ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 1/4 rup. 13-19
  • Bavyeyi, nimukingire intoranwa yanyu y’agaciro

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bavyeyi, nimukingire intoranwa yanyu y’agaciro
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Igituma imfashanyo iva ku Mana ikenewe ubu
  • Inyigisho itanga ubukerebutsi
  • Icipfuzo kivuye ku rukundo
  • Ivyiza bimara akanyota
  • Inyigisho ihambaye cane muri iki gihe
  • Birabereye ko uvyigorera
  • Nimumenyereze Umwana Wanyu Guhera mu Buhinja
    Akabanga ko Kuronka Agahimbare mu Rugo
  • Kurera Abana Kuva Bakiri Bato Rwose
    Ico Wogira ngo Umubano wo mu Rugo Ubemwo Agahimbare
  • Ivyo abana bakeneye ku bavyeyi babo
    Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye
  • Abana bacu ni intoranwa y’agaciro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 1/4 rup. 13-19

Bavyeyi, nimukingire intoranwa yanyu y’agaciro

‘Ubwenge [canke, “ubukerebutsi”, NW] ni ubwugamo buzigama ubugingo bwa nyenebwo’.​—UMUSIGUZI 7:12.

1. Ni kubera iki abavyeyi bakwiye kubona abana babo nk’ingabirano?

ABAVYEYI baribaruka ikibondo kizima gifise agashusho kabo kikagira na kamere nk’izabo. Ivyo bibondo Bibiliya ivyita “ingabire [canke, “intoranwa”, NW] Uhoraho agaba” (Zaburi 127:3). Kubera yuko ari we Mutanzi nyawe w’ubuzima, Yehova vy’ukuri aba ajeje abavyeyi ikintu mu bisanzwe kimwegukira (Zaburi 36:9). Bavyeyi, mubona gute ukuronka ingabirano y’agaciro nk’iyo iva ku Mana?

2. Manowa yavyakiriye gute igihe yamenya ko yari agiye kuronka akana?

2 Nta gukeka, ingabirano nk’iyo ikwiye kwakiranwa ukwicisha bugufi n’ugukenguruka. Haraciye nk’imyaka irenga 3.000 Umwisirayeli yitwa Manowa yakiriye iyo ngabirano nk’ukwo nyene, igihe umumarayika yamenyesha umugore wiwe ko yari agiye kuronka akana. Manowa agipfa kwumva ako gakuru keza, yasenze ati: “Bgirukiro, ndakwinginze, wa muntu wawe wadutumako ni yongere agaruke kuri twebge, atubarire uko tuzogenza uwo mwana azovuka” (Abacamanza 13:8). Bavyeyi, mushobora kwigira iki ku karorero ka Manowa?

Igituma imfashanyo iva ku Mana ikenewe ubu

3. Ni kubera iki imfashanyo iva ku Mana mu vy’ukurera abana ikenewe canecane muri iki gihe?

3 Ubu kuruta ikindi gihe ico ari co cose, abavyeyi barakeneye ko Yehova abafasha kurera abana babo. Uti kubera iki? Kubera yuko Shetani wa Mucokoranyi hamwe n’abamarayika biwe bakuwe mw’ijuru bagakororerwa mu micungararo y’isi. Bibiliya ibura iti: “Ibara rizobonwa n’isi n’ikiyaga, kuk’Umurwanizi yabamanukiye, ari n’inzigo nyinshi, azi kw afise igihe gito” (Ivyahishuriwe 12:7-9, 12). Bibiliya isigura yuko Shetani “agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa” (1 Petero 5:8). Intambwe zikunda gucakira ibikoko bigoyagoya kuruta ibindi, kenshi ugasanga ari ivyana. Abavyeyi bakirisu b’inkerebutsi rero barahanga amaso Yehova kugira abahe ubuyobozi bubafasha gukingira abana babo. None uriko ugira akigoro kangana iki muri ivyo?

4. (a) Kumenya yuko intambwe iriko iriyerereza mu micungararo vyotuma abavyeyi baca bakora iki? (b) Ni igiki abana bakeneye kugira ngo bakingirwe?

4 Nka hamwe womenya ko hari intambwe iriko iriyerereza mu micungararo, nta nkeka yuko gukingira abana bawe ari vyo vyokuraza ishinga kuruta ibindi vyose. Shetani ni ikiryanyi. Arondera gutuma abasavyi b’Imana bononekara, bagasigara ari abantu badashobora kwemerwa n’Imana (Yobu 2:1-7; 1 Yohana 5:19). Abana baramworohera gucakira. Kugira ngo abana bashobore gusimba imitego ya Shetani, bategerezwa kumenya Yehova bakongera bakamugamburukira. Ubumenyi bushingiye kuri Bibiliya ni ntahara. Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo” (Yohana 17:3). Bisubiye, abana barakeneye ubukerebutsi, ni ukuvuga ubushobozi bwo gutegera no gushira mu ngiro ivyo biga. Kubera yuko ‘ubukerebutsi buzigama ubugingo bwa nyenebwo’, mwebwe bavyeyi murakeneye kwinjiza ukuri mu mitima y’abana banyu (Umusiguzi 7:12). None ivyo mwobigira gute?

5. (a) Ubukerebutsi bushobora gutangwa gute? (b) Mu Migani hadondora gute akamaro k’ubukerebutsi?

5 Gusomera abana banyu Ijambo ry’Imana murabishoboye kandi mukwiye kubigira. Ariko kubafasha gukunda Yehova no kumugamburukira ntibigarukira aho gusa, bisaba ko abana baronka ugutahura. Tubitangire akarorero: Umwana ashobora kubwirwa kutajabuka ibarabara atabanje kweraguza irya n’ino. Yamara, abana bamwebamwe ntibavyumva. Kubera iki? Inkurikizi z’uko umuduga wohava umugonga, ashobora kuba atazisiguriwe kenshi bihagije, canke atazisiguriwe ku buryo atahura neza ako kaga, ngo bitume akira “ubupfu” bwohava butuma agira isanganya. Gutanga ubukerebutsi bisaba igihe n’ukwihangana cane. Ariko ese ingene ubukerebutsi ari ngirakamaro! Bibiliya ivuga iti: “Amayira yabgo n’amayira y’igikundiro, kand’inzira zabgo zose n’iz’amahoro. Bubera igiti c’ubugingo ababucakira: hahirwa umuntu wese abgumirako”.​—Imigani 3:13-18; 22:15.

Inyigisho itanga ubukerebutsi

6. (a) Ni kubera iki kenshi abana bakora ibitaranga ubukerebutsi? (b) Ni urugamba uruhe ruriko ruraba?

6 Kenshi abana barakora mu buryo butabereye, atari kubera yuko baba batigishijwe iciza ico ari co, ariko kubera yuko inyigisho itaba yarabakoze ku mutima, itaba yarabashitse. Shetani ariko arwana urugamba rwo kwigarurira imitima y’abana. Arondera kubona abana bashizwe imbere y’ibintu vyo kubosha bidahimbara Imana vyo mw’isi yiwe. Aragerageza kandi gufatira ku mpengamiro mbi bavukana yo gukora ibibi (Itanguriro 8:21; Zaburi 51:5). Abavyeyi barakeneye kumenya yuko hariko haraba intambara ikomeye yo kwigarurira imitima y’abana babo.

7. Ni kubera iki kubwira umwana iciza n’ikibi vyonyene bidahagije?

7 Abavyeyi barakunze kubwira umwana iciza n’ikibi, bakagira ngo bamwigishije ingingo yogenderako igenga ikibereye n’ikitabereye. Bashobora kubwira uwo mwana ko ari bibi kubesha, kwiba, canke guhuza ibitsina n’uwo ari we wese batubakanye. Ariko rero, uwo mwana arakeneye guhabwa imvo ikomeye ituma agamburuka iruta ukubwirwa gusa n’abavyeyi ko akwiye kugamburuka. Akwiye kugamburuka kubera yuko ayo ari amabwirizwa atangwa na Yehova. Uwo mwana akwiye kumenya yuko ukugamburuka amabwirizwa y’Imana ari yo ngendo iranga ubukerebutsi.​—Imigani 6:16-19; Abaheburayo 13:4.

8. Ni inyigisho nyabaki ishobora gufasha abana gukorana ubukerebutsi?

8 Urusobangane rw’ibiri mu kirere, ubwoko butandukanye bw’ibinyabuzima, ihindagurika ry’ibihe vy’umwaka, ibintu mwene ivyo vyose birashobora gufasha umwana gutahura ko hariho Umuremyi nyen’ubukerebutsi bwose (Abaroma 1:20; Abaheburayo 3:4). Bitayeko, umwana akwiye kwigishwa yuko Imana imukunda be n’uko yatunganije ivy’uko yoronka ubuzima budahera biciye ku nkuka y’Umwana wayo, akongera akigishwa yuko ashobora kunezereza Imana igihe yumviye ivyo ivuga. Hari aho rero uwo mwana yohitamwo gukorera Yehova, naho nyene Shetani aguma agerageza kubimubuza.​—Imigani 22:6; 27:11; Yohana 3:16.

9. (a) Inyigisho irokora ubuzima isaba iki? (b) Ba sebibondo bategekwa gukora iki, kandi ivyo birimwo iki?

9 Inyigisho ikingira umwana ikongera ikamuvyurira umutima wo gukora ibigororotse isaba umwanya, ukumwitaho be n’ukuringaniza ibintu neza. Isaba ko abavyeyi bemera ubuyobozi buva ku Mana. Bibiliya ivuga iti: “Namwe ba se . . . [murere abana banyu] mubahana mubahanūra, uk’Umwami wacu agomba” (Abanyefeso 6:4). Ivyo bisigura iki? Mu kigiriki co mu ntango, imvugo ngo “mubahanūra” irimwo iciyumviro co ‘gushira ivyiyumviro mu’. Abavyeyi rero bariko bahimirizwa gushira ivyiyumviro vya Yehova mu bana babo. Ese ukuntu ivyo bizokingira abana! Igihe abana binjijwe mu mitima yabo ivyiyumviro vy’Imana be n’ukuntu ibona ibintu, baba bakingiwe gukora ibibi.

Icipfuzo kivuye ku rukundo

10. Kugira ngo wigishe umwana wawe neza, ni ibiki bihambaye ko umenya?

10 Ariko rero, kugira ngo ushitse icipfuzo co kurera abana bawe neza, utwigoro ugira dukwiye kuba tuvuye ku rukundo. Ikintu gihambaye muri ivyo ni uguseruriranira akari ku mutima. Numenye ibishika mu buzima bw’umwana wawe be n’ivyiyumviro vyiwe. Muri ahantu umwana yumva ko amerewe neza, numufashe guserura iryo agona ubigiranye ubugenge. Rimwe na rimwe, woshobora kwumva ubuze iyo ukwirwa wumvise ivyo avuze. Uriyubara ntutwarwe n’agashavu. Ahubwo niwumvirize ubigiranye impuhwe n’ubwitwararitsi.

11. Umuvyeyi ashobora gute gushira ivyiyumviro vy’Imana mu mwana?

11 Ego ni ko, ushobora kuba warasomeye umwana wawe muri Bibiliya ibijanye n’amategeko y’Imana abuza ubushegabo, eka mbere ukaba warabigize akatari gake (1 Ab’i Korinto 6:18; Abanyefeso 5:5). Ivyo bishobora kuba vyarafashije abana bawe gutahura ico guhimbara Yehova canke kutamuhimbara bisobanura. Ariko rero, gushira ivyiyumviro vy’Imana mu mwana ntibigarukira aho gusa. Abana barakeneye gufashwa kuzirikana ku kamaro k’amategeko ya Yehova. Barakeneye kunyurwa yuko amategeko yiwe agororotse be n’uko ari meza, kandi ko kuyagamburuka ari co kintu kibereye kandi kiranga urukundo. Igihe gusa ufashije abana bawe kuzirikana mukoresheje Ivyanditswe kugira ngo bemere ingene Imana ibona ibintu, ni ho honyene umuntu yovuga ko washize ivyiyumviro vyayo muri bo.

12. Umuvyeyi ashobora gute gufasha umwana wiwe kubona mu buryo bubereye ivyerekeye amabanga mpuzabitsina?

12 Igihe muganira ibijanye n’igitsina, woshobora kumubaza uti: “Woba wiyumvira yuko kugamburuka itegeko rya Yehova ribuza kurangura amabanga mpuzabitsina imbere yo kwabirana bibuza umuntu umunezero?”. Nuremeshe umwana wawe gusigura inyishu atanze. Mumaze kwihweza intunganyo itangaje Imana yashizeho yo kwibaruka ikibondo, woshobora kumubaza uti: “Woba wiyumvira ko Imana yacu idukunda yoshinga amategeko atubuza kuryoherwa mu buzima? Canke amategeko yayo ariho kugira ngo duhimbarwe no kugira ngo dukingirwe?” (Zaburi 119:1, 2; Yesaya 48:17). Rondera kumenya ico umwana wawe yiyumvira kuri ico kibazo. Woshobora rero guca umuha uburorero bw’ingene ubushegabo bwakwegeye abantu intuntu n’ingorane (2 Samweli 13:1-33). Niwafasha umwana wawe kuzirikana kugira ngo ategere yongere ashigikire ingene Imana ibona ibintu, uzoba uteye intambwe ndende igana ku gushira ivyiyumviro vy’Imana muri we. Ariko rero, hari n’ikindi ushobora gukora.

13. Ni ugutahura iki canecane kwovyurira umwana umutima wo kugamburukira Yehova?

13 Niwakoresha ubukerebutsi, ntuzokwigisha gusa umwana wawe inkurikizi ziva ku kugambararira Yehova, ariko uzonamusigurira ingene ukuntu tubaho gushobora kugira ico gukoze kuri Yehova ubwiwe. Niwereke umwana wawe muri Bibiliya ko dushobora kubabaza Yehova igihe tudakoze ivyo agomba (Zaburi 78:41). Woshobora kumubaza uti: “Ni kubera iki udashaka kubabaza Yehova?”, ugaca usigura uti: “Umwansi w’Imana ari we Shetani avuga ko dukorera Yehova tubitumwe n’ivyo twoharonkera, ngo ntitumukorera kubera tumukunda”. Nuce usigura ingene Yobu yanezereje umutima w’Imana mu kuguma ari intadohoka, aba atanze inyishu ku kirego Shetani yitwaje c’ikinyoma (Yobu 1:9-11; 27:5). Umwana wawe arakeneye gutahura yuko ashobora kubabaza Yehova canke akamunezereza bivuye ku nyifato agira (Imigani 27:11). Ico cigwa be n’ibindi vyigwa vyinshi bihambaye, abana barashobora kuvyigishwa hakoreshejwe ca gitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambayea.

Ivyiza bimara akanyota

14, 15. (a) Ni ivyigwa ibihe vyo mu gitabu Umwigisha vyakoze abana ku mutima? (b) Ni ivyiza ibihe washitseko mu gukoresha ico gitabu? (Raba uruzitiro ruri ku rupapuro rwa 18-19.)

14 Umutama umwe wo muri Korowasiya akunda gusoma igitabu Umwigisha ari kumwe n’akuzukuru kiwe k’imyaka indwi, yanditse yuko ako gahungu kamubwiye gati: “Mawe yambwiye gukora ikintu, mugabo ndanka kugikora. Naciye nibuka ikigabane kivuga ngo ‘Ukugamburuka kuragukingira’, nca ndasubira inyuma ndamubwira ko nja gukora ico ambariye”. Ku biraba ikigabane kivuga ngo “Igituma tudakwiye kubesha”, hari umugabo n’umugore baba i Floride muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika bavuze bati: “Kirimwo ibibazo bisaba abana kwugurura imitima yabo maze bakemera amakosa batokwemeye”.

15 Igitabu Umwigisha kirimwo amashusho arenga 230, n’akajambo gaherekeza canke kadondora ishusho imwimwe cabure umugwi w’amashusho. Inabibondo umwe afise umutima ushima yavuze ati: “Kenshi agahungu kanje karashinga ijisho kw’ishusho yinaka, ntigashake ko urwo rupapuro rurengana. Uretse ko ayo mashusho aryoheye ijisho, ubwayo kandi arigisha, canke n’imiburiburi agatuma abana babaza ibibazo. Ku biraba ishusho yerekana umwana ariko araba televiziyo mu cumba kitabona, agahungu kanje kambajije ngo ‘Ma, urya mwana ariko akora iki?’, kabimbaza mw’ijwi ryumvikanisha ko kari katahuye yuko nya mwana yariko akora ikintu kibi”. Akajambo gaherekeza iyo shusho kagira gati: “Ni nde abona ivyo dukora vyose?”.

Inyigisho ihambaye cane muri iki gihe

16. Ni igiki bihambaye ko abana bigishwa muri iki gihe, kandi kubera iki?

16 Abana barakeneye kumenya ikoreshwa ribereye n’iritabereye ry’ibihimba vyabo vy’irondoka. Ariko rero, kuganira ivyo bintu ntivyama vyoroshe. Hari umukenyezi umwe yandika amakuru yavuze ko yakuriye mu karere aho kuvuga amazina y’ibihimba vy’irondoka vyabonwa ko ari ukubura urupfasoni. Ku bijanye no kwigisha abana biwe, yanditse ati: “Bizoba ngombwa ko ndengera ubuyega mfise”. Vy’ukuri, igihe ubuyega butumye abavyeyi birinda kuvuga ibijanye n’igitsina, ntibikingira abana. Abahumbisha abana bafatira ku kutamenya kwabo. Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye kiraca irya n’ino ico kibazo neza kandi mu rupfasoni. Kumenyesha abana ibijanye n’igitsina ntibituma bashira isoni, mu gihe kutabibamenyesha vyovyo bishobora gutuma batakaza urupfasoni.

17. Igitabu Umwigisha gifasha gute abavyeyi kwigisha abana babo ibijanye n’igitsina?

17 Mu kigabane ca 10, aho ico gitabu kivuga ivy’abamarayika b’ababisha baje kw’isi bakavyara abana, umwana abazwa ikibazo kigira giti: “Ni ibiki woba uzi ku biraba uguhuza ibitsina?”. Ico gitabu gica gitanga inyishu yoroshe kandi yisoneye. Wigiye imbere, ikigabane ca 32 kirasigura ingene abana bashobora gukingirwa ababahumbisha. Twararonse amakete menshi avuga ko iyo nyigisho ari kirumara. Inabibondo umwe yanditse ati: “Mu ndwi iheze, igihe agahungu kanje kitwa Javan kabonana n’umuganga wako, uno yarabajije ko twoba tumaze kuyaga na ko ikoreshwa ribereye ry’ibihimba vy’irondoka. Yaratangajwe rwose no kwumva ko twari tumaze kubiyaga dukoresheje ico gitabu cacu gishasha”.

18. Igitabu Umwigisha gica irya n’ino gute ivyo kwunamira ibimenyetso biranga igihugu?

18 Hari ikindi kigabane kivuga ivya ya nkuru yo muri Bibiliya ya ba basore batatu b’Abaheburayo ari bo Shaduraka, Meshaki na Abedunego, bamwe banka kwunamira igishushanyo cagereranya igihugu ca Babuloni (Daniyeli 3:1-30). Hari abatobona isano riri hagati yo kwunamira igishushanyo no kuramutsa ibendera, nk’uko igitabu Umwigisha kivyerekana. Ariko rero, raba ivyo umwanditsi yitwa Edward Gaffney yavuze igihe ikinyamakuru kimwe (U.S. Catholic) camubaza ibibazo. Yavuze yuko igihe akigeme kiwe kamubwira kavuye kw’ishure rya Leta ari bwo bwa mbere yuko kari kize “igisabisho gishasha kw’ishure”, yaciye agasaba ngo kakimusubiriremwo. Gaffney yavuze ati: “Kaciye gashira ikiganza ku mutima maze n’ubwishime gaca karanzika gati ‘Sinzohemukira ibendera . . . ’”. Gaffney abandanya ati: “Ubwo nyene hari ikintu naciye ntegera. Bwa bundi ivyo Ivyabona vya Yehova bavuga ni vyo. Hariho umuce w’ivy’ugusenga igihugu uremeshwa mu mashure yacu guhera mu myaka yo hasi, uwo muce ukaba ari ukuyobokera igihugu bimwe bitagira umupaka”.

Birabereye ko uvyigorera

19. Ni ivyiza ibihe biva ku kwigisha abana?

19 Vy’ukuri, kwigisha abana bawe birabereye ko uvyigorera. Hari inabibondo umwe aba i Kansas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yakoroye amosozi aho aronkeye ikete yandikiwe n’umuhungu wiwe. Uwo muhungu yanditse ati: “Ndahiriwe kubona nararonse indero yatumye numva nsa n’uwutekaniwe, nkumva umutima uri hamwe. Mwe na dawe murakwiye koko gushimirwa” (Imigani 31:28). Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye kirashobora gufasha n’abandi bavyeyi benshi kwigisha abana babo kugira ngo bashobore gukingira iyo ntoranwa y’agaciro.

20. Ni igiki abavyeyi bakwiye kwama nantaryo bibuka, kandi ivyo bikwiye gutuma bagira iki?

20 Abana bacu barakwiriye ko tubahebera umwanya, tukabitaho, tukongera tukabigorera uko bishoboka kwose. Ikiringo cabo c’ubwana gihera ningoga. Ntimugishe akaryo na kamwe muronse ko kuba hamwe na bo no kubafasha. Ntimuzokwigera muvyicuza. Bizotuma babakunda. Murame nantaryo mwibuka iki kintu: abana banyu ni ingabirano Imana yabahaye. Ese ukuntu ari intoranwa y’agaciro (Zaburi 127:3-5)! Ku bw’ivyo rero, nimubafate nk’aho hari ico Imana izobabaza ku kuntu mubarera, nakare ni mwe mubajejwe.

[Akajambo k’epfo]

a Casohowe n’Ivyabona vya Yehova. Raba ikigabane ca 40 kivuga ngo “Ingene twohimbara Imana.”

Wokwishura gute?

• Ni kubera iki ubu ari ho canecane abavyeyi bakwiye gukingira abana babo?

• Inyigisho itanga ubukerebutsi ni iyimeze gute?

• Ni ibihe bintu bihambaye cane ukwiye kuyaga n’abana bawe muri iki gihe?

• Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye cafashije gute abavyeyi kwigisha abana babo?

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 18, 19]

Igitabu c’abantu bose

Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye categuwe kugira gifashe abavyeyi canke abandi bantu bakuze gusomera hamwe n’abana inyigisho za Yezu Kirisitu bakongera bakaziganirako na bo. Ariko, n’abakuze bamaze kwisomera ico gitabu barakengurutse bimwe bivuye ku mutima ivyo bacigiyemwo.

Umugabo umwe w’i Texas muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze ati: “Igitabu Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye kirakora ku mutima mu mvugo yaco yoroshe, kikatuvyurira umutima wo kugira ico dukoze naho twoba dufise imyaka ingana iki, mbere naho yoba ari imyaka 76 nk’iyo mfise. Ndabakengurukiye cane jewe uwakoreye Yehova kuva mu buto”.

Umuntu umwe w’i Londres mu Bwongereza yasomye ico gitabu avuga ati: “Amashusho yaco aryoheye ijisho ntiyobura gukora ku mutima abavyeyi n’abana. Ibibazo biri muri ico gitabu be n’ingene gitunganijwe ni vyiza igitangaza. Vyongeye, urazi ingene ari agahore kubona ukuntu ibibazo vy’inkoramutima vyihwezwa, nk’akarorero mu kigabane ca 32 gifise umutwe uvuga ngo: ‘Ingene Yezu yakingiwe’”! Yarangije avuga ati: “Naho iki gitabu kigenewe canecane abana b’Ivyabona vya Yehova, niyumvira yuko abigisha be n’abandi bazonezerwa rwose nibaronka ico gitabu. Ndindiranye igishika kuzogikoresha mu mezi ari imbere no mu myaka iri imbere”.

Hari umukenyezi w’i Massachusetts muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yagize ico avuze ku “mashusho menshi [yaco] yateguwe yitondewe”. Yanditse ati: “Naho ico gitabu kigenewe abana, nasanze ibibazo vyihwezwa muri co bishobora kudufasha na twebwe abakuze kuzirikana ku bucuti dufitaniye na Yehova”.

Umukenyezi umwe aturuka i Maine muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yikuguye ati: “Reka, reka, reka! Sinari bwabone igitabu ciza nk’ico! Si ic’abana gusa, ahubwo ni ica twebwe twese abana b’Imana. Caranshitse n’aho ntari nzi, kirandiza congera kirampoza, ku buryo nsigara numva amahoro. Numva niyegereje cane Yehova we Muvyeyi wanje. Yaranyibagije umubabaro wose nagize mu myaka yagiye irarengana, yongera atuma umugambi wiwe urushiriza gutomoka”. Yasozereye avuga ati: “Uwo ari we wese ndamubwiye nti: ‘Ndakwinginze ugisome’”.

Umukenyezi umwe aturuka i Kyoto mu Buyapani yavuze yuko igihe yariko asomera ico gitabu abuzukuru biwe, bano bamubajije ibibazo nk’ibi: “‘Aka gahungu kariko kagira iki? Kubera iki aka gakobwa bariko baragakarira? Uyu muvyeyi ariko agira iki? Iyi ntambwe irondera iki?’. Ico gitabu cigisha ibintu turondera kumenya, ni co gituma ndagikunda kuruta ibindi vyose nshobora gusanga mu bubiko bw’ibitabu”.

Sebibondo umwe wo mu gisagara ca Calgary muri Kanada avuga yuko aho amariye kuronka ico gitabu yaciye atangura kugisomera akigeme kiwe k’imyaka itandatu be n’agahungu kiwe k’imyaka icenda. Avuga ati: “Buno nyene baciye bavyakira neza. Abana banje baratega yompi bakongera bagatanga inyishu zivuye ku mutima ku bibazo bibazwa. Biyumvamwo ko bafise uruhara muri iyo nyigisho, kandi iyo nyigisho yarabahaye akaryo ko kuguserura ivyiyumviro vyabo. Ubu basigaye bacangamutse, kandi akigeme kanje kavuga ko kipfuza kwiga muri ico gitabu gishasha buri joro”.

Uwo sebibondo aho amariye kwigana n’umwana wiwe rimwe muri ico gitabu, yavuze ati: “Twe n’umuhungu wanje twaramaze amasaha n’ayandi tuganira ku vyerekeye Yehova n’imigambi yiwe. Yarabajije ibibazo vyinshi afatiye ku bivugwa muri ico gitabu. Amosozi yaciye anza mu maso igihe yanyipfuriza ijoro ryiza agaca ambaza ati: ‘Da, twosubira kubigira? Mfise ibibazo vyinshi cane, kandi numva nshaka kumenya vyose kuri Yehova’”.

[Ifoto ku rup. 15]

Bavyeyi, mushobora kwigira iki ku karorero ka Manowa?

[Ifoto ku rup. 16]

Bana, mushobora kwigira iki ku karorero ka ba Baheburayo batatu?

[Ifoto ku rup. 17]

Amashusho yo mu gitabu “Igira kuri wa Mwigisha Ahambaye” be n’utujambo tuyaherekeza, ni ibikoresho vyo kwigisha bikomeye

Ananiya ariko abesha iki Petero?

Ni nde abona ivyo dukora vyose?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika