ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/5 rup. 21-26
  • Nta Mahoro ku Ntwarabutumwa b’Ikinyoma!

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nta Mahoro ku Ntwarabutumwa b’Ikinyoma!
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Abitwa ngo Ni Intwarabutumwa z’Amahoro
  • O.N.U. Yoba Isasagaza Amahoro?
  • Impamvu Zituma ‘Baboroga Bibi’
  • Akayobera gateye ubwoba gahishurwa
    Ivyahishuwe: Insozero yavyo ininahaye iregereje!
  • Dusukure nk’Intwarabutumwa z’Amahoro Mvamana
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Amahoro Nyakuri—Ava kw Isôko Nyabaki?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Ukugenekereza Ubwoko Bwiza bw’Intwarabutumwa
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/5 rup. 21-26

Nta Mahoro ku Ntwarabutumwa b’Ikinyoma!

“Inkozi z’ibibi zizorandurwa, . . . Arikw abagwaneza bazoragwa [isi, “NW”], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”—ZABURI 37:9, 11.

1. Ni kuki dukwiye kwitega kubona intwarabutumwa b’ukuri n’ab’ikinyoma bompi, muri iki ‘gihe c’iherezo’?

INTWARABUTUMWA—ab’ikinyoma canke ab’ukuri? Ubwo bwoko bwompi bwariho mu bihe vya Bibiliya. Mugabo twovuga iki kuri iki gihe turimwo? Muri Daniyeli 12:9, 10, dusoma ivy’uko intwarabutumwa mvajuru yabwiye umumenyeshakazoza w’Imana ibi: “Ayo majambo [ni] akabanga, amatanishijwe ishashara idomyemw’ikimenyetso, gushitsa igihe c’iherezo. Benshi bazotunganywa, bezwe, bavugutirwe; arikw abanyakibi bazoshishikara gukora ikibi, kandi nta n’umwe mu banyakibi azobitahura; arikw [abaciye mu kajisho] bazobitahura.” Ubu tubayeho muri ico ‘gihe c’iherezo.’ Twoba tubona itandukaniro ryibonekeje riri hagati y’“abanyakibi” n’‘abaciye mu kajisho’? Nta mazinda turaribona!

2. Ibiri muri Yesaya 57:20, 21 biriko biranguka gute muri iki gihe?

2 Mu kigabane ca 57, umurongo wa 20 n’uwa 21, tuhasoma aya majambo y’intwarabutumwa y’Imana Yesaya: “Abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya; kuko kidashobora guhwekera, kand’amazi yaco azīkurura isūri n’imyanda. Nta mahoro ku banyakibi, ni kw Imana yanje igize.” Ese ukugene ayo majambo adondora neza iyi si uko yegereza ikinjana ca 21! Hari n’abibaza ngo, ‘Ubwo tuzoteba dushikire ico kinjana?’ Intwarabutumwa baciye mu kajisho ni ibiki bafise batubarira?

3. (a) Ni igihushane nyabaki kivugwa muri 1 Yohana 5:19? (b) ‘Abaciye mu kajisho’ badondorwa mu Vyahishuriwe Yohana ikigabane c’7 bameze gute?

3 Intumwa Yohani yari n’uguca mu kajisho guhumetswe n’Imana. Muri 1 Yohana 5:19 hamenyesha hatomora hati: “Turazi yuko tur’ab’Imana, kand’isi yose iri muri wa Mubi.” Ba Bisirayeli b’ivy’impwemu 144 000, amasigarira yabo bashaje bakaba bakiri kumwe natwe barahushanye n’iyi si. Abifatanya na bo muri iki gihe ni rya “[s]hengero ryinshi, . . . bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose,” abo uno musi bakaba barenga imiliyoni zitanu, na bo nyene baciye mu kajisho. ‘Abo ni bo bava muri ya marushwa ahambaye.’ Ni kuki none baherwa? Kubera yuko na bo nyene “bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi,” mu kugaragaza ko bizera ya ncungu ya Yezu. Bwa ntwarabutumwa z’umuco, na bo nyene ‘barakorera [Imana] ku murango no mw ijoro.’—Ivyahishuriwe Yohana 7:4, 9, 14, 15.

Abitwa ngo Ni Intwarabutumwa z’Amahoro

4. (a) Ni kuki abitwa ngo ni intwarabutumwa z’amahoro mu vy’iyi si ya Shetani bagenewe kuzozeruka? (b) Ibivugwa mu Banyefeso 4:18, 19 vyerekeye iki gihe cacu mu buryo ki?

4 Mugabo, bite none kuri bamwe bitwa ngo ni intwarabutumwa z’amahoro mu vy’iyi si ya Shetani? Muri Yesaya ikigabane ca 33, umurongo w’7, tuhasoma ibi: “Ehe, abahizi babo baraborogera hanze; [intwarabutumwa z’amahoro nyene zizoboroga bibi].” Ese ukuntu ivyo ari ivy’ukuri ku biraba bamwe bazembagira intagumahamwe bava ku murwa mukuru w’iyi si baja ku wundi mu kugerageza gusasagaza amahoro! Mbega ukuntu ari ivy’impfagusa! Kubera iki? Kubera yuko bita ku bimenyetso vy’ingorane z’iyi si ah’ukwita ku nyendamuvano yazo. Imbere ya vyose, ni impumyi ku biraba ivy’uko Shetani abaho, iyo intumwa Paulo adondora ko ari “imana y’iki gihe.” (2 Ab’i Korinto 4:4) Shetani yarabivye imbuto z’ubukozi bw’ikibi mu bantu, ingaruka yavyo iba iy’uko abenshi, dushizemwo abatari bake mu bategetsi, ubu bakaba bahuye n’indondoro yo mu Banyefeso 4:18, 19: “Ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza, batandukanijwe n’ubu[zima] buva ku Mana kubg’ukutamenya kuri muri bo, n’ugukomantara kw’imitima yabo. Kandi bābaye ibiti, bīshira mu ngeso z’isoni nke, gukora ibihumanya vy’uburyo bgose bifatanije n’ukwifuza.”

5. (a) Ni kuki amungungane y’abantu yananiwe kuba insasagazamahoro? (b) Ni ubutumwa nyabaki buhumuriza Zaburi 37 ishikiriza?

5 Nta gikoresho c’abantu banyamakemwa coshobora kurandura mu mutima w’umuntu umwina, ubwikunzi, n’urwanko bikwiye hose muri iki gihe. Umuremyi wacu wenyene, Umukama Segaba Yehova ni we ashoboye kubigira! Vyongeye, abakeyi batekereza mu bantu bonyene ni bo bashima kworohera uburongozi bwiwe. Ibizoshikira abo hamwe n’ibizoshikira inkorakibi zo muri iyi si birahushanywa muri Zaburi 37:9-11: “Inkozi z’ibibi zizorandurwa, arikw abarorereye Uhoraho bazoragwa [isi, NW]. Kuko hasigaye igihe gito, umunyakibi ntabeho; . . . Arikw abagwaneza bazoragwa [isi, NW], bazonezererwa amahoro y’umusēsekara.”

6, 7. Ni ibiki vyagizwe n’amadini y’isi vyerekana ko yananiwe gukora bwa ntwarabutumwa z’amahoro?

6 Intwarabutumwa z’amahoro zoshobora none gusangwa mu madini y’iyi si iri mu vyago? Mbega inkuru ya none yerekeye amadini ni nyabaki? Inkuru y’akahise iraranga ko idini yagiye, ego nyene, mu busheshi bw’amaraso bwinshi uko ibinjana vyagiye birakurikirana, mbere iranabusomborotsa. Nk’akarorero, intashankuru The Christian Century yo mu mushamvu wo ku wa 30 Myandagaro 1995, yariganye ivy’uruhagarara rw’ahahoze ari muri Yugosilaviya, imenyesha icese iti: “Mu gice ca Bosiniya cigaruriwe n’Abaserebiya, abapatiri bicara ku murongo wa mbere mu nama yiyita nshingamateka, bakaja imbere mu rugamba, aho ingabo hamwe mbere n’ibirwanisho usanga bihezagirwa imbere y’uko intambara zitangura.”

7 Ikinjana c’umurimo w’ubumisiyonari wa Kirisitendomu muri Afirika nta kintu ciza gusumba cavuyemwo nk’uko vyabonekeye neza na neza mu Rwanda, igihugu kizwi ko 80 kw ijana mu baba muri co ari Abagatolika. Intashankuru The New York Times yo ku wa 7 Mukakaro 1995, yigana ibi: “Golias, ikinyamakuru c’Abagatolika bigenga cidegemvya gisohorerwa muri Lyons [mu Bufaransa], gitegekanya kugenekereza abandi bapatiri barenga 27 hamwe n’ababikira bane b’Abanyarwanda kivuga ko bishe canke bakaremesha ubwicanyi mu Rwanda mu mwaka uheze.” African Rights, ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu i Londres, ryagize iyi nsasanuro: “Amakeleziya turetse ivy’uko ategerezwa kugira ico abazwa kubera agacerere yagize, ategerezwa kubazwa kandi ugufadikanya gukomeye bamwebamwe mu bapatiri, abapasitori n’ababikira bayo bagize muri rya honyabwoko.” Ivyo birasa n’ukuntu ibintu vyari vyifashe muri Isirayeli igihe Yeremiya intwarabutumwa y’ukuri ya Yehova, yadondora ‘ukumaramara’ kwa Isirayeli, hamwe n’abategetsi, abaherezi n’abamenyeshakazoza baho, mu kwongerako ati: “Ku mpuzu zawe haboneka amaraso y’abantu b’abakene wishe batagira igicumuro.”—Yeremiya 2:26, 34.

8. Ni kuki twovuga ko Yeremiya yari intwarabutumwa y’amahoro?

8 Yeremiya kenshi na kenshi bamwita umumenyeshakazoza w’urubanza, ariko yoshoboye kwitwa kandi intwarabutumwa y’amahoro, w’Imana. Yarerekeje ku ‘mahoro’ kenshi nk’uko Yesaya yakunda kubigira imbere yiwe. Yehova yarakoresheje Yeremiya kugira atomore urubanza ruciriwe Yeruzalemu, mu kuvuga ati: “Iki gisagara, guhēra ku musi bācubakiye gushitsa no kur’uyu musi, cabaye ico kuntera ishavu n’ubushangashirwe, bituma ngira ngikūre mu nyonga zanje; kubg’ibibi vyose Abisirayeli n’Abayuda bakoze kugira ngo bantere ishavu, bo n’abami babo n’abaganwa babo n’abaherezi babo, na ba kamenyi babo n’abagabo b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu.” (Yeremiya 32:31, 32) Ivyo vyǎbura urubanza yociriye abategetsi n’abakuru ba Kirisitendomu muri iki gihe. Kugira amahoro nyakuri asasagare, abo bandurutsa ikibi n’ubukazi bategerezwa kurandurwa! Nta gukeka ntabwo ari intwarabutumwa z’amahoro.

O.N.U. Yoba Isasagaza Amahoro?

9. O.N.U. yiraririye gute ko ari intwarabutumwa y’amahoro?

9 Mbega none Ishirahamwe Mpuzamakungu ntiryoshobora gucika intwarabutumwa y’ukuri y’amahoro? Tubiravye, intangamarara y’amasezerano yaryo yapfunditswe muri Ruheshi 1945, imisi 41 gusa imbere y’uko ya bombe ruhonyanganda itikiza Hiroshima, yamenyesha icese ihangiro yaryo: “gukiza ikīza c’indwano amaruka yokurikiye.” Ibihugu 50 vyogize iryo Shirahamwe Mpuzamakungu vyari “kwunga inkomezi [zavyo] kugira bibungabunge amahoro n’umutekano vy’amahanga yose.” Muri iki gihe O.N.U. igizwe n’ibihugu 185, vyitwa ko vyihebeye iryo hangiro nyene.

10, 11. (a) Abakuru b’amadini batangaje icese gute ko bashigikiye O.N.U.? (b) Ni mu buryo nyabaki Abapāpa bashikirije ukutari kwo ‘Inkuru Nziza y’Ubwami bw’Imana’?

10 Uko imyaka yagiye irarengana, O.N.U. yaravugirijwe impundu, na canecane iyivugirizwa n’abakuru b’amadini. Ku wa 11 Ndamukiza 1963 Pāpa Yohani wa XXIII yarateye igikumu kw ikete rizungurukanwa rifise umutwe uvuga ngo “Pacem in Terris” (Amahoro kw Isi), muri ryo akaba yamenyesheje ati: “Turipfuza rwose ko Ishirahamwe Mpuzamakungu O.N.U.—mu nzego zaryo no mu kigega caryo—ryoshobora gucika irishoboye gushikīra ubuhambare n’ubwiza bw’amabanga rishinzwe.” Mu nyuma, muri Ruheshi 1965, abakuru b’amadini bitwa ko baserukira ica kabiri c’abantu bǎba kw isi yose, barahimbarije muri San Francisco umusi w’ukwibuka imyaka 20 O.N.U. yari imaze. No mu 1965, Pāpa Paulo wa VI, igihe yari yagendeye O.N.U., yayidondoye bwa “cizigiro ca nyuma c’umwumvikano n’amahoro.” Mu 1986, Pāpa Yohani Paulo wa II yaragiye imbere mu vy’ugushigikira umwaka O.N.U. yitiriye amahoro kw isi yose.

11 Vyongeye, mu gihe c’urugendo pāpa yagize muri Gitugutu 1995, yaramenyesheje atomora ati: “Uno musi turiko duhimbaza Inkuru Nziza y’Ubwami bw’Imana.” Ariko none yoba vy’ukuri ari intwarabutumwa y’Imana w’inkuru nziza y’Ubwami? Mu kuvuga ivy’ingorane iyi si ifise, yashishikaye kuvuga ati: “Uko duhangana n’izi ngorane z’agakomeye, twoshobora kunanirwa gute n’ukwemera uruhara rw’Ishirahamwe Mpuzamakungu?” O.N.U., ni yo pāpa yahisemwo, haguhitamwo Ubwami bw’Imana.

Impamvu Zituma ‘Baboroga Bibi’

12, 13. (a) O.N.U. yakoze gute ibintu mu buryo budondorwa muri Yeremiya 6:14? (b) Ni kuki ubukuru bwa O.N.U. burimwo mu ndondoro iri muri Yesaya 33:7?

12 Ihimbaza ry’umwaka ugira 50 kuva O.N.U. ibayeho ntiryashoboye guhishura ikizigizigi nyakuri c’“amahoro kw isi.” Impamvu imwe yarerekanywe n’umwanditsi umwe w’ikinyamakuru The Toronto Star yo muri Canada, we yanditse ibi: “O.N.U. ni intambwe itagira amenyo, itontomwa iyo ihanganye n’ubunyamaswa bwa kimuntu, mugabo ikaba itegerezwa kurindīra ko abayigize bayishiramwo amenyo materano yayo imbere y’uko irya.” Kenshi na kenshi, ukwo kurya kwamye kuba intica ntikize kandi kukagirwa amazi yarenze inkombe. Intwarabutumwa z’amahoro zo mu vy’iyi si ya none, na canecane izo muri Kirisitendomu zamye zumvikanisha aya majambo yo muri Yeremiya 6:14: “Bāvūye igikomere c’abantu banje imirenzako, bavuga, bati N’amahoro, n’amahoro; kand’ata mahoro ariho.”

13 Abanyamabanga bakuru ba O.N.U. uko bagiye barakurikirana barakoze baratama, kandi nta mazinda bǎbigira ata buryarya, kugira batume O.N.U. yererwa. Mugabo ibihǎri vy’intacika vyama biri hagati y’ibihugu 185 biyigize bidasangiye amahangiro vyerekeye ukugene intambara yotangîrwa, ugupanga ibintu, n’ugutunganya ivy’amahera vyaratambamiye ibizigizigi vy’ukwererwa. Muri raporo yiwe y’umwaka yo mu 1995, umunyamabanga mukuru yari ahari ico gihe yanditse ivy’igabanuka “ry’impanamyi y’agatikizo ruhonyanganda ko ku mubumbe wose,” yuko vyugururiye inzira “amahanga kugira akorere hamwe ngo ashikire iterambere ry’ubutunzi n’ikibane ku neza y’abantu iyo bava bakagera.” Ariko yongeyeko ati: “Ikibabaje, inkuru zerekeye ivyakozwe mw isi muri iyi myaka mikeyi iheze, zarabeshuje cane ivyo bizigizigi vy’intahebura.” Vy’ukuri, abo biyita ngo ni intwarabutumwa b’amahoro ‘baraboroga bibi.’

14. (a) Ni kuki twovuga ko O.N.U. mu vy’amahera no mu vy’ukwigenza runtu yatawe ku w’amazi? (b) Ibiri muri Yeremiya 8:15 biriko biranguka gute?

14 Umutwe wo mu kinyamakuru The Orange County Register yo muri Kaliforiniya wasomwa uku: “O.N.U. mu vy’Amahera no mu vy’Ubwigenzeruntu Yaratawe ku w’Amazi.” Ico kiganiro camenyesha icese ko hagati yo mu 1945 no mu 1990, habaye indwano zirenga 80 zahitanye ubuzima bw’abantu barenga imiliyoni 30. Carasubiyemwo ivy’umwanditsi wo mu nomero yo muri Gitugutu 1995 y’ikinyamakuru Reader’s Digest “uwadondoye ibikorwa vya gisirikare vya O.N.U. ko birangwa ‘n’intwazangabo batabishoboye, abasoda badakurikiza amategeko, bifatanya n’abasotozi, bananirwa gukinga ubwicanyi hamwe n’uko mbere rimwe na rimwe baterēra agacumu k’ubumwe mu buyobe.’ Vyongeye, ‘inivo y’ubusesaguzi, forode, hamwe n’ugukoresha ibintu indenzarugero ni agahomerabunwa.’ ” Mu gice gifise umutwe uvuga ngo “O.N.U. ku Wugira 50,” ikinyamakuru The New York Times carimwo umutwe mukuru “Mismanagement and Waste Erode U.N.’s Best Intentions” (Ugutegeka Kubi Hamwe n’Ubusesaguzi Bironona Imigabo Myiza Rwose O.N.U. Ifise). Ikinyamakuru The Times y’i Londres, mu Bwongereza, yatanguje Ikiganiro kimwe aya majambo: “Goyigoyi ku Wugira Mirongwitanu—O.N.U. irakeneye iporogarama y’utwigoro tubereye kugira isubire ku kumera uko yahora.” Ni vyo koko, bimeze nka bimwe dusoma muri Yeremiya ikigabane c’8, umurongo wa 15: “Twiteze amahoro, ariko nta vyiza vyaje; twiteze igihe co kuvūrwa, ariko habah’ibiteye ubgoba.” Kandi ya mpanamyi y’agatikizo ruhonyanganda iguma ihanze abantu. Biragaragara, O.N.U. si intwarabutumwa y’amahoro abantu bakeneye.

15. Babiloni ha kera hamwe n’uruvyaro rwayo rwo mu vy’idini vyompi vyagaragaje gute ko vyabaye nyamutikiza na nyovyabwenge?

15 None ivyo vyose bizogarukira he? Ijambo menyeshakazoza rya Yehova nta mazinda ririmwo. Imbere ya vyose, ni igiki kiraririye gushikira amadini y’ikinyoma y’iyi si yamye nantaryo acudika bikomeye na O.N.U.? Ayo madini ni uruvyaro rukomoka kw isôko nyamukuru rimwe, Babiloni ha kera. Mu buryo bubereye, mu Vyahishuriwe Yohana 17:5 adondorwa ko ari “Babuloni Hahambaye, nyina wa ba maraya, kandi nyina w’ibihumanya vyo mw isi.” Yeremiya yaradondoye ivy’urubanza rwoshikiye iryo yungungane rinyaburyarya. Nka kurya kwa maraya, yarakwegakweze abanyapolitike b’iyi si, iraryosharyosha O.N.U. no mu kugiriranira ubucuti butabereye n’ibihugu binyabubasha mu vya politike biri muri yo. Yaragize uruhara runini mu ndwano zivugwa mu nkuru z’ivyabaye. Umusasanuzi umwe yavuze yiyerekeza ku ntambara z’amadini mu Buhindi ati: “Karl Marx yavuze idini ko ari opiyomu y’amasinzi y’abantu. Mugabo ayo majambo ntashobora kuba ay’ukuri vyumije kubera ko opiyomu ari igihwamitsi, irasinziriza abantu mpaka bakaraba. Ahubwo, idini iraruta kure n’iyo ikiyayuzi kokayine. Irandurutsa ubukazi bukomeye kandi ni inkomezi nyamutikiza ihambaye.” Mugabo rero uwo mwanditsi ntiyavuze ukuri vyumije. Idini y’ikinyoma igize kuba nyamutikiza na nyovyabwenge.

16. Ni kuki abantu b’umutima w’inziraburyarya ubu bakwiye guhunga bakava muri Babiloni Hahambaye? (Raba kandi Ivyahishuriwe Yohana 18:4, 5.)

16 Ni igiki none abantu b’umutima nziraburyarya bakwiye kugira? Yeremiya, ya ntwarabutumwa y’Imana, araduha inyishu ati: “Ni muhunge muve hagati muri Babuloni, umuntu wese yunzūre amagara yiwe; . . . kukw ar’igihe c’uguhōra kw’Uhoraho.” Turahiriwe kubona abantu amamiliyoni barahunze bakava mu mabohero ya Babiloni Hahambaye, ya nganji y’isi yose y’idini y’ikinyoma. Woba uri umwe muri bo? Urashobora rero gutahura neza ukugene Babiloni Hahambaye yanyengereye amahanga yo kw isi: “Amahanga yanyoye kuri vino [yiwe], ni co catumye azimira ubgenge.”—Yeremiya 51:6, 7.

17. Ni urubanza nyabaki rugiye kuzoshitswa kuri Babiloni Hahambaye, kandi ni igiki kizokurikira ico gikorwa?

17 Vuba, ibihugu bigize O.N.U. ‘vyataye ubwenge’ bizokoreshwa na Yehova ngo bitere idini y’ikinyoma, nk’uko bidondorwa mu Vyahishuriwe Yohana 17:16: “Bizokwanka uwo maraya, bizomuzingazinga, bimukobe, birye inyama ziwe, bimutongoze umuriro.” Ivyo bizoba ari intango ya ya marushwa ahambaye yerekezwako muri Matayo 24:21, amwe azoshikira igihe cayo c’agaheta kuri Arumagedoni, indwano yo ku musi uhambaye w’Imana Mushoboravyose. Nka kumwe kwa Babiloni ha kera, Babiloni Hahambaye izoshikirwa n’urubanza rutomowe muri Yeremiya 51:13, 25: “Ewe [mugore] uba ku materaniro y’amazi menshi, ukaba mu bihinda vy’ubutunzi, umuhero wawe urashitse, ipfa ryo kudahāga kwawe riraherewe. Ehe tuzohigūra twe nawe, wa musozi ugeseza we, ni jewe Uhoraho mbivuze, wagesheje isi yose: nzokubangurirak’ukuboko kwanje, ngucuranguze ngukūre ku rutare, nguhindure umusozi uhiye inkomvorera.” Amahanga yononekaye, akorereza intambara, azokurikira idini y’ikinyoma mu gatikizo, igihe umusi w’ukwihora wa Yehova uzoyatûrako na yo nyene.

18. Ibiri muri Yesaya 48:22 bizoranguka ryari kandi gute?

18 Mw ikete rya mbere ku B’i Tesalonike 5:3, haravugwa ivy’abanyakibi hati: “Aho bazoba bavuga, bati Har’amahoro, nta nkomanzi; ni ho uguhona kuzobazako giturumbuka, nk’ukw ibise biza ku mugore akuriwe, kandi ntibazokwikiza na gatoya.” Abo ni bamwe Yesaya yavuga ivyabo ati: “Ehe, . . . [intwarabutumwa z’amahoro nyene zizoboroga bibi].” (Yesaya 33:7) Vy’ukuri, nk’uko tubisoma muri Yesaya 48:22, “nta mahoro y’abanyavyaha, ni k’Uhoraho agize.” Ariko none ni ibiki kazoza karindirije intwarabutumwa nyakuri b’amahoro y’Imana? Ikiganiro cacu gikurikira kirabitwiganira.

Ibibazo vy’Isubiramwo

◻ Abamenyeshakazoza b’Imana bashize ku kabarore intwarabutumwa z’ikinyoma bakoresheje amajambo akomakomeye ayahe?

◻ Ni kuki ibikoresho vy’abantu binanirwa mu vy’ukugerageza gushikira amahoro aramba?

◻ Intwarabutumwa z’amahoro b’ukuri banyuranye gute n’abashigikira O.N.U.?

◻ Ni igiki ingenzabuhoro bakwiye kugira ngo babone kunezererwa ya mahoro Yehova yasezerana?

[Ifoto ku rup. 23]

Yesaya, Yeremiya, na Daniyeli bose baramenyesheje imbere y’igihe ukunanirwa kw’utwigoro tw’umuntu tw’ugusasagaza amahoro

[Ifoto ku rup. 24]

“Isi yose iri muri wa Mubi.”—Intumwa Yohani

[Ifoto ku rup. 25]

“Ivyiyumviro vyabo biri mu mwiza.”—Intumwa Paulo

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika