Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Malaki
HARAHEZE imyaka irenga 70 rwa rusengero rwasubira kwubakwa i Yeruzalemu rurangiye. Ariko rero, uko igihe kihaca, niko Abayuda bagenda baragoyagoya cane mu vy’impwemu. Mbere n’abaherezi barononekaye. Ni nde none azobafasha kubona uko ivyabo vyifashe vy’ukuri, hanyuma akagerageza ku bavyura mu vy’impwemu? Yehova ashinga ico gikorwa umuhanuzi Malaki.
Igitabu ca nyuma co mu Vyanditswe vy’igiheburayo, ico Malaki yanditse akoresheje imvugo ikomeye, kirimwo ubuhanuzi bwahumetswe n’Imana. Gutega yompi ijambo ry’ubuhanuzi ryashikirijwe na Malaki, birashobora kudufasha kwitegurira wa “musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubgoba”, igihe ivy’iyi si mbi bizorangira.—Malaki 4:5.
ABAHEREZI ‘BARATSITAJE BENSHI’
Yehova araserura inyiyumvo afitiye Isirayeli mu kuvuga ati: “Narabakunze”. Yamara abaherezi barakengereye izina ry’Imana. Uti barikengereye gute? Barikengereye mu ‘gushikana ivyo kurya bihumanye ku gicaniro cayo’ no mu gutanga kw’ikimazi ‘igitungwa gicumbagira canke kirwaye’.—Malaki 1:2, 6-8.
Abaherezi ‘baratsitaje benshi mu vy’ivyagezwe’. Abantu ‘bararyarukana’. Bamwe babiriye abagore b’abanyamahangakazi. Abandi nabo baryarutse ‘umugore wo mu bucance bwabo’.—Malaki 2:8, 10, 11, 14-16.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:2, NW—Ni mu buryo ki Yehova “yavumye imihezagiro” y’abaherezi bigira ibiro biteze? Ivyo Imana yabigize mu buryo bw’uko umuhezagiro abo baherezi basaba waca uhinduka umuvumo.
2:3, NW—Vyasobanura iki ‘gusanzaza amayezi’ mu maso y’abo baherezi? Nk’uko Itegeko ryabisaba, amayezi y’igitungwa co gutangako ikimazi yategerezwa kujanwa inyuma y’ikambi hanyuma agaturirwa (Abalewi 16:27). Gusanzaza amayezi mu maso y’abo baherezi vyasobanura ko Yehova yashiburiye kure ibimazi batanze be n’uko bene kubitanga bari basesemye mu nyonga ziwe.
2:13—Ni amosozi ya bande yari yaratotesheje igicaniro ca Yehova? Ayo yari amosozi y’abagore baza ahantu heranda h’urusengero, maze bagasuka imbere ya Yehova ibiri mu mitima yabo. Ni igiki none cari catumye batuntura gutyo? Abagabo babo b’Abayuda bari barahukanye na bo mu buryo butemewe n’amategeko kandi bari barabataye, bikaba bishoboka ko babata kugira ngo birongorere abagore b’abanyamahangakazi bakiri bato.
Ivyigwa tuhigira:
1:10. Yehova ntiyanezererwa amashikanwa yatangwa n’abo baherezi b’abanyamwina, abasaba amahera no ku dukorwa dusanzwe nko kwugara inzugi canke kwatsa umuriro ku gicaniro. Ese ukuntu bihambaye ko ibikorwa dukora bijanye n’ugusenga, harimwo n’ivyo dukora mu busuku bwa gikirisu, tubikora tubitumwe n’urukundo ruzira ubwikunzi dukunda Imana na bagenzi bacu, ntitwigere tubitumwa n’ukurondera inyungu zijanye n’amahera!—Matayo 22:37-39; 2 Abakorinto 11:7.
1:14; 2:17. Yehova ntiyihanganira uburyarya.
2:7-9. Abaterwa agateka ko kwigisha mw’ishengero bakwiye kuraba neza ko ivyo bigisha bihuye n’Ijambo ry’Imana, ari vyo Vyanditswe Vyeranda, be n’uko bihuye n’ibiri mu bisohokayandikiro bishingiye kuri Bibiliya vya wa “mubwiriza w’umwizigirwa”.—Luka 12:42; Yakobo 3:11.
2:10, 11. Yehova yiteze ko abasavyi biwe bafatana uburemere impanuro yo kwubaka “mu Mukama gusa”.—1 Abakorinto 7:39.
2:15, 16. Abasavyi b’Imana b’ukuri bategerezwa gutera iteka indagano y’ukwabirana bagiraniye n’abagore babo bo mu buto.
‘UMUKAMA W’UKURI AZOZA MU RUSENGERO RWIWE’
‘Umukama w’ukuri [Yehova Imana] azoza giturumbuka mu rusengero rwiwe’ ari kumwe “n’intumwa y’isezerano [Yezu Kristu]”. Imana ‘izokwegera abantu bayo ibacire urubanza’, kandi izokwihutira kwagiriza inkozi z’ikibi z’ubwoko bwose. N’ikindi kandi, ‘igitabu c’icibutso’ gitegerezwa kwandikwa ku bw’abatinya Yehova.—Malaki 3:1, 3, 5, 16, gereranya na NW.
Umusi “waka nk’itanure” uzoza urigite abanyakibi bose. Imbere y’uko uwo musi uza, hazorungikwa umuhanuzi kugira ngo ‘agarukane umutima wa ba se ku bana be n’uw’abana kuri ba se’.—Malaki 4:1, 5, 6, gereranya na NW.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
3:1-3—“Umukama w’ukuri” be n’“intumwa y’isezerano” baje ryari mu rusengero, kandi ni nde yarungitswe ngo abitangire imbere? Yehova yaraje mu rusengero rwiwe biciye ku muserukizi wiwe, maze araruhumanura ku wa 10 Nisani 33 G.C. Aho hari ca gihe Yezu yinjira mu rusengero akirukana abariko baragura be n’abariko baragurisha (Mariko 11:15). Ivyo vyabaye haciye imyaka itatu n’igice Yezu arobanuwe ngo abe Umwami yagenywe. Mu buryo busa n’ubwo, biboneka ko igihe hari haheze imyaka itatu n’igice Yezu yimitswe akaba Umwami mw’ijuru, yajanye na Yehova mu rusengero rwo mu buryo bw’impwemu, hanyuma basanga abasavyi b’Imana bakeneye guhumanurwa. Mu kinjana ca mbere, Yohani umubatizi yararungitswe ngo ategure Abayuda ku bijanye n’ukuza kwa Yezu Kristu. Mu gihe ca none, hari intumwa yarungitswe imbere y’igihe kugira ngo itegurire inzira ukuza kwa Yehova mu rusengero rwiwe rwo mu buryo bw’impwemu. Guhera mu ntango z’imyaka ya 1880, hari umugwi w’Abatohoji ba Bibiliya watanguye igikorwa co kwigisha Bibiliya kugira ngo usubize mu mitima y’abantu b’inziraburyarya ukuri kw’ishimikiro kwa Bibiliya kutari guke.
3:10—Ugutanga “ikigiracumi gishitse”, vyoba bisigura uguha Yehova ivyo dufise vyose? Itegeko rya Musa vyarakuweho biciye ku rupfu rwa Yezu, akaba ari co gituma ikigiracumi c’amahera atari igisabwa. Yamara ikigiracumi kirafise insobanuro y’ikigereranyo (Abanyefeso 2:15). Ntigisigura ugutanga ivyo dufise vyose. Mu gihe ikigiracumi catangwa uko umwaka utashe, twebwe duha Yehova ivyo dufise vyose rimwe rizima, ni ukuvuga igihe tumwiyeguriye hanyuma tukerekana ko twiyeguye mu kubatizwa mu mazi. Kuva ico gihe, ivyo dufise vyose bica biba ivya Yehova. Naho ari ukwo, aratureka ngo duhitemwo igice kinaka c’ivyo dufise, ni ukuvuga ikigiracumi c’ikigereranyo, kugira tugikoreshe mu murimo tumurangurira. Ico kigiracumi ni ikintu ico ari co cose dushobora gutanga bivanye n’uko ivyacu vyifashe, kandi umutima wacu ukadusunikira kugikoresha. Amashikanwa dushikanira Yehova agizwe n’umwanya, inguvu be n’ubutunzi dukoresha mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Ayo mashikanwa arimwo kandi kwitaba amakoraniro ya gikirisu, kugendera abarwaye be n’abageze mu zabukuru dusangiye ukwizera, no gushigikira ugusenga kw’ukuri mu vy’amahera.
4:3—Ni mu buryo ki abasavyi ba Yehova ‘bazosiribanga abanyakibi’? Abasavyi ba Yehova bo kw’isi ‘ntibazosiribanga abanyakibi’ bubasiribange, ni ukuvuga kugira uruhara mu vyo kubashitsako urubanza Yehova yabaciriye. Ahubwo, ivyo vyerekana ko abasavyi biwe bo kw’isi bazobigira mu buryo bw’ikigereranyo mu kugira uruhara n’umutima wabo wose mu kwigina intsinzi izokurikira umuhero w’iyi si ya Shetani.—Zaburi 145:20; Ivyahishuwe 20:1-3.
4:4—Ni kubera iki dukwiye ‘kwibuka ivyagezwe vya Mose’? Abakirisu ntibasabwa gukurikiza ivyo vyagezwe, ari ryo rya Tegeko rya Mose, mugabo ryakoze nk’“igitutu c’ibintu vyiza bizoza” (Abaheburayo 10:1). Ku bw’ivyo, gusuzuma twitonze Itegeko rya Musa birashobora kudufasha kubona ukuntu ibintu vyanditswe muri ryo biranguka (Luka 24:44, 45). Vyongeye, iryo Tegeko ririmwo “ibigereranyo vy’ibintu vyo mw’ijuru”. Kuryiga birahambaye niba twipfuza gutahura inyigisho n’inyifato vya gikirisu.—Abaheburayo 9:23.
4:5, 6—‘Eliya uwavugishwa n’Imana’ agereranya nde? Vyari vyaravuzwe ko “Eliya” yokoze igikorwa co gusubiza ibintu mu buryo, ico na co kikaba ari ico gutegura imitima y’abantu. Mu kinjana ca mbere mu G.C., Yezu Kristu yarerekanye ko Yohani Umubatizi ari we “Eliya” (Matayo 11:12-14; Mariko 9:11-13). Uwugereranya Eliya muri kino gihe arungikwa “umusi w’Uhoraho uhambaye kand’ uteye ubgoba utarashika”. Muri iki gihe, Eliya si uwundi atari wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge” (Matayo 24:45). Uwo mugwi w’abakirisu basizwe urakorana umwete igikorwa co gusubiza mu buryo ivy’impwemu.
Ivyigwa tuhigira:
3:10. Tunaniwe no guha Yehova ivyo dufise vyiza kuruta ibindi tuba twiyimye umuhezagiro uva kuri we.
3:14, 15. Kubera ko abaherezi bariko baratanga akarorero kabi, Abayuda batanguye kubona ko umurimo barangurira Imana ata kintu kinini umaze. Abafise amabanga mw’ishengero rya gikirisu bakwiye kuba intangakarorero.—1 Petero 5:1-3.
3:16. Yehova arazigama amazina y’abantu bamutinya kandi b’intahemuka kuri we. Arabibuka kandi azobazigama igihe azosangangura iyi si mbi ya Shetani. Ku bw’ivyo, nimuze ntitwigere tudohoka ku mwiyemezo wacu wo kuguma turi intahemuka ku Mana.—Yobu 27:5.
4:1. Ku musi w’uko Yehova agira ico abajije abantu, “agashami” n’“agashitsi” vyompi bizogira iherezo rimwe, ni ukuvuga ko abana bakiri bato bazocirwa urubanza rumwe n’abavyeyi babo. Mbega ibanga ritoroshe abavyeyi bafise ku bana babo bakiri bato! Ba sebibondo na ba inabibondo bakirisu bategerezwa gukora ukwo bashoboye kwose kugira ngo bashimwe n’Imana bongere bagume bafise impagararo nziza imbere yayo.—1 Abakorinto 7:14.
“Wubahe Imana”
Ni nde azokizwa kuri wa “musi w’Uhoraho uhambaye kand’uteye ubwoba”? (Malaki 4:5). Yehova avuga ati: “Mweho abubaha izina ryanje izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mababa yaryo. Maze muzosohoka mukina amatavu nk’inyana zivuye mu ruhongore”.—Malaki 4:2.
“Izuba ry’ubugororotsi”, ni ukuvuga Yezu Kristu, rirarasira abatinya izina ry’Imana mu buryo burimwo icubahiro, kandi barashimwa na Yehova (Yohani 8:12). N’ikindi kandi, ‘barakira bari mu mababa yaryo’, ni ukuvuga ko ubu bakira mu buryo bw’impwemu, mw’isi nshasha y’Imana naho bakazokira bimwe bishitse ku mubiri, mu bwenge be no mu vy’inyiyumvo (Ivyahishuwe 22:1, 2). Kubera ko akanyamuneza kabasya, barikina amatavu “nk’inyana”. Ko tuzi yuko imihezagiro nk’iyo ari yo iturindiriye, nimuze tugumize ku mutima iyi mpanuro y’Umwami Salomo igira iti: “Wubahe Imana, witondere ivyagezwe na yo; kukw ivyo ari vyo bibereye rwose umuntu wese”.—Umusiguzi 12:13.
[Ifoto ku rup. 26]
Umuhanuzi Malaki, yari umusavyi w’Imana w’umunyamwete kandi w’intahemuka
[Ifoto ku rup. 29]
Ivyo twigisha bikwiye kuba bihuye n’ibiri muri Bibiliya
[Ifoto ku rup. 29]
Abasavyi ba Yehova baratera iteka indagano bagize z’ukwabirana