“Ubukerebutsi ni uburinzi”
“EWE kuronka [“ubukerebutsi”, “NW”] ukuntu kuruta kuronka izahabu! Mbere guca ubgenge n’ico guhitamwo kuruta ifeza”. Ukwo ni ko mu Migani 16:16 havuga. Ni kubera iki ubukerebutsi ari ubw’agaciro gutyo? Ni kubera ko “[‘ubukerebutsi ari uburinzi’, NW], nk’ukw amahera ar’[“uburinzi”, NW]; arikw inyungu iva mu kumenya n’iyi: n’uk’[“ubukerebutsi”, NW] buzigama ubu[zima] bga nyenebgo” (Umusiguzi 7:12). Ariko none, ubukerebutsi buzigama gute ubuzima bwa benebwo?
Kwironsa ubukerebutsi buva ku Mana, ni ukuvuga kwironsa ubumenyi butarimwo amakosa bwo mw’Ijambo ry’Imana Bibiliya no kubushira mu ngiro, biradufasha kugendera mu nzira Yehova ashima (Imigani 2:10-12). Umwami Salomo wa Isirayeli ya kera avuga ati: “Inzira y’igihamo y’abagororotsi [ni] ukwitandukanya n’ikibi; uwirinda mu nzira yiwe akiza ubugingo bgiwe” (Imigani 16:17). Emwe, ubukerebutsi burarinda benebwo ngo ntibagendere mu nzira mbi bukongera bukabazigama! Amajambo magufi, arashe kandi y’ubukerebutsi dusanga mu Migani 16:16-33 arerekana ikintu ciza ubukerebutsi buva ku Mana bushobora kugira ku gatima dufise, ku vyo tuvuga no ku vyo dukoraa.
‘Nugire umutima wicisha bugufi’
Ubukerebutsi bufashwe nk’umuntu, budondorwa nk’aho buriko buvuga buti: “Ubgibone n’amanyama . . . ndavyanka” (Imigani 8:13). Ubwibone n’ubukerebutsi nta ho bisa bisana. Turakeneye gukorana ubukerebutsi no kwiyubara kugira ngo ntidutsimbataze agatima k’ubwishime canke k’ubwibone. Turakwiye canecane kwiyubara mu gihe turoraniwe mu mice imwimwe y’ubuzima canke mu gihe twajejwe ibanga rinaka mw’ishengero rya gikirisu.
Mu Migani 16:18 hatanga imburizi igira iti: “Ubgibone bgitangira imbere y’[“ugutemba”, “NW”], kand’umutima wihaya witangira imbere y’ukugwa”. Zirikana ku gutemba guhambaye kuruta ukundi kwose kwabaye mu biriho vyose, uko na kwo kukaba ari ugukororwa kw’umwana w’Imana uwari ikiremwa c’impwemu gitunganye yigize Shetani Mubesheranyi (Itanguriro 3:1-5; Ivyahishuriwe 12:9). Ntiyagaragaje none agatima k’ubwishime imbere y’ugutemba kwiwe? Bibiliya irerekeza kuri ico kintu igihe ivuga yuko umuntu akiri muto mu kwizera adakwiye gushingwa amabanga yo gucungera ishengero rya gikirisu, “kugira ngo ntiyikakishe, ngw atembe, agacirwakw iteka wa Murwanizi yaciriweko” (1 Timoteyo 3:1, 2, 6). Ese ukuntu bihambaye ko twirinda kuremesha mu bandi ubwibone canke kubureka ngo budutsimbataremwo!
Mu Migani 16:19 havuga hati: “Kugira umutima wicishije bugufi ugafatanya n’abagorwa biruta kugabangana iminyago ufatanije n’abibone”. Ivyashikiye Umwami Nebukadinezari wa Babiloni ya kera birerekana yuko iyo nkeburo iranga ubukerebutsi. Mu kiyaya c’i Dura, yarashingishije n’ubwibone n’akantu igishushanyo amahero, igishobora kuba ari we ubwiwe cagereranya. Ico gishushanyo gishobora kuba cashizwe ku kintu gikirurutse cane ku buryo cagereza ku metero 27 iyo hejuru (Daniyeli 3:1). Ico gishushanyo kirekire gutyo cari ikimenyetso amahero cagereranya inganji nganzabami ya Nebukadinezari. Naho abantu boshobora gutangarira ibintu bigereza iyo hejuru kandi bishimagizwa, nk’ico gishushanyo, tutibagiye inyubakwa z’ivyibutso, iminara y’amazu be n’amagorofa agereza hariya; ku Mana hoho si uko biri. Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Uhoraho [“ari hejuru”, NW], ashira umutima ku bafafara, arikw abībone abamenyera kure” (Zaburi 138:6). Nk’ako, “igishizwe hejuru mu bantu [ni] igisesema mu nyonga z’Imana” (Luka 16:15). Biratubera vyiza ‘tugendanye n’ivyiyoroheje’ kuruta ‘gushira umutima ku bikomeye’.—Abaroma 12:16.
Nuvugane ‘ugutahura n’ukujijuka’
Kwironsa ubukerebutsi bigira ico bikoze gute ku vyo tuvuga? Wa mwami w’inkerebutsi atubwira ati: “Ūshira umutima kw ijambo azobona ivyiza, kand’uwizigira Uhoraho aba ahiriwe. Uw’[“ubukerebutsi”, “NW”] mu mutima azokwitwa [“uwutahura”, “NW”], kandi n’iminwa ivuga ibiryoshe yungura [“ukujijuka”, “NW”]. Ugutahura n’isōko y’ubugingo k’ūgufise, kand’igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo. Umutima w’umunyabgenge wigisha akanwa kiwe, ukungura [“ukujijuka”, “NW”] [kw’]iminwa yiwe”.—Imigani 16:20-23.
Ubukerebutsi buradufasha kuvugana ugutahura n’ukujijuka. Uti kubera iki? Kubera ko umuntu w’ubukerebutsi mu mutima agerageza ‘kubona ivyiza’ ku bijanye n’ingorane yinaka kandi ‘akizigira Uhoraho’. Igihe twihatira kurondera ivyiza mu bandi, biroroha cane ko tubavuga neza. Amajambo tuvuga akwiye kuba aryoshe kandi ajijura, aho kuba ababaza canke avyura uguhazuka. Gutahura ukuntu ivy’abandi vyifashe biradufasha gutegera ingorane zishobora kuba ziriko zirabashikira ukwo zingana be n’ingene bariko barazifatamwo.
Birahambaye cane kandi ko tuvugana ubukerebutsi igihe turi muri ca gikorwa turangura co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. Igihe twigisha abandi Ijambo ry’Imana, intumbero tuba dufise si iyo gupfa kubabwira ico Ivyanditswe bivuga, ahubwo riho ni iyo kubakora ku mutima. Ivyo bisaba ko tuvugana ukujijuka. Intumwa Paulo yahimirije mugenziwe Timoteyo kuguma mu vyo yari ‘yarumvishijwe akavyemera’.—2 Timoteyo 3:14, 15, NW.
Nk’uko inyizamvugo imwe y’uwitwa W. E. Vine (An Expository Dictionary of New Testament Words) ibivuga, ijambo ry’ikigiriki rikoreshwa ngo ‘kwumvisha’, risobanura “gutuma umuntu ahindura ivyiyumviro biciye ku kuzirikana canke ku kurimbura ikibereye n’ikitabereye”. Kugira ngo tubwire uwo turiko turayaga ibintu bimujijura bituma ahindura ivyiyumviro, bisaba ko tubanza gutahura ivyiyumviro vyiwe, ibimushimisha, uko ivyiwe vyifashe be na kahise kiwe. Uti none dushobora kuronka gute mwene ukwo gutahura? Umwigishwa Yakobo yishura ati: ‘Wihutire kwumva, utebe kuvuga’ (Yakobo 1:19). Igihe tubajije utubazo uwo muntu tukongera tugatega yompi ivyo avuga, turashobora kumenya iryo agona.
Intumwa Paulo yari umuhanga mu vyo kwumvisha abandi (Ivyakozwe n’intumwa 18:4). Mbere n’umwe mu bamurwanya, ari we Demetiriyo umucuzi w’ifeza, yariyemereye icese ati: “[Si] muri Efeso honyene, ariko nko muri Asiya hose, umwe Paulo [“yumvishije”, NW] abantu benshi a[r]abahindura” (Ivyakozwe n’intumwa 19:26). Ukuba Paulo yararoranirwa mu gikorwa co kwamamaza yoba yaravyiyitirira? Haba n’intete! Yabona ko ukwamamaza kwiwe ‘kwaserukamwo impwemu n’ubushobozi’ vy’Imana (1 Ab’i Korinto 2:4, 5). Na twebwe nyene turafashwa n’impwemu nyeranda ya Yehova. Kubera yuko twizigira Yehova, turemera tudakeka ko adufasha uko twihatira kuvugana ugutahura n’ukujijuka mu busuku turangura.
Ntibitangaje rero kuba umuntu “w’ubukerebutsi mu mutima” yitwa “umunyabwenge”, canke “umuntu azi gutandukanya ibintu” (Imigani 16:21, An American Translation; New International Version). Vy’ukuri, ugutahura ni “isōko y’ubu[zima]” ku bagufise. Ariko none tuvuge iki ku vyerekeye ibipfu? ‘Birakengera ubukerebutsi n’ugutozwa indero’ (Imigani 1:7, NW). Ni ingaruka izihe ibipfu vyimbura mu gutera akagere ugutozwa indero na Yehova? Nk’uko twamaze kubibona, Salomo avuga ati: “Igihana ibipfu n’ubupfu bgavyo” (Imigani 16:22). Ibipfu biraronka ugutozwa indero kwiyongereye, kuno kukaba akenshi ari uguhanwa bimwe bikomeye. Ibipfu vyoshobora kandi kwikoza isoni, kwikwegera ingorane, indwara mbere n’urupfu rukabikubiranya.
Wa mwami wa Isirayeli arerekana kandi ikintu ciza ubukerebutsi bugira ku vyo tuvuga, igihe agira ati: “Amajambo aryoshe ni nk’umutsāma w’ikigigu, asōsera umutima, anonora amagufa” (Imigani 16:24). Nk’uko nyene umutsāma w’ikigigu, ari bwo buki, usosa kandi ugahembura ningoga umuntu aguye isari, ni ko n’amajambo aryoshe aremesha akongera akaruhura. Vyongeye, ubuki ni intungamagara, buravura kandi ni bwiza ku buzima bw’umuntu. N’amajambo aryoshe ni kwo ameze; ni intungamagara mu vy’impwemu.—Imigani 24:13, 14.
Uragaba ku ‘nzira isa n’uko ari nziza’
“Harih’inzira umuntu yibgira kw ari nziza, arikw amaherezo yayo n’inzira ishikana mu rupfu” (Imigani 16:25). Iyo ni ingabisho duhabwa ku bijanye no kwirinda ivyiyumviro bitari vyo no gukurikira ingendo iteye kubiri n’itegeko ry’Imana. Inzira yinaka ishobora kuba isa n’aho ari nziza ufatiye ku kuntu abantu babona ibintu ariko ikaba mu vy’ukuri iteye kubiri n’ingingo ngenderwako zigororotse zo mw’Ijambo ry’Imana. Bisubiye, Shetani yoshobora kuremesha ukwo kwihenda ku buryo umuntu yosanga abwirijwe gukurikira ingendo ubwiwe abona ko ari nziza, ariko mu vy’ukuri ishikana mu rupfu.
Nta kindi kintu codukingira ukwihenda coza kiruta umutima w’ubukerebutsi n’ugutahura hamwe n’ijwi ryo mu mutima rimurikirwa n’ubumenyi bwo mw’Ijambo ry’Imana. Igihe dufata ingingo mu buzima, haba ari mu bijanye n’ukwigenza runtu, mu vyo gusenga canke mu bijanye n’ikindi kintu ico ari co cose, uburyo bwiza kuruta ubundi bwo kwirinda ukwihenda ni ukuyoborwa n’ingingo ngenderwako ziva ku Mana zerekeye ikibi n’iciza.
“Inda y’ūkora ni yo imukoresha”
Wa mwami w’inkerebutsi abandanya avuga ati: “Inda y’ūkora ni yo imukoresha, kukw akanwa kiwe kamusaba” (Imigani 16:26). Aha Salomo ariko aravuga ko icipfuzo co kuronka ibifungurwa umukozi agira ‘gishobora kumukoresha cane’, kubera yuko inzara aba afise ari yo ‘ibimusaba’, ni ukuvuga ibimutuma. Icipfuzo gisanzwe nko kugirira akayabagu ibifungurwa, coshobora gutuma haba ivyo turangura. Icipfuzo nk’ico ni ngirakamaro. Ariko rero, tuvuge iki nka hamwe icipfuzo kibereye tukiretse maze kikaba ikirengeje urugero ku buryo gihinduka kikaba umwina? Ingaruka zivamwo zimeze nk’ivyoshika igihe umucanwa wo kwota ubaye umuriro wa Nyakanga. Umwina ni icipfuzo kidacungerewe kandi conona. Umuntu w’inkerebutsi atahura akaga gaterwa n’umwina, yama mbere acungera n’ivyipfuzo vyiwe biba bisanzwe ari vyiza.
‘Ntujane inzira itari nziza’
Ivyo tuvuga birashobora kwonona nka kurya kw’umuriro utema ugatongora. Salomo aradondora ingaruka zibabaje ziterwa no gutora amahinyu abandi no kubararaza, mu kuvuga ati: “Umuntu w’[“imburakimazi”, “NW”] yimba ivyago, kandi mu minwa yiwe harimw’umuriro w’inkazi. Umuntu w’ikigoryi yandurutsa intonganya, kand’ūneguranira mu vyongorerano atandukanya abakundana cane”.—Imigani 16:27, 28.
Umuntu agerageza gutyoza mugenziwe ni “imburakimazi”. Dukwiye kugerageza kurondera iciza mu bandi no kuvuga ibintu bibaha icubahiro. Bite ho ku bijanye no gutega ugutwi abakwiragiza insaku zibabaza abandi? Amajambo bavuga arashobora bitagoranye gutuma haba ukwikekana ata ho gushingiye, gutandukanya abagenzi no gutera amacakubiri mw’ishengero. Ubukerebutsi buzotuma tubima amatwi.
Salomo aratanga ingabisho ku bijanye n’ubushobozi bushobora gukwegakwega umuntu ngo akurikire ingendo mbi, mu kuvuga ati: “Umuntu w’[“inkazi”, “NW”] yosha mugenzi we, amujana mu nzira itari nziza. Ūteranya amaso ngo yigerere ibigoramye, agafumbanya iminwa, ni we ashitsa ibibi”.—Imigani 16:29, 30.
Ubukazi bwoba bushobora gukwegakwega abasenga b’ukuri? Abantu benshi muri iki gihe barisutse mu vyo ‘kwigerera ibigoramye’. Bararemesha ibikorwa vy’ubukazi n’ukubikora bakabikora. Dushobora gusanga vyoroshe kwirinda kugira uruhara mu buryo bugaragara mu bikorwa vy’ubukazi. Yamara, tuvuge iki ku bijanye no kwisuka mu bikorwa vy’ubukazi mu buryo budahuta bwigaragaza? None nta bantu amamiliyoni bakwegakwezwe mu vyo kurorera ivyo kwinezereza canke inkino, ivyo usanga bishemagiza ubukazi? Imburizi Ivyanditswe bitanga iratomoye, igira iti: “Gendana n’abanyabgenge, nawe uzogira ubgenge, arik’ūcudika n’ibipfu azokomeraka” (Imigani 13:20). Mbega uburinzi ubukerebutsi buva ku Mana butanga!
Bite ho ku muntu yamaze ubuzima bwiwe yifatanya n’abantu bafise ubukerebutsi n’ugutandukanya ibintu, maze akaba ‘atajanye inzira atari nziza’? Umuntu yabayeho agendera mu nzira y’ubugororotsi arabereye mu nyonga z’Imana kandi arakwiriye icubahiro. Mu Migani 16:31 havuga hati: “Imvi ku mutwe n’igitsibo c’icubahiro, kiboneka mu nzira y’ubugororotsi”.
Ariko kandi, nta ciza kiri mu kugira ishavu ridacungerewe. Kayini, ya mfura ya Adamu na Eva ‘yararakiye cane’ mwenewabo Abeli bituma ‘amugurukirako maze aramwica’ (Itanguriro 4:1, 2, 5, 8). Naho bishobora gushika tukagira imvo zumvikana zo gushavura, dutegerezwa kwirinda ntitureke ngo ishavu dufise ribe iridacungerewe. Mu Migani 16:32 havuga mu buryo butomoye hati: “Ūteba kuraka aruta umunyenkomezi, kand’ūganza umutima wiwe aruta ūnesheje igisagara”. Ishavu ridacungerewe si ikimenyetso c’inkomezi canke c’ingeso nziza. Ahubwo riho, ni ubugoyagoye bushobora ‘gutuma umuntu ajana inzira itari nziza’.
Igihe ‘vyose bigerwa n’Uhoraho’
Wa mwami wa Isirayeli avuga ati: “Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, arik’uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho” (Imigani 16:33). Muri Isirayeli ya kera, vyarashika Yehova agakoresha ubupfindo kugira ngo ivyo agomba bimenyekane. Utwo bapfindisha wasanga ari utubuye twiburungushuye canke utugegene tw’ibiti kibure udusate tw’amabuye. Ubwa mbere, barasaba Yehova ngo abe ari we afata ingingo ku kibazo kanaka. Ubukurikira, utwo bapfindisha baratuzingira mu mpuzu maze bakadukurayo. Ivyava muri ubwo bupfindo vyabonwa ko vyagezwe n’Imana.
Yehova ntagikoresha ubupfindo kugira ngo amenyeshe abasavyi biwe imigambi yiwe. Yarahishuye ivyo agomba mw’Ijambo ryiwe Bibiliya. Ubumenyi butarimwo amakosa bwerekeye ivyo Bibiliya ivuga ni co kintu nyamukuru gifasha umuntu kwironsa ubukerebutsi buva ku Mana. Ku bw’ivyo rero, ntidukwiye kureka ngo hagire umusi n’umwe wijana tudasomye Ivyanditswe vyahumetswe.—Zaburi 1:1, 2; Matayo 4:4.
[Akajambo k’epfo]
a Niba ushaka ikiganiro gica irya n’ino Imigani 16:1-15, raba Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Rusama 2007, ku rupapuro rwa 17-20.
[Ifoto ku rup. 8]
Ni kubera iki ubukerebutsi buruta izahabu?
[Ifoto ku rup. 9]
Ni igiki gituma uvugana ukujijuka igihe uri mu busuku?
[Ifoto ku rup. 10]
‘Umuntu w’imburakimazi yimba ivyago’
[Ifoto ku rup. 11]
Ishavu ridacungerewe rirashobora ‘gutuma umuntu ajana inzira itari nziza’
[Ifoto ku rup. 12]
Ubukazi burafise ubushobozi bwo gukwegakwega abantu