Ugutinya Imana ‘kwigisha ubukerebutsi’
UBUKEREBUTSI nyakuri burategura amazimano ahambaye. ‘Buratuma incoreke zabwo; busemererera ku gatwe hejuru ko mu gisagara, buti Umuntu wese w’imburabwenge naze yinjire hano; kandi bubarira ibipfamutima, buti Ngwino murye ku mazimano yanje, munywe kuri vino naturiranije. Muve mu bupfu, mubone kubaho; mugendere mu nzira yo kumenya ubwenge’.—Imigani 9:1-6.
Kwihereza amazimano ku meza yateguwe n’ubukerebutsi ntivyigera bivamwo ikintu na kimwe kibi canke kibabaje. Kwumvira ubukerebutsi buva ku Mana dusanga mu migani yahumetswe na yo, be no kwemera ugutozwa indero kwabwo, bivamwo ivyiza gusa. N’amajambo y’ubukerebutsi dusanga mu Migani 15:16-33 tugiye kurimbura na yo nyene aravamwo ivyizaa. Gukurikiza impanuro dukura muri ayo majambo adomako birashobora kudufasha kubumbwa na bikeyi dufise, gutera imbere no kunezerwa mu buzima. Birashobora kandi kudufasha gufata ingingo nziza no kuguma mu nzira ijana mu buzima.
Igihe bike biba vyiza kuruta
Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera avuga ati: “Ibike birimwo [“ugutinya”, “NW”] Uhoraho biruta ubutunzi bginshi burimwo guhagarika umutima” (Imigani 15:16). Kwirengagiza Umuremyi wacu maze ivyo gukurikirana amaronko tukabigira yo ntumbero y’ubuzima bwacu, emwe, ni ubupfu. Ubuzima nk’ubwo usanga bwuzuyemwo imiruho n’amaganya. Ese ukuntu vyoba bibabaje hamwe umuntu igihe yoba ageze mu zabukuru, yobona ko ubuzima bwiwe bwose ata co bwavuyemwo canke ngo bugire ico bushikako! Kwirundaniriza amatungo menshi arimwo “guhagarika umutima”, nta gukeka ko bitaranga ubukerebutsi. Ese ukuntu biba vyiza kuruta iyo tumenye akabanga ko kubumbwa n’ivyo dufise kandi tukabaho tukisunga! Agahimbare nyakuri kava ku gutinya Yehova, ni ukuvuga ku bucuti dufitaniye na we, ntikava ku maronko.—1 Timoteyo 6:6-8.
Mu gushimika ku kuntu kugiranira n’abandi ubucuti bwiza biruta kugira ibintu umurengera, Salomo avuga ati: “Ingaburo y’imboga irimw’urukundo iruta inyama z’inka inuze zirimw’urwanko” (Imigani 15:17). Ni vyo, kuba mu rugo rurangwamwo urukundo biraryoha kuruta kugira ibifungurwa umukimba vyizavyiza. Urugo rurimwo umuvyeyi umwe gusa rwoshobora kuba rufise uburyo buke cane. Mu bihugu bimwebimwe woshobora gusanga udufungurwa tubayabaye ari two twonyene umuntu ashobora kuronka. Yamara, umuryango urangwamwo urukundo n’igishika usanga umerewe neza.
N’imiryango usanga irangwamwo urukundo, irashobora kwadukamwo ibintu bigoye. Umwe mu bagize umuryango yoshobora kuvuga canke gukora ikintu kibabaza uwundi. None uwo yababaye akwiye guca avyifatamwo gute? Mu Migani 15:18 hagira hati: “Umuntu w’inkazi avyura ibihāri, arik’ūteba kuraka ahwamika imitongano”. Igihe aciye akoresha ubwitonzi, aho guca atwarwa n’agashavu, biratuma haba amahoro n’itekane. Impanuro duhabwa n’uwo mugani irakora no mu yindi mice y’ubuzima, ushizemwo imirimo yo mw’ishengero n’ubusuku bwo mu ndimiro.
Igihe ‘inzira iba umuharuro’
Umugani ukurikira urashira ahabona itandukaniro riri hagati y’umuntu atumviye ubukerebutsi n’ababwumviye. Wa mwami w’inkerebutsi avuga ati: “Inzira y’umunyabute ni nk’umurombero w’amahwa, arikw inzira y’abagororotsi n’umuharuro”.—Imigani 15:19.
Umunyabute arirondeza intambamyi zose zishoboka, maze zikaba ari zo yitwaza mu gusigura igituma atatanguye igikorwa kinaka. Ariko abagororotsi bobo, ntibahagarika umutima kubera ibintu vyobabera intambamyi. Bakora bashirutse ubute kandi bakitaho igikorwa bafise. Gutyo baba birinze ingorane nyinshi zogereranywa n’amahwa zoshoboye kubashikira mu gihe bobaye ari abantu bafata ibintu minenegwe. Inzira yabo ni “umuharuro”, ni ukuvuga inzira itera ija imbere. Baratangura igikorwa cabo maze bakanezerwa kubona gitera imbere.
Fata nk’akarorero ibijanye n’ukwironsa ubumenyi ntagakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana be no gutera imbere ugana ku buhumure. Ivyo bisaba akigoro. Umuntu arashobora kwitwaza ivy’uko yize amashure make, ivy’uko atazi gusoma neza, canke ivy’uko akunda kwibagira, kugira asigure igituma atitaho ukwiyigisha Bibiliya n’umwete. Ese ukuntu biba vyiza kuruta, igihe umuntu atiyumviriye yuko ivyo ari intambamyi zimubuza kwironsa ubumenyi! Naho hoba hari ibitatubangukira, turashobora kugira akigoro ko kuryohora uburyo dusoma be n’uburyo dutahura ivyo dusoma, kumbure tukaza turakoresha igitabu c’inyizamvugo igihe bikenewe. Kubona ibintu mu buryo bwiza biradufasha kwironsa ubumenyi no gutera imbere mu vy’impwemu.
Igihe ‘senaka anezerwa’
Wa mwami wa Isirayeli kandi avuga ati: “Umwana w’ubgenge anezereza se, arik’umuntu gito akēngēra nyina” (Imigani 15:20). Abavyeyi ntibahora none banezerwa igihe abana babo bakoranye ubukerebutsi? Ni ivy’ukuri ko bisaba yuko abavyeyi bigisha abana babo bakongera bakabatoza indero kugira havemwo ivyiza nk’ivyo (Imigani 22:6). Naho ari ukwo, ntiworaba ukuntu umwana w’inkerebutsi anezereza abavyeyi biwe! Ariko umwana gito wewe, abatera intuntu idahera.
Uwo mwami w’inkerebutsi, akoresheje ijambo ‘kunezereza’ mu kuvuga ikindi kintu, agira ati: “Ubupfu bunezereza igipfamutima, arik’umuntu w’ubgenge atunganya ingendo ziwe” (Imigani 15:21). Abatagira umutima banezerezwa n’ibintu bitwenza vy’ubupfu be n’ukwiryohererwa kw’ubupfu bidatuma umuntu agira agahimbare nyakuri. Ariko umuntu w’ubwenge wewe arabona yuko kuba umuntu ‘akunda ibimuhimbara akabirutisha Imana’ ari ubupfu (2 Timoteyo 3:1, 4). Kwumira ku ngingo ngenderwako z’Imana biramufasha kuguma agororotse no kuguma agendera mu nzira itunganye, ari yo nzira igororotse.
Igihe ‘hagira ikivamwo’
Kwisunga ingingo ngenderwako z’Imana biragira akamaro no mu yindi mice y’ubuzima bwacu. Mu Migani 15:22 havuga hati: “Ahatagira [“ikiyago c’akabanga”, “NW”] imigabo irapfa, ariko mu bajanama benshi [“haragira ikivamwo”, “NW”]”.
Ikiyago c’akabanga ni ikiyago co mu mwiherero kandi kigirwa ata guhishanya. Ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “ikiyago c’akabanga” rihindurwa ngo “umugwi w’abagenzi somambike” muri Zaburi 89:7, NW. Ivyo vyerekana ko ari uguseruranira akari ku mutima. Ikiyago c’akabanga si ukuganira mucishako, ahubwo ni ukuganira muhanahana ivyiyumviro mwongera museruranira inyiyumvo ata guhishanya. Mu gihe abanega n’abakenyezi babo bagiraniye ikiyago nk’ico ata co binona, abavyeyi n’abana na bo nyene bakabigenza gutyo, hagati yabo haraheza hakaba amahoro n’ubumwe. Ariko mu gihe mu muryango ata kiyago c’akabanga kihaba, bituma haba ukuvunika umutima n’ingorane.
Igihe dufata ingingo zihambaye, vyoba biranga ubukerebutsi twumviye iyi mpanuro igira iti: ‘Mu bajanama benshi haragira ikivamwo’. Igihe nk’akarorero tuba turiko turahitamwo uburyo bwo kwivuza, mbega si ibiranga ubukerebutsi ko duhanuza abantu babiri canke batatu, na canecane mu gihe haba harimwo ibibazo bihambaye?
Mu bijanye no kwitaho ivy’impwemu hoho, emwe, nta wokwirirwa arasigura cane akamaro ko kugira abajanama benshi. Igihe abakurambere bagiye inama bakongera bakisunga ubukerebutsi bwabo bose, “haragira ikivamwo”. N’ikindi kandi, abakurambere bakiri bashasha ntibakwiye kwitinya gusaba impanuro abakurambere bababoneye izuba kandi bazi utuntu n’utundi kubarusha, na canecane igihe ikibazo baba bariko bitwararika kiba kitoroshe.
Igihe umuntu ‘anezerezwa n’ukwishura’ kwiwe
Mbega ijambo rivuganywe ubukerebutsi rishobora kuvamwo iciza ikihe? Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Umuntu anezererwa ukwishura kw’akanwa kiwe, kand’ijambo riziye mu gihe kibereye, ewe kuntu ari ryiza!” (Imigani 15:23). Ntiduhora none tunezerwa igihe inyishu canke impanuro twatanze bikurikijwe kandi bikavamwo ivyiza? Ariko rero, kugira ngo impanuro dutanga ibe kirumara, itegerezwa gukwiza ibisabwa bibiri.
Ica mbere, iyo mpanuro ikwiye kuba ishingiye cane kw’Ijambo ry’Imana Bibiliya (Zaburi 119:105; 2 Timoteyo 3:16, 17). Ikigira kabiri, ikwiye gutangwa mu gihe kibereye. Amajambo y’ukuri, na yo nyene arashobora kugira ingaruka mbi igihe avuzwe mu gihe kitabereye. Nk’akarorero, guhanura umuntu utaranamutega yompi ngo akugire ku muriri akamubakiye, ntibiranga ubukerebutsi kandi nta n’ico bimara. Ese ukuntu bihambaye rwose rero ko tuba abantu ‘bihutira kwumva, bagateba kuvuga’!—Yakobo 1:19.
‘Inzira y’ubuzima iduga irora hejuru’
Mu Migani 15:24 havuga hati: “Ku munyabgenge inzira y’ubu[zima] idūga irora hejuru, kugira ngw atandukane n’i kuzimu i bgina”. Umuntu akorana ubwenge canke ubukerebutsi ari ku nzira ija kure y’i kuzimu. Aramirira kure ingeso zikwega ingaruka mbi, nk’ubuhumbu, ukwihereza ibiyayuramutwe be n’akaborerwe, gutyo akaba yirinze gukubiranywa n’urupfu. Inzira yiwe ija mu buzima.
Ariko, ca uraba rero inzira y’abatagira ubukerebutsi ukuntu itandukanye n’iyo: “Uhoraho asambura inzu y’umwibone, arikw akomeza urubibe rw’umupfakazi. Akazīkira n’igisesema k’Uhoraho, arikw amajambo y’igikundiro imbere yiwe ntagira akarohe. Umuntu ahahamira inyungu atera imivurungano inzu yiwe, arik’uwanka ingurire azoramba”.—Imigani 15:25-27.
Uwo mwami wa Isirayeli, mu kutwereka ukuntu twokwirinda umutego abantu benshi bagwamwo, avuga ati: “Umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura, arikw akanwa k’abanyakibi gasuka ibibi” (Imigani 15:28). Emwe, impanuro duhabwa n’uwo mugani ni iy’agaciro koko! Inyishu ziranga ubupfu umuntu apfa gusuka n’akanwa kiwe usanga ari gake cane zivamwo ikintu ciza. Igihe turimbuye ibintu bitandukanye vyoshobora kuba biri n’ico bivuze ku kibazo kinaka, ushizemwo n’ukuntu abandi ivyabo vyifashe be n’inyiyumvo zabo, usanga tudahuta turavuga ikintu twohava twicuza mu nyuma.
None gutinya Imana no kwumvira indero idutoza bigira akamaro akahe? Wa muntu w’inkerebutsi yishura ati: “Uhoraho aba kure y’abanyakibi, ariko yumva ugusenga kw’abagororotsi” (Imigani 15:29). Imana y’ukuri ntiri hafi y’abanyakibi. Bibiliya ivuga iti: “Uwica ugutwi ngo ntiyumve ivyagezwe, n’ugusenga kwiwe na kwo kuba igisesema” (Imigani 28:9). Abatinya Imana bihatira gukora ibigororotse mu nyonga zayo barashobora kuyiyegereza ata co binona, bizigiye badakeka ko iheza ikabatega ugutwi.
‘Ikinezereza umutima’
Salomo, akoresheje ikigereranyo gisaba kwiyumvira, avuga ati: “Mu maso hakeye hanezereza umutima, kand’inkuru nziza zishira imisokōro mu magufa” (Imigani 15:30). Igihe amagufa arimwo “imisokōro” bituma umubiri wose ugira ingoga bikongera bikanezereza umutima. Kandi umunezero umuntu afise mu mutima uribonekeza mu gutuma mu maso haba ahakeye. Ukwo ni ko agakuru keza gatuma umuntu amererwa.
Ntiduhora none twumva turemeshejwe vy’ukuri igihe twumvise amakuru avuga ivy’iyaguka riba hirya no hino kw’isi rijanye n’ugusenga Yehova? Kumenya ivyerekeye ibiriko birarangurwa muri ca gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa, vy’ukuri biratuma tugira ingoga zo kurushiriza kugira uruhara mu busuku (Matayo 24:14; 28:19, 20). Inkuru zerekeye abantu bagize Yehova yo Mana yabo bakaza mu gusenga kw’ukuri, zituma akamwemwe kadusya. Ko “inkuru nziza . . . zivuye mu gihugu ca kure” zigira ikintu gikomeye zikoze gutyo, birahambaye cane rero ko tuza turuzuza ata makosa amaraporo dutanga y’umurimo turangura mu busuku kandi tukaza turitwararika cane ico kintu.—Imigani 25:25.
“Ukwicisha bugufi kwitangira imbere y’ukwubahwa”
Mu gushimika ku kamaro ko kwemera indero dutozwa mu buryo butandukanye, uwo mwami w’inkerebutsi agira ati: “Ūtega ugutwi ngo yumve uguhanūrwa kumushitsa ku bu[zima] azobana n’abanyabgenge. Uwanka guhanwa aba akēngereye ubgiwe bu[zima], arik’uwumvira ivyo ahanūwe aronka [“umutima”, “NW”]” (Imigani 15:31, 32). Guhanurwa, canke gutozwa indero, birashikira umutima w’umuntu bikawubogora, maze bigatuma abona ibintu mu buryo bwiza. Emwe, ntibitangaje kuba “inkoni y’uguhana” canke y’ugutoza indero, ari yo ikura “ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana” (Imigani 22:15)! Vyongeye, uwumvira ugutozwa indero araronka umutima, ivyo bikaba bisobanura yuko aheza akaba umuntu akorana imvo nziza. Ariko uwanka ugutozwa indero we, aba ateye akagere ubuzima.
Vy’ukuri, kwemera gutozwa indero n’ubukerebutsi kandi tubigiranye ukwicisha bugufi, ni ngirakamaro. Ivyo ntibituma gusa tubumbwa n’ivyo dufise, dutera imbere, tunezerwa, tukagira n’ico dushitseko, ariko biranatuma tugira icubahiro n’ubuzima. Mu Migani 15:33 hasozera hati: “[“Ugutinya”, “NW”] Uhoraho kwigisha ubgenge, kand’ukwicisha bugufi kwitangira imbere y’ukwubahwa”.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka ikiganiro gica irya n’ino Imigani 15:1-15, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 1 Mukakaro 2006, urupapuro rwa 13-16.
[Ifoto ku rup. 17]
Kuba mu rugo rurangwamwo urukundo biraryoha kuruta kugira ibifungurwa umukimba vyizavyiza
[Ifoto ku rup. 18]
Naho hoba hari ibitatubangukira, kubona ibintu mu buryo bwiza biradufasha kwironsa ubumenyi
[Ifoto ku rup. 19]
Ikiyago c’akabanga ni ukuganira muhanahana ivyiyumviro mwongera museruranira inyiyumvo ata guhishanya
[Ifoto ku rup. 20]
Woba uzi ukuntu “inkuru nziza zishira imisokōro mu magufa”?