ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w01 1/4 rup. 30-31
  • Ukugamburuka—Coba Ari Icigwa Gihambaye co mu Bwana?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ukugamburuka—Coba Ari Icigwa Gihambaye co mu Bwana?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • “Ivyo [N]i Vyo Bigororotse”
  • “Kugira ng’Uronke Amahoro”
  • Impera Nini Iva ku Kugamburuka
  • «Yarize kugamburuka»
    “Ingo unkurikire”
  • Yehova araha agaciro ukugamburuka kwawe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • ‘Bana, nimugamburukire abavyeyi banyu’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2007
  • Nutsimbataze Ukugamburuka Uko Umuhero Wegereza
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2001
w01 1/4 rup. 30-31

Ukugamburuka​—Coba Ari Icigwa Gihambaye co mu Bwana?

“ABAVYEYI Bashaka Abantu Bafata Ingingo Atari Utwana Tugamburuka Gusa.” Ni ko dusoma ku mutwe w’ikiganiro co mu kinyamakuru kimwe. Uwo mutwe w’ikiganiro washikirijwe wari ushingiye ku vyavuye mw’itohoza rimwe ryagizwe muri Nouvelle-Zélande, iryerekanye yuko “ibice 22 kw’ijana [gusa] vy’abishuye biyumvira yuko abana bakwiye kwigishwa kugamburuka i muhira.” Iryo tohoza kandi ryasanze abavyeyi muri iki gihe bemera yuko bihambaye cane kwigisha abana nk’inyifato zibereye, ukwigenga n’ibanga.

Muri iki kiringo abantu ari ba nyamwigendako kandi bikunda, ntibitangaje kuba abantu benshi bafise inkeka ku vyerekeye ukugamburuka n’ukukwigisha abana. Ariko ukugamburuka mu bwana kwoba gukwiye kubonwa gusa nk’ikintu cataye igihe kandi carenganywe? Canke kwoba kuri mu vyigwa bihambaye umwana ashobora kwiga no kwungukirako? Igihambaye kuruta, ni gute Yehova Imana, Nyenegutanguza indinganizo y’umuryango abona ukugamburukira abavyeyi, kandi ni ivyiza bimwebimwe ibihe biva ku kugamburuka mwene ukwo?​—Ivyakozwe 17:28; Abanyefeso 3:14, 15.

“Ivyo [N]i Vyo Bigororotse”

Intumwa Paulo yandikiye ishengero ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere ry’i Efeso ati: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse.” (Abanyefeso 6:1) Ni co gituma imvo nyamukuru ya mwene ukwo kugamburuka ari iy’uko guhuje n’ingingo mfatirwako y’Imana yerekeye iciza. Nk’uko Paulo yabivuze, “Ivyo [n]i vyo bigororotse.”

Mu bijanye n’ivyo, turabona yuko Ijambo ry’Imana ridondora ugutoza indero kw’abavyeyi mu rukundo bwa gisharizo c’ubwiza, “umugāra w’ubuntu mu mutwe, n’imigufu mw izosi,” kukaba kandi nk’ikintu “[g]ishimwa mu Mwami wacu.” (Imigani 1:8, 9; Ab’i Kolosayi 3:20) Mu buryo butandukanye n’ivyo, ukugambararira abavyeyi gutuma umuntu atemerwa n’Imana.​—Abaroma 1:30, 32.

“Kugira ng’Uronke Amahoro”

Paulo yarerekeje ku yindi mpera y’ukugamburuka igihe yandika ati: “Wubahe so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano, kugira ng’uronke amahoro, urambire kw isi.” (Abanyefeso 6:2, 3; Kuvayo 20:12) Ni mu buryo butari bumwe ubuhe ukugamburukira abavyeyi gushobora gutuma umuntu amererwa neza?

Ubwa mbere ho, si ivy’ukuri none yuko abavyeyi bababoneye izuba kandi bazi utuntu n’utundi bo batazi? Naho boba basa n’abatazi vyinshi ku vyerekeye orodinateri canke ibindi vyigwa bimwebimwe vyigishwa mw’ishure, barazi vyinshi ku vyerekeye uburyo bwo kubaho n’ukwigwanako mu ngorane zo mu buzima. Ku rundi ruhande, abakiri bato ntibagira ivyiyumviro birimbanye bizanwa n’ukuba umuntu ahumuye. Ni co gituma bafise impengamiro yo kwihutagiza mu vy’ugufata ingingo, kenshi na kenshi bagakurikira akosho kabi k’urunganwe, kenshi bikaba ari bo bigirira nabi. Ata kwibesha, Bibiliya ivuga iti: “Ubupfu buba buhambiriwe ku mutima w’umwana.” None umuti ni uwuhe? “Inkoni y’uguhana izobgirukanira kure yiwe.”​—Imigani 22:15.

Ivyiza biva ku kugamburuka ntibigarukira gusa ku bucuti umwana agiranira n’abavyeyi. Kugira ngo ikibano c’abantu gikore mu buryo bworoshe kandi buri n’ico buvamwo, hategerezwa kuba ugusenyera ku mugozi umwe, ivyo na vyo bikaba bisaba urugero runaka rwo kugamburuka. Nk’akarorero, mu mubano w’ababiranye, igituma haba amahoro, itekane n’ubuhirwe ni ukugira umutima ukunze wo kwiyorosha si ukuba umuntu asaba vyinshi kandi uburenganzira be n’inyiyumvo vy’abandi bikaba ataco bimubwiye. Ku kazi, ukugamburuka kw’umukozi kurasabwa kugira ngo igikorwa ico ari co cose canke akigoro ako ari ko kose karoranirwe. Mu bijanye n’amategeko be n’amabwirizwa vyo mu vy’intwaro, ukugamburuka ntigutuma gusa umuntu adahanwa ariko kandi kuratuma n’imiburiburi ku rugero runaka atagira inkomanzi kandi akingirwa.​—Abaroma 13:1-7; Abanyefeso 5:21-25; 6:5-8.

Abakiri bato bagambararira abakuru kenshi na kenshi bacika abatabereye mu kibano. Icigwa co kugamburuka cigwa mu bwana coco kirashobora gukoreshwa mu buzima bwose bw’umuntu mu buryo ngirakamaro. Ese ukuntu ari nzanakunguko kwiga ivyo bintu mu bwana!

Impera Nini Iva ku Kugamburuka

Ukugamburuka ntigutuma gusa haba ubucuti buhimbaye mu muryango hamwe n’ibindi vyiza umuntu agira mu buzima bwiwe bwose ariko kandi kuratanga umushinge umuntu ashobora kwubakirako ubucuti buhambaye kuruta vyose, ni ukuvuga ubucuti buri hagati y’umuntu n’Umuremyi wiwe. Kubera Yehova Imana ari “Umuremyi [Ahambaye]” akaba ari we “sōko y’ubu[zima],” birakwiriye ko tumugamburukira duherejeko.​—Umusiguzi 12:1; Zaburi 36:9.

Ijambo “kugamburuka” riraboneka incuro zirenga 160 muri Bibiliya mu mero zaryo zitandukanye. Ikigeretseko, hariho ahantu amajana n’amajana havuga ivyerekeye ivyagezwe vy’Imana, amategeko yayo, amabwirizwa yayo, ingingo zo mu vy’imanza be n’amateka, ivyo vyose bigasaba ukwiyorosha. Nta makenga dufise yuko Imana ibona ukugamburuka bwa kintu gisabwa kugira ngo twemerwe na yo. Egome, ukugamburuka ni ikintu ntahara ku bw’ukwubaka ubucuti na Yehova. (1 Samweli 15:22) Ikibabaje ni uko impengamiro mvukanwa y’abantu atari iyo kugamburuka ariko ari iyo kugambarara. Bibiliya ivuga iti: “Imitima y’abantu yamogoroye gukora ibibi uhereye mu bgana bgabo.” (Itanguriro 8:21) Ni co gituma icigwa co kugamburuka kidategerezwa kwigwa mu bwana gusa ariko mu buzima bwose. Kubigenza gutyo birazana impera nini.

Niwibuke yuko nk’uko intumwa Paulo yabivuze, icagezwe co kugamburukira abavyeyi kiza gifise umuhango urimwo ibiri, ni ukuvuga uw’uko ‘uronka amahoro kandi ukarambira kw isi.’ Icemeza uwo muhango tugisanga mu Migani 3:1, 2, ahavuga hati: “Mwana wanje, ntuze wibagire ukwigisha kwanje, arik’umutima wawe witondere amabgirizwa yanje: kuko bizokwongerakw imisi myinshi, n’imyaka yo kuramvya ubu[zima], n’amahoro.” Impera nini y’abagamburuka ni ubucuti ubwabo bagiranira na Yehova ubu be n’ubuzima budahera mw’isi nshasha y’amahoro.​—Ivyahishuriwe 21:3, 4.

[Ifoto ku rup. 31]

Ukugamburuka gutuma haba ubucuti buhimbaye mu muryango, ku kazi no kuri Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika