Woshobora Gute Kwerekana Ukwicisha Bugufi Nyakuri?
UKWICISHA bugufi nyakuri kurafise agaciro kanini mu nyonga z’Imana. Yakobo yanditse ati: “Imana irwanya abibona, arikw abicisha bugufi ibaha ubuntu.” (Yakobo 4:6) Ngaho Yakobo ashobora kuba yariko akikiririza ku vyiyumviro bitari bike vyaseruwe mu Vyanditswe vy’Igiheburayo. ‘Yehova arahambaye, ashira umutima ku bafafara, arikw abibone abamenyera kure.’ “Kurābana agakēngērwe kw’abantu kuzocishwa bugufi, n’ubgibone bg’abahambaye buzosubizwa hasi, [Yehova, NW] wenyene ni we azoba ashizwe hejuru.” “[Imana] yitamba ku muvyimba abacokoranyi, arikw [i]girira ubuntu abicisha bugufi.”—Zaburi 138:6; Yesaya 2:11; Imigani 3:34.
Intumwa Petero na wene yararemesheje ivy’ukwicisha bugufi. Yanditse ati: “Mwese mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane: kukw Imana irwanya abībona, arikw abicisha bugufi ikabaha ubuntu.”—1 Petero 5:5.
Akarorero ka Kirisitu k’Ukwicisha Bugufi
Woshobora kwibaza, uti Ni iciza ikihe canke akamaro akahe kari mu kwicisha bugufi? Ku muntu yihata kuba Umukirisu w’ukuri, inyishu ni ngenderwako: kuba uwicisha bugufi ni ukuba nka Kirisitu. Yezu yarerekanye ukwicisha bugufi kwiwe mu kwemera ca gikorwa ntangere yashingwa co kuza kw’isi avuye mw’ijuru hanyuma agacika umuntu aciye bugufi ari musi y’abamarayika. (Abaheburayo 2:7) Naho yari Umwana w’Imana, yarihanganiye ugushirwa hasi n’abansi bo mu vy’idini. Yariyumanganije mu gihe ari mu bigeragezo, naho nyene yari ashoboye guhamagara abamarayika amajana n’amajana ngo bamufashe.—Matayo 26:53.
Amaherezo, Yezu yaramanitswe ku giti c’ukubabarizwako mu buryo bukengereza, yamara yagumye ari umwizerwa kuri Se. Ivyo vyatumye Paulo yubahuka kwandika ibimwerekeye ati: “Mugire wa mutima muri mwebge wari muri Kristo Yesu. Uwo, naho yar’asanganywe ishusho y’Imana, ntiyiyumviriye yuko kuringanira n’Imana ar’ikintu co kwumirako: ariko yisīga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu. Kand’abonetse afise ishusho nk’iy’umuntu, yicisha bugufi, araganduka no gushitsa ku rupfu, kand’urupfu rwo ku [giti co kubabarizwako].”—Ab’i Filipi 2:5-8.
None twoshobora gute kugaragaza ukwicisha bugufi nyakuri? Mu bintu vyodushikira, twoshobora kuvyifatamwo gute mu buryo buranga ukwicisha bugufi, butari ubw’ubwibone?
Ukuntu Umuntu Yicisha Bugufi Avyifatamwo
Reka turabe ivy’ukwicisha bugufi turi ku kivi, haba ku kazi canke mu murimo wa gikirisu. Kugira ngo igikorwa kirangurwe neza, hashobora kuba hakenewe abahagarikizi n’abayobozi. Hari umuntu ategerezwa gufata ingingo. None wewe uhora uvyifatamwo gute? Woba wibwira uti “Mbega yibaza ko we ari nde kugira ngo aze arambwiriza ivyo nkora? Aka kazi ndakamazemwo imyaka iruta iyo akamazemwo.” Ni vyo, mu gihe uri umunyabwibone, ntuzoshima kugira uwuguhagarikira. Ariko rero umuntu yicisha bugufi aragerageza ‘kutagira ico akora kubgo gukēbana canke kwifata uko atari, ariko aricisha bugufi, akiyumvira yuko abandi bamuruta.’—Ab’i Filipi 2:3.
Wifata ute igihe uhawe iciyumviro n’umuntu uruta mu myaka, canke uyihawe n’umuntu w’umugore? Niba wicisha bugufi, uzopfuma ukirimbura vyovyo. Niba uri umunyabwibone, uzokwumva kikubabaje canke ugite nka hariya. Mbega gushimagizwa no guhemwa vyokujana mu mahonero ni vyo woshima? Canke woshima impanuro iremesha kugira ngo ikwubake?—Imigani 27:9; 29:5.
Mbega wohangana n’ugushikirwa n’amakuba? Ukwicisha bugufi kuzogufasha guhangana n’ibintu bigoye no kwihangana, nk’uko na Yobu yabigize. Mu gihe uri umunyabwibone, uzogira umutima wo kwumva umuvuro, kumbure uhave unagarariza igihe ushikiwe n’ibintu biteye umubabaro wibaza ko ari ibigukengereza.—Yobu 1:22; 2:10; 27:2-5.
Ukwicisha Bugufi Kwuzuye Urukundo n’Imbabazi
Hari abantu bamwebamwe bigora kuvuga ngo “Mbabarira, nihenze. Ivyawe ni vyo vyari vyo.” None ivyo biterwa n’iki? Biterwa n’ubwibone burenze urugero! Yamara urazi ingene kenshi ugusaba imbabazi bivuye ku mutima bishobora guhagarika amaruru yohava aba mu bubatse.
Woba ugira umutima wo kubabarira umuntu igihe akugiriye nabi? Canke mu bwibone bwawe woba uhekenya imisaya, kumbure imisi n’amezi bigahera umeze ukwo, ukanka kuvugisha uwo wibaza ko yakugiriye nabi? Woba mbere uja mu vy’ukwihora urondera kumusubiriza mu ndumane? Abantu baragandaguriwe mu vy’ukwihorana. Ahandi na ho, uburyo bwakoreshejwe kwabaye ugutyoza umuntu. Umuntu yicisha bugufi we ni umunyarukundo kandi w’umunyakigongwe. Kubera iki? Kubera ko urukundo rudatara ikibi mu nda. Yehova yari afise umutima wo kugirira ikigonwe Abisirayeli mu gihe bosubije hasi ubwibone bwabo. Umuyoboke wa Yezu yicisha bugufi aragira umutima w’ukugirira abandi ikigongwe, naho koba kenshi!—Yoweli 2:12-14; Matayo 18:21, 22; 1 Ab’i Korinto 13:5.
Umuntu yicisha bugufi ‘aba intangakarorero mu kwubaha abandi.’ (Abaroma 12:10) Bibiliya imwe, New International Version ivuga uku: “Mwubahane mushira imbere abandi.” Woba uvuga abandi neza kandi ugashima ububangukirwe bafise n’ivyo bashoboye? Canke woba kenshi urondera kubatora amahinyu kugira ngo ubatyoze? Woba ushoboye vy’ukuri kuyaga neza abandi bantu? Niba ufise ingorane muri ivyo, kumbure ingorane ufise ni ukwikeka ko bokuja imbere, be n’ubwibone.
Umuntu w’umunyabwibone ntiyihangana. Umuntu yicisha bugufi arihangana kandi akiyumaganya. Weho bite? Woba uca ubabara igihe cose wumva hari akantu kabi ugiriwe? Ukwifata mwene gutyo biranyuranye n’ukwiyumanganya. Niba wicisha bugufi, ntuzokwiha agaciro cane birenze. Uribuka ivyashitse igihe abigishwa ba Yezu biha agaciro cane birenze. Bagiye mu guhazuka gukaze barondera kumenya uwoba ahambaye kuruta abandi. Baribagiye yuko bose bari “abagurano b’imburakimazi”!—Luka 17:10; 22:24; Mariko 10:35-37, 41.
Umwanditsi w’Umufaransa yitwa Voltaire yadondoye ukwicisha bugufi ko ari “ukwifata ruto kw’umushaha . . . umuti w’ubwibone.” Egome, ukwicisha bugufi ni ukwifata ruto kwo mu muzirikanyi. Umuntu yicisha bugufi yifata ruto mu mutima, ntagira ubwibone. Ni umuntu yubaha cane kandi w’umugwaneza.
None rero ni kubera iki umuntu yokwihatira kwicisha bugufi? Ni kubera ko ukwicisha bugufi gushimwa n’Imana kandi kukadufasha kuronka ubuyobozi buva kuri yo. Ukwicisha bugufi kwa Daniyeli kuri mu vyatumye Yehova abona ko uwo muhanuzi ari umuntu “w’umukundwa cane” kandi aramurungikira umumarayika aja kumubonekera! (Daniyeli 9:23; 10:11, 19) Ukwicisha bugufi kurazana impera nyinshi. Kurakuzanira abagenzi nyakuri bagukunda. N’ikiruta ivyo, kurazana umuhezagiro wa Yehova. “Ingero z’ukwicisha bugufi bo n’ukwubaha [Yehova] ni zo butunzi n’icubahiro n’ubu[zima].”—Imigani 22:4.
[Ifoto ku rup. 7]
Gusaba imbabazi twicishije bugufi birashobora gutuma ubuzima burushiriza kuryoha