UBUZIMA BW’UMUKIRISU
«Nurabe ico ushira ku ruhande»
Ntidukwiye gutanga intererano igihe tuvyibutse gusa. Ahubwo, nk’uko intumwa Pawulo yabiduhanuye, dukwiye kwama “turaba ico dushira ku ruhande.” (1Kr 16:2) Gukurikiza iyo mpanuro biradufasha guteza imbere ugusenga kw’ukuri, bigatuma kandi tugira umunezero. Naho twoba tubona umenga intererano zacu nta co zivuze, Yehova arakenguruka cane kuba twipfuza kumutera iteka n’ibintu vyacu vy’agaciro.—Img 3:9.
NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO TURAGUSHIMIYE KUBA UGIRA ICO USHIZE KU RUHANDE, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:
Ni ivyiza ibihe biva ku gutegekanya kuza turatanga intererano?
Bamwebamwe bahisemwo gute “gushira ikintu ku ruhande”?