Yehova arakoraniriza hamwe umuryango wiwe
‘Ndabinginga ngo mugumye ubumwe bw’impwemu.’—EF. 4:1, 3.
WOBISIGURA GUTE?
Intumbero y’ubuyobozi bw’Imana ni iyihe?
Dushobora gute “kugumya ubumwe bw’impwemu”?
Ni igiki kizodufasha ‘kuba abanyabuntu kuri bagenzi bacu’?
1, 2. Ni umugambi uwuhe Yehova afitiye isi n’abantu?
IYO wumvise ijambo umuryango, uca ubona iki mu bwenge? Woba uca ubona igishika? Agahimbare? Gukorera hamwe kugira ngo mushike kw’ihangiro kanaka? Canke uca ubona ahantu hatagira inkomanzi umuntu akurira, akahigira ibintu akongera akahayagira n’abandi? Birashoboka ko ivyo bintu ari vyo uca ubona mu bwenge nimba uri mu muryango witwararikana. Yehova ubwiwe ni we umuryango ukomokako. (Ef. 3:14, 15) Yari afise umugambi w’uko ibiremwa vyiwe vyose vyo mw’ijuru no kw’isi bitekanirwa, bikizigirana kandi bikunga ubumwe nyakuri.
2 Aho abantu bamariye gucumura, ntibabaye bakiri mu bagize umuryango w’Imana wo kw’isi no mw’ijuru, mugabo umugambi wa Yehova ntiwaciye uhagarara. Azokwitwararika ivy’uko isi y’Iparadizo yuzura abantu bakomoka kuri Adamu na Eva. (Ita. 1:28; Yes. 45:18) Yarateguye ibintu vyose bikenewe kugira ngo ashitse uwo mugambi. Zimwezimwe muri izo ntunganyo tuzisanga mu gitabu ca Bibiliya c’Abanyefeso, ubumwe akaba ari wo mutwe-shimikiro waco. Nimuze twihweze imirongo imwimwe yo muri ico gitabu maze turabe ukuntu dushobora gukora duhuza n’umugambi wa Yehova wo gutuma ibiremwa vyiwe vyunga ubumwe.
UBUYOBOZI BE N’IGIKORWA CABWO
3. Ubuyobozi bw’Imana buvugwa mu Banyefeso 1:10 ni iki, kandi igice ca mbere cabwo catanguye ryari?
3 Musa yabwiye Abisirayeli ati: “Yehova Imana yacu ni Yehova umwe.” (Gus. 6:4) Ivyo Yehova akora birahuza n’umugambi wiwe. Gutyo, “ibihe vyashinzwe bimaze gukwira,” Imana yarashizeho “ubuyobozi,” ni ukuvuga intunganyo yotumye ibiremwa vyiwe vyose bifise ubwenge vyunga ubumwe. (Soma Abanyefeso 1:8-10.) Ubwo buyobozi buzoshitsa intumbero yabwo mu bice bibiri. Igice ca mbere gitegura ishengero ry’abarobanuwe kugira ngo bazobe mw’ijuru bayobowe na Yezu Kristu. Ico gice catanguye kuri Pentekoti yo mu 33 G.C., igihe Yehova yatangura gukoraniriza hamwe abofadikanije na Kristu kuganza mw’ijuru. (Ivyak. 2:1-4) Kubera ko abarobanuwe biswe abagororotsi ku bw’ubuzima hishimikijwe inkuka y’incungu ya Kristu, bariyemerera yuko bagizwe “abana b’Imana.”—Rom. 3:23, 24; 5:1; 8:15-17.
4, 5. Igice kigira kabiri c’ubuyobozi bw’Imana gikora iki?
4 Igice kigira kabiri gitegura abazoba mw’Iparadizo kw’isi bayobowe n’Ubwami bwa Kristu Mesiya. Iryo “sinzi rinini” rigize igice ca mbere c’uwo mugwi. (Ivyah. 7:9, 13-17; 21:1-5) Mu gihe ca ya Ngoma y’imyaka igihumbi, abandi bantu amamiliyaridi bazoba bazutse bazobiyungako. (Ivyah. 20:12, 13) Iyumvire ukuntu izuka rizotuma turonka utundi turyo two kwerekana ubumwe dufitaniye! Ya myaka igihumbi irangiye, “ivyo kw’isi” bizogeragezwa ubwa nyuma. Abazoguma ari abizigirwa bazogirwa “abana b’Imana” bo kw’isi.—Rom. 8:21; Ivyah. 20:7, 8.
5 Ivyo bice vyompi bijanye n’ubuyobozi bw’Imana biriko birategurwa muri iki gihe, baba abazoba mw’ijuru canke abazoba kw’isi. Mugabo ni gute umwumwe wese muri twebwe akora ahuza n’ubuyobozi bw’Imana muri iki gihe?
‘MUGUMYE UBUMWE BW’IMPWEMU’
6. Ivyanditswe vyerekana gute ko abakirisu bategerezwa gukoranira hamwe?
6 Ivyanditswe vyerekana yuko abakirisu bategerezwa gukoranira hamwe. (1 Kor. 14:23; Heb. 10:24, 25) Ivyo birimwo n’ibindi uretse gusa kumara umwanya turi ahantu hamwe, nk’uko bigirwa n’abaja kw’isoko canke mu kibuga c’inkino. Ubumwe nyakuri ntibugarukira aho. Dushikira mwene ubwo bumwe igihe dushira mu ngiro inyigisho Yehova atanga maze tukareka impwemu y’Imana ikatubumbabumba.
7. “Kugumya ubumwe bw’impwemu” bisaba iki?
7 Naho abo Yehova yarobanuye yabise abagororotsi bakaba abana biwe, abo mu zindi ntama na bo akabita abagororotsi bakaba abagenzi biwe yishimikije inkuka y’incungu ya Kristu, bizoza birashika habe ukutumvikana magingo turi kw’isi muri iki gihe. (Rom. 5:9; Yak. 2:23) Ahandiho ntivyari kuba ngombwa ko Ivyanditswe biduhanura kubandanya ‘kwihanganirana.’ Dushobora gute none kwunga ubumwe n’abo dusangiye ukwemera? Turakeneye gutsimbataza “ukwiyorosha kwo mu muzirikanyi be n’ubwitonzi bukwiye.” Vyongeye, Paulo aduhimiriza kwihatira n’ubwira “kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Soma Abanyefeso 4:1-3.) Gushira mu ngiro iyo mpanuro bisaba ko tureka impwemu y’Imana ikadukorerako maze ikama icamwa cayo muri twebwe. Ico camwa kirafasha gutorera umuti ukutumvikana kuvyuka hagati y’abantu, ivyo bikaba bitandukanye n’ibikorwa vy’umubiri, kubera ko vyovyo vyama bituma abantu bicamwo ibice.
8. Ni mu buryo ubuhe ibikorwa vy’umubiri bituma haba ukwicamwo ibice?
8 Raba ukuntu “ibikorwa vy’umubiri” bituma haba ukwicamwo ibice. (Soma Abagalatiya 5:19-21.) Ubusambanyi buratandukanya nyene kubukora na Yehova be n’ishengero, ukurenga ibigo kugatandukanya bimwe bibabaje abana n’abavyeyi, ababa bahemukiwe na bo kukabatandukanya n’abo bari bubakanye. Ubuhumane burahungabanya ubumwe umuntu afitaniye n’Imana be n’ubwo afitaniye n’abamukunda. Nimba waragerageje gufatanya ibintu bibiri ukoresheje uburembo, urazi yuko impande z’ivyo bintu ziba zigiye gufatanywa zitegerezwa kuba zisukuye imbere y’uko ivyo bintu bifatana neza. Gukora ivy’ubushirasoni birerekana ko umuntu asuzugura rwose amategeko y’Imana agororotse. Kimwekimwe cose muri birya bikorwa vy’umubiri bisigaye kiratandukanya abantu kikongera kikabatandukanya n’Imana. Inyifato nk’iyo irahushanye rwose na kamere ya Yehova.
9. Twokwisuzuma gute kugira ngo tumenye nimba turiko “[tur]ihatira n’ubwira kugumya ubumwe bw’impwemu”?
9 Umwe wese muri twebwe rero akwiye kwibaza ati: ‘Ndiko nihatira gute “kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe”? Ndavyifatamwo gute igihe hadutse ingorane? Noba ngenda ndabwira igiti n’inyoni ivyambabaje, nizigiye yuko nzoshigikirwa n’abagenzi benshi? Noba nitega ko abakurambere bantunganiriza iyo ngorane aho kugira utwigoro dukomeye kugira ngo nsubize hamwe n’uwo dufitaniye iyo ngorane? Noba nca kure abandi kugira ngo sindabibutse ikintu ico ari co cose dupfa, kumbure nkaraba neza yuko ata kintu na kimwe gisubira kuduhuza?’ Kubigenza gutyo vyoba vyokwerekana yuko turiko turakora duhuza n’umugambi Yehova afise wo gusubira gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu?
10, 11. (a) Kugiranira amahoro n’abavukanyi bacu bihambaye ukungana iki? (b) Ni ibiki bituma haba amahoro n’ugusagamba kwo mu vy’impwemu?
10 Yezu yavuze ati: “Nimba rero uzanye ishikanwa ryawe ku gicaniro hanyuma ukahibukira ko mwene wanyu hari ico apfa nawe, nuce usiga ishikanwa ryawe ng’aho imbere ya nya gicaniro, hanyuma ugende; nubanze wikiranure na mwene wanyu, maze niwagaruka, ubone gushikana ishikanwa ryawe. Niwikiranure ningoga.” (Mat. 5:23-25) Yakobo yanditse yuko “urubuto rw’icamwa c’ubugororotsi rubibwa mu mahoro ku bariko baremesha amahoro.” (Yak. 3:17, 18) Ntidushobora rero kuguma dufise inyifato igororotse mu gihe tudafitaniye amahoro n’abandi.
11 Tubitangire akarorero: Bivugwa yuko mu bihugu bimwebimwe vyasinzikajwe n’intambara, ibice 35 kw’ijana vy’ubutaka vyari gushobora kurimwa iyo abanyagihugu bataba batinya ko hariyo amamine. Igihe mine ituritse, abarimyi baraheba imirima yabo, ababa mu bigwati ntibaronke ubuzi bubafasha kuronka ibibabeshaho, ababa mu bisagara na bo ntibaronke ivyo bafungura. Muri ubwo buryo nyene, ntitubandanya gukura mu vy’impwemu mu gihe dufise utugeso twoshobora guhungabanya amahoro dufitaniye n’abavukanyi bacu. Mugabo twihutiye kubabarira abandi no kurondera ineza yabo, turatuma haba ibintu bivamwo ugusagamba nyakuri.
12. Abakurambere bashobora gute kudufasha kwunga ubumwe?
12 Vyongeye, “ingabirano z’abagabo” zirashobora gufasha cane mu gutuma haba ubumwe. Zatanzwe kugira ngo zidufashe “[gushikira] ubumwe mu kwizera.” (Ef. 4:8, 13) Igihe abakurambere bakoranye natwe mu murimo mweranda maze bakaduha impanuro zitegereka zishingiye kw’Ijambo ry’Imana, baba badufashije gutera imbere mu bijanye no kwambara wa muntu mushasha. (Ef. 4:22-24) Biciye ku mpanuro baguha, woba ubona ko Yehova ariko aragira utwigoro two kugutegura kugira ngo uzobe mw’isi nshasha izoba irongowe n’Umwana wiwe? Yemwe bakurambere, mwoba mugerageza kubogora abandi mufise iyo ntumbero nyene?—Gal. 6:1.
“MUBE ABANYABUNTU KURI BAGENZI BANYU”
13. Vyogenda gute hamwe tutokurikiza impanuro dusanga mu Banyefeso 4:25-32?
13 Mu Banyefeso 4:25-29 harerekana ingeso dukwiye kwirinda. Aho harimwo kuvuga ibinyoma, kuraka canke kuba ibinebwe no kuvuga amajambo aboze aho kuvuga amajambo meza kandi yubaka. Hamwe umuntu atokurikiza iyo mpanuro, yotuntuza impwemu y’Imana, kuko impwemu nyeranda ari inguvu ituma haba ubumwe. (Ef. 4:30) Gushira mu ngiro ivyo Paulo yanditse ubukurikira na vyo nyene birahambaye cane kugira habe amahoro n’ubumwe. Yagize ati: “Umururazi ubabaza wose, n’ishavu, n’uburake, n’ugukankama, n’ugutukana, bikurwe muri mwebwe, hamwe n’ububi bwose. Mugabo mube abanyabuntu kuri bagenzi banyu, mugire impuhwe z’ikibabarwe, mubabariranira ata gahigihigi nk’uko Imana na yo yabababariye ata gahigihigi biciye kuri Kristu.”—Ef. 4:31, 32.
14. (a) Amajambo ngo “mube abanyabuntu” ashaka kwerekana iki? (b) Ni igiki kizodufasha kuba abanyabuntu?
14 Amajambo ngo “mube abanyabuntu” ashaka kwerekana yuko n’imiburiburi ku rugero runaka twoshobora kuba tutari abanyabuntu be n’uko twoshobora kuba dukeneye kuryohora. Ese ukuntu bibereye ko twimenyereza gushira imbere inyiyumvo z’abandi! (Flp. 2:4) Dushobora kuba turiko turiyumvira kuvuga ikintu cotwenza abandi canke cokwerekana ko duciye ubwenge, mugabo none coba kiranga ubuntu? Gufata akanya tukazirikana ico kintu bizodufasha ‘kuba abanyabuntu.’
TWIGE GUKUNDANA NO KWUBAHANA MU MURYANGO
15. Ni umuce uwuhe ujanye n’ukuntu Kristu afata ishengero Paulo yariko arerekezako mu Banyefeso 5:28?
15 Ubucuti Kristu afitaniye n’ishengero Bibiliya ibugereranya n’ubwo umugabo afitaniye n’umugore wiwe. Ivyo bikwiye guca bidufasha gutahura yuko umugabo akwiye kuyobora umugore wiwe, akamukunda, akongera akamwitwararika be n’uko umugore akwiye kuyobokera umugabo wiwe. (Ef. 5:22-33) None igihe Paulo yandika ati: “Ukwo ni ko abagabo babwirizwa gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite,” yariko aravuga ko babwirizwa kubakunda mu buryo ubuhe? (Ef. 5:28) Amajambo yavuze imbere y’ayo yarerekanye uburyo “Kristu yakunze ishengero akaryigura, . . . [akaryuhagiza] amazi biciye kuri rya jambo.” Ku bw’ivyo, kugira ngo umugabo akore ahuza n’umugambi Yehova afise wo gusubira gukoraniriza hamwe ibintu vyose muri Kristu, ategerezwa kwitwararika ivyo kugaburira umuryango wiwe mu buryo bw’impwemu.
16. Igihe abavyeyi bashikije amabanga ashingiye ku Vyanditswe abega mu rugo, havamwo iki?
16 Abavyeyi barakwiye kwibuka ko bariko bararangura igikorwa bashinzwe na Yehova. Ikibabaje ni uko mw’isi ya kino gihe abantu benshi “batiyumvamwo ababo.” (2 Tim. 3:1, 3) Ba sebibondo benshi baranka kwitwararika amabanga abega, ivyo bigatuma abana babo bahabonera. Mugabo Paulo yahanuye ba sebibondo bakirisu ati: “Ntimutere ishavu abana banyu, ahubwo mubandanye kubarera mu kubatoza indero no mu kuyobora ivyiyumviro vyabo nk’uko Yehova yashinze.” (Ef. 6:4) Hari ahandi none abana batangurira kwigira gukunda no kwubaha ubukuru atari mu muryango? Abavyeyi bigisha ivyo vyigwa neza baba bariko barakora bahuza n’ubuyobozi bwa Yehova. Dutumye mu ngo zacu haba ahantu harangwa urukundo aho twiyambura ishavu n’uburake be n’ugutukana, tuba turiko turigisha abana bacu ivyigwa bihambaye bijanye no kugaragaza urukundo no kwubaha ubukuru. Ivyo bizobafasha kwitegurira kuba mw’isi nshasha y’Imana.
17. Dukeneye iki kugira ngo tunanire Shetani?
17 Turakeneye kwibuka yuko Shetani, umwe yatangura guhungabanya amahoro mw’isi no mw’ijuru, azorwanya yivuye inyuma utwigoro tugira two gukora ivyo Imana igomba. Nta gukeka ko Shetani aba akamiwe mu coze igihe abubakanye bahukanye, igihe umugabo n’umugore bapfuye kwibanira, be n’igihe abantu barenza uruho rw’amazi ku kwubakana kw’abasangiye igitsina. Ntitwigana inyifato tubona mu kibano ca kino gihe. Kristu ni we karorero kacu. (Ef. 4:17-21) Ni co gituma duhimirizwa “[kwambara] umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana” kugira ngo tunanire Shetani n’amadayimoni yiwe.—Soma Abanyefeso 6:10-13.
“MUBANDANYE KUGENDERA MU RUKUNDO”
18. Ni ikintu nyamukuru ikihe gituma twebwe abakirisu twunga ubumwe?
18 Ikintu nyamukuru gituma twebwe abakirisu twunga ubumwe ni urukundo. Kubera ko imitima yacu yuzuye urukundo dukunda ‘Umukama wacu umwe,’ urwo dukunda “Imana imwe” be n’urwo dukundana, twiyemeje “kugumya ubumwe bw’impwemu mu mugozi w’amahoro wunga ubumwe.” (Ef. 4:3-6) Yezu yasenze ku bijanye n’urwo rukundo ati: “Sinsabira aba bonyene, ahubwo nsabira n’abanyizera biciye kw’ijambo ryabo; kugira ngo bose babe umwe, nk’uko wewe, Data, wunze ubumwe nanje, nanje nkunga ubumwe nawe, ngo na bo nyene bunge ubumwe natwe . . . Kandi narabamenyesheje izina ryawe, kandi nzorimenyekanisha, kugira ngo urukundo wankunze rube muri bo nanje nunge ubumwe na bo.”—Yoh. 17:20, 21, 26.
19. Wiyemeje gukora iki?
19 Nimba turiko turanyinyana n’akageso kanaka kubera agasembwa, ese urukundo rwotuvyurira umutima wo gusenga nk’uko umwanditsi w’amazaburi yasenze ati: “Egeranya umutima wanje kugira ntinye izina ryawe.” (Zab. 86:11) Nimuze twiyemeze kunanira utwigoro Shetani agira two kudutandukanya na Data wa twese munyarukundo be n’abo ashima. Nitwihatire “[kwigana] Imana . . . nk’abana ikunda, kandi [t]ubandanye kugendera mu rukundo,” mu muryango, mu busuku turangura no mw’ishengero.—Ef. 5:1, 2.
[Ifoto ku rup. 29]
Arasiga ishikanwa ryiwe ahari igicaniro, akaja kwikiranura na mwene wabo
[Ifoto ku rup. 31]
Yemwe bavyeyi, nimwigishe abana banyu kwubaha