Ni zaburi ya Dawidi.
א [Alefu]
37 Ntushavure kubera abantu b’ababisha
canke ngo wumvire agashari inkozi z’ikibi+.
2 Bazokwuma ningoga nk’ivyatsi+,
kandi bazokabirana nk’ivyatsi bitotahaye.
ב [Beti]
3 Niwizigire Yehova kandi ukore ivyiza+.
Niwibere mw’isi, ukorane ubwizigirwa+.
4 Nuhimbarwe cane na Yehova,
na we azoguha ivyo umutima wawe wipfuza.
ג [Gimelu]
5 Nuragize Yehova inzira yawe+.
Numwizigire, na we azogufasha+.
6 Azotuma ubugororotsi bwawe bukayangana nk’umutwenzi,
ubutungane bwawe na bwo nk’izuba rya sasita.
ד [Daleti]
7 Guma utekanye imbere ya Yehova+
kandi umurindire wihanganye.
Ntubabazwe n’umuntu
aroranirwa mu migambi yiwe mibi+.
ה [He]
8 Tsinda ishavu, ureke kuraka+.
Ntushavure ngo bitume ukora ikibi.
9 Kuko inkozi z’ikibi zizorandurwa+,
ariko abizigira Yehova bazokwigabira isi+.
ו [Vau]
10 Hasigaye akanya gato ababisha ntibabe bakiriho+.
Uzoraba aho bahora bari
ubabure aho wababonye+.
11 Ariko abitonda bazokwigabira isi+,
kandi bazokwinovora amahoro menshi+.
ז [Zayini]
12 Umubisha apanga imigambi yo kugirira nabi umugororotsi+,
akaguma amuhekenyera imisaya.
13 Ariko Yehova azomutwenga,
kuko azi yuko iherezo ryiwe rizoshika+.
ח [Heti]
14 Ababisha barasokora inkota zabo kandi bagafora imiheto yabo
kugira bice abantu bahahazwa hamwe n’aboro,
kugira bahonye abagendera mu nzira igororotse.
15 Ariko inkota zabo ni bo nyene zizosogota mu mutima+,
imiheto yabo izovunagurika.
ט [Teti]
16 Dukeyi tw’umugororotsi
turuta umurengera w’ababisha benshi+.
17 Kuko amaboko y’ababisha azovunagurwa,
ariko Yehova azoshigikira abagororotsi.
י [Yodi]
18 Yehova arazi ingorane zishikira abantu b’intungane,
kandi intoranwa yabo ni iy’ibihe bidahera+.
19 Ntibazomaramara mu gihe c’ivyago.
Mu gihe c’inzara bazoronka umusesekara.
כ [Kafu]
20 Ariko ababisha bazohona+.
Abansi ba Yehova bazoyogera nka kurya kw’uburagiro butotahaye,
batumuke nk’umwotsi.
ל [Lamedi]
21 Umubisha aragurana ariko ntiyishure,
mugabo umugororotsi aratanga cane kandi akagira impuhwe+.
22 Abantu Imana ihezagiye bazotorana isi,
ariko abo ivumye bazorandurwa+.
מ [Memu]
23 Igihe Yehova ahimbawe n’inzira y’umuntu+,
aca ayobora intambuko ziwe+.
24 Naho yotemba ntazoshika hasi+,
kuko Yehova amufashe ukuboko+.
נ [Nuni]
25 Kuva nkiri muto gushika ubu nshaje,
sindigera mbona umugororotsi yahebwe+,
canke abana biwe basegerereza ibifungurwa+.
26 Yama atanga ingurane n’umutima ukunze+,
kandi abana biwe bazokwironkera umuhezagiro.
ס [Sameki]
27 Reka ikibi ukore iciza+,
uzoheza wibereho ibihe bidahera.
28 Kuko Yehova akunda ubutungane,
kandi ntazokwigera aheba abantu b’intahemuka+.
ע [Ayini]
Azokwama abarinda+,
ariko uruvyaro rw’ababisha ruzorandurwa+.
29 Abagororotsi bazokwigabira isi+,
kandi bazoyibako ibihe bidahera+.
פ [Pe]
30 Akanwa k’umugororotsi kavuga ivy’ubwenge,
kandi ururimi rwiwe ruvuga ibigororotse+.
31 Itegeko ry’Imana yiwe riri mu mutima wiwe+.
Intambuko ziwe ntizizonyerera+.
צ [Tsade]
32 Umubisha aguma areretse umugororotsi,
akaguma arondera kumwica.
33 Ariko Yehova ntazomureka ngo agwe mu maboko yiwe+,
canke ngo amwagirize ikosa igihe acirwa urubanza+.
ק [Kofu]
34 Niwizigire Yehova, ugendere mu nzira yiwe,
na we azogutera iteka utorane isi.
Ababisha nibarandurwa+ uzovyibonera+.
ר [Reshi]
35 Narabonye ingene umubisha w’imburakigongwe
asagarara nk’igiti gitotahaye kiri mw’ivu riryoshe+.
36 Ariko bukwi na bukwi, yarazimanganye aravaho+.
Nagumye ndamurondera ariko ndamubura+.
ש [Shini]
37 Uritegereza umuntu w’intungane,
ugume uraba umuntu w’umugororotsi+:
kazoza kiwe kazorangwa n’amahoro+.
38 Ariko abanyakibi bose bazorandurwa.
Ababisha nta kazoza bagira+.
ת [Tau]
39 Yehova ni we bukiriro bw’abagororotsi+.
Ni we gihome kibakingira mu gihe c’ivyago+.
40 Yehova azobafasha, abarokore+.
Azobakiza, abakure mu vyara vy’ababisha,
kuko ari we buhungiro bwabo+.