‘Nimubandanye kwironsa inkomezi mu Mukama’
“[“Nimubandanye kwironsa inkomezi”, “NW”] mu Mukama no mu bukomezi bw’ububasha bwiwe”.—ABANYAEFEZI 6:10, “UB”.
1. (a) Ni indwano idasanzwe iyihe yabaye, ubu hakaba haciye imyaka nka 3.000? (b) Ni kubera iki Dawidi yatahukanye intsinzi?
UBU haraheze imyaka nka 3.000 bibaye. Abarwanyi babiri barahanganye hagati y’imigwi ibiri y’inteko zagira zitane mu mitwe ku kibanza c’indwano. Umuto muri bo yari agahungu k’akungere kitwa Dawidi. Imbere yiwe hari hahagaze Goliyati, umugabo w’ibiguvu n’igihagararo bidasanzwe. Icuma yari yambaye gikingira igikiriza capima ibiro nka 57, akaba kandi yari yitwaje icumu rinini be n’inkota niniya. Dawidi nta birwanisho namba yari yitwaje, kiretse umugozi gusa. Ico kigatanya c’Umufilisitiya Goliyati ciyumvisemwo yuko ari agasuzuguro kubona Umwisirayeli bari bagiye kurwana yari agahugu (1 Samweli 17:42-44). Ku barorerezi bo ku mpande zose, icari kuva muri iyo ndwano gitegerezwa kuba cari camaze kwigaragaza. Mugabo abanyenkomezi ntibama batahukanye intsinzi (Umusiguzi 9:11). Dawidi yatahukanye intsinzi kubera yarwanye mu nkomezi za Yehova. Yavuze ati: ‘Intambara ni iya Yehova’. Inkuru yo muri Bibiliya ivuga yuko “Dawidi yagangahuje uwo Mufilisitiya ibuye yateresheje umugozi”.—1 Samweli 17:47, 50.
2. Ni intambara bwoko ki abakirisu bajamwo?
2 Abakirisu ntibagira uruhara mu ntambara yo mu buryo bw’umubiri. Naho buzura canke bagiranira amahoro n’abantu bose, bararwana koko intambara yo mu buryo bw’impwemu, bakarwana n’abansi b’abanyenkomezi nyinshi (Abaroma 12:18). Mu kigabane ca nyuma c’ikete Paulo yandikiye Abanyefeso, yaradondoye intambara abakirisu bose bajamwo. Yanditse ati: “Abo tunigana [si] ab’inyama n’amaraso, ariko tunigana n’abakuru n’abafise ububasha n’abaganza iyi si y’umwiza, n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru”.—Abanyefeso 6:12.
3. Twisunze ibivugwa mu Banyefeso 6:10, dukeneye iki kugira ngo twiyemeze kuzotahukana intsinzi?
3 Izo “mpwemu mbi” ni Shetani hamwe n’amadayimoni, abipfuza gusenyura ubucuti dufitaniye na Yehova Imana. Kubera ko bakomeye kuturusha, ivyacu vyifashe nka kumwe ivya Dawidi vyari vyifashe, tukaba rero tudashobora gutahukana intsinzi kiretse twihetse ku Mana kugira ngo ituronse inkomezi. Nkako, Paulo aduhimiriza “[‘kubandanya kwironsa inkomezi’, NW] mu Mukama no mu bukomezi bw’ububasha bwiwe” (Abanyaefezi 6:10, UB). Iyo ntumwa imaze gutanga iyo mpanuro, ica idondora intunganyo zo mu vy’impwemu be na kamere za gikirisu zidushoboza gutahukana intsinzi.—Abanyefeso 6:11-17.
4. Ni ivyiyumviro bibiri ibihe turimbura muri iki kiganiro?
4 Ubu na ho, nimuze dusuzume ico Ivyanditswe bivuga ku vyerekeye inkomezi be n’amayeri vy’umwansi wacu. Hanyuma turaza kurimbura uburyo bwo kwivuna umwansi dutegerezwa gukoresha kugira ngo twikingire. Nitwakurikiza inyobozo Yehova aduha, turashobora kwizigira tudakeka yuko abansi bacu batazotunesha.
Kunyinyana n’impwemu mbi
5. Ikoreshwa ry’imvugo ‘kunigana’ iri mu Banyefeso 6:12 ridushoboza gute kumenya amayeri ya Shetani?
5 Paulo asigura yuko “tunigana . . . n’impwemu mbi z’ahantu ho mw ijuru”. Birumvikana ko kizigenza w’impwemu mbi canke w’ibinyabuzima vy’impwemu vy’ibibisha ari Shetani wa Mucokoranyi, we “mukuru w’abadayimoni” (Matayo 12:24-26). Bibiliya idondora intambara yacu ko ari ‘ukunigana’ ari kwo kunyinyana canke kurwana hakoreshejwe amaboko. Mu mahiganwa yo kunyinyana yagirwa mu Bugiriki bwa kera, umwe wese mu bayajamwo yaragerageza gutuma uwo barwana adandabagirana kugira ngo amuture hasi. Muri ubwo buryo nyene, Mucokoranyi ashaka yuko tudandabagirana mu vy’impwemu. None ni gute ashobora gutuma tumera gutyo?
6. Erekana ukoresheje Ivyanditswe ingene Mucokoranyi ashobora gukoresha amayeri atandukanye kugira ngo ahungabanye ukwizera kwacu.
6 Mucokoranyi ashobora gukora nk’inzoka, nk’intambwe yivuga, canke mbere agakora nk’umumarayika w’umuco (2 Ab’i Korinto 11:3, 14; 1 Petero 5:8). Arashobora gukoresha abantu kugira ngo baduhame canke baduce intege (Ivyahishuriwe 2:10). Kubera ko Shetani yigaruriye isi yose uko ingana, arashobora gukoresha ivyipfuzo vyayo be n’ibintu vyo muri yo bikwegakwega kugira ngo adutege (2 Timoteyo 2:26; 1 Yohana 2:16; 5:19). Arashobora gukoresha ivyiyumviro vyo mw’isi canke ivyiyumviro vy’abahakanyi kugira ngo atuyovye, nka kurya nyene yahenze Eva.—1 Timoteyo 2:14.
7. Ni igiki amadayimoni adashobora kugira, kandi ni ibintu ibihe dufise bidufasha?
7 Naho ibirwanisho be n’ububasha vya Shetani n’amadayimoni yiwe bishobora kuboneka nk’aho ata wobiva imbere, hariho ico bidashobora kugira. Ivyo binyabuzima vy’impwemu vy’ibibisha ntibishobora kuduhata gukora ibintu bibi bidahimbara Dawe wa twese wo mw’ijuru. Twaremanywe ubushobozi bwo kwihitiramwo iciza n’ikibi, kandi turashobora gucungera ivyiyumviro n’ibikorwa vyacu. Vyongeye, ntiturwana twenyene. Uko ibintu vyari vyifashe mu gihe ca Elisa ni ko bikimeze no muri iki gihe turimwo: “Abo turi kumwe [n]i benshi kuruta abari kumwe na bo” (2 Abami 6:16). Bibiliya idukura amazinda yuko tugamburukiye Imana ariko tukarwanya Mucokoranyi, azoduhunga.—Yakobo 4:7.
Turazi imigabo ya Shetani
8, 9. Ni ibigeragezo ibihe Shetani yateje Yobu kugira ngo asenyure ukutadohoka kwiwe, kandi ni ingeramizi izihe zo mu vy’impwemu duhanganye muri iki gihe?
8 Ntituyobewe imigabo ya Shetani kubera yuko Ivyanditswe bihishura amayeri yiwe nyamukuru (2 Ab’i Korinto 2:11). Mu kurwanya Yobu wa mugabo w’umugororotsi, Shetani yakoresheje ingorane z’ivy’ubutunzi zikomeye, ukubura abiwe, ukurwanywa n’umuryango, ugucumukura ku mubiri, be n’ukuvugwa nabi kudafise ishingiro kuvuye ku bigira ngo ni abagenzi biwe. Yobu yaragize intimba yongera yiyumvira yuko Imana yamukuyeko amaboko (Yobu 10:1, 2). Naho Shetani ubwiwe atotera izo ngorane muri iki gihe, mwene ayo magume aragira ico akoze koko ku bakirisu benshi, kandi Mucokoranyi arashobora kuyakoresha kugira ngo ashike ku co yipfuza.
9 Ingeramizi zo mu vy’impwemu zarongerekanye ningoga muri iki gihe c’iherezo. Tuba mw’isi aho ivy’ugukurikirana amaronko bipfukiranya amahangiro y’ivy’impwemu. Ibimenyeshamakuru ntibihengeshanya kwerekana yuko ivy’uguhuza ibitsina kutemewe ari isoko ry’ubuhirwe aho kuba ibitera intuntu yo mu mutima. Kandi benshi mu bantu bacitse “[a]bakunda ibibahimbara bakabirutisha Imana” (2 Timoteyo 3:1-5). Ubwo buryo bwo kwiyumvira burashobora kugeramira uburimbane bwacu bwo mu vy’impwemu kiretse “[turwaniye] cane ukwizera”.—Yuda 3.
10-12. (a) Imburi imwe Yezu yatanze muri wa mugani wiwe werekeye umubivyi ni iyihe? (b) Tanga akarorero k’ingene ivy’impwemu bishobora kunigwa.
10 Amwe mu mayeri Shetani akoresha akererwa kuruta ayandi ni ugutuma twivobeka muri iyi si no mu vyo kwiruka inyuma y’amaronko kwayo. Muri wa mugani wa Yezu w’umubivyi, Yezu yatanze imburi yuko mu bihe bimwebimwe “umwitwaririko w’ivy’isi n’uruhendo rw’ubutunzi [binyoha i]jambo [ry’Ubwami]” (Matayo 13:18, 22). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngaho ngo “kunyoha” risobanura “kuniga buhere”.
11 Mu mashamba yo mu turere dushushe, woshobora kuhasanga umusukoni uniga ibindi biti. Ukura buhorobuhoro ukagenda urazunguruka umutumba w’igiti wiboherako. Buhorobuhoro, nya musukoni urabohesha nya giti imizi igenda irarushiriza gukomera. Nya mizi irushiriza kwongerekana y’uwo musukoni, amaherezo iranunuza nyinshi mu mfungurwa ziri mu butaka ku ntango ya nya giti, mu gihe amashami yawo na yo azibira nya giti ntikironke umuco. Impera n’imperuka, nya giti kiruma.
12 Mu buryo nk’ubwo, imyitwarariko yo muri iyi si be n’ukurondera amatungo hamwe n’uburyo bwo kubaho burangwa ukwidibamira birashobora gutwara buhorobuhoro mwinshi mu mwanya wacu be na nyinshi mu nguvu zacu. Kubera ko ubwenge bwacu buba bwakeberejwe ku bintu vy’isi, twoshobora gufata minenegwe bitagoranye ukwiyigisha Bibiliya kwacu tukongera tukagira akamenyero ko gusiba amakoraniro y’ishengero, gutyo tukaba duhevye gufungurirwa imfungurwa z’ivy’impwemu. Ico gihe amahangiro y’ivy’amaronko aca asubirira ibikorwa vy’impwemu, maze impera n’imperuka Shetani bikamworohera kuducakira.
Turanekeye guhagarara tudatsinzwe
13, 14. Ni impagararo iyihe dukeneye kugira igihe turwanijwe na Shetani?
13 Paulo yahimirije abakirisu bagenziwe “guhagarara [ba]datsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi” (Abanyefeso 6:11). Ariko ntiwumve, ntidushobora gukuraho Shetani n’amadayimoni yiwe. Imana yashinze ico gikorwa Yezu Kirisitu (Ivyahishuriwe 20:1, 2). Ariko rero, imbere y’uko Shetani akurwaho dutegerezwa “guhagarara [t]udatsinzwe” canke dushikamye kugira ngo ibitero vyiwe ntibidukubite hasi.
14 Intumwa Petero na we nyene yarashimitse ku vy’uko dukeneye guhagarara tudatsinzwe na Shetani. Yanditse ati: “Mwirinde ibiboreza, mwame mugavye: umurezi wanyu, ari we wa Murwanizi, agendagenda nk’intambge yivuga, arondera uwo arotsa. Mumurwanye mufise ukwizera gushikamye, muzi yukw imibabaro ihwanye n’iyanyu ishitswa kuri bene Data bari mw isi” (1 Petero 5:8, 9). Mu vy’ukuri, ugushigikirwa n’abavukanyi be n’abavukanyikazi bacu bo mu vy’impwemu kurahambaye kugira ngo duhagarare tudatsinzwe igihe Shetani aduteye ameze nk’intambwe yivuga.
15, 16. Tanga akarorero ko mu Vyanditswe kugira ngo werekane ingene gushigikirwa n’abo dusangiye ukwizera bishobora kudufasha guhagarara dushikamye.
15 Igihe intambwe yo mu micungararo yivuze mw’ishamba ry’imikēnke ryo muri Afirika, ingeregere irashobora kugira ico ikoze mu kwiruka amaguru adakora hasi gushika igeze ahatari ingeramizi. Ariko rero, inzovu ziratanga akarorero ko gushigikirana. Igitabu kimwe (Elephants—Gentle Giants of Africa and Asia) gisigura giti: “Uburyo bwo kwivuna umwansi ubusho bw’inzovu bukunze gukoresha ni uguhagarara zigize umuzingi, inzovu zikuze zikaraba hanze y’umuzingi aho akaga kazanana maze inzovu zikiri nto zigakingirwa zibereye hagati muri nya muzingi”. Intambwe zihanganye n’ibintu nk’ivyo bigaragaza inkomezi n’ugushigikirana, ni gake usanga zihirahira ngo zigabe igitero, mbere no ku nzovu zikiri ntoya.
16 Igihe tugeramiwe na Shetani be n’amadayimoni yiwe, na twebwe nyene tuba dukeneye kuguma turi kumwe, dufatanye mu nda n’abavukanyi bacu bakomeye mu kwizera. Paulo yaremeye icese yuko abakirisu bagenziwe bamwebamwe bamubereye “imfashanyo ikomeza” igihe yari apfungiwe i Roma (Ab’i Kolosayi 4:10, 11, NW). Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “imfashanyo ikomeza” riboneka rimwe gusa mu Vyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu. Twisunze ibivugwa n’inyizamvugo imwe y’uwitwa Vine (Expository Dictionary of New Testament Words), “hari inyubako imwe ivuye mu rivuga ry’iryo jambo isobanura imiti igabanya ububabare”. Cokimwe n’amavuta yorosha ahantu, ugushigikirwa n’abasavyi ba Yehova bahumuye birashobora kugabanya imibabaro yatewe n’umubabaro wo mu mutima canke ugucumukura ku mubiri.
17. Ni ibiki vyodufasha kuba intahemuka ku Mana?
17 Kuremeshwa n’abakirisu bagenzi bacu muri iki gihe birashobora kudukomereza umwiyemezo twafashe wo gukorera Imana tudahemuka. Canecane abakurambere bakirisu barashashaye gutanga imfashanyo yo mu vy’impwemu (Yakobo 5:13-15). Mu bintu bidufasha kuguma turi intahemuka harimwo no kwiyigisha Bibiliya ubudahorereza be no kwitaba amakoraniro ya gikirisu, amateraniro be n’amahwaniro. Ubucuti dufitaniye n’Imana buradufasha kuguma turi intahemuka kuri yo. Ku bwa ngingo, twaba turiko turarya, turanywa, canke dukora ikindi kintu, dukwiye kurondera gukora vyose kugira ngo Imana ininahazwe (1 Ab’i Korinto 10:31). Mu bisanzwe, kwiheka kuri Yehova tubijanisha n’isengesho ni nkenerwa kugira ngo tubandanye mu ngendo imuhimbara.—Zaburi 37:5.
18. Ni kubera iki tudakwiye guteshwa ngo dute n’igihe nyene ibintu biteye umubabaro turimwo bigabanije inkomezi zacu?
18 Rimwe na rimwe ibitero vya Shetani biza igihe tutumva dukomeye mu buryo bw’impwemu. Intambwe isūmira igikoko kigoyagoya. Ingorane zo mu muryango, amagume mu vy’ubutunzi, canke indwara birashobora kudutwara inkomezi zo mu vy’impwemu. Mugabo nimuze ntiduteshwe ngo dute mu vyo gukora ibihimbara Imana, kubera ko Paulo yavuze ati: “Iyo mbaye umunyantege nke [ni] ho ndushiriza kugira ubushobozi” (2 Ab’i Korinto 12:10; Ab’i Galatiya 6:9; 2 Ab’i Tesalonike 3:13). None yashatse kuvuga iki? Yashatse kuvuga yuko ububasha bw’Imana bushobora gusubirira ubugoyagoye bwacu bwa muntu, mu gihe twituye Yehova tumusaba inkomezi. Intsinzi Dawidi yagize kuri Goliyati irerekana yuko Imana ishobora gukomeza abasavyi bayo kandi yuko ibakomeza koko. Ivyabona vya Yehova bo muri iki gihe barashobora kwemeza yuko mu bihe vy’amagume y’akaburarugero, biboneye ukuboko gukomeza kw’Imana.—Daniyeli 10:19.
19. Tanga akarorero kugira ngo werekane ingene Yehova ashobora gukomeza abasavyi biwe.
19 Ku bijanye n’ukuntu Imana yari yarabashigikiye, hari umugabo n’umugore bavuze bati: “Uko imyaka yagiye irarengana, twarakoreye Yehova twubakanye kandi twarinovoye imihezagiro myinshi twongera turamenya abantu benshi beza igitangaza. Ikindi kandi, twaramenyerejwe twongera turakomezwa na Yehova kugira ngo dushobore kwihanganira amagume. Nka kumwe kwa Yobu, ntitwamye imisi yose dutahura igituma ibintu bishika, mugabo ico twari tuzi coco ni uko Yehova yama nantaryo ari ho ari kugira ngo adufashe”.
20. Ni ikimenyamenya ikihe co mu Vyanditswe cerekana yuko Yehova yama nantaryo aramira canke ashigikira abasavyi biwe?
20 Ukuboko kwa Yehova si kugufi ku buryo kutoshobora gushigikira no gukomeza abasavyi biwe b’abizerwa (Yesaya 59:1). Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yaririmvye ati: “Uhoraho aramira abatemba bose, yēmesha abahetamye bose” (Zaburi 145:14). Mu vy’ukuri, Dawe wa twese wo mw’ijuru “atwikorerera umutwaro uko bukeye” kandi akaturonsa ivyo dukeneye koko.—Zaburi 68:19.
Turakeneye “ibirwanishwa vyose vy’Imana”
21. Paulo yashimitse gute ku vy’uko dukeneye kwironsa ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu?
21 Twarimbuye bumwebumwe mu buryo Shetani akoresha, kandi twabonye yuko dukeneye guhagarara dushikamye imbere y’ibitero vyiwe. Ubu na ho dutegerezwa kurimbura iyindi ntunganyo ihambaye idufasha gushobora kurwanira ukwizera kwacu tugatahukana intsinzi. Incuro zibiri mw’ikete intumwa Paulo yandikiye Abanyefeso, yaravuze ikintu ntahara mu vyo guhagarara dushikamye mu kurwanya ubugunge bwa Shetani no mu vyo gutahukana intsinzi mu kunyinyana kwacu n’ibinyabuzima vy’impwemu vy’ibibisha. Paulo yanditse ati: “Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi . . . Mwābīre ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore kudatsindwa ku musi mubi, kandi ni mwaheza vyose mugahagarara mushikamye”.—Abanyefeso 6:11, 13.
22, 23. (a) Ibirwanisho vyacu vyo mu buryo bw’impwemu bigizwe n’iki? (b) Ni ibiki turimbura mu kiganiro gikurikira?
22 Ego cane, turakeneye kwambara ‘ibirwanisho vyose vy’Imana’. Igihe Paulo yandikira Abanyefeso, yari acunzwe n’umusoda w’Umuroma, uno akaba rimwe na rimwe ashobora kuba yarambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho. Ariko rero, Imana ni yo yahumekeye iyo ntumwa kugira ngo ice irya n’ino ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu umusavyi wa Yehova wese akeneye cane.
23 Ivyo birwanisho bitangwa n’Imana bigizwe na kamere umukirisu ategerezwa kugira hamwe n’intunganyo zo mu vy’impwemu zashizweho na Yehova. Mu kiganiro gikurikira, turihweza kimwekimwe cose muri ivyo birwanisho vyo mu buryo bw’impwemu. Ivyo biraza kudushoboza kumenya aho tugeza mu kwitegurira intambara yacu yo mu buryo bw’impwemu. Muri ico gihe nyene, turaza kubona ingene akarorero keza igitangaza ka Yezu Kirisitu kadufasha gutahukana intsinzi mu vyo kunyinyana na Shetani wa Mucokoranyi.
Wokwishura gute?
• Ni indwano iyihe abakirisu bose barwana?
• Dondora amwamwe mu mayeri Shetani akoresha.
• Gushigikirwa n’abo dusangiye ukwizera bishobora gute kudukomeza?
• Dutegerezwa kwiheka ku nkomezi za nde, kandi kubera iki?
[Ifoto ku rup. 11]
Abakirisu ‘banigana n’ibinyabuzima vy’impwemu vy’ibibisha’
[Ifoto ku rup. 12]
Imyitwarariko y’iyi si irashobora kunyoha ijambo ry’Ubwami
[Ifoto ku rup. 13]
Abakirisu bagenzi bacu barashobora kuba “imfashanyo ikomeza”
[Ifoto ku rup. 14]
Woba usenga Imana uyisaba inkomezi?