibintu vyari vyaramaze guhinduka bimwe bikomeye.

Mba impunzi hanyuma nkaba impfuvyi

Haciye amezi makeyi mvutse mu 1922, amatati ashingiye ku bwoko yatumye umuryango wacu uhungira mu Bugiriki. Abavyeyi banje, batekewe n’ubwoba, nta kintu na kimwe bahunganye atari akayoya katarakwiza n’umwaka, ni ukuvuga jewe. Bamaze guca mu magume atavugwa, barashitse bapfuye rubi mu kigwati c’i Kiria hafi y’igisagara citwa Drama, mu Buraruko bw’Ubugiriki.

Igihe nari mfise imyaka ine, murumunanje akaba yari amaze kuvuka, dawe yarapfuye. Yari afise imyaka 27 gusa, mugabo amagorwa yaciyemwo muri ivyo bihe bigoye cane yari yaramusinzikaje. Mawe ingorane zaramurembeje cane ku buryo na we nyene atatevye gupfa. Twe na murumunanje twari dusigaye tutagira ic’epfo ca ruguru. Twaguma dukurwa mu kigo kimwe kirera impfuvyi tujanwa mu kindi, amaherezo mfise imyaka 12 ndungikwa mu kigo kimwe c’i Tesalonike, ari na ho natanguriye kumenyerezwa umwuga w’umukanitsi.

Uko nagenda ndakurira mu bigo birera impfuvyi bitarangwamwo igishika, ni ko naguma nibaza igituma abantu bamwebamwe bashikirwa n’imibabaro myinshi be n’akarenganyo kenshi gutyo. Naribaza igituma Imana ireka ibintu bibabaje nk’ivyo bikabaho. Mu vyigwa twigishwa mw’ishure bijanye n’ivy’Imana, twigishwa yuko Imana ari Mushoboravyose, mugabo nta mpamvu yumvikana yatangwa isigura igituma ibibi biriho kandi vyiraye. Vyavugwa yuko ngo idini ry’Aborotodogisi ryo mu Bugiriki ari ryo ryiza gusumba ayandi. Igihe nabaza nti “Nimba idini ry’Aborotodogisi ari ryo ryiza gusumba ayandi, ni kubera iki none abantu bose atari Aborotodogisi?”, nta nyishu ishimishije naronse.

Ariko rero, umwigisha wacu yarubaha cane Bibiliya, kandi yaratwemeza yuko ari igitabu ceranda. Umuyobozi w’ico kigo kirera impfuvyi na we nyene ni ko yabona ibintu, mugabo ku bw’impamvu tutari tuzi ntiyaja mu misa. Igihe narondera kumenya igituma, nabwiwe yuko yari yarigeze kwigana Bibiliya n’Ivyabona vya Yehova, iryo rikaba ryari idini ntari nzi.

Nari mfise imyaka 17 igihe narangiza amashure mu kigo kirera impfuvyi c’i Tesalonike. Intambara ya kabiri y’isi yose yari imaze gutangura, Ubugiriki bukaba bwari bwigaruriwe n’Abanazi. Abantu wasanga bapfira mu mabarabara bishwe n’inzara. Kugira ngo mbe ndamaze kabiri, nahungiye ruguru mu misozi gukora akazi ko mu mirima, nkaza ndaronka agashahara k’inticantikize.

Bibiliya indonsa inyishu

Igihe nasubira i Tesalonike muri Ndamukiza 1945, naragendewe na mushiki w’umwe mu bagenzi banje bo mu bwana twari twarabanye mu bigo birera impfuvyi bitari bike. Uwo mushikiwe yitwa Paschalia yambwiye yuko musazawe bari babuze irengero ryiwe, aca ambaza nimba noba nzi aho ashobora kuba ari. Turiko turaganira yambwiye yuko ari Icabona ca Yehova yongera aravuga ivy’uko Imana ibabaye abantu.

N’umujinya n’akantu, naciye ndamuhaririza cane. Kubera iki namye ndi mu mubabaro kuva mu bwana? Kubera iki nabaye impfuvyi? Imana iba iri hehe igihe tuba tuyikeneye bimwe bihebuje? Yaciye yishura ati: “Ubwo vy’ukuri Imana ni yo ikwiye kwagirizwa ibi bintu bigoye tubayemwo?”. Yaciye akoresha Bibiliya mu kunyereka yuko Imana idacumukuza abantu. Ivyo vyaramfashije kubona yuko Umuremyi akunda abantu be n’uko vuba agiye gutuma ibintu bimera neza. Akoresheje ivyanditswe nka Yesaya 35:5-7 n’Ivyahishuriwe 21:3, 4, yaranyeretse yuko vuba intambara, umuryano, indwara n’urupfu bigiye gukurwaho, be n’uko abantu b’abizigirwa bazobaho kw’isi ibihe bidahera.

Ndonka umuryango ushigikirana

Naramenye yuko musaza wa Paschalia yari yaguye mu ntambara igihe imigwi yitwaje ibirwanisho yatana mu mitwe. Naragendeye umuryango wabo kugira ndabahumurize, mugabo ni bo bahavuye bampumuriza bakoresheje Ivyanditswe. Narasubiyeyo kugira ngo ndonke ibindi vyiyumviro bihumuriza biva muri Bibiliya, hanyuma bidatevye ndahava nifatanya n’umugwi mutoyi w’Ivyabona vya Yehova biga bakongera bagasengera hamwe mu kinyegero. Naho Ivyabona wasanga baharirwa ivomo, nari niyemeje kubandanya kwifatanya na bo.

Muri uwo mugwi w’abakirisu bicisha bugufi, naraharonkeye igishika n’urukundo vyo mu muryango, ivyo nkaba nari ndabinyotewe. Baranshigikiye bongera baramfasha mu buryo bw’impwemu, ivyo na vyo nkaba nari ndabinyotewe. Aho naraharonkeye abagenzi batari abikunzi kandi bitaho abandi, bakaba bari biteguriye kumfasha no kumpumuriza (2 Ab’i Korinto 7:5-7). Ikiruta vyose, narafashijwe kurushiriza kwiyegereza Yehova, uwo nari nsigaye mbona ko ari Umuvyeyi wanje w’umunyarukundo wo mw’ijuru. Kamere ziwe nk’urukundo, imbabazi be n’ukutwitaho cane zarankoze ku mutima rwose (Zaburi 23:1-6). Nari ngiye naronka umuryango wo mu buryo bw’impwemu be n’Umuvyeyi ankunda! Ivyo vyarankoze ku mutima. Bidatevye, vyaratumye niyegurira Yehova, mbatizwa muri Nyakanga 1945.

Kwitaba amakoraniro ntivyongereje ubumenyi bwanje gusa, ariko kandi vyarankomereje ukwizera. Kubera yuko ata bundi buryo twari dufise bwo kwiyunguruza, bamwe muri twebwe akenshi bagira urugendo rw’ibilometero bitandatu kuva mu kigwati twabamwo gushika aho twagirira amakoraniro, tukagenda turagira ibiyago bishingiye ku vy’impwemu ntazokwigera nibagira. Mu mpera zo mu 1945, igihe namenya ko nshobora kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza c’igihe cose, naciye ntangura gukora ubutsimvyi. Kugiranira ubucuti bukomeye na Yehova vyari bikenewe cane, narirya ukwizera kwanje be n’ukutadohoka kwanje vyari bigiye kugeragezwa gushika ku rugero rwa nyuma.

Ukurwanywa kuvamwo ivyiza

Abapolisi akenshi barinjira ku nguvu aho twagirira amakoraniro bakadufatirako inkoho. Igihugu cagendera ku mategeko nk’ay’igihugu kiri mu ntambara kuko intambara y’abanyagihugu yariko iriha inkumbi mu Bugiriki. Imigwi itavuga rumwe yaratabaguranye. Abakuru b’amadini baciye bikika mu kiza, bemeza abategetsi yuko twari Abakomunisita be n’uko bakwiye kuduhama bunyamaswa.

Mu kiringo c’imyaka ibiri, twarahagaritswe akatari gake, vyongeye incuro zitandatu turacirwa umunyororo w’amezi ashika kuri ane. Ariko rero, kubera yuko amabohero yari amaze kwuzuramwo abapfungiwe ivya politike, twaciye turekurwa. Twarakoresheje umwidegemvyo twari turonse tutavyiteze mu kubandanya kwamamaza inkuru nziza, mugabo haciye igihe gito duca dusubira gufatwa. Ivyo vyabaye gatatu mu ndwi. Twari tuzi yuko benshi mu bavukanyi bacu bari batwawe mu mazinga atamera. Ubwo ukwizera kwanje kwari gukomeye bihagije ku buryo nshobora kwihanganira ikigeragezo nk’ico?

Ibintu vyararushirije rwose kugora igihe nategekwa kuza ndarenguka ku biro vy’abapolisi mugabo nza ndataha. Kugira bagume banshinze ijisho, abakuru bandungitse mu kigwati c’i Evosmos hafi y’i Tesalonike, ahari igituro c’abapolisi. Narakotesheje icumba mu micungararo yaho, ntangura kuza ndisumamwo mu gusena inkono n’amapanu vy’umuringa, kugira ndonke ikimbeshaho. Igihe naba ndiko ndakora ubutsimvyi mu bigwati vyo mu micungararo, uwo mwuga waramfasha gushikira imihana ntiriwe ndatuma abapolisi banyikeka. Ico vyavuyemwo ni uko abatari bake bumvise inkuru nziza kandi bakayakira neza. Abarenga cumi muri bo bahavuye bacika abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye.

Namaze imyaka cumi mu mabohero umunani

Nagumye nshinzwe ijisho n’abapolisi gushika mu mpera z’umwaka wa 1949, hanyuma mbona gusubira i Tesalonike nshashaye kubandanya ubusuku bw’igihe cose. Igihe nyene niyumvira yuko urugamba rwanje rwarangiye, ni ukuvuga mu mwaka wa 1950, naciye ntegekwa kwinjira mu gisoda ntari ndavyiteze. Kubera ko bwa mukirisu ntagira aho mpengamiye mu vya politike, nari niyemeje ‘kutiga kurwana’ (Yesaya 2:4). Nari ntanguye urugendo rurerure kandi rucumukuza, rwonshikanye mu mabohero amwamwe yo mu Bugiriki yari azwi cane kubera ububi bwayo.

Urwo rugendo rwatanguriye mu gisagara citwa Drama. Mu mayinga ya mbere namaze mpfungiwe muri ico gisagara, abari binjijwe mu gisoda ku gahato baratanguye imyimenyerezo yo kurasa. Umusi umwe najanywe ku murongo w’abariko bariga kurasa. Intwazangabo imwe yarashize inkoho imbere yanje, maze integeka kurasa. Nanse yaciye itangura kurasa itumbereza iyo ndi. Izindi ntwazangabo zibonye yuko ntaza kwemera, zaciye zitangura kunkubita ingumu ata kagongwe. Baradometse amatabi baca bayanturiza mu biganza. Inyuma y’ivyo baciye banterera aha jenyene. Ivyo vyamaze imisi itatu. Amatabi banturije yarambabaje bimwe bibi, kandi namaze imyaka myinshi mfise inkovu zayo.

Imbere y’uko ndenguka imbere ya sentare ya gisirikare, narungitswe mw’ikambi ya gisirikare y’i Iráklion i Kirete. Maze gushikayo, barankubise buyoka barondera gusenyura ukutadohoka kwanje. Kubera ko natinya guhava ngondozwa, narasenze cane nsaba Dawe wo mw’ijuru ngo ankomeze. Amajambo yo muri Yeremiya 1:19 yaciye anza mu bwenge. Agira ati: “Bazokurwanya, ariko ntibazokunesha, kuko nzoba ndi kumwe nawe ngo nkurokore, ni jewe Uhoraho mbivuze”. “Amahoro y’Imana” atururuza yatumye numva ntekaniwe, aransubiriza umutima hamwe. Naratahuye yuko kwizigira Yehova ugaherezako biranga ubukerebutsi.​—Ab’i Filipi 4:6, 7; Imigani 3:5.

Igihe mu nyuma narengutswa, naciriwe umunyororo w’ubuzima bwanje bwose. Ivyabona vya Yehova bafatwa ko ari bo “bansi b’igihugu” ba mbere. Uwo munyororo w’ubuzima bwanje bwose nawutanguriye mw’ibohero riboherwamwo inkozi z’ikibi ry’i Itsedin, inyuma y’igisagara citwa La Canée, aho napfungiwe aha jenyene. Itsedin yari inyubakwa ya kera, akumba nari mpfungiwemwo kakaba kari kuzuyemwo imbeba. Nafata ikirengeti caheze nkacipfuka guhera ku mutwe gushika ku maguru kugira ngo imbeba ntizinkoreko igihe zaba ziriko zirantondera. Indwara y’umusonga yaransinzikaje. Umuganga yambwiye ko ntegerezwa kwicara hanze ku kazuba, gutyo mba ndonse akaryo ko kuganira n’abanyororo benshi baba bicaye mu mbuga. Ariko rero nararemvye, hanyuma inyuma y’aho mviririye amaraso menshi mu mahaha, bandungika mu bitaro vy’i Iráklion.

Umuryango wanje wo mu buryo bw’impwemu ugizwe n’abakirisu bagenzi banje warongeye kunserukako muri ico gihe nari ndawukeneye (Ab’i Kolosayi 4:11). Abavukanyi baba i Iráklion barangendeye badahorereza, barampumuriza bongera barandemesha. Narababwiye yuko nkeneye ibitabu kugira nshinge intahe ku bashimishijwe n’inkuru nziza. Baranzaniye ivalisi ifise munsi habiri, aho ha kabiri akaba ari ho nanyegeza ibitabu. Ese ingene nahimbawe n’uko mu kiringo namaze muri ayo mabohero nafashije abantu twari tubohewe hamwe batari munsi ya batandatu bagacika abakirisu b’ukuri!

Muri ico gihe intambara y’abanyagihugu yari yarangiye, imyaka nari naciriwe gupfungwa na yo iragabanywa gushika ku myaka cumi. Imyaka y’umunyororo nari nsigaje nayimaze mu mabohero y’i Rethimno n’i Genti Koule no mw’ibohero ry’i Cassandra. Maze imyaka nka cumi mu mabohero umunani, nararekuwe nsubira i Tesalonike aho nakirijwe yompi n’abavukanyi banje nkunda b’abakirisu.

Nsagambira mu kivukano c’abakirisu

Gushika igihe mviriye mw’ibohero, Ivyabona vya Yehova bo mu Bugiriki barashobora gusenga mu mwidegemvyo ku rugero runaka. Naciye mboneraho akaryo ko gusubira gukora ubusuku bw’igihe cose. Bidatevye nararonse uwundi muhezagiro mu kumenyana n’umuvukanyikazi mukirisu w’intahemuka yitwa Katina, yakunda Yehova kandi yakorana umwete mu gikorwa c’ukwamamaza. Twubakanye muri Gitugutu 1959. Ivuka ry’agakobwa kacu Agape be no kuba mfise umuryango ugizwe n’abakirisu, vyaratumye ndushiriza gukira imvune z’imyaka namaze ndi impfuvyi. Hejuru ya vyose, umuryango wacu wari uhimbawe no gukora witwararikwa wongera ukingirwa na Dawe wa twese wo mw’ijuru adukunda, Yehova.​—Zaburi 5:11.

Bivanye n’ingorane zindengeye, nabwirijwe guhagarika igikorwa c’ubutsimvyi, mugabo narashigikira umukenyezi wanje mu murimo w’igihe cose yabandanije gukora. Ikintu c’intibagirwa koko mu buzima bwanje bwa gikirisu cashitse mu 1969, igihe hagirwa ihwaniro mpuzamakungu ry’Ivyabona vya Yehova i Nuremberg mu Budagi. Kubera nariko nitegurira kujayo, narasavye igitabu c’inzira. Igihe umukenyezi wanje yagenda ku biro vy’abapolisi kugira abaze igituma hari haciye amezi arenga abiri ntararonka nya gitabu, intwazangabo imwe yasokoroye umuganda w’ibipapuro vyinshi ibikuye mu kabati hanyuma ica ivuga iti: “Uriko usabira igitabu c’inzira uyu muntu kugira ngo akwegere abantu bo mu Budagi mw’idini arimwo? Ntibishoboka! Arateye akaga”.

Ndabifashijwemwo na Yehova be n’abavukanyi bamwe, narashizwe mu mugwi w’abantu basangijwe igitabu kimwe c’inzira, gutyo ndashobora gushika kuri iryo hwaniro mpuzamakungu ryiza igitangaza. Abari baje kuri iryo hwaniro bararenga 150.000, kandi narabona neza ingene impwemu ya Yehova yariko iyobora yongera ishira hamwe uwo muryango wo mu buryo bw’impwemu ugizwe n’abantu bo mu mahanga atandukanye. Mu myaka yakurikiye, nararushirije kubona agaciro k’ikivukano c’abakirisu.

Mu 1977, umukenyezi wanje mukundwa akongera akaba n’umugenzi w’intahemuka yarapfuye. Ntako ntagize kugira ndere umukobwa wanje nisunze ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, mugabo sinari jenyene. Umuryango wanje wo mu buryo bw’impwemu warasubiye kunserukako. Nzokwama nkenguruka cane ingene abavukanyi bamfashije muri ico gihe kigoye. Bamwe muri bo mbere barimukiye i muhira imisi mikeyi kugira bandabire umwana. Sinzokwigera nibagira urukundo rwabo rurangwa n’agatima ko kwitanga.​—Yohana 13:34, 35.

Agape yarakuze hanyuma yubakana n’umuvukanyi yitwa Elias. Bafise abana bane b’abahungu, bose bakaba bari mu kuri. Mu myaka ya vuba, nararwaye akatari gake indwara yo kuva amaraso mu bwonko, kandi ubu amagara yanje yarabaye nabi. Umukobwa wanje n’umuryango wiwe baranyitwararika cane. Naho mfise amagara make, ndacafise impamvu nyinshi zo kunezerwa. Ndibuka igihe i Tesalonike hose hari abavukanyi bashika ijana gusa, abo bakaba bikoraniriza mu mihana binyegeje. Ubu hari Ivyabona b’abanyamwete bashika ibihumbi bitanu (Yesaya 60:22). Iyo turi ku mahwaniro, abavukanyi bakiri bato bahora banyegera bakambaza bati: “Uribuka igihe wahora utuzanira ibinyamakuru i muhira?”. Naho abavyeyi babo bashobora kuba batasoma nya binyamakuru, abana babo bobo barabisoma, kandi barateye imbere mu vy’impwemu.

Ndavye iterambere ry’ishirahamwe rya Yehova, ndumva yuko ibigeragezo naciyemwo vyose bitabaye impfagusa. Nama mbwira abuzukuru banje be n’abandi bakiri bato kwibuka Se wabo wo mw’ijuru mu buto bwabo, kandi ntazokwigera abata (Umusiguzi 12:1). Yehova yarashikije amajambo yiwe, aba “se w’impfuvyi” kuri jewe (Zaburi 68:5). Naho nabaye impfuvyi yigorewe kuva nkiri umwana, nahavuye ndonka Umuvyeyi anyitaho.

[Ifoto ku rup. 22]

Narabaye umutetsi mw’ibohero ry’i Drama

[Ifoto ku rup. 23]

Ndi kumwe na Katina ku musi w’ubugeni bwacu mu 1959

[Ifoto ku rup. 23]

Iteraniro twagiriye mw’ishamba ryari hafi y’i Tesalonike, mu mpera z’imyaka ya 1960

[Ifoto ku rup. 24]

Turi kumwe n’akigeme kacu mu 1967

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika