Gushitsa Ivyo Yehova Imana Asaba Biramuhayagiza
“Nzoyihimbarisha ishimwe ry’ivyo yankoreye.”—ZABURI 69:30.
1. (a) Ni kuki Yehova akwiriye guhayagizwa? (b) Tumuhayagiza gute mu kumushimira?
YEHOVA ni we Mana Mushoboravyose, ni we Segaba w’Ivyaremwe Vyose, ni we Muremyi. Ku bw’ivyo, izina ryiwe n’imigambi yiwe birakwiriye guhayagizwa. Guhayagiza Yehova bisobanura kumutera iteka rirengeye iry’ibintu vyose no kumushemeza mu mvugo no mu ngiro. Kugira ngo tubigirane “ishimwe” bisaba yuko twama nantaryo dukura ubwatsi ku vyo ariko aradukorera ubu n’ivyo azodukorera muri kazoza. Inyifato dukwiye kugaragaza irerekanwa mu Vyahishuriwe 4:11, aho ibiremwa vy’impwemu vy’intahemuka vyo mw’ijuru bitangaza bigira biti: “Mwami wacu, Mana yacu, birakubereye guhabga uguhimbazwa n’icubahiro n’ububasha, kukw ari wewe waremye vyose; icatumye bibaho kand’icatumye biremwa, n’uko wabigomvye.” Duhayagiza gute Yehova? Tumuhayagiza mu kwiga ibimwerekeye maze tugakora ivyo adusaba. Dukwiye kugira inyiyumvo nk’izo umwanditsi wa Zaburi yagize igihe yavuga ati: “Unyigishe gukora ivyo ugomba, kukw ari wewe Mana yanje.”—Zaburi 143:10.
2. Yehova afata gute abamuhayagiza, kandi abatamuhayagiza na bo abafata gute?
2 Yehova araha agaciro abamuyahagiza. Ni co gituma ‘aha impera abamurondera.’ (Abaheburayo 11:6) Iyo mpera ni iyihe? Mw’isengesho Yezu yatuye Se wiwe wo mw’ijuru, yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” (Yohana 17:3) Emwe, ‘abahimbarisha Yehova ishimwe ry’ivyo yabakoreye’ ‘bazoragwa isi bayibeko ibihe bidashira.’ (Zaburi 37:29) Ku rundi ruhande, “[n]ta kuziga ibizoba kw’umunyakibi.” (Imigani 24:20) Kandi muri iyi misi y’iherezo, guhayagiza Yehova birakenewe mu buryo bwihutirwa kubera vuba agiye gusangangura abanyakibi azigame abagororotsi. “Isi irikw irashirana n’ivyipfuzo vyayo, arik’ūkora ivy’Imana igomba yamah’ibihe bidashira.”—1 Yohana 2:17; Imigani 2:21, 22.
3. Ni kuki dukwiye gutega yompi ibivugwa mu gitabu ca Malaki?
3 Ivyo Yehova agomba tubisanga muri Bibiliya, kubera yuko “Ivyanditswe vyose vyahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Iryo Jambo ry’Imana ririmwo inkuru nyinshi z’ukuntu Yehova ahezagira abamuhayagiza be n’ibishikira abatamuhayagiza. Imwe muri izo nkuru yerekeye ivyabaye muri Isirayeli mu gihe c’umuhanuzi Malaki. Nko mu mwaka w’443 B.G.C., mu gihe Nehemiya yari buramatari w’i Buyuda, Malaki ni ho yandika igitabu citiriwe izina ryiwe. Ico gitabu gikomeye kandi gishika ku mutima kirimwo amakuru n’ubuhanuzi “vyandikiwe kuduhanūra twebge, abashikwako n’amaherezo y’ibihe.” (1 Ab’i Korinto 10:11) Duteze yompi amajambo ya Malaki birashobora kudufasha kwitegurira “musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubgoba,” aho azosangangura uru runkwekwe rubi.—Malaki 4:5.
4. Muri Malaki ikigabane ca 1, hakwegera ubwenge bwacu ku vyiyumviro bitandatu ibihe?
4 Muri iki kinjana ca 21, igitabu ca Malaki ubu kimaze imyaka irenga 2.400 canditswe, gishobora kudufasha gute kwitegurira uwo musi uhambaye kandi uteye ubwoba wa Yehova? Ikigabane ca mbere gikwegera ubwenge bwacu ku vyiyumviro n’imiburiburi bitandatu bihambaye bijanye no guhayagiza Yehova mu kumushimira, kugira ngo adutoneshe twongere turonke ubuzima budahera: (1) Yehova arakunda abasavyi biwe. (2) Dutegerezwa kugaragaza ko dukenguruka ibintu vyeranda. (3) Yehova yitega ko tumuha ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise. (4) Ugusenga kw’ukuri kuva ku rukundo ruzira ubwikunzi, ntigutumwa n’umwina. (5) Umurimo wemerwa ku Mana si uw’uguheza umwuga uremereza umuntu. (6) Umwe wese muri twebwe ategerezwa kugira ico azobazwa n’Imana. Rero, muri iki kiganiro gitangurira ibiganiro bitatu vyerekeye igitabu ca Malaki, nimuze turimbure kimwe cose muri ivyo vyiyumviro uko dusuzuma Malaki ikigabane ca 1.
Yehova Arakunda Abasavyi Biwe
5, 6. (a) Ni kuki Yehova yakunze Yakobo? (b) Turamutse twiganye ubwizerwe bwa Yakobo dushobora kwitega iki?
5 Urukundo rwa Yehova ruragaragazwa mu mirongo ya mbere ya Malaki. Ico gitabu gitanguzwa n’aya majambo agira ati: “Imbūri y’ijambo ry’Uhoraho yo ku Bisirayeli.” Imana ibandanya ivuga iti: “Narabakunze.” Muri uwo murongo nyene, Yehova yaratanze akarorero avuga ati: “Nakunze Yakobo.” Yakobo yari umugabo afise ukwizera muri Yehova. Haciye igihe, Yehova yarahinduye izina rya Yakobo riba Isirayeli, kandi Yakobo yacitse sekuruza w’ihanga rya Isirayeli. Yehova yakunze Yakobo kubera yuko yari umugabo afise ukwizera. No mu bantu nyene, abagaragarije Yehova agatima nk’aka Yakobo, Yehova yarabakunze.—Malaki 1:1, 2.
6 Nitwaba dukunda Yehova kandi tukifatanya akaramata n’abasavyi biwe, turashobora guhumurizwa n’amajambo ari muri 1 Samweli 12:22 agira ati: “Uhoraho ntazoheba abantu biwe, kubg’izina ryiwe rikuru.” Yehova arakunda abasavyi biwe kandi arabaha impera, amaherezo akazobaha ubuzima budahera. Ni co gituma dusoma duti: “Wizigire Uhoraho, ukore ivyiza, guma mu gihugu, ushishikare ivy’ukuri. Uhimbarwe n’Uhoraho, na we azoguha ivyo umutima wawe ugomba.” (Zaburi 37:3, 4) Ugukunda Yehova kwacu kurimwo iciyumviro kigira kabiri duserurirwa muri Malaki ikigabane ca 1.
Tugaragaze ko Dukenguruka Ibintu Vyeranda
7. Ni kuki Yehova yanse Esau?
7 Nk’uko tubisoma muri Malaki 1:2, 3, Yehova amaze kuvuga ngo “Nakunze Yakobo,” yaciye avuga ati: “Esau na we, naramwanse.” Kubera iki hari iryo tandukaniro? Yakobo yarahayagije Yehova, mugabo Esau, ihasa rigenzi ryiwe ntiyamuhayagije. Esau yitwa kandi Edomu. Muri Malaki 1:4, igihugu ca Edomu citwa intara y’ibigabitanyo, kandi abanyagihugu baho barashirwa ku kabarore. Izina Edomu (irisobanura ngo “Bitukura”) ryataziriwe Esau inyuma y’aho agurishirije ubusamuragwa bwiwe bw’agaciro kuri Yakobo, abukavye ivyokurya bitukura. Mw’Itanguriro 25:34 havuga yuko “Esau yakēngereye ivyo kuba samuragwa.” Intumwa Paulo yarahimirije abo basangiye ukwemera kwiyubara kugira ngo “ntihabeh’umushakanyi, cank’igihumane nka Esau, yagurānye ivyo kuba samuragwa kwiwe ingaburo imwe.”—Abaheburayo 12:14-16.
8. Ni igiki catumye Paulo yerekana ko Esau afitaniye isano n’umushakanyi?
8 Ni kuki Paulo yerekanye ko ibikorwa vya Esau bifitaniye isano n’ubushakanyi? Ni uko kugira umuzirikanyi nk’uwa Esau bishobora gushikana umuntu ku kunanirwa gukenguruka ibintu vyeranda. Ivyo na vyo birashobora kuvamwo ivyaha bikomakomeye, nk’ubushakanyi. Ni co gituma umwe wese muri twebwe yokwibaza ati: ‘Noba rimwe na rimwe ngeragezwa ngo iragi ryanje rya gikirisu, ari ryo buzima budahera, ndarikabe ikintu c’akanya gato kimeze nk’icibo c’ibiharage? Kumbure ntanabica n’ikanda, noba nsuzugura ibintu vyeranda?’ Esau, ata kwihangana, yari afise icipfuzo co guhaza ico umubiri wiwe wacambirwa. Yabwiye Yakobo ati: “Mpa se [ningoga] utwo ntamira kur’ivyo bitukura.” (Itanguriro 25:30) Ikibabaje, hariho bamwebamwe mu basavyi b’Imana ku bwa ngingo bavuze ngo: “Ningoga! Kubera iki norindira igihe nzokwubaka n’iteka?” Icipfuzo co kwimara inambu y’umubiri naho vyotwara iki, cacitse icibo cabo c’ibiharage.
9. Dushobora gute kuguma dutinya Yehova mu buryo buranga ukumwubaha?
9 Nimuze ntitukigere dukengera ibintu vyeranda mu kutubaha ubusugi bwacu, ukutadohoka kwacu be n’iragi ryacu ryo mu vy’impwemu. Aho kuba nka Esau, nimuze tumere nka wa mwizerwa Yakobo, tugume dutinya Imana mu buryo buranga ukuyubaha, mu kugaragaza ko dukenguruka ibintu vy’impwemu mu buryo bushika ibwina. Ivyo dushobora kubikora dute? Mu kwiyubara kugira ngo dushitse ivyo Yehova asaba. Ivyo birumvikana ko bidushikana ku ciyumviro kigira gatatu giserurwa muri Malaki ikigabane ca 1. Na co ni ikihe?
Duhe Yehova Ibintu Vyiza Kuruta Ibindi mu vyo Dufise
10. Ni mu buryo ki abaherezi bakengera imeza ya Yehova?
10 Abaherezi bo mu Buyuda basukurira ku rusengero i Yeruzalemu mu gihe ca Malaki, ntibashikanira Yehova ibimazi birushirije kuba vyiza. Muri Malaki 1:6-8 havuga hati: “Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ingabo ababaza.” Abaherezi babajije bati: “Izina ryawe twarikēngereye dute?” Yehova yishuye ati: “Ni kuko mwashikanye ivyo kurya bihumanye ku gicaniro canje.” Abaherezi baciye babaza bati: “Twaguhumanishije iki?” Maze Yehova yababwiye ati: “Ni kuko mwavuze yukw ameza y’Uhoraho ar’igikēngēretse.” Abo baherezi bagaragaza ko bakengera imeza ya Yehova igihe cose baba bashikanye ikimazi gifise agasembwa, bakavuga ngo: “Nta co biriko!”
11. (a) Yehova yavuze iki ku biraba ibimazi bitemewe? (b) Ni mu buryo ki abantu muri rusangi bari bafise ico bagirizwa?
11 Yehova yaciye abafasha kuzirikana ku biraba ivyo bimazi ata wovyemera ati: “Genda uyishikanire icēgēra c’umwami: mbeg’ubgo yogushimira, canke yokwemera n’uko mubonana?” Ekaye, icegera c’umwami wabo ntiyoshimishijwe n’ishikanwa nk’iryo. None Segaba w’Ivyaremwe Vyose we ni we yovyakira! Kandi, si abaherezi bonyene bari bakwiriye guhambarirwa. Ni vyo, bariko basuzugura Yehova mu gushikana ibimazi nyabimazi. Mugabo, abanyagihugu muri rusangi bobo hoba atacabagira? Cari kiriho nyene! Ni bo baba barobanuye ivyo bitungwa bihumye, bicumbagira kandi birwaye, kandi ni bo baba babishikanye ku baherezi kugira ngo babitangeko ikimazi. Ese ukuntu cari icaha!
12. Dufashwa gute guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise?
12 Guha Yehova ibintu vyiza kuruta ibindi mu vyo dufise, ni bwo buryo bwo kwerekana ko tumukunda vy’ukuri. (Matayo 22:37, 38) Ishirahamwe rya Yehova ntirimeze nka ba baherezi bigira ibiro biteze bo mu misi ya Malaki. Ryoryo, muri iki gihe riratanga amacishabwenge menshi kandi meza ashingiye ku Vyanditswe adufasha guhayagiza Yehova tumushimira mu gushitsa ivyo asaba. Ikintu gifitaniye isano n’ivyo ni iciyumviro gihambaye kigira kane dushobora gukura muri Malaki ikigabane ca 1.
Abasenga mu Kuri Babitumwa n’Urukundo Ntibabitumwa n’Umwina
13. Ni ibiki abaherezi bakora vyerekana yuko ivyo bakora babitumwa n’umwina?
13 Abaherezi bo mu misi ya Malaki bari abikunzi, batagira urukundo bakaba n’inkunzi z’amahera. Ivyo tubizi gute? Muri Malaki 1:10 havuga hati: “Icompa hakagira n’umwe muri mwebge yugara inzugi, ngo mureke gucanira ubusa ku gicaniro canje! Simbanezererwa na gatoya, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, kandi sinzokwemera ishikanwa munshikaniye.” Emwe, abo baherezi b’abanyamwina barasaba agahembo mbere no ku bw’udukorwa tworoshe kuruta two ku rusengero, bagasaba guhemberwa ukwugara inzugi n’ugucana umucanwa ku gicaniro! Ntibitangaje kuba Yehova atanezererwa amashikanwa avuye mu maboko yabo!
14. Ni kuki dushobora kuvuga yuko Ivyabona vya Yehova bakora ibintu babitumwe n’urukundo?
14 Umwina n’ubwikunzi abaherezi banyavyaha b’i Yeruzalemu ha kera bari bafise, vyoshobora kutwibutsa neza yuko, nk’uko Ijambo ry’Imana ribivuga, abantu b’abanyamwina batazoragwa Ubwami bw’Imana. (1 Ab’i Korinto 6:9, 10) Tuzirikanye ku kuntu abo baherezi bari ba nsumirinda, biratuma turushiriza gukenguruka igikorwa co kwamamaza kiriko kirarangurwa kw’isi yose n’Ivyabona vya Yehova. Ni umurimo mwitumo; nta n’imeya twigera dusaba ku bw’umuce n’umwe w’ubusuku turangura. Ekaye, “[ntituri a]bacurūrīsha ijambo ry’Imana.” (2 Ab’i Korinto 2:17) Nka kumwe kwa Paulo, umwe wese muri twebwe arashobora kuvuga atibesha ati: “[Nab]abgiye [“ndabikunze,” NW] ubutumwa bgiza bg’Imana ku busa.” (2 Ab’i Korinto 11:7) Urabona ko Paulo ‘yatangaza ubutumwa bwiza abikunze.’ Ivyo vyerekana iciyumviro ca gatanu duserurirwa muri Malaki ikigabane ca 1.
Umurimo Turangurira Imana Si Uguheza Umwuga Kuremereza Umuntu
15, 16. (a) Abaherezi bari bafise iyihe nyifato ku bijanye no gushikana ibimazi? (b) Ivyabona vya Yehova ibimazi vyabo babishikana gute?
15 Abaherezi b’intizera b’i Yeruzalemu ha kera, babona ko gushikana ibimazi ari ikintu co guheza umwuga kiruhisha. Wari umuzigo kuri bo. Nk’uko twabibonye muri Malaki 1:13, Imana yababwiye iti: “Muvuga, mut’Ewe miruho turimwo! kandi muravyimyoza.” Abo baherezi barimyoza canke bakagaya ibintu vyeranda vy’Imana. Nimuze dusenge kugira ngo ubwacu ntituzokwigere ducika nka bo. Aho gucika nka bo, nitwame nantaryo tugaragaza agatima kaboneka mu majambo ari muri 1 Yohana 5:3, ahagira hati: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo: kand’ivyagezwe vyayo ntibigora.”
16 Nimuze duhimbarwe no gushikanira Imana ibimazi vyo mu vy’impwemu, ntitwigere na rimwe tubibona nk’umuzigo uruhisha. Nimuze twumvire aya majambo y’ubuhanuzi agira ati: “Mujane amajambo yo kwisaba mugaruke k’Uhoraho; mumwinginge, muti N’uduharire ibigabitanyo vyose, uduhangaze: muti Mu gishingo c’amapfizi tuzogushikanira ibimazi vy’iminwa yacu.” (Hoseya 14:2) Imvugo ngo “ibimazi vy’iminwa yacu” yerekeza ku bimazi vyo mu vy’impwemu, na vyo akaba ari amajambo tuvuga dushemeza Yehova n’imigambi yiwe. Mu Baheburayo 13:15 havuga hati: “[Biciye kuri Yezu Kirisitu] na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo.” Ese ukuntu twuzuye urweze kubona ibimazi dushikana vyo mu buryo bw’impwemu atari uguheza umwuga gusa, mugabo ko ari uburyo bwo kugaragaza n’umutima wacu wose urwo dukunda Imana! Ivyo bitujanye ku ciyumviro kigira gatandatu dushobora kugobotora muri Malaki ikigabane ca 1.
Umwe Wese Azotegerezwa Kugira Ico Abazwa
17, 18. (a) Ni kubera iki Yehova yavumye “umuntu w’ingunge”? (b) Ni ibiki abakoranye ubugunge batarimbuye?
17 Abantu bo mu misi ya Malaki ubwabo bari n’ico babazwa ku bw’ibikorwa vyabo, eka na twe ni ukwo. (Abaroma 14:12; Ab’i Galatiya 6:5) Kuri ivyo, muri Malaki 1:14 havuga hati: “Umuntu w’ingunge aravumwe, afise isukurume [itagira agasembwa] mu mukuku wiwe yasezeranye kuyishikana, maz’agashikanira Umwami Imana iyifise agasembga.” Umuntu yaba atunze ubusho ntiyaba afise agatungwa kamwe gusa, nk’agatama kamwe, ku buryo ata kindi yokwikozeko. Mu kurobanura igitungwa co gushikana, ntivyari ngombwa ngo ahitemwo igihumye, igicumbagira canke ikirwaye. Aramutse ahisemwo ico kiremwa gifise agasembwa, ivyo vyokwerekanye yuko asuzugura indinganizo ya Yehova yerekeye ibimazi, kubera yuko ata nkeka ko umuntu yaba atunze ubusho bw’ibitungwa atari kuburamwo ikitagira udusembwa nk’utwo!
18 Yehova rero yavumye bikwiriye umuntu w’ingunge yaba afise impfizi ibereye, mugabo akazana iyihumye, iyicumbagira canke iyirwaye kugira ngo abaherezi bayitangeko ikimazi, kumbure agategerezwa kuyizana ayiburuta. Yamara rero, nta n’ahantu na hamwe herekana ko hari umuherezi n’umwe yavuze ibiri mu vyagezwe vy’Imana bivuga yuko mwene ivyo bitungwa bifise agasembwa bitemewe. (Abalewi 22:17-20) Abantu biyumvira bari bazi ko bokwiboneyeko mu gihe bogerageje guhatira buramatari wabo kuri iryo shikanwa. Mugabo, ico gihe bariko bashikanira Segaba w’Ivyaremwe Vyose Yehova, uwuhambaye kuruta kure n’iyo buramatari wese w’umuntu. Muri Malaki 1:14 havuga ivyo bintu muri ubu buryo hati: “Nd’Umwami ahambaye, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, kand’izina ryanje riteye ubgoba mu banyamahanga.”
19. Ducambirwa iki, kandi dukwiye kuba turiko dukora iki?
19 Kubera ko turi abasavyi b’Imana b’intadohoka, turacambirwa kubona umusi wa Mwami Ahambaye Yehova, azoshemagizwa n’abantu bose. Muri ico gihe, “kumenya Uhoraho kuzoba kwuzuye mw isi, nk’ukw amazi abugereye mu kiyaga.” (Yesaya 11:9) Mu kurindira ico gihe, nimuze twihatire gushitsa ivyo Yehova asaba mu kwigana umwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Nzoyihimbarisha ishimwe ry’ivyo yankoreye.” (Zaburi 69:30) Kugira ngo ivyo tubishikeko, Malaki arafise iyindi mpanuro ishobora kutugirira akamaro kanini. Nimuze rero turimbure twitonze ibindi bihimba vy’igitabu ca Malaki mu biganiro bibiri bikurikira.
Woba Uvyibuka?
• Ni kuki dukwiye guhayagiza Yehova?
• Ni kuki ibimazi abaherezi bashikana mu gihe ca Malaki bitemerwa na Yehova?
• Dushikanira gute Yehova ibimazi vyo gushemeza?
• Abantu basenga mu kuri bakwiye kuba babitumwe n’iki?
[Ifoto ku rup. 18]
Ubuhanuzi bwa Malaki bwerekeza ku gihe cacu
[Ifoto ku rup. 19]
Esau ntiyakengurutse ibintu vyeranda
[Ifoto ku rup. 20]
Abaherezi n’abanyagihugu bashikana ibimazi ata wovyemera
[Ifoto ku rup. 21]
Kw’isi yose, Ivyabona vya Yehova baratanga ibimazi vyo gushemeza bakabigira ku buntu