ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 15/2 rup. 8-12
  • Woba uha agaciro iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uha agaciro iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • ABASAVYI BA YEHOVA BATSINDA URUGAMBA
  • INYIGISHO Y’UBUTATU SI IYA NONE
  • UBUPFUMU BWIBONEKEZA
  • ABANTU BOBA BABABARIZWA I KUZIMU?
  • “KUBOHORWA BICIYE KU NCUNGU” BIRAHAMBAYE
  • DUTERE TUJA IMBERE UKO TURI IGISATA KU BW’IZINA RYA YEHOVA
  • Imizimu—Irashobora Kugufasha? Canke Irashobara Kugutera?
    Imizimu—Irashobora kudufasha? Canke irashobora kudutera?
  • Babiloni Akomeye ni iki?
    Inyishu z’ibibazo bishingiye kuri Bibiliya
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 15/2 rup. 8-12

Woba uha agaciro iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu?

“Imana yitayeho amahanga . . . ngo iyakuremwo igisata ku bw’izina ryayo.”—IVYAK. 15:14.

WOKWISHURA GUTE?

  • Nuvuge inyigisho kanaka iteye kubiri n’Ivyanditswe, wongere werekane ukuntu twayikingiwe.

  • Twabohowe gute mu gicumuro n’urupfu?

  • Ubona gute ubusegaba bwa Yehova be na ca kibazo bifitaniye isano kijanye n’ugutungana?

1, 2. (a) “Urusago rwa Dawidi” rwari iki, kandi ni mu buryo ubuhe rwari gusubira kwubakwa? (b) Ni bande basukurira hamwe ari abasavyi ba Yehova muri iki gihe?

MU GIHE c’ikoraniro ry’intibagirwa inama nyobozi yagiriye i Yeruzalemu mu 49 G.C., umwigishwa Yakobo yavuze ati: “Simeyoni [Petero] yiganye ata co asize inyuma ingene Imana yitayeho amahanga ari bwo bwa mbere ngo iyakuremwo igisata ku bw’izina ryayo. Kandi amajambo y’Abahanuzi arahuye n’ivyo, nk’uko vyanditswe ngo: ‘Inyuma y’ivyo bintu nzogaruka nongere kwubaka urusago rwa Dawidi rwatemvye; kandi nzokwongera kwubaka ibihomvagurike vyarwo nongere kuruhagarika, kugira ngo abasigaye bo mu bantu baronderane ubwira Yehova, bari kumwe n’abo mu mahanga yose, igisata citirirwa izina ryanje, ni ko Yehova avuga, ari na we akora ivyo bintu bizwi kuva kera.’”—Ivyak. 15:13-18.

2 “Urusago [ni ukuvuga inzu ya cami] rwa Dawidi” rwatemvye igihe Umwami Zedekiya yakurwa ku ngoma. (Am. 9:11) Ariko rero, urwo “rusago” rwosubiye kwubakwa, uwukomoka kuri Dawidi ari we Yezu akaba yobaye Umwami yamaho. (Ezk. 21:27; Ivyak. 2:29-36) Nk’uko Yakobo yavyerekanye muri iyo nama y’intibagirwa, ubwo buhanuzi bwa Amosi bwariko buraranguka mu kuba ba samuragwa b’Ubwami bariko barakoranirizwa hamwe bakuwe mu Bayuda no mu Banyamahanga. Muri iki gihe, amasigarira y’abakirisu barobanuwe be n’abantu amamiliyoni bagize “izindi ntama” za Yezu barunze ubumwe mu gutangaza ukuri kwo muri Bibiliya ari abasavyi ba Yehova.—Yoh. 10:16.

ABASAVYI BA YEHOVA BATSINDA URUGAMBA

3, 4. Abasavyi ba Yehova barokotse gute mu buryo bw’impwemu i Babiloni?

3 Igihe Abayuda bajanwa kugirwa imbohe i Babiloni, vyaragaragara ko “urusago rwa Dawidi” rwari rwatemvye. None ko idini ry’ikinyoma ryari ryiraye i Babiloni, abasavyi b’Imana barokotse gute mu buryo bw’impwemu muri ya myaka 70 bamarayo ari inyagano, kuva mu 607 B.G.C. gushika mu 537 B.G.C.? Barokotse nk’uko twebwe abasavyi ba Yehova turokoka muri iyi si itwarwa na Shetani. (1 Yoh. 5:19) Hariho iragi ry’agaciro ryo mu buryo bw’impwemu ryatumye ukwo kurokoka gushoboka.

4 Turafise Ijambo ry’Imana ryanditse, rikaba riri mu bigize iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu. Abayuda bari inyagano i Babiloni ntibari bafise Ivyanditswe Vyeranda bikwiye, mugabo bari bazi Itegeko rya Musa na ya Mabwirizwa Cumi yari muri ryo. Bari bazi “indirimbo z’i Siyoni,” barashobora kwibuka imigani myinshi, kandi bari bazi ibintu bihambaye vyakozwe n’abasavyi ba Yehova bo hambere. Egome, abo bantu bari mu bunyagano bararira igihe baba bibutse Siyoni, kandi ntibibagiye Yehova. (Soma Zaburi 137:1-6.) Ivyo vyatuma baguma ari bazima mu buryo bw’impwemu mbere n’i Babiloni, ahari inyigisho n’imigenzo vyinshi vy’ikinyoma.

INYIGISHO Y’UBUTATU SI IYA NONE

5. Ni ibimenyamenya ibihe dufise vy’uko i Babiloni ha kera no mu Misiri ha kera hariho ubutatu butandukanye?

5 Ubutatu wari umuce uhambaye w’ugusenga kw’i Babiloni. Ubutatu bumwe bw’Abanyababiloni bwari bugizwe na Sini (imana-kwezi), Shamashi (imana-zuba), na Ishitari (imanakazi y’ivy’irondoka n’intambara). Mu Misiri ha kera, akenshi imana yabonwa ko yubakanye n’imanakazi yayivyarira umwana w’umuhungu, “zigaca ziba zitatu canke ubutatu aho kandi serugo atama ari we mukuru, rimwe na rimwe akaba yarangura uruhara rw’umugabo w’umwamikazi, mu gihe imana kizigenza y’ako karere yaguma ari imanakazi.” (New Larousse Encyclopedia of Mythology) Ubutatu bumwe bw’Abanyamisiri bwari bugizwe n’imana Ozirisi, imanakazi Izisi be n’umuhungu wazo Horusi.

6. Wodondora gute Ubutatu, kandi ni gute twakingiwe ico kinyoma?

6 Abiyita abakirisu barafise Ubutatu bwabo. Abakuru b’amadini bavuga yuko Data, Umwana be n’impwemu nyeranda bagize Imana imwe. Mugabo ukwo ni ukurwanya ubusegaba bwa Yehova, mu gutuma aboneka ko agizwe n’ibihimba bitatu, ku bwa ngingo akaba ari kimwe muri ivyo bihimba vyitwa ko bigize imana. Abasavyi ba Yehova barakingiwe ico kinyoma kubera ko bemera aya majambo yahumetswe agira ati: “Umviriza, ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.” (Gus. 6:4) Ko Yezu yasubiyemwo ayo majambo, hoba hari umukirisu w’ukuri yomuvuguruza?—Mrk. 12:29.

7. Ni kubera iki bidashoboka ko umuntu yemera Ubutatu abatizwa bwa kimenyetso c’uko yiyeguriye Imana mu buryo bwemewe?

7 Inyigisho y’Ubutatu irateye kubiri n’igikorwa Yezu yashinze abayoboke biwe co “[guhindura] abantu bo mu mahanga yose abigishwa, [ba]babatiza mw’izina rya Data n’iry’Umwana n’iry’impwemu nyeranda.” (Mat. 28:19) Kugira ngo umuntu abatizwe abe umukirisu w’ukuri n’Icabona ca Yehova, ategerezwa kwemera icese ko Data Yehova aruta vyose, akanemera icese ikibanza n’ubukuru Yezu Umwana w’Imana afise. Uwugiye kubatizwa ategerezwa kandi kwemera yuko impwemu nyeranda ari inguvu y’Imana ikora akazi, atari kimwe mu bigize Ubutatu. (Ita. 1:2) Umuntu abandanya kwemera Ubutatu ntashobora kubatizwa bwa kimenyetso c’uko yiyeguriye Yehova Imana mu buryo bwemewe. Ese ukuntu dukenguruka kuba iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu ryaradukingiye iyo nyigisho itukisha Imana!

UBUPFUMU BWIBONEKEZA

8. Abanyababiloni babona gute ibimana n’amadayimoni?

8 Ivyiyumviro bijanye n’idini ry’i Babiloni wasanga vyuzuyemwo inyigisho z’ikinyoma, ivy’ibimana, ivy’amadayimoni be n’ivy’ubupfumu. Igitabu kimwe (The International Standard Bible Encyclopaedia) kivuga giti: “Mw’idini ry’Abanyababiloni, havuye ibimana haca hakurikira amadayimoni, ano akaba yari afise ububasha bwo guteza abantu indwara z’ubwoko bwinshi zo ku mubiri canke mu bwenge. Bisa n’uko igice kinini c’iryo dini cari carahebewe urugamba rutoroshe rwo kurwanya ayo madayimoni, kandi ahantu hose abantu baritura ivyo bimana mw’isengesho kugira ngo bibafashe kurwanya ayo madayimoni.”

9. (a) Ni gute Abayuda benshi batwawe n’ivyiyumviro vy’idini ry’ikinyoma igihe bari mu bunyagano i Babiloni? (b) Dukingirwa gute ingeramizi zo gukorana n’amadayimoni n’ibigirankana?

9 Igihe Abayuda bari mu bunyagano i Babiloni, abenshi baratwawe n’ivyiyumviro biteye kubiri n’Ivyanditswe. Igihe ivyiyumviro vy’Abagiriki vyakwiragira, Abayuda benshi barigaruriwe n’amadayimoni kubera ko batanguye kwemera yuko amadayimoni ashobora kugirira umuntu nabi canke neza. Iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu riradukingira ingeramizi yo gukorana n’amadayimoni n’ibigirankana, kuko tuzi yuko Imana yiyamirije ubupfumu bwakorerwa i Babiloni. (Yes. 47:1, 12-15) Vyongeye, tuyoborwa n’ukuntu Imana ibona ubupfumu.—Soma Gusubira mu vyagezwe 18:10-12; Ivyahishuwe 21:8.

10. Twovuga iki ku bijanye n’imigenzo be n’inyigisho vya Babiloni Akomeye?

10 Ubupfumu ntibwakozwe n’Abanyababiloni gusa, mugabo kandi bwarakozwe n’abafata mu mugongo Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma. (Ivyah. 18:21-24) Ayo madini y’ikinyoma mu vy’ukuri ameze nk’idini ryo muri Babiloni ya kera kubera ko aho ari ho hakomotse ivyiyumviro bitari vyo n’ingeso mbi. Babiloni Akomeye, uno akaba yuzuyemwo ivy’ubupfumu, ugusenga ibigirwamana be n’ibindi bicumuro, aracariho, mugabo asigaje igihe gito.—Ivyahishuwe 18:1-5.

11. Ni ingabisho izihe twasohoye mu bitabo vyacu ku bijanye n’ubupfumu?

11 Yehova yavuze ati: “Sinshobora kwihanganira ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza.” (Yes. 1:13) Abantu bo mu kinjana ca 19 baremera cane ibijanye n’imizimu. Ni co gituma Umunara w’Inderetsi w’i Siyoni wo muri Rusama 1885 wavuze uti: “Ivyo kwemera yuko abapfuye baba bagiye kuba mu kandi karere canke baba bahindutse ukundi si bishasha. Vyari mu vyo aba kera bemera, kandi ni vyo inkuru zose z’ibitito zakomotseko.” Ico kiganiro congeyeko yuko iciyumviro giteye kubiri n’Ivyanditswe c’uko abapfuye bavugana n’abazima “cakingiye congera kiraha inguvu ibintu vy’uruhendo ‘amadayimoni’ akora yigize imizimu y’abantu. Yarakoresheje abishashaye ubwo buryo bwo guhisha ico ari, gutyo arabandanya kugira akosho ku buzima bw’abantu benshi no ku mizirikanyi yabo.” Agatabu ka kera kavuga ngo Ivyanditswe bivuga iki ku bijanye n’ubupfumu? (mu congereza) karatanze ingabisho nk’izo, nk’uko ibisohokayandikiro vyacu vya vuba vyabigize.

ABANTU BOBA BABABARIZWA I KUZIMU?

12. Salomo ahumekewe n’Imana, yavuze iki ku bijanye n’ukuntu abapfuye bamerewe?

12 “Abamenye ukuri bose” barashobora kwishura ico kibazo. (2 Yoh.  1) Nta gukeka ko twemera aya majambo ya Salomo agira ati: “Imbwa ibona iruta intambwe ipfuye. Kuko abazima bazi yuko bazopfa; mugabo abapfuye, nta co bazi namba . . . Ikintu cose ukuboko kwawe kuronse co gukora, nugikorane ububasha bwawe, kuko ata gikorwa, canke umugambi, canke ubumenyi, canke ubukerebutsi mu kuzimu, aho uriko uraja.”—Umus. 9:4, 5, 10.

13. Idini ry’Abagiriki be n’imico kama yabo vyagize akosho gute ku Bayuda?

13 Abayuda bari bafise akaryo ko kumenya ukuri ku vyerekeye abapfuye. Ariko rero, igihe abajenerali ba Alegizandere Mukuru bagabangana Ubugiriki, haragizwe utwigoro two gushira hamwe Yuda na Siriya biciye kw’idini ry’Abagiriki n’imico kama yabo. Ivyo vyatumye Abayuda bemera inyigisho z’ikinyoma z’uko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa be n’uko hariho ikibanza co mu kuzimu co kubabarizwamwo. Abagiriki si bo batanguje iciyumviro c’uko mu kuzimu hariyo ikibanza cuzuyemwo imitima y’ubwenge iguma ibabazwa, kuko Abanyababiloni biyumvira yuko “i kuzimu . . . ari ikibanza cuzuyemwo ibintu biteye ubwoba, . . . bihagarikiwe n’ibimana be n’amadayimoni bikomeye cane kandi vy’ibibisha.” (The Religion of Babylonia and Assyria) Egome, Abanyababiloni baremera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa.

14. Yobu na Aburahamu bari bazi iki ku bijanye n’urupfu be n’izuka?

14 Naho wa mugabo w’umugororotsi Yobu atari afise Ivyanditswe, yari azi ukuri ku vyerekeye urupfu. Yaratahura kandi ko Yehova ari Imana y’urukundo yoshashaye kumuzura. (Yobu 14:13-15) Aburahamu na we nyene yaremera izuka. (Soma Abaheburayo 11:17-19.) Kubera ko kuzura umuntu adashobora gupfa ari ikintu kidashoboka, abo bagabo batinya Imana ntibemera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa. Nta gukeka ko impwemu y’Imana yafashije Yobu na Aburahamu gutahura ukuntu abapfuye bamerewe no kwizera izuka. Ukwo kuri na kwo nyene kuri mu bigize iragi ryacu.

Twakingiwe gute inyigisho z’ikinyoma?

“Umviriza, ewe Isirayeli: Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.”—Gus. 6:4

“Sinshobora kwihanganira ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza.”—Yes. 1:13

“Mugabo abapfuye, nta co bazi namba.”—Umus. 9:5, 10

“KUBOHORWA BICIYE KU NCUNGU” BIRAHAMBAYE

15, 16. Twabohowe gute mu gicumuro n’urupfu?

15 Turakenguruka kuba Imana yarahishuye kandi ukuri ku vyerekeye uburyo yakoresheje mu kudukiza igicumuro n’urupfu twarazwe na Adamu. (Rom. 5:12) Turatahura ko Yezu “yaje, atari kugira akorerwe, ariko kugira akorere abandi, no kugira atange ubuzima bwiwe bwa ncungu ya benshi.” (Mrk. 10:45) Ese ukuntu ari vyiza kumenya ivyerekeye “kubohorwa biciye ku ncungu yarishwe na Kristu Yezu”!—Rom. 3:22-24.

16 Abayuda n’Abanyamahanga bo mu kinjana ca mbere bari bakeneye kwigaya ibicumuro vyabo no kwizera inkuka y’incungu ya Yezu. Ahandiho, ntiboshoboye kubabarirwa. Ukwo ni ko biri no muri iki gihe. (Yoh. 3:16, 36) Mu gihe umuntu yumiye ku nyigisho z’ikinyoma, nk’Ubutatu no kwemera ko umuntu afise umutima w’ubwenge udapfa, ntashobora kwungukira ku ncungu. Mugabo twebwe turashobora kuyungukirako. Turazi ukuri ku vyerekeye “Umwana w’urukundo [rw’Imana], muri uyo tukaba turonka ukubohorwa biciye ku ncungu, ukubabarirwa ibicumuro vyacu.”—Kol. 1:13, 14.

DUTERE TUJA IMBERE UKO TURI IGISATA KU BW’IZINA RYA YEHOVA

17, 18. Ni hehe twokura amakuru ngirakamaro yerekeye kahise kacu, kandi dushobora gute kwungukira ku kwiga ibikerekeye?

17 Hariho ibindi bintu vyinshi twovuga ku bijanye n’inyigisho z’ukuri dufise, ivyo twebwe abasavyi ba Yehova twibonera be n’imihezagiro yo mu buryo bw’impwemu no mu buryo bw’umubiri twironkera. Ibitabu vy’umwaka vyacu biramaze imyaka mirongo bisohorwamwo inkuru ziteye akamwemwe zerekeye ibikorwa turangurira mu bihugu bitandukanye vyo kw’isi. Kahise kacu kariganwa muri ya mavidewo (mu gifaransa) avuga ngo Ivyabona vya Yehova—Ingene ukwizera kwabo kwagaragariye mu bikorwa, Igice ca 1 n’ica 2, no mu bisohokayandikiro nka ca gitabu Les Témoins de Jéhovah: Prédicateurs du Royaume de Dieu. Vyongeye, ibinyamakuru vyacu akenshi usanga birimwo inkuru z’ubuzima zikora ku mutima zerekeye abo dusangiye ukwemera twikundira.

18 Turungukira ku kwihweza mu buryo buri ku rugero ibijanye na kahise k’ishirahamwe rya Yehova, nka kurya nyene Abisirayeli bungukira ku kuzirikana ukuntu Imana yabarokoye ikabakura mu buja bwo mu Misiri. (Kuv. 12:26, 27) Musa, akaba yari umutama yashobora gushingira intahe ibikorwa bitangaje vy’Imana, yahimirije Abisirayeli ati: “Ibuka imisi ya kera, rimbura imyaka yo hambere uva kw’iyaruka uja ku rindi; baza so, arakwiganira; abatama bawe, barabikubwira.” (Gus. 32:7) ‘Twebwe abantu ba Yehova tukaba n’umukuku wo mu buragiriro bwiwe,’ twese turatangaza tunezerewe ishemezo ryiwe kandi tukabwira abandi ibijanye n’ibikorwa vyiwe vy’inkomezi. (Zab. 79:13) Vyongeye, vyoba vyiza dusuzumye kahise kacu, tukakigirako, maze tugategekanya kazoza.

19. Ko twifitiye umuco wo mu buryo bw’impwemu, dukwiye gukora iki?

19 Turakenguruka kuba tutazimagirika mu mwiza mugabo tukaba twifitiye umuco wo mu buryo bw’impwemu uva ku Mana. (Imig. 4:18, 19) Nimuze rero twige Ijambo ry’Imana tubigiranye ubwira twongere tubwire abandi ukuri tubigiranye umwete kandi dufise agatima ko gukunda gusenga nk’ak’umwanditsi w’amazaburi, uwashemeje Umukama Segaba Yehova mu kuvuga ati: “Nzovuga ubugororotsi bwawe, ubwawe gusa. Ewe Mana, wanyigishije kuva mu buto bwanje, kandi gushika n’ubu nguma ntangaza ibikorwa vyawe vy’agatangaza. Mbere no gushika mu gihe c’ubusaza n’imvi ku mutwe, ewe Mana, ntumpebe, gushika mbwiye iyaruka ivy’ukuboko kwawe, mbwiye abazoza bose ivy’ubushobozi bwawe.”—Zab. 71:16-18.

20. Ni ibibazo bifitaniye isano ibihe bihari, kandi ubibona gute?

20 Twebwe abasavyi ba Yehova bamwiyeguriye, turatahura vya bibazo bifitaniye isano bijanye n’ubusegaba bw’Imana be n’ugutungana kw’abantu. Nkako, turatangaza ukuri ntaharirizwa kw’uko Yehova ari we Segaba w’ibiriho vyose, abereye ko tumwihebera n’umutima wacu wose. (Ivyah. 4:11) Turabwira kandi inkuru nziza abatekereza, tugatubika abavunitse umutima kandi tugahoza abagandaye, ivyo tukabigira impwemu yiwe iri kuri twebwe. (Yes. 61:1, 2) Naho Shetani agira utwigoro tw’impfagusa two kuganza abasavyi b’Imana be n’abantu bose, turaha agaciro cane iragi ryacu ryo mu buryo bw’impwemu kandi twiyemeje kugumana ugutungana kwacu imbere y’Imana no guhaya Umukama Segaba Yehova ubu n’ibihe bidahera.—Soma Zaburi 26:11; 86:12.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika