Zaburi
Ku mukuru w’abaririmvyi: ikwiye guherekezwa n’ibicurarangisho vy’imirya. Ni indirimbo* ya Dawidi.
Amaganya yanje yampagaritse umutima+,
kandi nataye umutwe cane,
3 kubera amajambo y’umwansi
n’agahahazo k’umubisha.
Baguma banteza ivyago,
bakambikira inzigo n’ishavu n’akantu+.
5 Natekewe n’ubwoba n’ukujugumira,
ndiko ndahinda agashitsi.
6 Nguma mvuga nti: «Iyaba nari mfise amababa nk’inuma!
Nokwigurukiye nkaja kwibera ahantu hatekanye.
Nogiye kwibera mu gahinga+. (Sela*)
8 Nokwirutse nkaja ahantu ninyegeza,
kure y’ikivumbuzi, kure y’igihuhusi.»
9 Ewe Yehova, nutume bata umutwe, uburabuze imigambi yabo*+
kuko nabonye ubukazi n’indyane mu gisagara.
10 Ijoro n’umurango, baguma* bakizunguruka bari ku mpome zaco,
kandi muri co hari ububisha n’ivyago+.
Uwundwanya si we yampagurukiye,
ahandiho nari kumwinyegeza.
14 Twahora twinovorera hamwe ubugenzi bwacu.
Twahora tujana ku nzu y’Imana turi kumwe n’isinzi.
Nibamanuke mu kuzimu ari bazima,
kuko ikibi catse indaro iwabo no mu mitima yabo.
17 Ku mugoroba, mu gitondo no ku mutaga nguma niganyira kandi nkaniha*+,
ariko Imana irumva ijwi ryanje+.
Abantu badatinya Imana
ntibazokwemera guhinduka+.
Amajambo yiwe aroroshe kuruta amavuta,
ariko ameze nk’inkota zikarishe+.
Ntazokwigera yemera ko umugororotsi atemba*+.
23 Ariko wewe ga Mana, uzobaterera mu cobo kirekire cane+.
Abantu b’abicanyi kandi b’ababeshi ntibazobaho n’igice c’imisi yabo+.
Mugabo jewe nzokwizigira wewe.