Woba wemera gutabarwa na Yehova?
“Uhoraho n’umutabazi wanje, sinzotinya”.—ABAHEBURAYO 13:6.
1, 2. Ni kubera iki bihambaye ko twemera imfashanyo n’ubuyobozi Yehova atanga mu buzima?
DUFATE yuko uriko uragendagenda mu kayira ku musozi. Mugabo nturi wenyene kubera yuko hariho umuntu muri mwene ba bandi bayobora ingenzi yitanze kugira ngo aguherekeze, akaba ari na we muyobozi abishoboye kuruta abandi. Arabimenyereye rwose kukurusha kandi arafise inguvu ziruta izo ufise, mugabo akagendera iruhande yawe yihanganye. Abonye yuko uza uratsitara. Kubera arondera ko utogira ico uba, aguhaye ukuboko kugira ngo agufashe kurengana ahantu hameze nabi kuruta ahandi. None wokwanka ko agufasha? Birumvikana ko utokwanka! Ubuzima bwawe burahakwa kuja mu kaga.
2 Twebwe abakirisu, turafise inzira igoye tubwirizwa gucamwo. Twoba none dutegerezwa guca muri iyo nzira yaga turi twenyene (Matayo 7:14)? Oya, Bibiliya irerekana yuko Umuyobozi mwiza kuruta abandi bose dushobora kuronka, uwo na we akaba ari Yehova Imana, yemerera abantu kugendana na we (Itanguriro 5:24; 6:9). Yehova yoba afasha abasavyi biwe igihe bariko baca muri iyo nzira? Avuga ati: “Jewe Uhoraho Imana yawe nzogufata ukuboko kw’i buryo, nkubgire, nti Ntutinye, ndagutabara” (Yesaya 41:13). Cokimwe na wa muyobozi wo mu kigereranyo duhejeje gutanga, Yehova abigiranye umutima mwiza araha ukuboko abarondera kugendana na we kugira abafashe, akongera akemera kugiranira ubucuti na bo. Ata gukeka, nta n’umwe muri twebwe yokwanka ko Yehova amufasha!
3. Muri iki kiganiro tuza kwihweza ibihe bibazo?
3 Mu kiganiro c’imbere y’iki, twaraciye irya n’ino uburyo bune Yehova yatabayemwo abasavyi biwe bo mu bihe vya kera. Yoba atabara abasavyi biwe muri ubwo buryo nyene muri iki gihe? Vyongeye, twomenya gute yuko twemera gutabarwa biciye ku buryo ubwo ari bwo bwose muri ubwo? Nimuze twihweze ivyo bibazo. Mu kwihweza ivyo bibazo, turashobora kurushiriza kwemera tudakeka yuko Yehova ari Umutabazi wacu vy’ukuri.—Abaheburayo 13:6.
Gufashwa n’abamarayika
4. Ni kubera iki abasavyi b’Imana muri iki gihe bokwemera badakeka yuko abamarayika babashigikira?
4 Abamarayika boba bafasha abasavyi ba Yehova bo muri iki gihe? Neza cane. Ego niko, muri iki gihe ntibaboneka imbonankubone kugira ngo barokore abasavyi b’Imana b’ukuri igihe bari mu makuba. Mbere no mu bihe vya Bibiliya, ni gake abamarayika baserutse muri ubwo buryo. Vyinshi mu vyo bakoze ntivyabonwa n’amaso y’abantu, nk’uko nyene biri muri iki gihe. Naho vyari ukwo, abasavyi b’Imana batahuye yuko abamarayika bariho kugira ngo babashigikire, basanze kumenya ivyo ari ikintu kiremesha cane (2 Abami 6:14-17). Turafise imvo yumvikana yo kubona ibintu muri ubwo buryo nyene.
5. Bibiliya yerekana gute yuko abamarayika bagira uruhara mu gikorwa co kwamamaza muri iki gihe?
5 Abamarayika ba Yehova baritwararika canecane igikorwa kidasanzwe tugiramwo uruhara. Uti ico gikorwa ni ikihe? Turashobora kuronka inyishu mu Vyahishuriwe 14:6 ahagira hati: “Mbona umumarayika wundi aguruka yātiriye ijuru, afise ubutumwa bgiza butazoshira bgo kubarira ababa kwisi n’amahanga yose n’imiryango yose n’indimi zose n’amoko yose”. Ubwo “butumwa bgiza butazoshira” birumvikana ko bufitaniye isano n’“ubutumwa bgiza bg’ubgami”, ubwo nabwo, nk’uko Yezu yabibuye, bukaba “buzovugwa mwisi yose, ngo bube ikimenyetso kiber[a] icabona amahanga yose”, imbere y’uko umuhero w’uru runkwekwe rw’ibintu ushika (Matayo 24:14). Ariko ntiwumve, abamarayika ntibamamaza imbonankubone. Iryo banga rihambaye Yezu yarishinze abantu (Matayo 28:19, 20). Ntibiremesha none kumenya yuko igihe turangura iryo banga dufashwa n’abamarayika beranda, bano bakaba ari ibiremwa bikerebutse kandi bifise ububasha?
6, 7. (a) Ni igiki cerekana yuko abamarayika bashigikira igikorwa cacu co kwamamaza? (b) Dushobora gute guhera amazinda yuko abamarayika ba Yehova bazodufasha?
6 Hariho ibimenyamenya vyinshi vyerekana ko abamarayika bashigikira igikorwa cacu. Nk’akarorero, turakunze kwumva yuko igihe Ivyabona vya Yehova baba bariko bararangura ubusuku bwabo, bahura n’umuntu haba haciye igihe gito gusa asavye Imana ngo imufashe kumenya ukuri. Mwene ivyo bintu birashika kenshi rwose ku buryo tutovuga ko ari ibipfa guhurirana gusa. Ikiva muri ukwo gufashwa n’abamarayika ni uko abantu barushiriza kuba benshi bariko bariga gukora ivyavuzwe na wa “mumarayika . . . aguruka yātiriye ijuru” ari vyo vy’ibi: “Nimwubahe Imana kandi nimuyininahaze”.—Ivyahishuwe 14:7, UB.
7 Woba wipfuza rwose gushigikirwa n’abamarayika ba Yehova b’abanyabubasha? Nimba uvyipfuza rero, nugire uko ushoboye kwose ukore vyinshi bishoboka mu busuku bwawe (1 Ab’i Korinto 15:58). Igihe twitanga tutiziganya muri iryo banga ridasanzwe twashinzwe na Yehova, turashobora guhera amazinda yuko abamarayika biwe bazodufasha.
Gutabarwa na Kizigenza w’abamarayika
8. Yezu afise ikibanza ikihe gihambaye mw’ijuru, kandi ni kubera iki ivyo bidusubiriza umutima mu nda?
8 Yehova araturonsa kandi ubundi bwoko bw’imfashanyo itangwa n’umumarayika. Mu Vyahishuriwe 10:1 hadondora ‘umumarayika w’inkomezi’ ateye ubwoba, “mu maso hiwe hasa n’izuba”. Uwo mumarayika yabonywe mw’iyerekwa biboneka ko agereranya Yezu Kirisitu yaninahajwe ari mu bubasha bwo mw’ijuru (Ivyahishuriwe 1:13, 16). Yezu yoba vy’ukuri ari umumarayika? Ivyo birashobora kuvugwa kubera ko ari umumarayika mukuru (1 Ab’i Tesalonike 4:16). Yezu ni we arusha ububasha abana b’impwemu ba Yehova bose. Yehova yamuhaye kugaba inteko ziwe zose z’abamarayika. Emwe, uwo mumarayika mukuru ni isôko rikomeye ry’imfashanyo. Mu buryo nyabaki?
9, 10. (a) Ni gute Yezu atubera “umwitsa” ari we mutabazi igihe ducumuye? (b) Ni imfashanyo iyihe dushobora gukura ku karorero ka Yezu?
9 Intumwa Yohani yari ageze mu zabuku yanditse uku: “Ni hagira umuntu akora icaha, dufise [u]mwitsa kuri Data wa twese, ni Yesu Kristo umugororotsi” (1 Yohana 2:1). Ni kubera iki Yohani yavuze ko Yezu ari “umwitsa” canke umutabazi na canecane mu gihe ‘dukoze icaha’? Urabona, turacumura ku musi ku musi, icaha na co kikaba gishikana ku rupfu (Umusiguzi 7:20; Abaroma 6:23). Ariko rero, Yezu yaratanze ubuzima bwiwe ngo bube impongano y’ivyaha vyacu. Vyongeye, ari iruhande ya Dawe wa twese w’umunyembabazi kugira ngo adutakambire. Umwe wese muri twebwe arakeneye ugutabarwa nk’ukwo. None ukwo gutabarwa twokwemera gute? Turakeneye kwigaya ivyaha vyacu tukongera tukarondera guharirwa twishimikije inkuka ya Yezu. Turakeneye kandi kwirinda gusubira gukora ivyo vyaha.
10 Uretse ko Yezu yadupfiriye, yaraduhaye kandi akarorero katagira agahaze (1 Petero 2:21). Akarorero kiwe karaturongora, kakadufasha gutunganya ingendo yacu mu buryo twirinda gukora ivyaha bikomakomeye, gutyo tugashobora guhimbara Yehova Imana. Ntiduhimbarwa none kubona dushobora gutabarwa muri ubwo buryo? Yezu yasezeraniye abayoboke biwe yuko boronse uwundi mutabazi.
Gufashwa biciye ku mpwemu yera
11, 12. Impwemu ya Yehova ni iki, ifise ububasha bungana iki, kandi ni kubera iki tuyikeneye muri kino gihe?
11 Yezu yasezeranye ati: “Nzosaba Data, na we azobaha uwundi [m]witsa, ngwaz’abane namwe ibihe bidashira, ni [yo m]pwemu [y]’ukuri, [iy]o ab’isi badashobora kwākīra” (Yohana 14:16, 17). Iyo ‘mpwemu y’ukuri’ ari yo mpwemu yera, si umuntu ahubwo ni inguvu, ni ukuvuga inguvu Yehova ubwiwe akoresha. Irafise ububasha bw’akaburarugero. Ni yo nguvu Yehova yakoresheje mu kurema ibiriho vyose, mu gukora ibitangaro vy’akumiza, no mu guhishurira abantu ukugomba kwiwe biciye mu vyo yagiye arabereka nko mu ndoto. Kubera ko Yehova adakoresha impwemu yiwe muri ubwo buryo nyene muri iki gihe, vyoba bisobanura yuko tutayikeneye?
12 Turayikeneye nyabuna! Muri ibi “bihe bigoye”, turakeneye impwemu ya Yehova kuruta ikindi gihe cose (2 Timoteyo 3:1). Iradukomeza tukihangana igihe turi mu bigeragezo. Iradufasha gutsimbataza kamere nziza igitangaza zituma turushiriza kwiyegereza Yehova n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu (Ab’i Galatiya 5:22, 23). None twokwungukira gute kuri iyo mfashanyo y’akaroruhore iva kuri Yehova?
13, 14. (a) Ni kubera iki twokwemera tudakeka ko Yehova aronsa abasavyi biwe impwemu yera abigiranye umutima ukunze? (b) Twohava dusanga twerekanye ko tutemera vy’ukuri ingabirano y’impwemu yera igihe dukoze iki?
13 Ubwa mbere, turakeneye gusenga dusaba impwemu yera. Yezu yavuze ati: “Ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mwijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?” (Luka 11:13). Ego cane, Yehova ni we Muvyeyi mwiza kuruta abandi bose umuntu yokwiyumvira. Tumusavye impwemu yera tubigiranye ukwizera, ni ibitumvikana yuko yotwima iyo ngabirano. Ikibazo gica kivyuka ni iki: Twoba tuyisaba? Turafise imvo yumvikana yo kuyisaba mu masengesho dutura ku musi ku musi.
14 Ubugira kabiri, twemera iyo ngabirano mu gukora duhuza na yo. Tubitangire akarorero: Dufate yuko umukirisu munaka ariko aranyinyana n’akamenyero ko kuraba ibintu vyerekana ubushegabo. Yarasenze asaba impwemu yera kugira ngo imufashe kunanira iyo ngeso ihumanye. Yararondereye impanuro ku bakurambere bakirisu, kandi baramugiriye inama yo gufata ingingo ruhasha, akirinda mbere kuja hafi y’ivyo bintu vyononekaye (Matayo 5:29). Tuvuge iki hamwe yokwirengagiza impanuro bamuhaye hanyuma akabandanya kuraba ivyo bintu? Ico gihe none yoba ariko arakora ahuza n’isengesho yatuye asaba impwemu yera ngo imufashe? Canke yoba nyabuna ahakwa gutuntuza impwemu y’Imana no guhomba iyo ngabirano (Abanyefeso 4:30)? Mu vy’ukuri, twese turakwiye gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tumenye neza yuko tubandanya kuronka iyo mfashanyo nziza igitangaza iva kuri Yehova.
Imfashanyo iva mw’Ijambo ry’Imana
15. Twokwerekana gute ko Bibiliya tutayifata ibisanzwe?
15 Bibiliya iramaze ibinjana vyinshi ari isôko ry’imfashanyo ku basavyi ba Yehova b’abizigirwa. Ariko rero, aho gufata ibisanzwe Ivyanditswe Vyeranda, turakeneye kwamiza ku muzirikanyi yuko Bibiliya ari isôko ry’imfashanyo rikomeye. Kwemera iyo mfashanyo bisaba akigoro. Gusoma Bibiliya dukwiye kubishira mu rutonde rw’ivyo twama dukora ku musi ku musi.
16, 17. (a) Muri Zaburi 1:2, 3 hadondora gute ivyiza biva ku gusoma ivyagezwe vy’Imana? (b) Muri Zaburi 1:3 herekana gute yuko dutegerezwa gukora tugatama?
16 Muri Zaburi 1:2, 3 havuga ivy’umuntu yubaha Imana hati: “Ibimuhimbara biri mu vyagezwe vy’Uhoraho, kand’ivyagezwe vyiwe ni vyo ashirak’umutima ku murango no mwijoro. Azoba nk’igiti gitewe hafi y’imigezi y’amazi, cama igihe caco, ibibabi vyaco ntivyuma: ic’azokora cose kizomubera ko”. Woba utahura iciyumviro nyamukuru kiri muri uwo murongo? Biroroshe gusoma ayo majambo maze ugaca ushika ku ciyumviro c’uko atanga gusa ishusho y’ahantu harangwa amahoro, ni ukuvuga igiti gitanga agatutu kiri hafi y’umugezi. Ese ukuntu vyoba biryoshe kuruhukira ahantu nk’aho ku muhingamo! Mugabo iyo Zaburi ntiriko ituremesha kwiyumvira ibijanye n’akaruhuko. Ahubwo nyabuna itanga ishusho itandukanye rwose n’iyo duhejeje kuvuga, na yo ikaba ari iy’uko dutegerezwa gukora tugatama. Uti gute?
17 Wabonye yuko igiti kivugwa ng’aho atari igiti gitanga agatutu gusa gipfa gukurira hafi y’umugezi. Ni igiti cama ivyamwa, ‘catewe’ ahantu hatoranijwe, “hafi y’imigezi y’amazi”. Bishoboka bite ngo igiti kimwe gikurire hafi y’imigezi myinshi? Urabona, mu murima w’ibiti vy’ivyamwa, nyenewo yoshobora guca imiserege itwara amazi ku mizi y’ibiti vyiwe vy’agaciro. Ahaaa, ubu rero iciyumviro kiratomotse! Nimba mu buryo bw’impwemu dusagamba nk’ico giti, ni kubera ko hakozwe ibikorwa vyinshi ku neza yacu. Turi mw’ishirahamwe ridushikanako amazi atyoroye y’ukuri, mugabo dutegerezwa kurangura uruhara rutwega. Dutegerezwa kuba abashoboye gukwega ayo mazi y’agaciro, mu kuza turazirikana twongera tugira ubushakashatsi bukenewe kugira ngo dushire ukuri kw’Ijambo ry’Imana mu muzirikanyi wacu no mu mutima. Muri ubwo buryo, natwe nyene tuzokwama ivyamwa vyiza.
18. Hakenewe iki kugira ngo turonke inyishu Bibiliya itanga ku bibazo dufise?
18 Bibiliya nta co yotumarira mu gihe yoguma izinze mu bubiko. Vyongeye si igiheko, nk’aho umenga twoshobora gupfunga amaso,tugapfa kuzingurura Bibiliya yacu, maze tukitega yuko inyishu y’ikibazo cacu ica iboneka ku rupapuro ruri imbere yacu. Igihe tubwirizwa gufata ingingo, dukeneye kwimba turondera ‘ubumenyi bwerekeye Imana’ nk’aho twoba turiko turondera itunga ryanyegejwe (Imigani 2:1-5). Kugira ubushakashatsi dushirutse ubute kandi tuvyitondeye, akenshi usanga bikenewe kugira ngo turonke impanuro zishingiye ku Vyanditswe zivuga ivyo tuba dukeneye. Turafise ibisohokayandikiro vyinshi bishingiye kuri Bibiliya vyodufasha mu bushakashatsi tugira. Uko tubikoresha mu kwimba ubukerebutsi bumeze nk’utubuyenge bwo mw’Ijambo ry’Imana tubigiranye umwete, tuba vy’ukuri turiko turakoresha imfashanyo Yehova atanga.
Gutabarwa biciye ku bo dusangiye ukwizera
19. (a) Ni kubera iki ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi na Bemaso! bishobora kubonwa nk’imfashanyo itangwa biciye ku bo dusangiye ukwizera? (b) Wewe wafashijwe gute n’ikiganiro kinaka co muri kimwe mu binyamakuru vyacu?
19 Abasavyi ba Yehova bamye nantaryo ari isôko ry’imfashanyo hagati yabo. Yehova yoba yarahindutse? Habe n’intete. Nta nkeka umwe wese muri twebwe arashobora kwibuka igihe yigeze kuronka imfashanyo ije hageze ivuye ku bo basangiye ukwizera. Nk’akarorero, woba ushobora kwibuka ibiganiro bimwebimwe mu Munara w’Inderetsi canke Bemaso! vyaguhumurije igihe wari ukeneye guhumurizwa canke vyagufashije gutorera umuti ingorane yinaka cabure vyagufashije guhangana n’ikintu carondera guhungabanya ukwizera kwawe? Yehova yakuzaniye iyo mfashanyo biciye kuri “wa mushumba w’umwizerwa kandi w’incabwenge” ajejwe gutanga “imfungurwa ku gihe kibereye”.—Matayo 24:45-47, NW.
20. Ni mu buryo butandukanye ubuhe abakurambere bakirisu berekana ko ari “abantu b’ingabirano”?
20 Ariko rero, akenshi imfashanyo turonka biciye ku bo dusangiye ukwizera iza mu buryo burashe kuruta. Umukurambere mukirisu aratanga insiguro idukora ku mutima, canke akatugendera cungere bikadufasha mu gihe kigoye, cabure akaduha impanuro abigiranye umutima mwiza zidufasha kubona no gutsinda ubugoyagoye bunaka. Umukirisu umwe w’umutima ukenguruka yaranditse ku vyerekeye ingene yafashijwe n’umukurambere umwe, ati: “Mu murimo wo mu ndimiro, yarafashe umwanya arandemesha guserura akari ku mutima. Mw’ijoro ry’imbere y’aho, nari nasenze Yehova ndamusaba ko yondonsa umuntu nokwiganira ivyanje. Bukeye, uwo muvukanyi yaranganirije mu buryo buranga imbabazi. Yaramfashije kubona ingene Yehova yari amaze imyaka amfasha. Ndakengurukira Yehova kubona yarandungikiye uwo mukurambere”. Muri ubwo buryo bwose, abakurambere bakirisu barerekana yuko ari “abantu b’ingabirano”, batanzwe na Yehova biciye kuri Yezu Kirisitu kugira ngo badufashe kwihangana mu nzira ijana mu buzima.—Abanyefeso 4:8, NW.
21, 22. (a) Igihe abo mw’ishengero bashize mu ngiro impanuro dusanga mu B’i Filipi 2:4 havamwo iki? (b) Ni kubera iki mbere n’ibikorwa bitobito biranga ubuntu bihambaye?
21 Uretse abakurambere, umukirisu wese w’umwizigirwa aripfuza gushira mu ngiro rya tegeko ryahumetswe ryo kutaguma ‘yiyumvira ivyiwe gusa, ariko akiyumvira n’ivy’abandi’ (Ab’i Filipi 2:4). Igihe abo mw’ishengero rya gikirisu bashize mu ngiro iyo mpanuro, havamwo ibikorwa biranga ubuntu bitangaje. Nk’akarorero, hari umuryango washikiwe n’ivyago giturumbuka kandi bikurikirana. Serugo yari yajanye n’umukobwa wiwe ku mangazini. Mu nzira batashe, barahuye n’isanganya ry’umuduga. Nya mukobwa yarapfuye, se wiwe na we arakomereka cane. Akiva mu bitaro, yabanje kumera nk’uwamugaye ku buryo atashobora gukora ikintu na kimwe ubwiwe. Umukenyezi wiwe yari yishwe n’akabonge ku buryo atari gushobora kumwitwararika wenyene. Kubera ivyo, umugabo n’umugore bubakanye bo mw’ishengero baciye bajana iwabo abo bubakanye bari bishwe n’intuntu, baraheza bamara indwi zitari nke bababungabunga.
22 Ego ni ko, si ukuvuga yuko ibikorwa vyose biranga ubuntu ari ibigirwa mu gihe habaye ivyago nk’ivyo kandi bigasaba ukwitanga nk’ukwo. Hari igihe dufashwa biciye ku tuntu dutoduto. Mugabo igikorwa kiranga ubuntu uko kiba kingana kwose, turagikenguruka, si ko none? Woba ushobora kwibuka ibihe umuvukanyi canke umuvukanyikazi yakubwiye akajambo karanga ubuntu canke akagukorera ikintu kiranga ubwitwararitsi cakuronkeje imfashanyo wari ukeneye nyene? Yehova akenshi aratwitwararikamuri mwene ubwo buryo.—Imigani 17:17; 18:24.
23. Igihe twita ku rutare kugira ngo dufashanye Yehova avyakira gute?
23 Woba woshima ko Yehova agukoresha mu gufasha abandi? Ako gateka urashobora kugaterwa. Nkako, Yehova araha agaciro akigoro nk’ako ugira. Ijambo ryiwe rivuga riti: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura” (Imigani 19:17). Kwihebera abavukanyi n’abavukanyikazi bacu birazana umunezero mwinshi (Ivyakozwe 20:35). Waba umunezero uzanwa no gutanga mwene iyo mfashanyo canke ukuremeshwa kuva kuri yo, abigungira ukwabo ntibigera babironka (Imigani 18:1). Kubera ico, nimuze ntitwigere tureka guhurira hamwe mu makoraniro ya gikirisu, kugira ngo dushobore kuremeshanya.—Abaheburayo 10:24, 25.
24. Ni kubera iki tudakwiye kwiyumvamwo yuko hari ico duhomba ngo ni uko tutibonera ibitangaro vya Yehova vy’akumiza vya kera?
24 Ntibihimbaye none kwihweza uburyo butandukanye Yehova adutabaramwo? Naho tutabayeho mu gihe Yehova akora ibitangaro vy’akumiza mu gushitsa imigambi yiwe, si ngombwa ngo twiyumvemwo ko hari ico duhomba. Igihambaye vy’ukuri ni uko Yehova aduha imfashanyo yose dukeneye kugira ngo tugume turi intahemuka. Kandi nitwihangana twese tubigiranye ukwizera, tuzobaho maze twibonere ibikorwa vya Yehova vy’akumiza kandi bininahaye kuruta ibindi vyose vyabaye muri kahise kose! Nimuze twiyemeze kwemera imfashanyo iranga urukundo Yehova atanga no kuyungukirako bimwe bishitse, kugira ngo natwe nyene dushobore kuvuga ya majambo yo mu canditswe c’umwaka wa 2005 agira ati: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’.—Zaburi 121:2.
Uvyibazako iki?
Yehova atanga gute imfashanyo dukeneye muri iki gihe:
• biciye ku bamarayika?
• biciye ku mpwemu yiwe yera?
• akoresheje Ijambo ryiwe ryahumetswe?
• biciye ku bo dusangiye ukwizera?
[Ifoto ku rup. 18]
Kumenya yuko abamarayika bashigikira igikorwa co kwamamaza ni ikintu kiremesha
[Ifoto ku rup. 21]
Yehova yoshobora gukoresha umwe mu bo dusangiye ukwizera kugira ngo aduhe impumurizo dukeneye