ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w02 1/5 rup. 23-27
  • Yehova Aranka Ingendo y’Ukuryarukana

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Aranka Ingendo y’Ukuryarukana
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abaherezi Bagirwa n’Icaha
  • Kwitondera Ingingo Mfatirwako z’Imana
  • Icotuma Twiyubara
  • Kwubakana n’Uwutizera
  • Gufata Nabi Uwo Mwubakanye
  • Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Malaki
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Gushitsa Ivyo Yehova Imana Asaba Biramuhayagiza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Ni Nde Azorokoka Umusi wa Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Woba wanditswe mu “gitabu c’icibutso” c’Imana?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
w02 1/5 rup. 23-27

Yehova Aranka Ingendo y’Ukuryarukana

‘Ntitukaryarukane, ngo umuntu wese aryaruke mwene wabo.’​—MALAKI 2:10.

1. Ni ibiki Imana idusaba niba dushaka kuronka ubuzima budahera?

WOBA ushaka ubuzima budahera? Niba wemera ivy’ico cizigiro casezeranywe kiri muri Bibiliya, kumbure wokwishura uti: ‘Cane nyene.’ Mugabo, niba wipfuza ko Imana igutonesha ikaguha ubuzima butagira iherezo mw’isi nshasha yiwe, uzokenera gushitsa ivyo isaba. (Umusiguzi 12:13; Yohana 17:3) Vyoba ari ibitumvikana kwitega ko abantu badatunganye ivyo babikora? Ekaye, kubera yuko Yehova avuga aya majambo aremesha agira ati: “Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi, n’ukummenya jewe Imana, kuruta ibimazi vyoshejwe.” (Hoseya 6:6) Rero, mbere n’abantu bishika bagahuba barashobora gushitsa ivyo Imana isaba.

2. Abisirayeli benshi ‘baryarutse’ Yehova gute?

2 Ariko rero, si umuntu wese ashaka gukora ivyo Yehova agomba. Hoseya ahishura yuko mbere no mu Bisirayeli atari benshi bashaka kubikora. Tubafatiye hamwe uko bari ihanga, bari bemeye kwinjira mw’isezerano, mu mwumvikano wo kugamburuka ivyagezwe vy’Imana. (Kuvayo 24:1-8) Yamara rero, bidatevye, baciye batangura kuza ‘barica iryo sezerano’ mu kurenga ku vyagezwe vyayo. Ni co gituma Yehova yavuze yuko abo Bisirayeli ‘bamuryaruka.’ (Hoseya 6:7) Kandi kuva ico gihe abantu benshi baramuryarutse. Mugabo, Yehova aranka ivy’ukuryarukana, yaba ari we baryarutse canke vyaba bigiriwe abamukunda bakongera bakamukorera.

3. Ni uwuhe mwihwezo ugiye kugirwa muri iki cigwa?

3 Hoseya si we muhanuzi wenyene yashize ahabona ukuntu Imana ibona ukuryarukana, akaba ari ukwo dukeneye kubona ibintu niba twizigiye kuzokwinovora ubuzima burangwa agahimbare. Mu kiganiro c’⁠imbere y’iki, twatanguye kwihweza bwinshi mu butumwa menyeshakazoza bwa Malaki, duhereye ku kigabane ca mbere c’igitabu ciwe. Ubu na ho, nimuze tuje ku kigabane ca kabiri c’ico gitabu, maze turabe ingene uburyo Imana ibona ivy’ukuryarukana busubira kwitwararikwa. Naho Malaki yariko avuga ivyerekeye ibintu vyari vyeze mu basavyi b’Imana imyaka mirongo inyuma y’ukugaruka kwabo bavuye mu bunyagano i Babiloni, ico kigabane ca kabiri kirafise ico kivuze koko kuri twebwe muri iki gihe.

Abaherezi Bagirwa n’Icaha

4. Ni imburizi izihe Yehova yahaye abaherezi?

4 Ikigabane ca 2 gitangura kivuga ivy’igihe Yehova yanegura abaherezi b’Abayuda kubera uguta inzira ziwe zigororotse. Mu gihe batoshize ku mutima impanuro yiwe maze bagakosora inzira zabo, nta nkeka ko ingaruka zikomakomeye zokurikiye. Raba imirongo ibiri ya mbere. Ivuga iti: “Mwa baherezi mwe, iri bgirizwa ni mwebge ndaribgirije. Ni mwanka kwumva, mukanka kurishirak’umutima, ntimuheshe izina ryanje icubahiro, ni k’Uhoraho Nyen’ingabo agize, nzobavuma wa muvumo, n’imigisha yanyu nzoyivuma.” Iyo abo baherezi bari kuba barigishije abanyagihugu ivyagezwe vy’Imana kandi bakavyitondera, bari guhezagirwa. Mugabo, bivuye ku kwiyobagiza ivyo Imana igomba, umuvumo ni wo woje mu gishingo c’umuhezagiro. Mbere n’imihezagiro abaherezi botanze yohindutse umuvumo.

5, 6. (a) Ni kuki abaherezi ari bo canecane bagirwa n’icaha? (b) Yehova yaseruye gute ukuntu asuzugura abo baherezi?

5 Ni kuki abaherezi ari bo canecane bagirwa n’icaha? Ml 2 Umurongo w’⁠7 uratomora igituma uti: “Akanwa k’umuherezi gakwiye kuzigama ubgenge, kandi mu kanwa kiwe ni ho bakwiye kubariza ivyagezwe: kukw ari we ntumwa y’Uhoraho Nyen’ingabo.” Imyaka irenga igihumbi imbere y’aho, ivyagezwe vy’Imana vyari vyahawe Isirayeli biciye kuri Musa, vyaravuze yuko abaherezi bari bafise ibanga ryo ‘kwigisha Abisirayeli ivyagezwe vyose Yehova yari yaravumereye.’ (Abalewi 10:11) Ikibabaje ni uko mu nyuma umwanditsi wa 2 Ngoma 15:3 yavuze ati: “Har’igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.”

6 Mu gihe ca Malaki, ni ukuvuga mu kinjana ca gatanu B.G.C., ivy’abaherezi vyari vyifashe gutyo nyene. Bariko barananirwa kwigisha abanyagihugu Ivyagezwe vy’Imana. Ni co gituma abo baherezi bari bakwiriye kugira ico babazwa. Raba amajambo akomeye Yehova yaberekejeko. Muri Malaki 2:3 havuga hati: “Nzobasīga mu maso amayezi y’ibimazi vyanyu.” Ese ukuntu ari igikangiro gikomeye! Amayezi y’ibitungwa vyatanzweko ibimazi, ku bwa ngingo yajanwa hirya y’aho bashagaje agaturirwa. (Abalewi 16:27) Mugabo, igihe Yehova yababwira yuko amayezi aho kujanwa guturirwa boyasizwe mu maso, vyerekana mu buryo butomoye yuko yasuzugura akongera akiyamiriza ibimazi vyabo be n’abantu babishikana.

7. Ni kuki Yehova yahambariye abigisha b’Ivyagezwe?

7 Ibinjana bitari bike imbere y’igihe ca Malaki, Yehova yari yarashinze Abalewi igikorwa co kwitwararika ihema, mu nyuma bakitwararika urusengero n’ubusuku bweranda. Bari abigisha b’ihanga rya Isirayeli. Baranguye ico gikebere, vyotumye bo n’iryo hanga bagira ubuzima n’amahoro. (Guharūra 3:5-8) Yamara rero, Abalewi baratakaje ugutinya Imana bari bafise mu ntango. Ni co gituma Yehova yababwiye ati: “Mweho mwarakebeje muta inzira; mutsitaje benshi mu vy’ivyagezwe; mwononye isezerano rya Lewi, . . . [ntimw]akomeje inzira zanje.” (Malaki 2:8, 9) Kubera bananiwe kwigisha ukuri bakongera bagatanga akarorero kabi, abaherezi barayobeje Abisirayeli benshi, ari co gituma vyari bikwiye ko Yehova abahambarira.

Kwitondera Ingingo Mfatirwako z’Imana

8. Kwitega ko abantu bitondera ingingo mfatirwako z’Imana, kwoba ari ukubasaba ibirenze? Sigura.

8 Ntitukigere twiyumvira yuko abo baherezi bari bakwiriye kugirirwa impuhwe be n’uko bari bakwiriye guharirwa kubera bari abantu badatunganye, gutyo bikaba bitokwitezwe ko bitondera ingingo mfatirwako z’Imana. Ikizwi coco ni uko bishoboka ko abantu bitondera amabwirizwa y’Imana, kubera yuko Yehova atabitegako ibirengeye ivyo bashobora gushitsa. Kumbure ntihabuze abaherezi bo muri ico gihe bitondera ingingo mfatirwako z’Imana, kandi nta nkeka dufise kuri umwe mu nyuma yabishikije, na we akaba ari Yezu, wa “muherezi mukuru” ahambaye. (Abaheburayo 3:1) Ku bimwerekeye hashobora koko kuvugwa ibi: “Icagezwe c’ukuri caba mu kanwa kiwe, kandi mu minwa yiwe nta bigoramye vyahumvikana; yagendana nanje mu mahoro no mu bugororotsi, yahindura benshi bakareka ibigabitanyo.”​—Malaki 2:6.

9. Muri iki gihe cacu ni bande bashikirije abantu ukuri badahemuka?

9 Mu buryo busa n’ubwo, abavukanyi ba Kirisitu basizwe, abafise icizigiro c’ijuru, baramaze ikinjana kirenga bakora bagize ‘ubuherezi bweranda, ngo batange ibimazi vyo mu vy’impwemu, bishimwa n’Imana.’ (1 Petero 2:5) Barabaye imboneza mu vyo gushikiriza abandi ukuri kwa Bibiliya. Uko waza uriga ukuri bigisha, bivuye ku vyo waza uribonera ntiwubuye none yuko icagezwe c’ukuri cama mu kanwa kabo? Barafashije benshi guhindukira bava mu binyoma vyigishwa mu madini, ku buryo muri iki gihe kw’isi yose hari abantu amamiliyoni bize ukuri kwa Bibiliya bakaba kandi bafise icizigiro c’ubuzima budahera. Abo na bo barafise agateka ko kwigisha icagezwe c’ukuri ku bandi bantu amamiliyoni.​—Yohana 10:16; Ivyahishuriwe 7:9.

Icotuma Twiyubara

10. Ni kuki dufise imvo yo kwiyubara?

10 Ariko rero, turafise imvo yo kwiyubara. Twoshobora kudatahura ivyigwa biserurwa mu buryo bukikirije muri Malaki 2:1-9. Twebwe ubwacu twoba turi maso ku buryo ata bigoramye vyumvikana mu kanwa kacu? Nk’akarorero, ubwo abagize umuryango wacu boba vy’ukuri bashobora kwizigira ivyo tuvuga? Abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bo mu buryo bw’impwemu bo mw’ishengero bobo bite? Vyoshobora kworoha ko umuntu atsimbataza akageso ko kuza arahinyika imvugo mu gukoresha amajambo, ayo majambo afashwe uko yakabaye ukumva avuga ukuri, mugabo akaba atuma umuntu atakara. Canke, mu bucuruzi umuntu yoza arashikiriza amakuru amwamwe arenza urugero canke akayashikiriza aza aragira utwo ahisha. Ivyo Yehova yoba atobibona? Vyongeye, mu gihe twomogorera utwo tugeso, yoba yokwemera ibimazi vyo kumushemeza bivuye ku minwa yacu?

11. Ni bande canecane bakeneye kwiyubara?

11 Abafise agateka ko kwigisha Ijambo ry’Imana mu mashengero muri iki gihe, Malaki 2:7 harakwiye kubabera imburizi. Havuga yuko iminwa yabo “[i]kwiye kuzigama ubgenge, kandi . . . [abanyagihugu] bakwiye kubariza ivyagezwe” mu kanwa kabo. Abigisha nk’abo bari n’ibanga riremereye, kubera ko muri Yakobo 3:1 herekana yuko “[ba]zocirwa urubanza ruruta iz’abandi.” Naho bakwiye kwigisha babigiranye ingoga n’igishika, inyigisho zabo zitegerezwa kuba zishingiye kw’Ijambo ry’Imana ryanditse be no ku macishabwenge atangwa biciye kw’ishirahamwe rya Yehova. Muri ubwo buryo, bazoba ‘bashoboye kwigisha abandi.’ Ni co gituma bahanurwa bati: “Wame ugira umwete wo kwiha Imana nk’uwamaze kurama, umukozi atarinda gutētērwa, aramiriza neza mw ijambo ry’ukuri.”​—2 Timoteyo 2:2, 15.

12. Abantu bigisha bakeneye kwiyubara mu biki?

12 Tutabaye maso, twoshobora kugwa mu kigeragezo co gusobekanga mu nyigisho dushikiriza ivyo twishakira canke ivyiyumviro vyacu bwite. Ivyo vyobera akaga canecane umuntu afise impengamiro yo kwizigira ivyiyumviro vyiwe bwite, n’igihe mbere vyoba biteye kubiri n’ivyo ishirahamwe rya Yehova ryigisha. Mugabo muri Malaki ikigabane ca 2 herekana yuko dukwiye kwitega ko abigisha mw’ishengero bisunga ubumenyi buva ku Mana aho kwisunga ivyiyumviro vyabo bwite, ibishobora gutsitaza intama. Yezu yavuze ati: “Ūzotsitaza n’umwe mur’abo bato banyizera, icoroshe n’uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw izosi, akadobezwa i bgina mu kiyaga.”​—Matayo 18:6.

Kwubakana n’Uwutizera

13, 14. Ni ingendo imwe y’ukuryarukana iyihe Malaki yaseruye?

13 Muri Malaki ikigabane ca 2, kuva ku Ml 2 murongo w⁠’10 kubandanya, haraserura ivy’ukuryarukana mu buryo mbere burashe kuruta. Malaki yibanda ku ngendo zibiri zifitaniye isano, mu kuzivuga agakoresha kenshikenshi ijambo ‘ukuryarukana.’ Ubwa mbere, raba ukuntu Malaki ashikiriza intangamarara y’impanuro yiwe mu kubaza ibibazo bigira biti: “Mbega twese ntidusangiye Data? Imana yaturemye s’imwe? None n’iki gituma turyarukana, umuntu wese aryaruka mwene wabo, tukica isezerano ryasezeraniwe ba sogokuruza?” Maze Ml 2 umurongo wa 11 wongerako yuko ingendo y’Abisirayeli y’ukuryarukana ari uguhumanya ‘ubweranda bwa Yehova.’ (NW) Ni igiki bakora cari gikomeye gutyo? Uwo murongo urerekana imwe mu ngeso zitabereye bisukamwo: “[b]ābiriye umukobga w’imana y’inyamahanga.”

14 Mu yandi majambo, Abisirayeli bamwebamwe, abari mu bagize ihanga ryiyeguriye Yehova, bari bubakanye n’abatamusenga. Amajambo ahakikije aradufasha kubona igituma ico cari ikintu gihambaye. Ml 2 Umurongo w’⁠10 uvuga yuko bari bene mugabumwe. Aho ntibashaka kuvuga Yakobo (uwataziriwe Isirayeli), canke Aburahamu cabure mbere Adamu. Muri Malaki 1:6 herekana yuko Yehova ari we yari ‘se wabo.’ Ihanga rya Isirayeli ryari rifitaniye na we ubucuti, rikaba ryari ryerekewe n’isezerano Yehova yagiranye n’abasokuruza babo. Kimwe mu vyagezwe vyo muri iryo sezerano cavuga ngo: “Ntimuze musabiranire na bo, ngw abakobga banyu mubahe abahungu babo, cank’abahungu banyu mubasabire abakobga babo.”​—Gusubira mu Vyagezwe 7:3.

15. (a) Abantu bamwebamwe bokwisigura gute ku biraba ukwubakana n’uwutizera? (b) Yehova yivugira iki ku biraba umubano w’ababiranye?

15 Bamwebamwe muri iki gihe barashobora kuzirikana bati: ‘Uyu muntu nkunda mu vy’ukuri ni intore. Mu nyuma uyu musore (canke iyi nkumi) kumbure azokwemera ugusenga kw’ukuri.’ Ivyiyumviro nk’ivyo biremeza iyi mburizi yahumetswe igira iti: “Umutima uribesha kuruta ibindi vyose, urwaye indwara itavūrwa: ni nde yowumenya?” (Yeremiya 17:9) Uko Imana yabona ivyo kwubakana n’uwutizera kuraserurwa muri Malaki 2:12, ahagira hati: “Ūkora ben’ivyo, Uhoraho azomurandura.” Ni co gituma Abakirisu bahimirizwa kwubakana gusa n’“ūri mu Mwami wacu.” (1 Ab’i Korinto 7:39) Mu ndinganizo y’ubukirisu, uwizera ‘ntarandurwa’ ngo ni uko yabiranye n’uwutizera. Yamara rero, uwo mugabo canke uwo mugore atizera niyaguma mu kutizera kwiwe, ni igiki kigiye kumushikira Imana niyazana iherezo kuri uru runkwekwe?​—Zaburi 37:37, 38.

Gufata Nabi Uwo Mwubakanye

16, 17. Ni ingendo iyihe y’ukuryarukana bamwebamwe bafashe?

16 Ubukurikira, Malaki arimbura uburyo bugira kabiri bw’ukuryarukana: ugufata nabi uwo mwubakanye, canecane mu kwahukana bidakwiriye. Umurongo wa 14 w’⁠Ml 2 ikigabane ca 2 ugira uti: “Uhoraho yabaye icabona canyu, mwe n’umugore wawe wo mu bucance, uwo waryarutse, nah’ar’umugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.” Bivuye ku kuryaruka abakenyezi babo, abanega b’Abayuda batumye igicaniro ca Yehova gicika ‘igitoteshejwe amarira.’ (Malaki 2:13) Abo bagabo baronka uruhusha rwo kwahukana rudaciye mu mategeko, bagata abagore babo bo mu buto bidakwiriye, kumbure kugira ngo birongorere utugore tukiri duto canke abagore b’abapaganikazi. Abaherezi bononekaye na bo barabirenzako uruho rw’amazi! Yamara rero, muri Malaki 2:16 havuga hati: “[Y]anka ivyo kwahukana, ni k’Uhoraho Imana y’Abisirayeli agize.” Mu nyuma Yezu yarerekanye yuko ubushegabo ari ryo shingiro rudende ryo kwahukana, ryotuma uwutahemutse agira uburenganzira bwo gusubira kwubakana n’uwundi.​—Matayo 19:9.

17 Zirikana ku majambo Malaki yakoresheje, maze urabe ukuntu akora ku mutima no ku nyiyumvo z’abafise ubuntu. Yerekeza ku “mugenzi wawe, akaba n’umugore w’isezerano.” Umugabo wese yisuka muri ivyo, wasanga yari yararongoye uwo basangiye ukwemera, ni ukuvuga umugore w’Umwisirayelikazi, akaba yamuhitamwo ngo amubere umutambukanyi akunda cane, umugenzi mu buzima bwiwe bwose. Naho bashobora kuba bubakanye igihe bompi bari bakiri bato, ukurengana kw’igihe n’intango y’ubusaza ntivyakuraho isezerano baba baragiranye, ni ukuvuga indagano y’ukwabirana.

18. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe impanuro ya Malaki yerekeye ivyo kuryarukana ikora muri iki gihe?

18 Impanuro yerekeye ivyo bibazo, no muri iki gihe irakora mu buryo bukomeye nk’uko vyari muri ico gihe. Birateye isoni kubona bamwebamwe bafata minenegwe ubuyobozi bw’Imana bwerekaye ivyo kwubaka mu Mwami gusa. Kandi birababaje kubona bamwebamwe batabandanya kwihata kugira ngo umubano wabo ugume ukomeye. Aho kwihatira ivyo, barondera ivyitwazo, maze bagakurikirana ingendo Imana yanka mu kwahukana mu buryo butemewe n’ivyanditswe kugira ngo biyubakanire n’uwundi. Mu gukora ibintu nk’ivyo, batuma ‘Uhoraho arambirwa.’ Mu gihe ca Malaki, abirengagiza impanuro y’Imana baranubahuka kwiyumvira yuko Yehova atari akwiye kugira ivyiyumviro biri aho. Nkako, bavuga bati: “Imana ica imanza iri hehe?” Ese ukuntu ari ivyiyumviro bigoramye! Nimuze twirinde kugwa muri uwo mutego.​—Malaki 2:17.

19. Abanega n’abakenyezi, bashobora gute kuronka impwemu y’Imana?

19 Ikintu gishimishije ni uko Malaki yerekana yuko hari abanega bamwebamwe bataryaruka abakenyezi babo. ‘Impwemu yera y’Imana yari ikiri kuri bo.’ (Umurongo wa 15) Duhiriwe duhishije, ishirahamwe ry’Imana muri iki gihe ryuzuyemwo abagabo nk’abo ‘baha icubahiro abakenyezi babo.’ (1 Petero 3:7) Ntibacumukuza abakenyezi babo haba ku mubiri canke mu mvugo, kandi ntibabahatira ku kwisuka mu ngeso zo mu vy’ibitsina zitesha urupfasoni, eka ntibanakoza isoni abakenyezi babo mu gukwegana n’abandi bagore canke mu kuraba amasanamu yerekana ivy’ubushegabo. Ishirahamwe rya Yehova rirahezagiwe kandi mu kugira Abakirisu b’abakenyezi b’abizerwa badahemuka ku Mana no ku mategeko yayo. Abo bagabo n’abo bagore, bose barazi ico Imana yanka, kandi barabigaragaza mu vyiyumviro no mu bikorwa. Nubandanye kumera nka bo mu ‘kwumvira Imana bwa mutegetsi’ maze uhezagirwe mu kuronka impwemu yayo yera.​—Ivyakozwe 5:29.

20. Umuryango w’abantu wose wegereje igihe nyabaki?

20 Vuba, Yehova agiye gucira urubanza isi yose uko ingana. Umuntu wese azogira ico abazwa ku bw’ivyo yemeye n’ivyo yakoze. “Umuntu wese muri twebge azobazwa n’Imana ivyo yakoze.” (Abaroma 14:12) Rero, gushika aha ikibazo kitoroshe kihari ni iki: Ni nde azorokoka umusi wa Yehova? Ikiganiro kigira gatatu ari co ca nyuma muri uru rukurikirane, kigiye kurimbura ico ciyumviro.

Woshobora Kubisigura?

• Ni imvo nyamukuru iyihe yatumye Yehova akangira abaherezi bo muri Isirayeli?

• Ni kuki ingingo mfatirwako z’Imana zitari hejuru birenze ku buryo abantu batozikurikiza?

• Ni kuki dukwiye kwiyubara mu nyigisho dushikiriza muri iki gihe?

• Ni ingeso zibiri izihe canecane Yehova yiyamiriza?

[Ifoto ku rup. 25]

Mu gihe ca Malaki, abaherezi barakangiriwe kubera batagumye mu nzira za Yehova

[Amafoto ku rup. 26]

Yehova yaraciriye urubanza Abisirayeli bahukanye n’abakenyezi babo bitwaje imvo zitagira mvura maze bakirongorera abagore b’abapaganikazi

[Ifoto ku rup. 26]

Abakirisu muri iki gihe baratera iteka indagano bagize z’ukwabirana

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika