ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w04 15/12 rup. 12-17
  • Yehova ni we Mutabazi wacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ni we Mutabazi wacu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Isôko ry’ugutabarwa ridakama
  • Ugutabarwa n’abamarayika
  • Gufashwa biciye ku mpwemu yera
  • Imfashanyo iva mw’Ijambo ry’Imana
  • Gutabarwa biciye ku bo dusangiye ukwizera
  • Woba wemera gutabarwa na Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
  • Imfashanyo itangwa n’abamarayika b’Imana
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Ingene abamarayika bashobora kugufasha
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2017
  • Abamarayika bagira ico bakoze gute kuri twebwe?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2006
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2004
w04 15/12 rup. 12-17

Yehova ni we Mutabazi wacu

“Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho yaremye ijuru n’isi”.—Zaburi 121:2.

1, 2. (a) Ni kubera iki vyoshobora kuvugwa ko twese rimwe na rimwe dukenera gutabarwa? (b) Yehova ni Umutabazi ameze gute?

NI NDE muri twebwe adakenera gutabarwa? Ikizwi coco ni uko rimwe na rimwe twese dukenera gutabarwa canke gufashwa kugira ngo duhangane n’ingorane ikomeye, twihangane igihe twabuze uwacu, no kugira ngo twihanganire ibigeragezo bigoye. Iyo abantu bakeneye gutabarwa, bakunze kwitura umugenzi abababara. Gufashwa n’umugenzi nk’uyo kwikorera umutwaro, vyoshobora gutuma nya mutwaro woroha gutwara. Mugabo ivyo umuntu nkatwe ashobora gukora mu gutabara bigarukira aho. Ikindi kandi, hari aho abandi batokwama bashoboye kuhaseruka igihe dukeneye gutabarwa.

2 Ariko rero, hariho Umutabazi afise ububasha n’uburyo bitagira aho bigarukira. Vyongeye, aradukura amazinda yuko atazokwigera aduheba. Ni we umwanditsi wa Zaburi yavuze igihe yamenyesha n’ukwizigira gushitse ati: “Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho” (Zaburi 121:2). Ni kubera iki uwo mwanditsi wa Zaburi yari yarajijutse ko Yehova yomutabaye? Kugira twishure ico kibazo, nimuze twihweze Zaburi ya 121. Kwihweza iyo Zaburi biraza kudufasha kubona igituma na twebwe nyene dushobora guhanga amaso Yehova umutima uri mu nda kugira ngo atubere Umutabazi.

Isôko ry’ugutabarwa ridakama

3. Umwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yunamuriye amaso yiwe ku yihe misozi, kandi kubera iki?

3 Umwanditsi wa Zaburi yatanguye yerekana yuko dufise ishingiro ryo kwizigira Yehova kubera ko ari we yaremye vyose. Avuga ati: “Ndunamurira amaso yanje ku misozi: ugutabarwa kwanje kuzova hehe? Ugutabarwa kwanje kuva k’Uhoraho yaremye ijuru n’isi” (Zaburi 121:1,2). Umwanditsi wa Zaburi ntiyunamuriye amaso yiwe ku musozi uwo ari wo wose. Igihe ayo majambo yandikwa, urusengero rwa Yehova rwari iYeruzalemu. Ico gisagara, icari giherereye ahakirurutse ku misozi y’i Yudaya, cari ikibanza Yehova yabamwo mu buryo bw’ikigereranyo (Zaburi 135:21). Uwo mwanditsi wa Zaburi ashobora kuba yunamuriye amaso yiwe ku misozi y’i Yeruzalemu aho urusengero rwa Yehova rwari rwubatswe, akaba yahanga amaso Yehova umutima uri mu nda ngo amutabare. Ni kubera iki umwanditsi wa Zaburi yari afise ukwizigira gushitse nk’ukwo yuko Yehova yari kumutabara? Ni kubera yuko Yehova ari we “yaremye ijuru n’isi”. Ni nk’aho uwo mwanditsi wa Zaburi yariko avuga ati: ‘Mu vy’ukuri nta kintu na kimwe gishobora kubuza Umuremyi nyen’ububasha bwose kuntabara!’.—Yesaya 40:26.

4. Umwanditsi wa Zaburi yerekanye gute yuko Yehova yama yiteguriye kuronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye, kandi ni kubera iki ico ari ikintu gihumuriza?

4 Umwanditsi wa Zaburi ubukurikira yarasiguye yuko Yehova yama yiteguriye kuronsa abasavyi biwe ivyo bakeneye. Yavuze ati: “Ntazokundira ibirenge vyawe ko bitirimuka, Ūkuzigama ntazohunyiza. Mbere, ūzigama Abisirayeli ntazohunyiza kandi ntazosinzira” (Zaburi 121:3,4). Imana ntishobora kureka ngo abayizigira ‘batirimuke’ canke ngo bagwe ku buryo badashobora kuvyuka (Imigani 24:16). Kubera iki? Kubera ko Yehova ameze nk’umwungere arikanuye rwose azigama canke arinda intama ziwe. Ico none si ikintu gihumuriza? Ntazokwigera ahumiriza na gatoyi ku vyo abasavyi biwe bakenera. Yama abashinze ijisho ku murango no mw’ijoro.

5. Ni kubera iki Yehova avugwa ko ari “i buryo”?

5 Kubera ko umwanditsi wa Zaburi yari yizigiye yuko Yehova ari Umurinzi adahemuka w’abasavyi biwe, yanditse ati: “Uhoraho ni we muzigamyi wawe, Uhoraho ni we gitūtu cawe iburyo bgawe. Izuba ntirizokwica ku murango, cank’ukwezi mwijoro” (Zaburi 121:5,6). Ku muntu ariko agenda n’amaguru mu ntara zo mu Buseruko bwo Hagati, ahantu h’agatutu homubera uburinzi bwiza bumukingira izuba rimena imbwa agahanga. Yehova ni nk’igitutu gikingira abasavyi biwe ivyago vyobagirira nabi nka kurya kw’ubushuhe buturira. Wabonye ko Yehova avugwa ko ari “i buryo”. Mu ntambara za kera, ukuboko kw’iburyo kw’umusoda kwasa n’ukudakingiwe n’inkinzo yaba ifashwe n’ukuboko kw’ibubamfu. Umugenzi w’intahemuka yarashobora gukingira nya musoda mu guhagarara iburyo bwiwe maze akaba ari ho arwanira. Nk’ukwo kw’uwo mugenzi, Yehova arahagarara iruhande y’abasavyi biwe adahemuka, akama yiteguriye kubatabara.

6, 7. (a) Umwanditsi wa Zaburi adukura amazinda gute yuko Yehova atazokwigera areka gutabara abasavyi biwe? (b) Ni kubera iki dushobora kugira ukwizigira nk’ukwo umwanditsi wa Zaburi yari afise?

6 Yehova yoba azokwigera areka gutabara abasavyi biwe? Ivyo nta n’uworuha avyiyumvira. Umwanditsi wa Zaburi yasozereye ati: “Uhoraho azokurinda ikibi cose; ni we azozigama ubugingo bgawe. Uhoraho azokuzigama mu maja no mu maza, uhereye none, ugashitsa ibihe bidashira” (Zaburi 121:7,8). Wabonye yuko uwo mwanditsi mu gushimika yavuye ku mwanya wa kubu akaja ku wa kazoza. Imbere y’aho, ni ukuvuga ku murongo wa 5, uwo mwanditsi wa Zaburi yavuze ati: “Uhoraho ni we muzigamyi wawe”. (Ni twe dushimitse.). Mugabo muri iyi mirongo duhejeje gusoma, uwo mwanditsi wa Zaburi yanditse ati: “Uhoraho azokurinda”. (Ni twe dushimitse.). Muri ubwo buryo, abasavyi b’Imana b’ukuri barakurwa amazinda yuko ugutabarwa kuva kuri Yehova kuzobandanya no muri kazoza. Naho boja he, naho boshikirwa n’ivyago bimeze gute, ntazokwigera ananirwa no kubatabara.—Imigani 12:21.

7 Vy’ukuri, umwanditsi wa Zaburi ya 121 yarizigira adakekeranya ko Umuremyi mushoboravyose ashinga ijisho abasavyi biwe abengenga yongera abitwararika kurya kw’umwungere, akongera akabararira kurya kw’umuzigamyi canke umurinzi arikanuye. Turafise imvo yumvikana yo kugira ukwizigira nk’ukwo uwo mwanditsi wa Zaburi yari afise, kubera ko Yehova adahinduka (Malaki 3:6). Ivyo vyoba bisobanura yuko tuzokwama dukingirwa mu buryo bw’umubiri? Oya, mugabo magingo tumuhanga amaso ngo atubere Umutabazi, azoturinda ibintu vyose vyoshobora kutugirira nabi mu vy’impwemu. Nta wobura rero kwibaza ati: ‘None Yehova adutabara gute?’. Nimuze twihweze uburyo bune akoresha mu kudutabara. Muri iki kiganiro, turaca irya n’ino ingene yatabaye abasavyi biwe bo mu bihe vya Bibiliya. Mu kiganiro gikurikira, turimbura ingene atabara abasavyi biwe bo muri iki gihe.

Ugutabarwa n’abamarayika

8. Ni kubera iki bidatangaje kubona abamarayika barajwe ishinga rwose n’ineza y’abasavyi b’Imana bo kw’isi?

8 Yehova agaba abamarayika amamiliyoni n’amamiliyoni (Daniyeli 7:9, 10). Abo bana bo mu buryo bw’impwemu barashitsa ivyo agomba badahemuka (Zaburi 103:20). Barazi neza ko Yehova akunda cane abasavyi biwe b’abantu be n’uko ashaka kubatabara. Ntibitangaje rero kubona abamarayika barajwe ishinga rwose n’ineza y’abasavyi b’Imana bo kw’isi (Luka 15:10). Nta nkeka rero ko abamarayika bategerezwa kuba bahimbarwa no gukoreshwa na Yehova mu gusahiriza abantu. Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yakoresheje abamarayika mu gutabara abasavyi biwe b’abantu mu bihe vya kera?

9. Tanga akarorero k’ingene abamarayika bahawe ububasha n’Imana bwo gukingira abantu b’abizigirwa.

9 Abamarayika barahawe ububasha n’Imana bwo gukingira no kurokora abantu b’abizigirwa. Abamarayika barafashije Loti n’abakobwa biwe guhunga isangangurwa rya Sodomu na Gomora (Itanguriro 19:1, 15-17). Umumarayika umwe gusa yaratikije ingabo 185.000 z’Abashuri zari zigeramiye Yeruzalemu (2 Abami 19:35). Igihe Daniyeli yatererwa mu rwobo rw’intambwe, Yehova “ya[ra]rungitse umumarayika w[iwe], azibira iminwa y’intambge” (Daniyeli 6:21, 22). Umumarayika yarakuye intumwa Petero mw’ibohero (Ivyakozwe 12:6-11). Bibiliya iravuga ubundi burorero bwinshi bw’ukuntu abamarayika bakingiye abantu, ivyo bikemeza ibivugwa muri Zaburi 34:7, ahagira hati: “Umumarayika w’Uhoraho ashagaje impande zose z’abamwubaha, akabarokora”.

10. Yehova yakoresheje gute umumarayika kugira ngo aremeshe umuhanuzi Daniyeli?

10 Rimwe na rimwe, Yehova yarakoresheje abamarayika kugira baremeshe bongere bakomeze abantu b’abizigirwa. Akarorero k’ivyo gakora ku mutima tugasanga muri Daniyeli ikigabane ca10. Ico gihe, Daniyeli ashobora kuba yari mu gushikana imyaka 100. Uwo muhanuzi yari yihebuye rwose, bikaboneka ko kwari kubera yuko Yeruzalemu hari hasigaye ari umusaka no kubera bari baratevye gusanura urusengero. Yarahagaritse umutima kandi aho amariye kwerekwa ibintu biteye ubwoba (Daniyeli 10:2, 3,8). Imana ibigiranye urukundo yararungitse umumarayika kugira amuremeshe. Incuro zirenga imwe, nya mumarayika yaribukije Daniyeli ko yari “umukundwa cane” mu nyonga z’Imana. Ivyo vyavuyemwo iki? Uwo muhanuzi yari yitereye mu myaka yabwiye nya mumarayika ati: “Unsubijemw’intege”.—Daniyeli 10:11,19.

11. Ni akahe karorero kamwe k’ingene abamarayika bakoreshejwe mu kuyobora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza?

11 Yehova yaranakoresheje abamarayika mu kuyobora igikorwa co kwamamaza inkuru nziza. Umumarayika yarayoboye Filipo kugira ngo yamamaze ivyerekeye Kirisitu ku nkone y’Umunyetiyopiya, ikaba yahavuye ibatizwa (Ivyakozwe 8:26, 27, 36, 38). Haciye igihe gito, ukugomba kw’Imana kwari uko inkuru nziza yokwamamazwa ku Banyamahanga batakebwe. Mw’iyerekwa, umumarayika yarabonekeye Koruneliyo, akaba yari Umunyamahanga yatinya Imana, maze amubwira gutumako intumwa Petero. Igihe intumwa zari zavuye kwa Koruneliyo zabona Petero, zavuze ziti: “Koruneliyo . . . yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’uze iwe, yumve amajambo yawe”. Petero yaritavye ako kamo, ivyo bituma Abanyamahanga ba mbere batakebwe bacika abo mu bagize ishengero rya gikirisu (Ivyakozwe 10:22, 44-48). Iyumvire ingene wokwumva umerewe hamwe womenya yuko umumarayika yagufashije guhura n’umuntu afise umutima ugororotse!

Gufashwa biciye ku mpwemu yera

12, 13. (a) Ni kubera iki intumwa za Yezu zari zifise imvo yumvikana yo kwemera ko impwemu yera yari kubafasha? (b) Ni gute impwemu yera yaronkeje ububasha abakirisu bo mu kinjana ca mbere?

12 Imbere gato y’uko Yezu apfa, yarahumurije intumwa ziwe yuko batoretswe ngo bagume batagira ikibafasha. Dawe wo mw’ijuru yobahaye ‘umwitsa, ari yo mpwemu yera’ (Yohana 14:26). Intumwa zari zifise imvo yumvikana yo kwemera ko impwemu yera yari kubafasha. Nakare, Ivyanditswe vyahumetswe vyuzuyemwo uburorero bw’ingene Yehova yakoresheje impwemu yera, ya nguvu ikomeye kuruta izindi zose, mu gufasha abasavyi biwe.

13 Incuro nyinshi, impwemu yera yarakoreshejwe mu kuronsa abantu ububasha bwo gukora ivyo Yehova agomba. Impwemu yera yarahaye Abacamanza ububasha bwo guhabuza Isirayeli (Abacamanza 3:9, 10; 6:34). Iyo mpwemu nyene yarahaye abakirisu bo mu kinjana ca mbere ububasha bwo kubandanya kwamamaza bashize amanga naho babarwanya gute (Ivyakozwe 1:8; 4:31). Ukuba vyarabagendeye neza mu busuku bwabo vyaratanze ikimenyamenya c’uko impwemu yera ikora. Hari ukundi none wosigura ingene abantu “batari barize bakaba n’abantu basanzwe” bashoboye gukwiragiza ubutumwa bw’Ubwami mw’isi yose yari izwi ico gihe?—Ivyakozwe 4:13,NW; Ab’i Kolosayi 1:23.

14. Yehova yakoresheje gute impwemu yiwe yera mu kumurikira abasavyi biwe?

14 Yehova yarakoresheje kandi impwemu yiwe yera mu kumurikira abasavyi biwe. Yozefu afashijwe n’impwemu y’Imana yarashoboye gusobanura indoto z’ubuhanuzi za Farawo (Itanguriro 41:16, 38, 39). Biciye ku mpwemu yiwe, Yehova yatumye imigambi yiwe ihishurirwa abicisha bugufi mugabo ihishwa abibona. (Matayo 11:25) Ni co gituma intumwa Paulo yavuze ku vyerekeye ibintu Yehova aronsa “aba[mu]kunda” ati: “Imana yabiduhishuriye m[u m]pwemu [y]ayo” (1 Ab’i Korinto 2:7-10). Umuntu afashijwe n’impwemu yera ni ho gusa ashobora gutahura ukugomba kw’Imana.

Imfashanyo iva mw’Ijambo ry’Imana

15, 16. Yosuwa yabwiwe gukora iki kugira ngo akorane ubukerebutsi?

15 Ijambo rya Yehova ryahumetswe “[r]igira ikimazi co kwigisha umuntu” rikongera rigatuma abasavyi b’Imana bashobora kuba ‘abashitse, bafise ibibakwiye vyose, ngo bakore igikorwa ciza cose’ (2 Timoteyo 3:16, 17). Bibiliya irimwo uburorero bwinshi bw’ingene abasavyi b’Imana ba kera bafashijwe n’ibihimba vy’Ijambo ryayo vyari bimaze kwandikwa.

16 Ivyanditswe vyarafashije mu kuronsa abasavyi b’Imana ubuyobozi bwiza bokurikiza. Igihe Yosuwa yashingwa ibanga ryo kurongora Abisirayeli, yabwiwe uku: “Ibiri mur’ico gitabo c’ivyagezwe [icari canditswe na Musa] ntuz’ubikūre mu kanwa kawe; arik’uze wame ubirīmbūra ku murango no mwijoro, kugira ng’ubone kwitondera ivyanditswemwo vyose; ni ho ivyawe bizogenda neza, ukagira amahirwe”. Wabonye yuko Imana itasezeraniye Yosuwa kumushiramwo ubukerebutsi ku gitangaro. Ahubwo, Yosuwa asomye akongera akazirikana ku biri mu “gitabo c’ivyagezwe”, ni ho yari gukorana ubukerebutsi.—Yosuwa 1:8; Zaburi 1:1-3.

17. Daniyeli n’Umwami Yosiya bafashijwe gute n’ibihimba vy’Ivyanditswe bari bafise?

17 Ijambo ry’Imana ryanditswe ryarafashije kandi guhishura ukugomba kwayo be n’umugambi wayo. Nk’akarorero, Daniyeli afatiye ku vyo Yeremiya yanditse, yaratahuye igihe cohaciye Yeruzalemu ari umusaka (Yeremiya 25:11; Daniyeli 9:2). Rimbura kandi ivyabaye ku ngoma y’Umwami w’Ubuyuda ari we Yosiya. Ico gihe, iryo hanga ryari ryarataye Yehova, bikaboneka kandi ko abami bari barananiwe kwigirira ikopi y’Ivyagezwe ngo bongere babikurikize (Gusubira mu vyagezwe 17:18-20). Mugabo igihe urusengero rwariko rurasanurwa, “igitabo c’ivyagezwe” caratowe, ico na co kikaba gishobora kuba canditswe na Musa. Ico gishobora kuba ari co gisomwa canditswe mu ntango, hakaba hari haciye imyaka nka 800 gihejeje kwandikwa. Yosiya amaze kwumva ivyari muri ico gitabu abisomewe, yaratahuye yuko iryo hanga ryari rigeze kure rwose mu kudakora ivyo Yehova agomba, maze uwo mwami aca afata ingingo ntabanduka yo gukora ivyari vyanditswe muri nya gitabu (2 Abami 22:8; 23:1-7). Ntibitomoye none yuko abasavyi b’Imana bo mu bihe vya kera bafashijwe n’ibihimba vy’Ivyanditswe Vyeranda vyariho ico gihe?

Gutabarwa biciye ku bo dusangiye ukwizera

18. Ni kubera iki twovuga yuko igihe cose umusavyi w’Imana w’ukuri afashije uwundi Yehova aba ari we abigize?

18 Yehova akenshi aradutabara biciye ku bo dusangiye ukwizera. Igihe cose umusavyi nyakuri w’Imana afashije uwundi, mu vy’ukuri Imana ni yo iba ibigize. Ni kubera iki twovuga gutyo? Kubera imvo zibiri. Ubwa mbere, impwemu yera y’Imana irabigiramwo uruhara. Iyo mpwemu irama ivyamwa mu barondera ko igira ico ibahinduyeko, muri ivyo vyamwa hakaba harimwo urukundo be n’ukumera neza (Ab’i Galatiya 5:22, 23). Ku bw’ivyo, igihe umwe mu basavyi b’Imana avyuriwe umutima wo gufasha uwundi, ico kiba ari ikimenyamenya c’uko impwemu ya Yehova iriko irakora. Ubugira kabiri, twaremwe mw’ishusho y’Imana (Itanguriro 1:26). Ivyo bisobanura ko dufise ubushobozi bwo kugaragaza kamere zayo, tudasize inyuma ubuntu bwayo be n’imbabazi zayo. Igihe cose rero umusavyi wa Yehova afashije uwundi, Isôko nyakuri ry’ukwo gutabarwa aba ari wa wundi ishusho yiwe iba iriko iragaragazwa.

19. Twisunze ibivugwa muri Bibiliya, Yehova yatabaye gute abasavyi biwe biciye ku bo basangiye ukwizera?

19 Mu bihe vya Bibiliya, Yehova yatabaye gute abasavyi biwe biciye ku bo basangiye ukwizera? Yehova akenshi yaratuma umwe mu basavyi biwe aha impanuro uwundi, nk’akarorero igihe Yeremiya yaha Baruki impanuro ndokorabuzima (Yeremiya 45:1-5). Vyarashika abasavyi b’Imana b’ukuri bakavyurirwa umutima wo kuronsa abo basangiye ukwizera imfashanyo yo mu vy’umubiri, nka ca gihe abakirisu b’i Makedoniya n’ab’i Akaya berekana ko bashashaye gufasha abavukanyi babo b’i Yeruzalemu bari mu bukene. Intumwa Paulo yavuze yuko ugutanga kwa cane nk’ukwo kwatumye ‘Imana ishimirwa’.—2 Ab’i Korinto 9:11.

20, 21. Intumwa Paulo yakomejwe n’abavukanyi biwe b’i Roma igihe ibintu vyari vyifashe gute?

20 Inkuru canecane zikora ku mutima ni izerekeye ingene abasavyi ba Yehova bagize akigoro ko gukomezanya no kuremeshanya. Rimbura akarorero kerekeye intumwa Paulo. Igihe Paulo yari agiye iRoma ari imbohe, yaciye mw’ibarabara rikuru ry’Uburoma ryitwa Ibarabara rya Apiyo. Igice ca nyuma c’urwo rugendo cari kigoye bimwe bidasanzwe, kubera ko cashikanye abari ku rugendo mu karere k’ibishanga, kari hasia. Abavukanyi bo mw’ishengero ry’i Roma bari bazi ko Paulo yariko araza. None bari gukora iki? Boba bari kurindira bidibamiye mu ngo zabo mu gisagara gushika Paulo ashitse maze bakabona kuja kumuramutsa?

21 Umwanditsi wa Bibiliya ari we Luka, uwari kumwe na Paulo muri urwo rugendo, aratubwira ivyabaye ati: “Bene Data b’i Roma bumvise inkuru yacu, baza kudusanganirira ahitwa Akaguriro ka Apiyo, n’ahitwa Amaduka Atatu”. Woba ushobora kumera nk’uwubona ivyo bintu? Kubera bari bazi yuko Paulo yari mu nzira, abavukanyi barungitswe bavuye iRoma baragize urugendo baja kumusanganira. Igice kimwe c’abo bavukanyi cari kirindiririye ku Kaguriro ka Apiyo, kino kikaba cari igituro kizwi cane cari ku bilometero nka 74 uvuye iRoma. Abavukanyi basigaye bari barindiririye ku Maduka Atatu, kikaba cari ikibanza abari ku rugendo baruhukiramwo cari ku bilometero nka 58 uvuye mu gisagara. None Paulo yavyakiriye gute? Luka yigana ati: “Paulo ababonye ashima Imana, umutima urarema” (Ivyakozwe 28:15). Iyumvire ntuze: kubona gusa abobavukanyi bari bagize akigoro ko kugira urwo rugendo vyarakomeje Paulo vyongera biramuhumuriza! None ni nde Paulo yakengurukiye ku bw’ukwo kuntu yashigikiwe? Yakengurukiye uwatumye ivyo bishoboka, ni ukuvuga Yehova Imana.

22. Icanditswe cacu c’umwaka wa 2005 ni ikihe, kandi ni ibiki vyihwezwa mu kiganiro gikurikira?

22 Mu buryo butomoye, inkuru yahumetswe y’ivyo Imana yakoze irerekana koko yuko Imana idufasha. Ni yo Mutabazi ntangere. Birabereye kubona icanditswe Ivyabona vya Yehova bazogenderako mu mwaka wa 2005 kizoba kigizwe n’amajambo yo muri Zaburi 121:2, kikaba kigira giti: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’. Ariko none, Yehova adutabara gute muri iki gihe? Ivyo birihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Akajambo k’epfo]

a Umuryoshamvugo w’Umuroma yitwa Horace (65—68 B.G.C.), na we akaba yaragize urwo rugendo nyene, yaragize ico avuze ku kuntu ico gice c’urugendo cari kigoye. Horace yadondoye Akaguriro ka Apiyo ko kari “kuzuyemwo abasozabwato n’abarinzi b’amaduka b’ingumyi”. Yaridoze ku vyerekeye “ibibugu n’ibikere vy’ibigesera” no ku vyerekeye amazi yaho “asesemye”.

Woba uvyibuka?

Ni mu buryo butandukanye ubuhe Yehova yatabaye abasavyi biwe:

• biciye ku bamarayika?

• biciye ku mpwemu yiwe yera?

• akoresheje Ijambo ryiwe ryahumetswe?

• biciye ku bo basangiye ukwizera?

[Iciyumviro ku rup. 15]

Icanditswe c’umwaka co mu 2005 ni: ‘Ugutabarwa kwanje kuva kuri Yehova’.—Zaburi 121:2.

[Ifoto ku rup. 16]

Paulo yarakengurukiye Imana ku bw’ugufashwa n’abavukanyi b’i Roma

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika