ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • “Mwiyegereze Imana”
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 15 Kigarama
    • “Mwiyegereze Imana”

      “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.”​—YAKOBO 4:8.

      1, 2. (a) Ni ibiki akenshi abantu bivugisha? (b) Ni inkeburo iyihe Yakobo yatanze, kandi ni kubera iki yari ikenewe?

      “IMANA iri kumwe natwe.” Ayo majambo ni yo atātswe ku bimenyetso biranga igihugu eka mbere no ku myambaro y’igisoda. Icivugo ngo “Imana ni yo twizigiye” caranditswe ku bingorongoro vyinshi no ku noti nyinshi bikoreshwa ubu. Abantu barakunda kwivugisha yuko bafitaniye ubucuti bwa hafi n’Imana. Ntiwokwemera none yuko mu vy’ukuri kugira ubucuti nk’ubwo bidasaba gusa kuvuga ivyerekeye ubwo bucuti canke kwerekana ivyivugo?

      2 Bibiliya irerekana yuko kugiranira ubucuti n’Imana bishoboka. Ariko rero bisaba akigoro. Mbere n’Abakirisu basizwe bo mu kinjana ca mbere barakenera gukomeza ubucuti bafitaniye na Yehova Imana. Yakobo, umucungezi mukirisu vyasavye ko agabisha bamwebamwe ku biraba impengamiro zabo z’umubiri no kubiraba ugutakaza ukudahumana mu vy’impwemu. Muri iyo mpanuro, yatanze iyi nkeburo ikomeye igira iti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra.” (Yakobo 4:1-12) Ni igiki Yakobo yashatse kuvuga mu gukoresha imvugo ngo “mwiyegereze”?

      3, 4. (a) Ni ibiki bamwebamwe mu basomyi b’ikete rya Yakobo bo mu kinjana ca mbere bashobora kuba baribukijwe n’imvugo ngo “mwiyegereze Imana”? (b) Ni kubera iki twohera amazinda yuko kwegera Imana bishoboka?

      3 Yakobo yakoresheje imvugo abantu benshi basoma ikete ryiwe bashobora kuba bari bamenyereye. Ivyagezwe vya Musa vyaraha abaherezi amacishabwenge atomoye y’ukuntu “bīgira hafi,” canke begera Yehova ku bw’abasavyi biwe. (Kuvayo 19:22) Gutyo, abasomyi b’ikete rya Yakobo bashobora kuba baribukijwe yuko kwegera Yehova atari ikintu co gufata minenegwe. Yehova ni we munyacubahiro ahambaye mw’ijuru no kw’isi.

      4 Ku rundi ruhande, nk’uko incabwenge imwe mu vya Bibiliya ibivuga, “iyo nkeburo [iri muri Yakobo 4:8] irahishura ukubona ibintu mu buryo bwiza guhambaye.” Yakobo yari azi yuko Yehova yamye nantaryo atumira mu buryo buranga urukundo abantu b’abanyagasembwa kumwiyegereza. (2 Ngoma 15:2) Inkuka ya Yezu yaruguruye inzira yo kurushiriza kwegera Yehova mu buryo bushitse. (Abanyefeso 3:11, 12) Muri iki gihe, abantu amamiliyoni barugururiwe inzira yo kwegera Imana! Dushobora none kwungukira gute kuri ako karyo keza igitangaza? Tugiye kurimbura muri make uburyo butatu dushobora kwiyegerezamwo Yehova Imana.

      Mubandanye ‘Kwironsa Ubumenyi’ Bwerekeye Imana

      5, 6. Akarorero k’umwana Samweli kerekana gute ico ‘kwironsa ubumenyi’ bwerekeye Imana birimwo?

      5 Nk’uko muri Yohana 17:3 havyerekana, Yezu yavuze ati: “Ubu ni bgo bu[zima] budashira, ko bamenya wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’uwo watumye, Yesu Kristo.” Ukuntu impinduro nyinshi zihindura uwo murongo kuratandukanye gatoyi n’ukuntu ya Bibiliya Traduction du monde nouveau iwuhindura. Aho kuvuga ngo ‘kwironsa ubumenyi’ bwerekeye Imana, zo zihahindura zikoresheje gusa irivuga “kumenya” Imana canke “ukumenya” Imana. Ariko rero, incabwenge nyinshi zivuga yuko insobanuro y’ijambo ryakoreshejwe mu Kigiriki co mu ntango ririmwo vyinshi, ni ukuvuga ikintu kibandanya, ikintu mbere gishobora gushikana ku kumenyana n’uwundi muntu bimwe vyimbitse.

      6 Gushika ku kumenya Imana mu buryo bwimbitse nticari iciyumviro gishasha mu gihe ca Yezu. Nk’akarorero, mu Vyanditswe vy’Igiheburayo, dusoma yuko igihe Samweli yari agahungu gatoyi, “[at]aribgamenye Uhoraho.” (1 Samweli 3:7) Ivyo vyoba vyasobanura yuko Samweli yari azi bike cane ku vyerekeye Imana yiwe? Oya. Nta gukeka ko abavyeyi biwe n’abaherezi bashobora kuba bari baramwigishije vyinshi. Ariko rero, nk’uko incabwenge imwe ibivuga, ijambo ry’Igiheburayo ryakoreshejwe muri uwo murongo rirashobora “gukoreshwa ku bijanye n’ukumenya ikintu mu buryo bwimbitse cane.” Samweli ntiyari bwashike ku kumenya Yehova mu buryo bwimbitse, nk’uko mu nyuma yomumenye igihe yobaye akora bwa muvugizi wiwe. Uko Samweli yagenda arakura, ni ko mu vy’ukuri yashika ku kumenya Yehova, akagirana nawe ubucuti bwa hafi.​—1 Samweli 3:19, 20.

      7, 8. (a) Ni kubera iki tudakwiye gucibwa intege n’inyigisho zimbitse za Bibiliya? (b) Ni ibintu vy’ukuri vyimbitse vyo mw’Ijambo ry’Imana bimwebimwe ibihe dukwiye kwiga?

      7 Woba uriko urironsa ubumenyi bwerekeye Yehova kugira ngo umumenye mu buryo bwimbitse? Kugira ngo ubigire, urakeneye ‘kuremarema ugucambirwa’ imfungurwa z’ivy’impwemu Imana itanga. (1 Petero 2:2, NW) Ntubumbwe gusa n’inyigisho z’ishimikiro. Nugire akigoro ko kwiga zimwezimwe mu nyigisho zimbitse za Bibiliya. (Abaheburayo 5:12-14) Inyigisho nk’izo zoba ziguca intege, ukibwira yuko zigoye cane? Nimba ari ukwo biri, niwibuke yuko Yehova ari “Umucishabwenge . . . Mukuru.” (Yesaya 30:20, NW) Arazi ukuntu ashira ukuri kwimbitse mu mizirikanyi y’abantu b’abanyagasembwa. Vyongeye arashobora guhezagira utwigoro ugira tuvuye ku mutima kugira ngo utahure ivyo ariko arakwigisha.​—Zaburi 25:4.

      8 Ni kubera iki utokwisuzuma ku biraba bimwebimwe mu “bintu [“vyimbitse,” NW] vy’Imana”? (1 Ab’i Korinto 2:10) Ivyo si ibiganiro bidakwegera nk’uko abanyatewolojiya be n’abakuru b’amadini bashobora kuba babiharirako. Ni inyigisho nzima zituma twiga ibintu bikwegera cane ku vyerekeye umuzirikanyi be n’umutima vya Data wa twese munyarukundo. Nk’akarorero, incungu, “ibanga ryeranda,” be n’amasezerano atandukanye Yehova yakoresheje kugira ngo ahezagire abasavyi biwe yongere ashitse imigambi yiwe, ivyo biganiro hamwe n’ibindi bimeze nka vyo, ni amayagwa aryoshe kandi avamwo ivyiza umuntu ashobora kugirako ubushakashatsi kandi akiyigisha.​—1 Ab’i Korinto 2:7.

      9, 10. (a) Ni kubera iki ubwibone ari ingeramizi, kandi ni igiki kizodufasha kubwirinda? (b) Ku bijanye n’ubumenyi bwerekeye Yehova, ni kubera iki dukwiye kwihatira kuba abicisha bugufi?

      9 Uko ukura mu bumenyi bwerekeye ukuri kwimbitse kwo mu vy’impwemu, uraba maso ku ngeramizi yoshobora kuva muri ubwo bumenyi, na yo ikaba ari ubwibone. (1 Ab’i Korinto 8:1) Ubwibone ni ingeramizi, kubera bwonkora abantu ku Mana. (Imigani 16:5; Yakobo 4:6) Ibuka yuko ata muntu n’umwe afise imvo yo kwishimira ubumenyi afise. Tubitangire akarorero, rimbura aya majambo y’intangamarara y’igitabu kimwe gitohoza amaterambere yo mu vya siyansi abantu baherutse gushikako, agira ati: “Uko turushiriza gushika ku kumenya ikintu, ni ko turushiriza gutahura ko tuzi bike. . . . Ikintu cose twize nta co kivuze ukigereranije n’ivyo tutariga.” Ukwicisha bugufi nk’ukwo kureza umutima. Ubu na ho ku bijanye n’ubumenyi buhambaye, ari bwo bumenyi bwerekeye Yehova Imana, dusanga mbere dufise imvo ihambaye kuruta yo kuguma twicisha bugufi. Uti kubera iki?

      10 Raba amajambo amwamwe Bibiliya ivuga ku vyerekeye Yehova. “Ivyiyumviro vyawe bishika i bgina kure.” (Zaburi 92:5) “Ubgenge bg[a Yehova] n’akaburarugero.” (Zaburi 147:5) “Ubgenge bg[a Yehova] ntibuserangurika.” (Yesaya 40:28) “Yō, uburebure bg’amajepfo bg’ubutunzi bg’ubgenge no kumenya vy’Imana!” (Abaroma 11:33) Biratomoye yuko tutazokwigera tumenya ibintu vyose bihari vyari bikwiye kumenywa ku vyerekeye Yehova. (Umusiguzi 3:11) Yaratwigishije ibintu vyinshi vy’igitangaza, yamara tuzokwama nantaryo dufise imbere yacu ibintu bitagira aho bigarukira dukeneye kumenya, dushobora kwigiramwo vyinshi. Ntitubona none ko ico cizigiro gikora ku mutima kandi gituma twicisha bugufi? Uko twiga rero, nimuze twame nantaryo dukoresha ubumenyi dufise nka ryo shimikiro ryo kwiyegereza Yehova no gufasha abandi kugira ngo bagire nk’uko nyene, ntitukigere na rimwe tubukoresha nka bwo buryo bwo kwishira hejuru y’abandi.​—Matayo 23:12; Luka 9:48.

      Nuserure Urukundo Ukunda Yehova

      11, 12. (a) Ubumenyi twironsa ku vyerekeye Yehova bukwiye kugira ico bukoze gute kuri twebwe? (b) Ni igiki cerekana nimba urukundo umuntu akunda Imana ari nyakuri?

      11 Intumwa Paulo yarerekanye mu buryo bubereye isano riri hagati y’ubumenyi be n’urukundo. Yanditse ati: “Ico nsengera, n’ukugira ng’urukundo rwanyu rugwire rwongerekane mu [“bumenyi ntagakosa be n’ubukerebutsi bushitse,” NW].” (Ab’i Filipi 1:9) Aho kwishira hejuru bitewe n’ubwibone, ukuri kwose kw’agaciro twiga ku vyerekeye Yehova n’imigambi yiwe gukwiye kwongereza urukundo dukunda Data wa twese wo mw’ijuru.

      12 Birumvikana ko benshi bivugisha yuko bakunda Imana ariko mu vy’ukuri batayikunda. Bashobora kuba ata buryarya bavugana bitumwe n’inyiyumvo zikomeye zuzuye mu mitima yabo. Inyiyumvo nk’izo ni nziza, mbere ziranashimwa igihe zihuje n’ubumenyi ntagakosa. Mugabo izo ubwazo ntizimeze nk’urukundo nyakuri umuntu akunda Imana. Kubera iki? Raba ukuntu Ijambo ry’Imana risigura urukundo nk’urwo: “Ugukunda Imana [ni] uku, n’uko twitondera ivyagezwe vyayo.” (1 Yohana 5:3) Urukundo umuntu akunda Yehova rero ruba nyakuri igihe gusa aruseruye mu bikorwa biranga ukugamburuka.

      13. Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzodufasha gute kugaragaza urukundo dukunda Yehova?

      13 Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzodufasha kugamburukira Yehova. Ukwo gutinya kwimbitse be n’ico cubahiro kigera ibwina tugaragariza Yehova bizanwa n’ukwironsa ubumenyi bumwerekeye be no kwiga ivyerekeye ubweranda bwiwe, ubuninahazwa bwiwe, ububasha bwiwe, ubutungane bwiwe, ubukerebutsi bwiwe be n’urukundo rwiwe bitagira akarimbi. Ugutinya nk’ukwo kurahambaye kugira tumwiyegereze. Kanatsinda, raba ivyo Zaburi ya 25:14, NW, ivuga: “Ukunywana na Yehova ni ukw’abamutinya.” Ku bw’ivyo, niba dufise ugutinya kwiza ko twohava tudahimbara Data wa twese wo mw’ijuru munyarukundo, turashobora kumwiyegereza. Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzodufasha kwumvira impanuro iranga ubukerebutsi yanditse mu Migani 3:6, igira iti: “Umumenye mu ngendo zawe zose, na we azogorora inzira zawe.” Ivyo none bisobanura iki?

      14, 15. (a) Zimwezimwe mu ngingo duhangana mu buzima bwa misi yose ni izihe? (b) Dushobora gute gufata ingingo mu buryo bugaragaza ugutinya kurimwo ukwibanga Imana?

      14 Utegerezwa gufata ingingo imisi yose, izihambaye n’izidahambaye. Nk’akarorero, ni ibiyago bwoko ki uzogirana n’abo mukorana, abo mwigana be n’ababanyi? (Luka 6:45) Woba uzokorana umwete ibikorwa wahawe, canke woba uzorondera uburyo bw’uko vyorangira ata kigoro kaboneka ugize? (Ab’i Kolosayi 3:23) Woba uzorushiriza kwiyegereza abantu bagaragaza ko bakunda buhoro Yehova canke batanamukunda na gato, canke uzorondera gukomeza ubucuti ufitaniye n’abantu bitwararika ivy’impwemu? (Imigani 13:20) Uzokora iki, mbere no mu tuntu dutoduto kugira ngo uteze imbere ivyungura Ubwami bw’Imana? (Matayo 6:33) Hamwe ingingo ngenderwako zo mu Vyanditswe nk’izo zivuzwe ngaha zoyobora ingingo za misi yose ufata, ico gihe uzoba koko uriko uramenya Yehova “mu ngendo zawe zose.”

      15 Nkako, dukwiye kuyoborwa n’iki ciyumviro mu ngingo yose dufata: ‘Yehova yoba ashaka ko nkora iki? Ni ingendo iyihe yomuhimbara kuruta izindi zose?’ (Imigani 27:11) Kugaragaza ugutinya kurimwo ukwibanga Imana, muri ubwo buryo ni inzira irushirije kuba nziza yo guserura urukundo dukunda Yehova. Ugutinya kurimwo ukwibanga Imana kuzotuma kandi tuguma tudahumanye mu buryo bw’impwemu, mu vy’inyifato runtu no mu buryo bw’umubiri. Niwibuke yuko muri wa murongo nyene Yakobo ahimirizamwo Abakirisu ‘kwiyegereza Imana,’ abakebura kandi ati: “Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.”​—Yakobo 4:8.

      16. Igihe duhaye Yehova, ni igiki tudashobora kwigera dushitsa, yamara igihe tubigize, ni igiki nantaryo twoshikako?

      16 Birumvikana ko guserura urukundo dukunda Yehova bitarimwo gusa kwirinda ikibi. Urukundo kandi ruradusunikira ku gukora ibigororotse. Nk’akarorero, twakira gute ubutanzi bwa cane Yehova agira? Yakobo yanditse ati: “Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico.” (Yakobo 1:17) Ikizwi coco ni uko igihe duhaye Yehova ubutunzi bwacu tutamutungisha. Ibintu vyose vyiza biriho n’ubutunzi bwose bwiza buriho biba vyari bisanzwe ari ivyiwe. (Zaburi 50:12) Vyongeye, igihe duhaye Yehova umwanya wacu n’inguvu zacu, ntituba tumuronkeje ikintu atoshobora kwironsa. Naho twokwanka kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, yoshobora gutuma amabuye asemerera! Ni kubera iki none duha Yehova ubutunzi bwacu, umwanya wacu n’inguvu zacu? Ahanini, ni kubera yuko tubigize gutyo tuba duseruye urukundo tumukunda n’umutima wacu wose, n’ubugingo bwacu bwose, n’umuzirikanyi wacu wose n’inkomezi zacu zose.​—Mariko 12:29, 30.

      17. Ni igiki gishobora kudusunikira ku gutanga tunezerewe igihe duha Yehova?

      17 Igihe duhaye Yehova, dukwiye kubigira tunezerewe “kukw Imana ikunda ūtanga anezerewe.” (2 Ab’i Korinto 9:7) Ingingo ngenderwako yanditse mu Gusubira mu Vyagezwe 16:17 irashobora kudufasha gutanga tunezerewe, igira iti: “Umuntu wese az’atange ukw ashoboye, nk’uk’Uhoraho Imana yanyu azoba yabahaye umugisha.” Igihe tuzirikana ukuntu Yehova yatugaragarije ubutanzi bwa cane, turumva tugize icipfuzo co kumuha tutagoberewe. Ugutanga nk’ukwo gutuma umutima wiwe unezerwa, nka kurya nyene ingabirano ntoyi ivuye ku kana gakundwa ihimbara umuvyeyi. Uguserura urukundo rwacu muri ubwo buryo bizodufasha kwiyegereza Yehova.

      Nutsimbataze Ubucuti Biciye kw’Isengesho

      18. Ni kubera iki bibereye ko turimbura ukuntu tworyohora amasengesho yacu?

      18 Ibihe tugira vyo gusenga turi ukwa twenyene biraduha akaryo kadasanzwe ko kuganira na Data wa twese wo mw’ijuru mu buryo bwimbitse kandi bw’akabanga. (Ab’i Filipi 4:6) Kubera yuko isengesho ari bwo buryo ngirakamaro bwo kwiyegereza Imana, birahambaye ko turuhuka maze tukarimbura ukuntu amasengesho yacu ameze. Si uko ategerezwa kuba adasanzwe mu buryo avugwa canke ameze, ariko akwiye kuba ari amajambo atarimwo uburyarya ava ku mutima. Dushobora gute kuryohora amasengesho yacu?

      19, 20. Ni kubera iki twozirikana imbere yo gusenga, kandi ni ibiganiro bimwebimwe ibihe bibereye muri mwene ukwo kuzirikana?

      19 Twoshobora kugerageza kuzirikana imbere yuko dusenga. Mu gihe tuzirikanye imbere y’igihe, turashobora gutuma amasengesho yacu aba ayatomoye kandi ari n’ico avuze, gutyo tukaba twirinze umugenzo wo gusubiramwo imvugo imenyerewe kandi ica iza ningoga mu muzirikanyi. (Imigani 15:28, 29) Kumbure kuzirikana ku bintu vy’ishimikiro bimwebimwe Yezu yavuze muri rya sengesho ryiwe ry’akarorero, maze tugaca turimbura ukuntu ivyo bifitaniye isano n’uko ivyacu bwite vyifashe, vyoshobora gufasha. (Matayo 6:9-13) Nk’akarorero, twoshobora kwibaza uruhara rutoyi tugomba kugira urwo ari rwo mu gukora ivyo Yehova agomba ngaha kw’isi. Twoba dushobora guserurira Yehova icipfuzo dufise co kumubera kirumara uko bishoboka kwose maze tugasaba ko adufasha mu kurangura igikebere ico ari co cose yadushinze? Twoba turemerewe n’ukwitwararika ivyo dukeneye mu vy’umubiri? Ni ivyaha ibihe dukeneye guharirwa, kandi ni bande canecane dukeneye kurushiriza guharira? Ni inyosha mbi izihe zitubangamira, kandi twoba dutahura ukuntu dukeneye bimwe vyihutirwa uburinzi bwa Yehova muri ivyo?

      20 Ikigeretseko, twoshobora kwiyumvira ivyerekeye abantu tuzi bakeneye canecane gufashwa na Yehova. (2 Ab’i Korinto 1:11) Ariko rero, ico tudakwiye kwibagira ni ugukenguruka. Igihe duhagaze maze tukavyiyumvira, nta gukeka turashobora gushika ku mvo zotuma dukengurukira Yehova maze tukamushemeza ku musi ku musi kubera ukugira neza kwiwe kwinshi. (Gusubira mu Vyagezwe 8:10; Luka 10:21) Kubigenza gutyo birimwo akandi karusho, birashobora kudufasha kurushiriza kubona ubuzima mu buryo bwiza, mu buryo buranga ugukenguruka.

      21. Ni ukwiga uturorero two mu Vyanditswe utuhe kwoshobora kudufasha igihe twiyegereza Yehova mw’isengesho?

      21 Kwiga birashobora kuryohora n’amasengesho dutura. Hariho amasengesho yibonekeje yatuwe n’abagabo be n’abagore b’abizerwa yanditse mw’Ijambo ry’Imana. Nk’akarorero, igihe hari ingorane igoye iduhanze, ituma tugira amaganya kanaka, mbere tugatinyirira n’ukumererwa neza kwacu canke kw’abacu, twoshobora gusoma isengesho Yakobo yatuye ku biraba igihe yari yimirije guhura na mwenewabo Esau, uwashaka kumwihora. (Itanguriro 32:9-12) Canke twoshobora kwiga isengesho ryatuwe n’Umwami Asa igihe ingabo z’Abanyetiyopiya nk’umuliyoni umwe zari zigeramiye abasavyi b’Imana. (2 Ngoma 14:11, 12) Nimba turajwe ishinga n’ingorane yohava isiga iceyi izina ryiza rya Yehova, ico gihe isengesho Eliya yatuye imbere y’abasenga Bayali ku Musozi Karumeli ryoba ribereye kurimburwa, cokimwe n’isengesho Nehemiya yatuye ku biraba ukuntu Yeruzalemu hari hateye akagongwe. (1 Abami 18:36, 37; Nehemiya 1:4-11) Gusoma no kuzirikana ku masengesho nk’ayo birashobora gukomeza ukwizera kwacu maze bikaduha ivyiyumviro vy’ukuntu tworushiza gutura Yehova imyitwarariko ituremereye.

      22. Icanditswe c’umwaka w’2003 ni ikihe, kandi ni igiki twoshobora kuza turibaza muri uwo mwaka wose?

      22 Biragaragara yuko ata teka rihambaye ririho, ko ata mugambi mwiza uriho bisumba kwumvira impanuro ya Yakobo yo ‘kwiyegereza Imana.’ (Yakobo 4:8) Ese twobigira mu gutera imbere mu bumenyi tugira bwerekeye Imana, mu kurondera kuza turarushiriza guserura urukundo tuyikunda be no mu gutsimbataza ubucuti dufitaniye na yo mu masengesho dutura. Mu mwaka w’2003 wose, mu gihe tugumiza mu muzirikanyi Yakobo 4:8 bwa canditswe c’umwaka, nimuze tubandanye kwisuzuma turabe nimba vy’ukuri turiko turiyegereza Yehova. Ariko none, tuvuge iki ku vyerekeye igice gisigaye c’iryo ryungane? Ni mu buryo ubuhe Yehova ‘azokwegera,’ biheze bikuzanire iyihe mihezagiro? Ikiganiro gikurikira kirarimbura ico kibazo.

  • “Izobēgēra”
    Umunara w’Inderetsi—2002 | 15 Kigarama
    • “Izobēgēra”

      “[Imana nti]ri kure y’umuntu n’umwe muri twebge.”​—IVYAKOZWE 17:27.

      1, 2. (a) Iyo turavye kw’ijuru ryuzuye inyenyeri, ni ikibazo ikihe twoshobora kwibaza ku vyerekeye Umuremyi? (b) Bibiliya idukura amazinda gute yuko abantu bafise agaciro mu nyonga za Yehova?

      WOBA urigera uraba kw’ijuru ryuzuye inyenyeri mw’ijoro rikeye, maze ugatangazwa n’ukuntu ari ryiza? Inyenyeri nyinshi koko be n’ikirere kinini birateye akoba. Muri ico kirere amahero, isi ni akantu inzatsa gusa. Ivyo vyoba bisobanura yuko Umuremyi, “Usumba vyose, akaganza isi yose,” yoba ari hejuru cane ku buryo atitwararika ivyerekeye abantu canke yoba ari kure cane kandi atoroshe kurondera ku buryo abantu batomumenya?​—Zaburi 83:18.

      2 Bibiliya iradukura amazinda yuko abantu bafise agaciro mu nyonga za Yehova. Kanatsinda, Ijambo ry’Imana rituremesha kumurondera, rikavuga riti: “[Nt]ari kure y’umuntu n’umwe muri twebge.” (Ivyakozwe 17:27; 1 Ngoma 28:9) Nkako, turamutse duteye intambwe yo kwiyegereza Imana, izokwishura utwigoro twacu. Mu buhe buryo? Amajambo ari mu canditswe cacu c’umwaka w’2003 aratanga iyi nyishu yeza umutima, igira iti: “Izobēgēra.” (Yakobo 4:8) Nimuze duce irya n’ino imwimwe mu mihezagiro myiza igitangaza Yehova ashungururira ku bamwiyegereje.

      Ingabirano Iva Kuri Yehova Ubwiwe

      3. Ni ingabirano iyihe Yehova aha abamwiyegereza?

      3 Ubwa mbere, abasavyi ba Yehova barafise ingabirano y’agaciro Yehova yaziganirije igisata ciwe. Ububasha bwose, ubutunzi bwose be n’inyigisho zose uru runkwekwe rw’ibintu rutanga, ntibishobora kuronsa umuntu iyo ngabirano. Ni ingabirano ya Yehova ubwiwe, iyo aha gusa abamwiyegereza. Iyo ngabirano ni iyihe? Ijambo ry’Imana ryishura riti: “Mbere . . . [niwa]shira ijwi hejuru uririra ugutahura; ni waburondera nk’ifeza, ukabusesangura nk’ūrondera izahabu zanyegejwe; ni ho uzotahura ukwubaha Uhoraho ukw ari kwo, ukaronka ukumenya Imana. Kuk’Uhoraho atanga ubgenge.” (Imigani 2:3-6) Ibaze ntuze, abantu b’abanyagasembwa barashobora kuronka “ukumenya Imana”! Iyo ngabirano ari bwo bumenyi buri mw’Ijambo ry’Imana, igereranywa n’“izahabu zanyegejwe.” Uti kubera iki?

      4, 5. Ni kubera iki “ukumenya Imana” gushobora kugereranywa n’“izahabu zanyegejwe”? Tanga akarorero.

      4 Ikizwi coco, ubumenyi bwerekeye Imana burafise agaciro kanini. Umwe mu mihezagiro y’agaciro kuruta iyindi bufise ni uko butuma umuntu agira icizigiro c’ubuzima budahera. (Yohana 17:3) Mugabo ubwo bumenyi buratungisha ubuzima bwacu mbere n’ubu. Nk’akarorero, kubera ukwiga Ijambo ry’Imana tuvyitondeye, twarashitse ku kumenya inyishu z’ibibazo bihambaye nk’ibi: Izina ry’Imana ni irihe? (Yesaya 12:2) Abapfuye bamerewe bate vy’ukuri? (Umusiguzi 9:5, 10) Ni umugambi uwuhe Imana ifitiye isi n’umuryango w’abantu? (Yesaya 45:18) Twarashitse kandi ku kumenya yuko uburyo bwiza cane bwo kubaho ari ugushira mu ngiro impanuro ziranga ubukerebutsi zo muri Bibiliya. (Yesaya 30:20, 21; 48:17, 18) Gutyo, turafise ubuyobozi bufise ishingiro budufasha guhangana n’amaganya y’ubuzima maze tukabandanya inzira y’ubuzima ituma haba agahimbare nyakuri n’ugushira akanyota. Ikiruta vyose ni uko ukwiga Ijambo ry’Imana kwacu kwatumye dushika ku kumenya kamere nziza igitangaza za Yehova no ku kumwiyegereza. Ni ikindi kintu ikihe coza gifise agaciro kuruta ukugiranira ubucuti bwa hafi na Yehova bushingiye ku “kumenya Imana”?

      5 Hariho iyindi mvo ituma ubumenyi bwerekeye Imana bushobora kugereranywa n’“izahabu zanyegejwe.” Cokimwe n’ubutunzi bwinshi, hari ukuntu usanga ubwo bumenyi ari imbonekarimwe muri iyi si. Ku bantu imiliyaridi zitandatu baba kw’isi, abasavyi ba Yehova nk’imiliyoni zitandatu canke nk’umuntu 1 mu bantu 1.000 ni bo baronse “ukumenya Imana.” Kugira ngo dutange akarorero k’ukuntu ari agateka k’imbonekarimwe kumenya ukuri kwerekeye Ijambo ry’Imana, rimbura ikibazo kimwe gusa gishingiye kuri Bibiliya: Ni ibiki bishikira abantu iyo bapfuye? Turazi mu Vyanditswe yuko ubugingo bupfa kandi yuko abapfuye ata co bazi. (Ezekiyeli 18:4) Yamara, iciyumviro kitari co c’uko hari ikintu kiri mu muntu kibandanya kubaho amaze gupfa, kiremerwa n’amadini atari make yo kw’isi. Ni umuce w’inyigisho nyamukuru yo mu madini y’Abiyita Abakirisu. Iyo nyigisho kandi iragwiriye mw’idini y’Ababuda, y’Abahindu, y’Abajayini, y’Abashinto, y’Abasiki, y’Abatawo, y’Abayuda be n’iy’Abisilamu. Iyumvire gatoyi, abantu amamiliyaridi bahendwa n’iyo nyigisho imwe y’ikinyoma!

      6, 7. (a) Ni bande bonyene bashobora kuronka “ukumenya Imana”? (b) Ni akarorero akahe kerekana yuko Yehova yaduhezagiye mu kuduha ugutahura mu buryo bwimbitse “abanyabgenge n’abahanga” benshi badafise?

      6 Ni kubera iki abantu benshi bataronse “ukumenya Imana”? Ni kubera yuko umuntu adashobora gutahura mu buryo bushitse insobanuro y’Ijambo ry’Imana itamufashije. Ibuka yuko ubwo bumenyi ari ingabirano. Yehova abuha gusa abafise umutima ukunze wo kurondera Ijambo ryiwe ata buryarya kandi babigiranye ukwicisha bugufi. Abantu nk’abo bashobora kuba atari “inkerebutsi mu buryo bw’umubiri.” (1 Ab’i Korinto 1:26, NW) Abatari bake muri bo barashobora mbere gufatwa ko ari abantu ‘batize kandi basanzwe’ bafatiye ku vyo isi yisunga. (Ivyakozwe 4:13) Yamara, ivyo nta co bitwaye. Yehova araturonsa impera mu kuduha “ukumenya Imana” kubera kamere abona mu mutima wacu.

      7 Dufate akarorero. Incabwenge nyinshi zo mu Biyita Abakirisu zarasohoye ibitabu vyinshi bisigura Bibiliya. Ibitabu nk’ivyo birashobora gusigura ivyo muri kahise bivugwa muri ico gitabu, insobanuro y’amajambo y’Igiheburayo n’ay’Ikigiriki n’ibindi. Uravye ibintu vyose bize, incabwenge nk’izo zoba vy’ukuri zararonse “ukumenya Imana”? Mbega boba batahura mu buryo butomoye umutwe shimikiro wa Bibiliya, ni ukuvuga iyemezwa ry’ubusegaba bwa Yehova biciye ku Bwami bwiwe bwo mw’ijuru? Boba bazi yuko Yehova Imana atari mu bigize Ubutatu? Ariko tweho turatahura mu buryo butagira agakosa ibibazo nk’ivyo. Kubera iki? Yehova yaraduhezagiye mu kuduha ugutahura ukuri kwo mu vy’impwemu kudafiswe n’“abanyabgenge n’abahanga” benshi. (Matayo 11:25) Ese ukuntu Yehova ahezagira abamwiyegereje!

      “Uhoraho Azigama Abamukunda Bose”

      8, 9. (a) Dawidi yadondoye gute uwundi muhezagiro abiyegereje Yehova baronka? (b) Ni kubera iki Abakirisu b’ukuri bakeneye uburinzi bw’Imana?

      8 Abiyegereje Yehova barinovora uwundi muhezagiro, ni ukuvuga uburinzi bw’Imana. Dawidi, Umwanditsi wa Zaburi, uwahuye n’ingorane nyinshi, yanditse ati: “Uhoraho aba hafi y’abamwambaza bose, y’abamwambaza mu vy’ukuri bose. Azoshitsa ivyo abamwubaha bagomba; kand’azokwumva ugutakamba kwabo, abakize. Uhoraho azigama abamukunda bose; arikw abanyakibi bose azobahonnya.” (Zaburi 145:18-20) Egome, Yehova ari hafi y’abamukunda kandi ni co gituma ashobora kwishura ningoga intakambo bamutura basaba imfashanyo.

      9 Ni kubera iki dukeneye uburinzi bw’Imana? Turetse ivyo gushikirwa n’ingaruka ziva ku kuba muri ibi “bihe bigoye,” Abakirisu b’ukuri ni bo canecane baronderwa na wa mwansi mukuru wa Yehova, ari we Shetani wa Mucokoranyi. (2 Timoteyo 3:1) Uwo mwansi w’uruyeri yiyemeje ‘kuturotsa.’ (1 Petero 5:8) Shetani araduhama, akadushirako umukazo kandi akatwosha nabi. Arondera inyifato yo mu muzirikanyi no mu mutima ashobora gufatirako. Intumbero afise mu muzirikanyi ni iyo gutuma ukwizera kwacu kugoyagoya maze akadusangangura mu buryo bw’impwemu. (Ivyahishuriwe 12:12, 17) Kubera yuko dufise umwansi akomeye gutyo tunigana, ntibisubiriza umutima mu nda none kumenya yuko “Uhoraho azigama abamukunda bose”?

      10. (a) Yehova arinda gute abasavyi biwe? (b) Ni uburinzi ubuhe buhambaye kuruta ubundi bwose, kandi kubera iki?

      10 Ariko none Yehova arinda gute abasavyi biwe? Umuhango wo kudukingira aduha si icemeza yuko tuzogira ubuzima butarimwo ingorane muri uru runkwekwe; eka mbere ntusobanura yuko ategerezwa kudukorera ibitangaro. Ariko rero, Yehova arakingira abasavyi biwe mu buryo bw’umubiri uko bagize umugwi. Nakare, ntiyokwigeze areka ngo Shetani ahanagure kw’isi abasenga b’ukuri! (2 Petero 2:9) Ikiruta vyose, Yehova aradukingira mu buryo bw’impwemu. Araturonsa ivyo dukeneye kugira ngo twihanganire ibigeragezo no kugira dukingire ubucuti dufitaniye nawe. Impera n’imperuka, uburinzi bwo mu vy’impwemu usanga ari bwo burinzi buhambaye kuruta ubundi bwose. Uti kubera iki? Tugumye dufitaniye ubucuti na Yehova, nta kintu na kimwe, naho rwoba urupfu, gishobora kutugirira nabi ibihe bidahera.​—Matayo 10:28.

      11. Ni intunganyo izihe Yehova yagize kugira ngo akingire abasavyi biwe mu vy’impwemu?

      11 Yehova yarashizeho intunganyo umuyoro kugira akingire mu buryo bw’impwemu abamwiyegereje. Abicishije kw’Ijambo ryiwe Bibiliya, araduha ubukerebutsi budufasha guhangana n’ibigeragezo bitandukanye. (Yakobo 1:2-5) Gushira mu ngiro impanuro ngirakimazi dusanga mu Vyanditswe, ubwaco ni uburinzi. Vyongeye, Yehova araha ‘impwemu yera abayimusavye.’ (Luka 11:13) Iyo mpwemu ni inguvu ikomeye kuruta izindi zose mw’ijuru no kw’isi, ari co gituma ishobora kuturonsa vy’ukuri ibikwiye vyose kugira ngo duhangane n’ikigeragezo ico ari co cose canke inyosha mbi iyo ari yo yose bishobora kutubera intambamyi tugashobora kwererwa. Biciye kuri Kirisitu, Yehova aratanga “abantu b’ingabirano.” (Abanyefeso 4:8, NW) Abo bantu bakwije ibisabwa mu buryo bw’impwemu barihatira kugaragaza imbabazi zivuye ku mutima nk’iza Yehova bwite igihe bafasha abo basenga hamwe.​—Yakobo 5:14, 15.

      12, 13. (a) Yehova aturonsa imfungurwa z’ivy’impwemu ku gihe kibereye akoresheje iki? (b) Wiyumva gute ku vyerekeye intunganyo Yehova yagize zituma tumererwa neza mu vy’impwemu?

      12 Hari ikindi kintu Yehova atanga kugira aturinde: imfungurwa zo mu vy’impwemu ziza ku gihe kibereye. (Matayo 24:45) Biciye ku bisohokayandikiro bicapurwa, ushizemwo ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! hamwe n’amakoraniro, amateraniro be n’amahwaniro, Yehova araturonsa ivyo dukeneye igihe tubikeneye. Woba ushobora kwibuka igihe wumva ikintu kw’ikoraniro rya gikirisu, kw’iteraniro canke kw’ihwaniro cagukoze ku mutima kikongera kikagukomeza canke kikaguhumuriza? Hoba hari ikiganiro urasoma mu kinyamakuru kimwe muri ivyo bihejeje kuvugwa, maze ukumva yuko ari we candikiwe?

      13 Kimwe mu birwanisho bikomeye kuruta ibindi vyose Shetani akoresha ni ugucika intege, natwe tukaba tutatewe urucanco rudukingira ingaruka ziva kuri ukwo gucika intege. Arazi neza yuko kwihebura igihe kirekire bishobora kudutwara inkomezi, mbere bigatuma tumworohera. (Imigani 24:10) Kubera yuko Shetani agerageza gufatira ku nyiyumvo zo gucika intege, turakeneye imfashanyo. Ibinyamakuru Umunara w’Inderetsi na Réveillez-vous! vyama rimwe na rimwe birimwo ibiganiro bidufasha kurwanya ugucika intege. Hari umuvukanyikazi mukirisu yanditse ku vyerekeye ikiganiro kimwe nk’ico ati: “Nsoma ico kiganiro hafi imisi yose, ariko amasozi ntareka gucuncubuka. Ndakigumiza hafi y’igitanda canje kugira ngo nshobore kucikorako igihe cose numvise ncitse intege. Biciye ku biganiro nk’ivyo, ndashobora guca numva yuko amaboko y’uburinzi ya Yehova ariko arangumbira.”a Ntidukurira none ubwatsi Yehova kubona aturonsa imfungurwa zo mu vy’impwemu ku gihe? Niwibuke yuko intunganyo ashiraho ku bw’ukumererwa neza kwacu kwo mu vy’impwemu ari ikimenyamenya c’uko ari hafi yacu kandi yuko yadushize aho atwitwararika akadukingira.

      Uburyo bwo Gushikira Umwe ‘Yumva Isengesho’

      14, 15. (a) Ni umuhezagiro uwuhe Yehova ubwiwe ahunda abamwiyegereza? (b) Ni kubera iki kuba umuntu yemererwa kwishikirira Yehova mw’isengesho ari agateka kadasanzwe?

      14 Woba urabona ukuntu iyo abantu baronse ububasha be n’ubukuru, usanga kenshi bigora abantu bari munsi y’ubukuru bwabo kubegera? Bite ho ku vyerekeye Yehova Imana? Yoba ari kure cane ku buryo atitwararika amajambo abantu buntu bamubwira? Ihibambewe! Ingabirano y’isengesho ni uwundi muhezagiro Yehova ahunda abamwiyegereje. Kuba twemererwa kwishikirira umwe ‘Yumva isengesho’ mu vy’ukuri ni agateka kadasanzwe. (Zaburi 65:2) Kubera iki?

      15 Tubitangire akarorero: Umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rinini afise amabanga menshi. Arafata ingingo y’ibintu azorangura ubwiwe be n’ivyo azoshinga abandi. Muri ubwo buryo nyene, wa Mutegetsi Segaba w’ivyaremwe vyose arafise uburenganzira bwo gufata ingingo y’ibintu ubwiwe azokwikorera be n’ivyo azoshinga abandi. Rimbura ibintu vyose Yehova yashinze Umwana wiwe mukundwa, ari we Yezu. Uwo Mwana yahawe “ububasha bgo guca imanza.” (Yohana 5:27) ‘Yahawe gutwara’ abamarayika. (1 Petero 3:22) Yezu yararonkejwe impwemu yera y’ububasha ya Yehova kugira imufashe kurongora abigishwa biwe kw’isi. (Yohana 15:26; 16:7) Gutyo, Yezu yarashoboye kuvuga ati: “Jewe nahawe ububasha bgose mw ijuru no mw isi.” (Matayo 28:18) Yamara, ku vyerekeye amasengesho dutura, Yehova yahisemwo kuvyirabira ubwiwe. Ni co gituma Bibiliya idutegeka gutura amasengesho yacu Yehova wenyene, tukabigira mw’izina rya Yezu.​—Zaburi 69:13; Yohana 14:6, 13.

      16. Ni kubera iki dushobora kwizigira tudakeka yuko Yehova vy’ukuri yumviriza amasengesho yacu?

      16 Yehova yoba vy’ukuri yumviriza amasengesho yacu? Iyo aba atayanegwa canke atayitwararika, ntiyokwigeze aduhimiriza ‘gushishikara gusenga’ canke guterera imitwaro yacu n’amaganya yacu kuri we. (Abaroma 12:12; Zaburi 55:22; 1 Petero 5:7) Abasavyi b’abizerwa bo mu bihe vya Bibiliya bari barizigiye baherezako yuko Yehova yumviriza amasengesho. (1 Yohana 5:14) Ku bw’ivyo, umwanditsi wa Zaburi yitwa Dawidi, yavuze ati: “[Yehova] azokwumva ijwi ryanje.” (Zaburi 55:17) Na twebwe turafise imvo yumvikana yo kwizigira tudakeka yuko Yehova ari hafi, yiteguriye kwumviriza iciyumviro cacu cose n’ikituraje ishinga cose.

      Yehova Araha Impera Abasavyi Biwe

      17, 18. (a) Yehova yumva amerewe gute ku vyerekeye umurimo uranga ubwizerwe urangurwa n’ibiremwa vyiwe bifise ubwenge? (b) Sigura ukuntu mu Migani 19:17 herekana yuko ibikorwa vyacu biranga ikigongwe bitabura kubonwa na Yehova.

      17 Ivyo abantu buntu bashobora gukora canke banka gukora nta co bihindura ku kibanza Yehova arimwo co kuba Segaba w’Ivyaremwe vyose. Yamara rero, Yehova ni Imana ikenguruka. Araha agaciro, agakunda umurimo uranga ubwizerwe urangurwa n’ibiremwa vyiwe bifise ubwenge. (Zaburi 147:11) Ikindi kintu abiyegereje Yehova bahungukira na co ni uko aha impera abasavyi biwe.​—Abaheburayo 11:6.

      18 Bibiliya irerekana mu buryo butomoye yuko Yehova aha agaciro ivyo abamusenga bakora. Nk’akarorero, dusoma duti: “Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, kand’ukugira neza kwiwe azokumwishura.” (Imigani 19:17) Ukwitwararika kuranga ikigongwe Yehova agirira umugorwa kwaragaragariye mu Vyagezwe vya Musa. (Abalewi 14:21; 19:15) Yehova yumva amerewe gute igihe twiganye ikigongwe ciwe mu kuntu dufata abagowe? Igihe duhaye umugorwa, tutitega ko hagira ico adusubiza, Yehova abona ko ico kintu ari ico tumuguranye. Yehova asezerana kutwishura iryo deni mu kudutonesha no mu kuduhezagira. (Imigani 10:22; Matayo 6:3, 4; Luka 14:12-14) Egome, igihe tugaragarije imbabazi uwo dusangiye ugusenga ari n’ivyo akeneye, Yehova biramukora ku mutima. Ese ukuntu dukura ubwatsi kumenya yuko ibikorwa vyacu biranga ikigongwe bitazobura kubonwa na Data wa twese wo mw’ijuru!​—Matayo 5:7.

      19. (a) Ni kubera iki dushobora guhera amazinda yuko Yehova aha agaciro ivyo dukora mu gikorwa co kwamamaza no guhindura abantu abigishwa? (b) Yehova atanga impera gute ku bw’ibikorwa vy’umurimo birangurwa mu gushigikira Ubwami bwiwe?

      19 Yehova araha agaciro canecane ivyo dukora ku bw’Ubwami bwiwe. Igihe twiyegereje Yehova, ni ibisanzwe yuko twumva dushatse gukoresha umwanya wacu, inguvu zacu n’ubutunzi bwacu kugira ngo tugire uruhara mu buryo bwose bushitse bushoboka mu gikorwa co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Matayo 28:19, 20) Rimwe na rimwe, dushobora kwumva yuko turiko turangura ikintu gitoyi. Umutima wacu munyagasembwa ushobora mbere gutuma twibaza nimba Yehova ahimbarwa n’utwigoro tugira. (1 Yohana 3:19, 20) Mugabo Yehova araha agaciro ingabirano yose ivuye ku mutima usunitswe n’urukundo, naho yoba ari ntoyi. (Mariko 12:41-44) Bibiliya iradukura amazinda iti: “Imana ntigabitanya ngo yibagire ibikorwa vyanyu n’urukundo mwerekanye ko mukunze izina ryayo.” (Abaheburayo 6:10) Nkako, Yehova aribuka kandi agatanga impera mbere no ku gakorwa gatoyi cane umuntu aranguye kugira ashigikire Ubwami bwiwe. Uretse imihezagiro yo mu vy’impwemu myinshi turonka muri iki gihe, turashobora kwitegana igishika umunezero w’ubuzima mw’isi nshasha yegereje, aho Yehova azopfumbaturura igipfunsi ciwe abigiranye ubutanzi bwa cane maze agahaza ivyipfuzo bigororotse vy’abamwiyegereje bose!​—Zaburi 145:16; 2 Petero 3:13.

      20. Mu mwaka wose w’2003, twoshobora gute kugumiza mu muzirikanyi amajambo ari mu canditswe cacu c’umwaka, bigaheza bikavamwo iki?

      20 Mu mwaka wose w’2003, nimuze twibaze nimba turiko turagira akigoro kabandanya kugira twiyegereze Data wa twese wo mw’ijuru. Nimba turiko turakagira, turashobora kudakeka yuko azotwishura nk’uko yabisezeranye. Nakare, “Imana [nti]zi kubesha.” (Tito 1:2) Niwayiyegereza, izokwegera. (Yakobo 4:8) Biheze bivemwo iki? Imihezagiro myinshi ubu be n’icizigiro co kuzorushiriza kwiyegereza Yehova ibihe vyose!

      [Akajambo k’epfo]

      a Uburyo ikiganiro kivuga ngo: “Jéhovah est plus grand que notre coeur,” (Yehova Arahambaye Gusumba Imitima Yacu) co mu nomero y’Umunara w’Inderetsi (mu Gifaransa) wo ku wa 1 Rusama 2000, ku rupapuro rwa 28-31 cakiriwe.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika