Abarinzi b’umwami babwirwa inkuru nziza
Ni mu mwaka wa 59 G.C. Imbohe zitari nke zirinjira i Roma ziciye mw’irembo ryitwa Porta Capena, zicunzwe n’abasoda baruhijwe n’urugendo. Ku Murambi Palatine hari ikirimba c’Umwami w’abami Nero, gicunzwe n’abasoda b’Umwami bafise inkota zinyegeje mu mitamana bambaye.a Intwazangabo y’abasoda 100 yitwa Yuliyo iracisha izo mbohe zayo mu Kibanza nyamukuru c’ihuriro c’i Roma ikabadugana Umurambi Viminal. Baraca iruhande y’ubusitani burimwo ibicaniro vyinshi vy’ibimana vy’Abaroma bakongera bagaca mu kibuga abasoda bagiriramwo imyimenyerezo.
Ishusho y’abasoda bo mu Barinzi b’umwami vyiyumvirwa ko yakuwe ku cubako ciswe Umuheto wa Kolode, cubatswe mu 51 G.C.
Muri izo mbohe harimwo n’intumwa Paulo. Amezi nk’angahe imbere y’aho, igihe yari mu bwato bwariko burazungazungishwa n’igihuhusi, hari umumarayika w’Imana yamubwiye ati: “Utegerezwa guhagarara imbere ya Sezari.” (Ivyak. 27:24) Paulo yoba agira yibonere ico kintu? Igihe ahindukira kugira arabe umurwa mukuru w’Inganji y’Uburoma, nta gukeka ko aca yibuka amajambo Umukama Yezu yamubwiriye ku Munara wa Antonia w’i Yeruzalemu. Yezu yavuze ati: “Gira umutima rugabo! Kuko nk’uko umaze igihe ushinga intahe inogangije ku binyerekeye i Yeruzalemu, ni na ko utegerezwa gushinga intahe i Roma.”—Ivyak. 23:10, 11.
Kumbure Paulo arahagarara kugira arabe ikambi ry’Abarinzi b’umwami ryitwa Castra Praetoria, rino rikaba ari iboma rinini rifise impome ndende z’amatafari ahiye, hejuru yazo hakaba hari udukuta tw’irindiro n’iminara. Iryo boma ribamwo Abarinzi b’umwami bacungera ubuzima bw’umwami w’abami bakongera bakaba abapolisi b’ico gisagara. Kubera ko ryaba ririmwo imigwib 12 y’Abarinzi b’umwami be n’imigwi itari mike y’abacunga igisagara, iryo boma ryarashobora kubamwo abasoda ibihumbi bitari bike, harimwo n’abarwanira ku mafarasi. Iryo Boma riributsa aho ububasha bw’umwami w’abami buva. Kubera ko Abarinzi b’umwami ari bo bajejwe imbohe ziva mu ntara zitandukanye, Yuliyo arayobora uwo mugwi wiwe akawucisha muri rimwe mu marembo ane makuru y’ico gisagara. Inyuma y’urugendo ruruhisha rw’amezi atari make, amaherezo arajana imbohe ziwe iyo zigenewe kuja.—Ivyak. 27:1-3, 43, 44.
IYO NTUMWA YAMAMAZA ‘ATA KIYITANGIRA’
Muri urwo rugendo, Paulo yareretswe n’Imana yuko uwo mugwi wose worokotse ugusaba kw’ubwato. Kuba yarakomowe n’inzoka nta co vyamugize. Yarakijije abarwaye mw’izinga rya Malita, aho abantu baho baciye batangura kuvuga ko yari imana. Amakuru ajanye n’ivyo bintu ashobora kuba yarakwiragijwe mu Barinzi b’umwami bemera ibintazi.
Paulo aramaze kubona abavukanyi bavuye i Roma ‘baje kumusanganira ku Kaguriro ka Apiyo n’ahitwa Uburaro Butatu.’ (Ivyak. 28:15) Ariko none ko Paulo yari imbohe yari gushobora gute gushitsa icipfuzo yari afise co kumenyesha inkuru nziza i Roma? (Rom. 1:14, 15) Hari abiyumvira ko izo mbohe zari gushikirizwa umukuru w’abarinzi. Nimba ari ukwo biri, birashoboka ko Paulo yajanywe ku Mukuru w’Abarinzi b’umwami yitwa Afranius Burrus, akaba kumbure ari we yakurikira havuye umwami w’abami.c Uko vyoba biri kwose, aho kugira ngo Paulo arindwe n’intwazangabo z’abasoda ijanijana, ubu arinzwe n’umusoda asanzwe umwe wo mu Barinzi b’umwami. Paulo aremerewe kwironderera aho aba no kwakira abashitsi akababwira inkuru nziza “ata kimutangira.”—Ivyak. 28:16, 30, 31.
PAULO ASHINGA INTAHE KU BATO NO KU BAHAMBAYE
Impome z’iboma rya Castra Praetoria nk’uko ziri muri iki gihe
Mu kurangura amabanga yiwe ajanye no guca imanza, Burrus kumbure arabaza ibibazo intumwa Paulo, bari ku kirimba canke mw’ikambi ry’Abarinzi b’umwami, imbere y’uko ajana urwo rubanza kwa Nero. Paulo ntagisha ako karyo kadasanzwe ko “gushinga intahe ku bato no ku bahambaye.” (Ivyak. 26:19-23) Ivyo Burrus yoba yarasuzumye vyaba ibihe, Paulo ntashirwa mw’ibohero mw’ikambi ry’Abarinzi b’umwami.d
Inzu Paulo apanze ni nini bihagije ku buryo yakira “abantu bakurubakuru bo mu Bayuda” akongera agashinga intahe kuri bo no ku bandi “baza kuri we aho yaba, ari benshi kuruta.” Hariho kandi n’abasoda bo mu Barinzi b’umwami bategerezwa kuguma bamwumviriza, bamwumva “[ariko ara]shinga intahe inogangije” ku Bayuda ku bijanye n’Ubwami no ku bijanye na Yezu, “kuva mu gatondo gushika ku mugoroba.”—Ivyak. 28:17, 23.
Igihe Paulo yari imbohe, abasoda baramwumva yandikisha amakete
Umugwi w’Abarinzi b’umwami uba uriko urakorera ku kirimba, urasubirizwa buri musi kw’isaha igira umunani. Abarinda Paulo na bo nyene baza barasubirizwa. Mu myaka ibiri iyo ntumwa imara ari imbohe, abasoda baramwumva yandikisha amakete yo kurungikira abakirisu b’Abanyefeso, Abafilipi, Abakolosayi, n’Abaheburayo bakongera bakamubona ariko arandikira ikete umukirisu yitwa Filemoni. Paulo ari mw’ibohero, aritwararika umushumba yomotse, ari we Onezime, ‘uwo yabereye nka se ari mu mvuto,’ maze akamusubiza kwa shebuja. (Flm. 10) Nta gukeka ko Paulo yitwararika kandi abamurinda. (1 Kor. 9:22) Turashobora kwiha ishusho ariko arabaza ibibazo umusoda kanaka ku bijanye n’akamaro k’ibirwanisho bitandukanye hanyuma agakoresha ayo makuru mu kigereranyo ciza.—Ef. 6:13-17.
“KUVUGA IJAMBO RY’IMANA ATA BWOBA”
Ugupfungwa kwa Paulo kuratuma “inkuru nziza itera imbere” mu Barinzi b’umwami bose no mu bandi. (Flp. 1:12, 13) Ababa muri rya boma rya Castra Praetoria barahanahana amakuru n’abantu bo hirya no hino muri iyo Nganji y’Uburoma hamwe n’umwami w’abami be n’urugo rwiwe rugizwe n’abantu benshi. Aho harimwo abo mu muryango wiwe, abasuku be n’abashumba, bamwebamwe muri bo bakaba bacika abakirisu. (Flp. 4:22) Biciye ku ntahe Paulo ashinga abigiranye ubutinyutsi, abavukanyi b’i Roma baragira umutima rugabo “wo kuvuga ijambo ry’Imana ata bwoba.”—Flp. 1:14.
Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose turashobora kuronka abatwumviriza mu badukorera ibikorwa bitandukanye
Intahe Paulo ashinga i Roma iraturemesha na twebwe uko ‘twamamaza rya jambo mu gihe ciza no mu gihe kigoye.’ (2 Tim. 4:2) Bamwe muri twebwe usanga badashobora kuva i muhira, bari mu mazu abungabungirwamwo abageze mu za bukuru canke mu bitaro, kibure mbere bapfunzwe bahorwa ukwizera kwabo. Uko ivyacu vyoba vyifashe kwose turashobora kuronka abatwumviriza mu baza aho turi, kumbure baje kuturaba canke kudukorera ibikorwa bitandukanye. Igihe dushinga intahe tubigiranye umutima rugabo igihe cose akaryo kabonetse, turibonera ko “ijambo ry’Imana [rita]boshwe.”—2 Tim. 2:8, 9.
a Raba uruzitiro ruvuga ngo “Abarinzi b’umwami mu gihe ca Nero.”
b Umugwi umwumwe waba ugizwe n’abasoda bashika 1.000.
c Raba uruzitiro ruvuga ngo “Sextus Afranius Burrus.”
d Herodi Agiripa yarapfungiwe ng’aho na Tiberiyo Sezari mu 36/37 G.C. ahorwa ko yaseruye icipfuzo afise c’uko Kaligula atoteba kuba umwami w’abami. Kaligula akimara kuba umwami w’abami, yaciye ashimira Herodi mu kumugira umwami.—Ivyak. 12:1.