Niwiyegereze Imana
Woba wanditswe mu “gitabu c’icibutso” c’Imana?
YEHOVA yoba abona ukuntu abasavyi biwe bagwa bavyuka kugira ngo bamuhimbare? Cane nyene! Ariko rero, ntabona gusa ibikorwa bakora vyerekana ko bamwibanga be n’amajambo bavuga yo kumushemeza. Mbere n’igihe bamwiyumvira babigiranye ugukenguruka, arabibona. N’ikindi kandi, Yehova ntazokwigera yibagira abasavyi biwe be n’ivyo bakoze. Ni igiki kibitwemeza? Inyishu tuyisanga mu majambo yavuzwe n’umuhanuzi Malaki.—Soma Malaki 3:16.
Igihe Malaki yavuga ubuhanuzi mu kinjana ca gatanu B.G.C. (B.G.C. bisobanura “imbere y’igihe cacu”), muri Isirayeli ivy’ugusenga Imana be n’ibijanye n’inyifato runtu vyari bigeze aho umwansi ashaka. Abaherezi bafata minenegwe ivyo bari bajejwe, abantu muri rusangi na bo bariko bakora ibintu bitukisha Imana, nk’ubupfumu, ukurenga ibigo be n’ubugunge. (Malaki 2:8; 3:5) Ariko rero, naho ibintu vyari vyayangaye gutyo, hari umugwi w’Abisirayeli bagumye ari intahemuka. Bariko bakora iki?
Malaki asigura ati: “Abatinya Yehova baraganira, umwe wese na mugenziwe.” Gutinya Imana ni ikintu ciza. Aha Malaki ariko avuga Abisirayeli bubaha cane Imana kandi batinya gukora ivyoyibabaza. Urabona ko abo bantu batinya Imana bariko “baraganira, umwe wese na mugenziwe.” Biboneka ko baja hamwe kugira ngo bayage Yehova neza bongere baremeshanye, kugira ngo ntibacike intege canke ntibandure ingeso mbi z’abari babakikuje.
Abisirayeli b’intahemuka barerekanye ko batinya Yehova no mu bundi buryo buhambaye: “[Bar]iyumvira izina ryiwe.” Hari iyindi Bibiliya ivuga yuko “baha agaciro izina Ryiwe.” Abo bantu batinya Imana baratera iteka Yehova mbere no mu vyiyumviro vyabo. Mu mutima wabo, biyumvira Yehova be n’izina ryiwe rihambaye babigiranye ugukenguruka. None Yehova yoba yarabona ivyo bariko barakora?
Malaki avuga ati: “Yehova na we aguma ateze ugutwi, yumviriza.” Yehova aho yari iyo mw’ijuru, ni nk’aho yahengeka ugutwi akumviriza ijambo ryose abasavyi biwe bayaga ryo kumushemeza. Yaritwararika n’ivyo bazirikanako vyose mu mitima yabo. (Zaburi 94:11) Ariko yaragize n’ikindi akora uretse ukwumva amajambo meza bavuga be n’ivyiyumviro vyabo vyiza.
Malaki avuga ati: “Igitabu c’icibutso gitangura kwandikirwa imbere yiwe.” Ico gitabu ni igitabu c’ikigereranyo Yehova yandikamwo abo bose bamukoreye badahemuka. Urabona ko citwa “igitabu c’icibutso.”a Ivyo bitwereka yuko Yehova atazokwigera yibagira abasavyi biwe b’abizigirwa be n’ivyo bakoze vyose kugira ngo bamushemeze, vyaba ibikorwa vyiza bakoze, ijambo ryiza bavuze, n’ivyiyumviro vyiza biyumviriye. Ariko Imana ibibuka ku bw’intumbero kanaka. Isezerana ko izoha impera y’ubuzima budahera abantu bose amazina yabo yanditswe ubudahanagurika mu gitabu ciwe c’icibutso.b—Zaburi 37:29.
Ese ukuntu bihumuriza kumenya yuko Yehova aha agaciro ivyo dukora vyose kugira tumusenge mu buryo yemera! Ibivugwa muri Malaki 3:16 biratuma tuzirikana bigera kure. Vyoba vyiza umwe wese yibajije ati: ‘Izina ryanje ryoba riri mu “gitabu c’icibutso” c’Imana?’ Rizokwandikwayo nitwihatira buri musi gukora, kuvuga no kwiyumvira ibintu mu buryo butuma Yehova ahimbarwa.
Aho turemeshejwe gusoma muri Kigarama:
a Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “icibutso” ntirisigura gusa ukwibuka ikintu mu bwenge. Rishobora kandi kwerekeza ku kugira ico ukoze ku bwa nya kintu wibuka.
b Ushaka kumenya n’ibindi ku bijanye n’umuhango Imana itanga werekeye ubuzima budahera, raba ikigabane ca 3 c’igitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.