Mutere Iteka Abahawe Ubukuru Kuri Mwebwe
“[“Mutere iteka,” “NW”] abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; [“mutere iteka,” “NW”] umwami.”—1 PETERO 2:17.
1, 2. Abantu babona gute ubukuru muri iki gihe? Kubera iki?
“ABANA bafise uburenganzira bwose. Nta cubahiro kigaragarizwa abavyeyi.” Ukwo ni ko umuvyeyi umwe yidoze avuga. Icandikano kimwe bahomeka ku muduga kigira giti: “Nimuhigishe ubukuru.” Ivyo ni ivyiyumviro bibiri gusa twihweje vyeze muri iki gihe, nk’uko utegerezwa kuba ubizi. Ukutubaha na gato abavyeyi, abigisha, abakoresha, be n’abajejwe intwaro kurakunda gushika kw’isi iyo iva ikagera.
2 Bamwebamwe barashobora gusa kubitera ibitugu bakavuga ngo: ‘Abafise ubukuru ntibakwiriye ko ndabubaha.’ Rimwe na rimwe, ivyo bishobora kuba bigoye guhakana. Ntiduhengeshanya gushikirwa n’amakuru yerekeye abajejwe intwaro bamogoreye ibiturire, abakoresha b’umwina, abigisha batabishoboye, be n’abavyeyi b’inkazi. Igishimishije ni uko Abakirisu bake ari bo babona abafise ubukuru mw’ishengero muri ubwo buryo.—Matayo 24:45-47.
3, 4. Kubera iki Abakirisu bakwiye kugaragariza icubahiro abafise ubukuru?
3 Kubera turi Abakirisu, ‘dutegerezwa’ (UB) kwubaha abafise ubukuru mw’isi. Intumwa Paulo yakebuye Abakirisu “[ku]gamburukir[a] aba[ba]ganza: kukw ata kuganza kutava ku Mana, [“ubukuru buhari buhagaze nk’ubwashizwe mu rutonde burimwo ku bw’Imana,” NW].” (Abaroma 13:1, 2, 5; 1 Petero 2:13-15) Paulo kandi yarerekanye imvo yumvikana yo kugamburukira abakuru mu muryango ati: “Bagore, mugamburukire abagabo banyu, nk’uko bibereye abari mu Mwami wacu. Bana, mwumvire abavyeyi banyu muri vyose, kukw ivyo ari vyo bishimwa mu Mwami wacu.” (Ab’i Kolosayi 3:18, 20) Abakurambere b’ishengero barakwiriye ko tubatera iteka kubera “impwemu yera [yabashinze ngo babe abungere, UB], kugira ngo baragire ishengero ry’Imana.” (Ivyakozwe 20:28) Dutera iteka abakuru b’abantu tubitumwe n’icubahiro dufitiye Yehova. Mu Bisanzwe, gutera iteka ubukuru bwa Yehova ni vyo nantaryo biza imbere mu buzima bwacu.—Ivyakozwe 5:29.
4 Dufise ubukuru kaminuza bwa Yehova mu muzirikanyi, nimuze turimbure uturorero tw’abantu bamwebamwe mu batubashe abafise ubukuru be n’ababubashe.
Ukutubaha Gutuma Umuntu Adashimwa
5. Ni inyifato iyihe itaranga icubahiro Mikali yagaragarije Dawidi, kandi ivyo vyashikanye kuki?
5 Dufatiye ku nkuru ya kahise y’Umwami Dawidi, turashobora kubona ukuntu Yehova abona abarabira hasi ubukuru bwatanzwe n’Imana. Igihe Dawidi yatuma kuzana isandugu ry’isezerano i Yeruzalemu, umugore wiwe Mikali “[yarabonye] Umwami Dawidi yitera hejuru, yiyerekera imbere y’Uhoraho; amugayira mu mutima.” Mikali yari akwiye kwemera icese ko Dawidi atari gusa serugo, mugabo ko ari n’umwami w’ico gihugu. Ariko rero, Mikali yaseruye inyiyumvo ziwe n’akatyekezo n’akantu ati: “Ereg’uyu musi umwami w’Abisirayeli yar’agahore! Urabona ukuntu wikijije impuzu imbere y’ubukobga bushumbiye abantu bawe, nk’umuntu yabaye vyenywe azīkiza ata dusoni!” Ico ivyo vyavuyemwo ni uko Mikali atigeze yibaruka ibibondo.—2 Samweli 6:14-23.
6. Yehova yabonye gute ukutubaha abasizwe biwe kwa Kora?
6 Akarorero k’agahomerabunwa ko kudatera iteka ubukuru bwo mu vya gitewokarasi bwashinzwe n’Imana kari aka Kora. Kubera yakomoka kuri Kohati, ese ukuntu yari afise agateka ko gusukurira Yehova mw’ihema! Naho vyari ukwo, yaratoye amahinyu Musa na Aroni, abarongozi basizwe n’Imana b’Abanyisirayeli. Kora n’abandi bakuru ba Isirayeli bagize urunani maze ata kwigengesera babwira Musa na Aroni bati: “Ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?” Iyo nyifato ya Kora n’abamushigikiye Yehova yayibonye gute? Imana yabonye igikorwa cabo nk’ikidatera iteka Yehova ubwiwe. Bamaze kubona abantu bose bari ku ruhande rwabo bamirwa n’isi, Kora na ba bakuru 250 bararigiswe n’umuriro uvuye kwa Yehova.—Guharūra 16:1-3, 28-35.
7. Za “ntumwa zihambaye” zoba zari zifise imvo n’imwe yo kunegura ubukuru bwa Paulo?
7 Mw’ishengero ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere, hari abantu baraba irarirari ubukuru bwo mu vya gitewokarasi. Za “ntumwa zihambaye” zo mw’ishengero ry’i Korinto zari zifise inyifato yo kutubaha Paulo. Baranegura ukuntu yavuga, mu kugira bati: “Iy’ar’ino, arakēngēretse, kand’amajambo yiwe nta co amaze.” (2 Ab’i Korinto 10:10; 11:5) Paulo yaba yari umushikirizansiguro yibonekeje canke atari we, yari akwiriye icubahiro kubera yari intumwa. Mugabo, uburyo Paulo yavuga, bwoba vy’ukuri bwari bukengeretse? Insiguro z’icese yashikirije zanditswe muri Bibiliya ziratanga ikimenyamenya c’ukuntu yari umushikirizansiguro ajijura. Kanatsinda, bivuye ku kiganiro kigufi yagiranye na Herodi Agiripa wa kabiri, uwari ‘azi . . . impari zo mu Bayuda zose,’ Paulo yashikanye uwo mwami ku kuvuga ati: “Unkwegesha ivyo bike ng’umpindure Umukristo”! (Ivyakozwe 13:15-43; 17:22-34; 26:1-28) Yamara, za ntumwa zihambaye z’i Korinto zamwagiriza ko yari akengeretse mu kuntu yavuga! Yehova yabonye gute inyifato yabo? Mu butumwa yarungikiye abacungezi b’ishengero ry’i Efeso, Yezu Kirisitu yarayaze neza abanse gukwegakwegwa n’‘abiyita intumwa kand’atari zo.’—Ivyahishuriwe 2:2.
Tububahe Naho Ari Abanyagasembwa
8. Dawidi yagaragaje gute ko atera iteka ubukuru Yehova yahaye Sauli?
8 Hariho uturorero twinshi muri Bibiliya tw’abateye iteka abantu bafise ubukuru, no mu gihe mbere boba bakoresha nabi canke bagakoresha ukutari ko ubukuru bwabo. Dawidi yari umwe muri utwo turorero twiza. Umwami Sauli, uwo Dawidi yasukurira, yaramusharitse kubera ivyo yashikako maze arondera kumwica. (1 Samweli 18:8-12; 19:9-11; 23:26) No muri ico gihe nyene, n’aho Dawidi yari yararonse uturyo two kwica Sauli, yavuze ati: “Uhoraho arakabishira kure yanje, ko nobangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta!” (1 Samweli 24:3-6; 26:7-13) Dawidi yari azi ko Sauli yari mu makosa, mugabo kumucira urubanza yabirekeye Yehova. (1 Samweli 24:12, 15; 26:22-24) Ntiyavuze canke ngo avugishe nabi Sauli.
9. (a) Dawidi yiyumvise gute igihe yariko arafatwa nabi na Sauli? (b) Dushobora gute kuvuga ko icubahiro Dawidi yari afitiye Sauli cari ic’ukuri?
9 Dawidi yoba yaratuntuye igihe yariko arafatwa nabi? Yaborogeye Yehova ati: “Abantu b’ibirara barondeye ubugingo bganje.” (Zaburi 54:3) Yararundumuriye Yehova umutima wiwe ati: “Mana yanje, unkize abansi banje . . . Abahizi barankoraniye, atari kubg’icanje gicumuro cank’icanje caha, Uhoraho. Barirukanga bakitegura, batagira ico bampōra. Vyukuruka unsanganire, uvyitegereze.” (Zaburi 59:1-4) Woba umaze kwiyumva umerewe gutyo nyene, yuko ata kibi wakoreye umuntu afise ubukuru, yamara akaguma akuburabuza? Dawidi ntiyananiwe kugaragariza Sauli icubahiro. Sauli akimara gupfa, aho gutamba agatarika n’akanyamuneza, Dawidi yacuze intimba ati: “Ewe kuntu Sauli na Yonatani bākundwa, kand’ar’abanyagikundiro! . . . Bārusha inkukuma kunyaruka, bārusha n’intambge gukomera. Yemwe bakobga b’Abisirayeli, ni muririre Sauli.” (2 Samweli 1:23, 24) Ese ukuntu ari akarorero keza k’icubahiro nyakuri kigaragarijwe uwasizwe wa Yehova, naho nyene Dawidi yari yaragiriwe nabi na Sauli!
10. Ni akarorero keza akahe Paulo yatanze mu vy’ugutera iteka ubukuru bwatanzwe n’Imana bw’inama nyobozi, kandi ivyo vyashikanye ku ki?
10 Mu kiringo c’Ubukirisu turahasanga n’uturorero twibonekeje tw’abatera iteka abafise ubukuru bwatanzwe n’Imana. Dufate nk’akarorero Paulo. Yaragaragaje ko yubaha ingingo zafatwa n’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere y’ishengero rya gikirisu. Mu gihe c’urugendo rwa nyuma Paulo yagize i Yeruzalemu, inama nyobozi yamuhanuye kwihumanura kugira ngo yereke abandi ko atabikiye inzigo Ivyagezwe vya Musa. Paulo yari gushobora kwibaza ati: ‘Abo bavukanyi mbere bari bambwirije kuva i Yeruzalemu igihe ubuzima bwanje bwari mu kaga. Ubu na ho bashaka ko nerekana ku mugaragaro ko nubaha Ivyagezwe vya Musa. Naramaze kwandikira Abanyagalatiya ndabahanura kwirinda kwubahiriza Ivyagezwe. Ninagenda ku rusengero, abandi boshobora gutahura nabi igikorwa nkoze, bakiyumvira yuko ndohotse mu kwifatanya n’umugwi w’abakebwe.’ Ariko rero, bigaragara ko Paulo atazirikanye muri ubwo buryo. Kubera yuko ata ngingo ngenderwako za gikirisu yobaye adohotseko, yarubashe yongera arakurikiza impanuro z’inama nyobozi yo mu kinjana ca mbere. Icaciye kivamwo ni uko Paulo yategerejwe gukurwa mu vyara vy’akagwi k’Abayuda k’inkorakibi, maze bica bituma amara imyaka ibiri mw’ibohero. Amaherezo, ivyo Imana igomba vyarakozwe. Paulo yarashinze intahe imbere y’abajejwe intwaro bakuru i Kayisariya kandi aca atwarwa i Roma arihirwa urugendo na Leta kugira ngo ashinge intahe imbere ya Kayisari ubwiwe.—Ivyakozwe 9:26-30; 21:20-26; 23:11; 24:27; Ab’i Galatiya 2:12; 4:9, 10.
Woba Ugaragaza Icubahiro?
11. Dushobora gute kugaragariza icubahiro abajejwe intwaro?
11 Woba ugaragariza abafise ubukuru icubahiro bakwiriye? Abakirisu babwirizwa “[guha] bose ivyo bakwiriye . . . abo kwubahwa [bakabubaha].” Kukaba nkako, ukugamburukira ‘abaganza’ kwacu ntikurimwo gusa ivy’uko turiha amakori dusabwa mugabo kurimwo n’uko dutera iteka abakuru mu kuntu twigenza no mu vyo tuvuga. (Abaroma 13:1-7) Igihe duhanganye n’abajejwe intwaro bashobora kuba batwaza umukazo, tuvyifatamwo gute? Muri Leta ya Chiapas, muri Megizike, abajejwe intwaro mu karere kamwe bari banyaze amatongo y’imiryango 57 y’Ivyabona vya Yehova kubera yuko abo Bakirisu batagize uruhara mu misi mikuru kanaka y’ivy’idini. Mu manama yaremeshejwe kugira batorere umuti iyo ngorane, Ivyabona, bambaye neza kandi bikwije, nantaryo bavugana urupfasoni n’icubahiro. Haciye umwaka, ingingo yarafashwe ku bw’ineza yabo. Inyifato yabo yatumye bubahwa n’ababitegereza bamwebamwe gushika aho na bo bipfuza gucika Ivyabona vya Yehova!
12. Ni kuki ari ngirakamaro ko uwufise umunega atizera amugaragariza ‘icubahiro cinshi’?
12 Ushobora gute kugaragaza ko wubaha ubukuru bwatanzwe n’Imana mu muryango? Intumwa Petero amaze guca irya n’ino akarorero k’ukuntu Yezu yacumukujwe n’ikibi, yavuze ati: “Namwe bagore n’uko, mugamburukire abagabo banyu, kugira ngo, naho bamwe batumvira ijambo ry’Imana, bareshwe n’ingeso nziza z’abagore babo, batagize ijambo bavuze, ni bābona ingeso zanyu zitunganye zifatanije n’ugutinya.” (1 Petero 3:1, 2; Abanyefeso 5:22-24) Aha Petero ashimika ku kuntu ari ngirakamaro kuba umugore yiyorosha imbere y’umugabo wiwe abigiranye ‘icubahiro cinshi,’ naho abagabo bamwebamwe boba ata kintu gishemeye bakora kugira ngo babe abakwiriye ico cubahiro. Inyifato iranga icubahiro y’umugore irashobora kuresha umutima w’umugabo wiwe atizera.
13. Abakenyezi bashobora gute gutera iteka abanega babo?
13 Mu majambo akikije ivyo Vyanditswe, Petero akwegera ivyiyumviro vyacu ku karorero ka Sara, uwo umugabo wiwe Aburahamu yari akarorero kibonekeje k’ukwizera. (Abaroma 4:16, 17; Ab’i Galatiya 3:6-9; 1 Petero 3:6) Abakenyezi bafise abanega bizera, boba bakwiye kubaha icubahiro kiri munsi y’ico abafise abatizera baha ababo? Twovuga iki mu gihe utumvikanye n’umunega wawe ku kintu kanaka? Yezu yaratanze impanuro ishobora gushirwa mu ngiro muri rusangi ngaha: “Ūgufata ng’umurenze umusozi umwe, umurenze n’uwa kabiri.” (Matayo 5:41) Woba utera iteka umunega wawe mu gukurikiza ivyipfuzo vyiwe? Nimba ivyo bisa n’ibigoye, numuserurire inyiyumvo zawe ku vyerekeye ico kibazo. Ntiwibwire yuko azi ukuntu wiyumva. Mugabo, igihe umumenyesha ivyipfuzo vyawe, nubigire mu buryo buranga icubahiro. Bibiliya idukebura iti: “Imvugo zanyu zamane ubuntu . . . zirunzwe umunyu, kugira ngo mumenye ingene mukwiye kwishura umuntu wese.”—Ab’i Kolosayi 4:6.
14. Gutera iteka abavyeyi birimwo n’iki?
14 Yemwe bana, mweho bite? Ijambo ry’Imana ribwiriza riti: “Bana, mwumvire abavyeyi banyu mu Mwami wacu: kukw ivyo ari vyo bigororotse. Wubahe [“utere iteka,” NW] so na nyoko: ico ni co cagezwe ca mbere kirimw’isezerano.” (Abanyefeso 6:1-3) Urabona ko kwumvira abavyeyi bawe vyitiranwa no ‘gutera iteka so na nyoko.’ Ijambo ry’Ikigiriki ryahinduwe ngo “gutera iteka” rifise insobanuro yo “guha agaciro” canke “gushinga ikiguzi.” Kugamburuka rero ntigusaba gusa gupfa gukurikira amategeko y’abavyeyi ashobora gusa n’ayatumvikana kuri wewe. Imana igusaba gutera iteka abavyeyi bawe no guha agaciro uburongozi bwabo.—Imigani 15:5.
15. Abana bashobora gute kuguma bubaha abavyeyi babo naho mbere boba bumva ko bakoze ikosa?
15 Mu gihe abavyeyi bawe bokora ikintu gisa n’ikigabanya icubahiro ubafitiye, hoho wokora iki? Gerageza kuraba ibintu ufatiye ku kuntu babibona. Mbega “[ntiba]kuvyaye” kandi bakakuronsa ivyo ukeneye? (Imigani 23:22) Ntibabitumwa n’urukundo bagufitiye? (Abaheburayo 12:7-11) Nuganirire abavyeyi bawe n’icubahiro, ubasigurira n’ubwitonzi ukuntu wiyumva. Naho bovyakira mu buryo udashima, niwirinde kubavugisha mu buryo butaranga icubahiro. (Imigani 24:29) Niwibuke ukuntu Dawidi yagumye yubaha Sauli n’igihe mbere uwo mwami yazimira ntakurikize impanuro y’Imana. Nusabe Yehova agufashe kuvyifatamwo neza mu nyiyumvo ufise. Dawidi yavuze ati: “Musuke ivyo mu mitima yanyu imbere yayo: Imana ni yo itubera ubuhungiro.”—Zaburi 62:8; Gucura Intimba 3:25-27.
Nidutere Iteka Abatuja Imbere
16. Dushobora kwigira iki ku turorero tw’abigisha b’ibinyoma n’abamarayika?
16 Abakurambere b’ishengero bagenwa n’impwemu yera, yamara baracari abanyagasembwa kandi barakora amakosa. (Zaburi 130:3; Umusiguzi 7:20; Ivyakozwe 20:28; Yakobo 3:2) Ku bw’ivyo, bamwebamwe mw’ishengero bashobora kwumva umengo abakurambere ntaco babamarira. Dukwiye kuvyifatamwo gute igihe twumva yuko hari ikintu mw’ishengero kidatunganywa nk’uko bikwiye, canke bisa n’uko ari ukwo biri? Raba igihushane hagati y’abigisha b’ibinyoma bo mu kinjana ca mbere n’abamarayika: “Nta co batinya, ntibakūrwa kw ijambo, ntibahindishwa agashitsi no gutuka abanyacubahiro: arikw abamarayika naho barusha abo bantu inkomezi n’ubushobozi, ntibarega abo banyacubahiro ku [“bw’icubahiro bafitiye Yehova,” NW].” (2 Petero 2:10-13) Naho abigisha b’ibinyoma bavuga nabi “abanyacubahiro,” ari bo bakurambere bahawe ubukuru mw’ishengero ry’Abakirisu ryo mu kinjana ca mbere—abamarayika ntibavuga nabi abigisha b’ibinyoma bariko babiba amacakubiri mu bavukanyi. Abamarayika, kubera bari mu kibanza co hejuru bakaba barusha abantu kugira umutima w’ubutungane, bari bazi ivyariko biraba mw’ishengero. Yamara rero, “ku bw’icubahiro bafitiye Yehova” barekeye urubanza mu minwe y’Imana.—Abaheburayo 2:6, 7; Yuda 9.
17. Ukwizera kwawe kujamwo gute igihe utunganya ingorane wumva ko abakurambere bafisemwo amakosa?
17 N’igihe ikintu coba kidatunganywa nk’uko neza na neza cari gikwiye gutunganywa, ntidukwiye none kwizera Yezu Kirisitu bwa Mutwe muzima w’ishengero ry’Abakirisu? Ntazi none ibiriko birabera mw’ishengero ryiwe bwite rikwiye kw’isi yose? Ntidukwiye none kwubaha uburyo atunganya ibintu tukongera tukemera icese ubushobozi afise bwo gufata mu minwe ibintu? Mu vy’ukuri, ‘turi iki aho duhinyura mugenzacu?’ (Yakobo 4:12; 1 Ab’i Korinto 11:3; Ab’i Kolosayi 1:18) Ni kuki utozana imbere ya Yehova mu masengesho utura ibikuraje ishinga?
18, 19. Ushobora gukora iki igihe wumva umengo hari umukurambere yahuvye?
18 Kubera agasembwa umuntu afise, intambamyi canke ingorane zirashobora kuvyuka. Hashobora mbere gushika ibihe abakurambere bahuba, bigatuma bamwebamwe bagira umutima uhagaze. Ukwihutagiza kwacu mu bihe nk’ivyo ntikuzohindura iyo ngorane. Gushobora gusa gutuma iyo ngorane yunyuka. Abafise ubukerebutsi bwo mu vy’impwemu bazorindira ko Yehova agorora ibintu akongera agatanga indero yoba ikenewe, mu gihe no mu buryo wenyene ubwiwe yishingiye.—2 Timoteyo 3:16; Abaheburayo 12:7-11.
19 Tuvuge iki mu gihe wumva utuntujwe n’ikintu kinaka? Aho kubibwira abandi mw’ishengero, ni kuki utokwegera abakurambere n’icubahiro cinshi kugira ngo bagufashe? Ata kuba uwunegurana, nusigure ukuntu vyakubabaje. Nantaryo “[n]ubabarane” na bo, kandi ugumane icubahiro igihe ubaserurira akari ku mutima. (1 Petero 3:8) Ntukoreshe amajambo y’agacokoro mugabo niwizigire ko ari Abakirisu bahumuye mu vy’impwemu. Nukenguruke indemesho yose ishingiye ku Vyanditswe boguhana ubuntu. Kandi mu gihe vyogaragara ko hari izindi ngingo zijanye n’ivyo gukosora zikenewe, niwizigire yuko Yehova azorongora abakurambere kugira bakore ibintu vyiza kandi bigororotse.—Ab’i Galatiya 6:10; 2 Ab’i Tesalonike 3:13.
20. Tuja kwihweza iki mu kiganiro gikurikira?
20 Ariko rero, haracariho uwundi muce wo kurimbura ku biraba gutera iteka no kwubaha abafise ubukuru. Abashizwe mu bibanza vy’ubukuru, ntiboba bakwiye kwubaha abo bahawe kubungabunga? Nimuze twihweze ivyo mu kiganiro gikurikira.
Wokwishura Gute?
• Ni imvo nziza iyihe dufise yo gutera iteka abafise ubukuru?
• Yehova na Yezu babona gute abatubaha ubukuru bwatanzwe n’Imana?
• Ni uturorero twiza utuhe dufise tw’abateye iteka abahawe ubukuru?
• Dushobora gukora iki igihe uwudufiseko ubukuru asa n’uwahuvye?
[Ifoto ku rup. 8]
Sara yarubaha cane ubukuru bwa Aburahamu kandi yari ahiriwe
[Ifoto ku rup. 9]
Mikali yarananiwe kwubaha ubukuru bwa Dawidi nka Serugo akaba n’umwami
[Ifoto ku rup. 11]
“[Sinokwubahuka ku]bangurira ukuboko uwo Uhoraho yimikishije amavuta!”
[Ifoto ku rup. 12]
Ni kuki utozana imbere ya Yehova mu masengesho utura ibikuraje ishinga?