Ku wa mungu, 26 Gitugutu
Imana irwanya abibona, mugabo ikagirira ubuntu buhebuje abicisha bugufi.—Yak. 4:6.
Bibiliya iravuga abakenyezi benshi b’intangakarorero bakunda Yehova kandi bakamukorera. Bari abakenyezi «batarenza urugero mu ngeso zabo» kandi «bizigirwa muri vyose.» (1 Tim. 3:11) Vyongeye, bashiki bacu barashobora kuronka mw’ishengero barimwo abakenyezi bahumuye bokwigana. Yemwe bashiki bacu mukiri bato, mwoba mubona abakenyezi bahumuye mwokwigana mw’ishengero? Nimwihweze kamere nziza bafise, muce muraba ukuntu mwobigana. Kamere ihambaye cane iranga abakirisu bahumuye ni ukwicisha bugufi. Umukenyezi yicisha bugufi aragiranira ubucuti bwiza na Yehova n’abandi bantu. Nk’akarorero, umukenyezi akunda Se wiwe wo mw’ijuru Yehova, aremera yicishije bugufi gushigikira intunganyo ijanye n’ubukuru yashize mw’ishengero no mu muryango.—1 Kor. 11:3. w23.12 18-19 ing. 3-5
Ku wa mbere, 27 Gitugutu
Abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.—Ef. 5:28.
Yehova yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe kandi akamuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu, mu vy’umubiri, akamubera n’umugenzi ashika. Gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, kwubaha ab’igitsina-gore no kuba umwizigirwa, bizogufasha kuba umunega mwiza. Umaze kwubaka urwawe, hari aho wohitamwo kuvyara. Ni ibiki wokwigira kuri Yehova mu bijanye no kuba sebibondo mwiza? (Ef. 6:4) Yehova yarabwiye Umwana wiwe Yezu ko amukunda be n’uko amushima, kandi abivugira ku mugaragaro. (Mat. 3:17) Niwaronka abana, uritwararika kwama ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda. Urama ubakeza ku bintu vyiza bakora. Ba sebibondo bigana Yehova barafasha abana babo kugira bazobe abagabo n’abagore bahumuye. Urashobora gutangura kwitegurira iryo banga mu kwitwararikana urukundo abo mu muryango wawe n’abo mw’ishengero. Wobigira kandi mu kubabwira ko ubakunda be n’uko ubashima.—Yoh. 15:9. w23.12 29 ing. 17-18
Ku wa kabiri, 28 Gitugutu
[Yehova] ni we atuma wiberaho utekanye.—Yes. 33:6.
Naho turi abasavyi ba Yehova b’abizigirwa, na twebwe turashikirwa n’ingorane tukongera tukarwara cokimwe n’abandi bantu. Biranashika abatatwerekwa bakaturwanya canke bakaduhama. Naho Yehova atadukingira izo ngorane zose, aradusezeranira kudufasha. (Yes. 41:10) Aradufasha kugumana umunezero, gufata ingingo nziza no kuguma turi intahemuka naho twoshikirwa n’ibintu bikomeye gute. Yehova adusezeranira kuduha ico Bibiliya yita «amahoro y’Imana.» (Flp. 4:6, 7) Ayo mahoro, ni ugutekana tugira mu mutima kubera ubucuti bwiza tuba dufitaniye na we. Ayo mahoro «a[ra]rengeye ugutahura kwose.» Nta co twoyagereranya. Vyoba birashika ugatakambira Yehova maze ugaca wumva uratekanye ku buryo nawe bigutangaza? Ico nyene ni co citwa «amahoro y’Imana.» w24.01 20 ing. 2; 21 ing. 4