“Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana”
“Mwambare ibirwanishwa vyose vy’Imana, kugira ngo mushobore guhagarara mudatsinzwe n’ubugunge bga wa Murwanizi”.—ABANYEFESO 6:11.
1, 2. Mu majambo yawe bwite, dondora ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu abakirisu bakeneye kwambara.
UBUROMA bwari bufise ububasha bw’agaheta mu kinjana ca mbere G.C. Ugukomera kw’inteko z’Abaroma kwatumye ico gisagara gitwara igice kinini c’isi yari izwi ico gihe. Umutohozakahise umwe yadondoye izo ngabo ko ryari “ishirahamwe ry’ivya gisirikare ryakora neza kuruta ayandi yose muri kahise”. Igisoda cakanongoreye ca Roma cari kigizwe n’abasoda bari barigishijwe neza kugendera ku mategeko, bakaba baramenyerezwa bimwe bikomeye, mugabo ukuroranirwa kwabo bwa nteko zizi kurwana kwari guhagaze kandi ku birwanisho vyabo. Intumwa Paulo yakoresheje ibirwanisho vy’umusoda w’Umuroma kugira yerekane ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu abakirisu bakeneye kugira ngo barwanye Shetani bamutsinde.
2 Ukuntu ivyo birwanisho vyo mu buryo bw’impwemu vyadondowe tugusanga mu Banyefeso 6:14-17. Paulo yanditse ati: “Mushikame, mukenyeje ukuri, mwambaye ukugororoka nk’icuma gikīngīra igikiriza, mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibiteguza; kandi hamwe n’ivyo vyose mwābīre inkinzo y’ukwizera, ni yo muzoshoboza kuzimisha imyampi ya wa Mubi yose yaka umuriro. Mwābīre inkofero y’agakiza, bo n’inkota [y’im]pwemu, ni yo jambo ry’Imana”. Uwo mwambaro w’ibirwanisho Paulo yadondoye, tuwufashe mu buryo bw’umubiri, warakingira umusoda w’Umuroma mu buryo buhambaye. Yaritwaza kandi inkota, ikaba yari ikirwanisho ciwe nyamukuru yakoresha mu kurwana n’uwundi muntu.
3. Ni kubera iki dukwiye kugamburuka inyobozo za Yezu Kirisitu tukongera tugakurikira akarorero kiwe?
3 Turetse ibirwanisho be n’ukumenyerezwa, ugukomera kw’igisoda c’Abaroma kwari guhagaze ku kuba abasoda baragamburukira umugabisha wabo. Mu buryo nk’ubwo, abakirisu bategerezwa kugamburukira Yezu Kirisitu, uwo Bibiliya idondora ko ari “segaba w’amahanga” (Yesaya 55:4). Vyongeye, ni “umutwe w’ishengero” (Abanyefeso 5:23). Yezu araduha inyobozo zijanye n’indwano yacu yo mu vy’impwemu akongera agatanga akarorero katagira agahaze k’ingene twokwambara ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu (1 Petero 2:21). Kubera ko kamere nk’iza Kirisitu zifise ibintu vyinshi zihuriyeko n’umwambaro wacu w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, Ivyanditswe bitugira inama yo ‘kwitwaza nk’ibirwanisho’ umutima wa Kirisitu (1 Petero 4:1). Uko duca irya n’ino kimwekimwe cose mu birwanisho vyacu vyo mu buryo bw’impwemu, turaza rero gukoresha akarorero ka Yezu kugira ngo twerekane ukuntu ivyo birwanisho vy’impwemu bihambaye be n’ukuntu bikora neza.
Gukingira urukenyerero, igikiriza, n’ibirenge
4. Ni uruhara uruhe umukanda canke umukaba wagira mu birwanisho vy’umusoda, kandi ugereranya iki?
4 Gukenyeza ukuri. Mu bihe vya Bibiliya, abasoda barambara umukaba wagutse ukoze mu rushato, canke umukanda, waba ufise ubwaguke bw’isantimetero zitanu gushika kuri 15. Abahinduzi bamwebamwe batanga iciyumviro c’uko uwo murongo ukwiye gusomwa uku: “ukuri kubabere umukaba ubohewe mu rukenyerero”. Umukaba w’umusoda warafasha gukingira amafyigo yiwe, kandi wariko ahantu habereye ho gusobeka inkota. Igihe umusoda akenyeye, yaba ariko yitegurira urugamba. Paulo yakoresheje umukaba w’umusoda kugira ngo yerekane urugero ukuri kwo mu Vyanditswe gukwiye gushikanako mu kugira akosho ku buzima bwacu. Tubivuze mu buryo bw’ikigereranyo, uwo mukaba ukwiye kuba ubohewe cane kuri twebwe kugira ngo tubeho twisunga ukuri kandi dushobore kukuburanira igihe ico ari co cose (Zaburi 43:3; 1 Petero 3:15). Kugira ngo ivyo tubishikeko, turakeneye kwigana ubwira Bibiliya kandi tukazirikana ku biri muri yo. Yezu yari afise amabwirizwa y’Imana ‘mu mutima wiwe’ (Zaburi 40:8). Igihe abajijwe ibibazo n’abamurwanya, yaca yishura mu gusubiramwo ibivugwa mu Vyanditswe yari yarafashe ku mutwe.—Matayo 19:3-6; 22:23-32.
5. Sigura ingene impanuro yo mu Vyanditswe ishobora kudufasha mu bihe vy’ibigeragezo canke mu bihe vy’inyosha mbi.
5 Igihe turetse ukuri kwa Bibiliya kukatuyobora, kurashobora kuturinda ivyiyumviro bitari vyo kukongera kukadushoboza gufata ingingo ziranga ubukerebutsi. Mu bihe vy’inyosha mbi canke mu bihe vy’ibigeragezo, inyobozo zo muri Bibiliya zizokomeza umwiyemezo dufise wo gukora ibigororotse. Ni nk’aho tuzobona Umucishabwenge wacu Mukuru Yehova, kandi tuzokwumva ijambo riduturuka inyuma rivuga riti: “Iyi ni yo nzira, mube ari yo mujana”.—Yesaya 30:20, 21.
6. Ni kubera iki umutima wacu w’ikigereranyo ukeneye gukingirwa, kandi ni gute ukugororoka gushobora kuwurinda neza?
6 Kwambara ukugororoka nk’icuma gikingira igikiriza. Icuma gikingira igikiriza c’umusoda cakingira igihimba gihambaye ari co mutima. Umutima wacu w’ikigereranyo, ni ukuvuga umuntu turi imbere, urakeneye gukingirwa bimwe bidasanzwe kubera ko uhengamira ku kibi (Itanguriro 8:21). Dutegerezwa rero kwiga no gukunda ingingo mfatirwako zigororotse za Yehova (Zaburi 119:97, 105). Urukundo dukunda ubugororotsi rudushikana ku kwiyamiriza ivyiyumviro vyo mw’isi vyirengagiza canke bititura inyobozo zitomoye za Yehova. Vyongeye, igihe dukunda ibigororotse kandi tukanka ibibi, turirinda gukurikirana ingendo ishobora kwonona ubuzima bwacu (Zaburi 119:99-101; Amosi 5:15). Yezu ni intangakarorero muri ivyo, kubera ko Ivyanditswe bivuga ku bimwerekeye biti: “Wakunze ukugororoka, wanka ubugarariji”.—Abaheburayo 1:9a.
7. Ni kubera iki umusoda w’Umuroma yari akeneye ibirato bikomeye, kandi ivyo birato bigereranya iki?
7 Kwambara inkweto z’ivyo ubutumwa bwiza bw’amahoro bitwiteguza. Abasoda b’Abaroma bari bakeneye kwambara ibirato biramba canke amasandala akomeye, kubera ko igihe baba bari mu bikorwa vya gisirikare akenshi bagenda urugendo rw’ibirometero nka 30 n’amaguru ku musi ku musi, muri ico gihe nyene bakaba bambaye canke batwaye ibiro 27 vy’ibirwanisho n’ibikoresho. Birabereye rero kubona Paulo yakoresheje ibirato mu kugereranya umutima ukunze dufise wo kwamamaza ubutumwa bwiza bw’Ubwami ku muntu wese azokwumviriza. Ivyo birahambaye, kubera nakare abantu bomenya gute Yehova hamwe tutoba twiteguriye kwamamaza kandi ngo tube dufise umutima ukunze wo kubigira?—Abaroma 10:13-15.
8. Dushobora gute kwigana akarorero Yezu yatanze bwa mwamamaji w’inkuru nziza?
8 Igikorwa cari gihambaye kuruta ibindi vyose mu buzima bwa Yezu cari ikihe? Yabwiye Buramatari w’Umuroma Ponsiyo Pilato ati: ‘Naje mw’isi kugira ngo nshingire intahe ukuri’. Yezu yamamaza ahantu aho ari ho hose yasanga umuntu ashima kwumviriza, kandi yarakunda ubwo busuku bwiwe cane rwose gushika n’aho aburutisha ivyo yari akeneye vy’umubiri (Yohana 4:5-34; 18:37). Nka kumwe kwa Yezu, mu gihe dushashaye gutangaza inkuru nziza, tuzoronka uturyo twinshi two kuyibwira abandi. Vyongeye, kugira uruhara bimwe bishitse mu busuku bwacu bizodufasha kuguma dukomeye mu buryo bw’impwemu.—Ivyakozwe 18:5.
Inkinzo, inkofero, hamwe n’inkota
9. Inkinzo yagutse yakingira iki umusoda w’Umuroma?
9 Inkinzo yagutse y’ukwizera. Ijambo ry’ikigiriki ryahinduwe ngo “inkinzo [“yagutse”, NW]” ryerekeza ku nkinzo yari yagutse bihagije ku buryo yakingira igice kinini c’umubiri. Yokingiye umuntu ‘imyampi yaka umuriro’ ivugwa mu Banyefeso 6:16. Mu bihe vya Bibiliya, abasoda barakoresha imyampi yaba ikozwe mu marenga iriko utuntu dukoze mu cuma twashobora gusukwamwo ubwoko bw’ibitoro vyaka umuriro. Incabwenge imwe idondora mwene iyo myampi ko yari “kimwe mu birwanisho vyari bikaze mu ndwano za kera”. Mu gihe umusoda ataba afise inkinzo yagutse kugira ngo yikingire mwene iyo myampi, yarashobora gukomereka bimwe bibi canke mbere agapfa.
10, 11. (a) ‘Imyampi yaka umuriro’ ya Shetani ishobora guhungabanya ukwizera kwacu, ni iyihe? (b) Akarorero ka Yezu kerekana gute ukuntu ukwizera ari ikintu gihambaye mu bihe vy’ibigeragezo?
10 ‘Imyampi yaka umuriro’ Shetani akoresha kugira ngo ahungabanye ukwizera kwacu ni iyihe? Arashobora kuvyura uruhamo canke ukurwanywa mu muryango, ku kazi, canke kw’ishure. Icipfuzo co gutunga amatungo menshi kuruta be n’ugukwegwakwegwa n’ubushegabo na vyo nyene vyaragaragaye ko ari ishano mu vy’impwemu kuri bamwebamwe. Kugira ngo twikingire izo ngeramizi, “[hejuru ya] vyose [dutegerezwa kwabira] inkinzo [“yagutse”, NW] y’ukwizera”. Ukwizera kuva mu kwiga ivyerekeye Yehova, kwama tuganira na we mw’isengesho, no gutahura ingene adukingira akongera akaduhezagira.—Yosuwa 23:14; Luka 17:5; Abaroma 10:17.
11 Igihe Yezu yari kw’isi, yarerekanye ukuntu bihambaye kugira ukwizera gukomeye mu bihe bigoye. Yarizigira n’umutima wiwe wose ingingo Se wiwe yafata, kandi yarahimbarwa no gukora ivyo Imana igomba (Matayo 26:42, 53, 54; Yohana 6:38). N’igihe nyene yari afise intuntu nyinshi muri rya tongo ry’i Getsemane, Yezu yabwiye Se wiwe ati: “Ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba” (Matayo 26:39). Yezu ntiyigeze na rimwe yibagira ukuntu kuguma ari intadohoka no kunezereza Se wiwe vyari ibintu bihambaye (Imigani 27:11). Nitwaba twizigira Yehova muri ubwo buryo, ntituzoreka ngo ukutuvuga nabi canke ukuturwanya bitume ukwizera kwacu kugoyagoya. Ahubwo riho, ukwizera kwacu kuzokomera nitwiheka ku Mana, tukayikunda, kandi tukitondera amabwirizwa yayo (Zaburi 19:7-11; 1 Yohana 5:3). Nta nyungu yo mu vy’umubiri canke ukuryoherwa kw’akanya gato vyogereranywa n’imihezagiro Yehova abikiye abamukunda.—Imigani 10:22.
12. Ni igihimba ikihe c’umubiri wacu gihambaye inkofero yacu y’ikigereranyo ikingira, kandi ni kubera iki ugukingirwa nk’ukwo guhambaye?
12 Inkofero y’agakiza. Inkofero yakingira umutwe n’ubwonko vy’umusoda, ivyo na vyo bikaba ari vyo cicaro c’ubwenge. Icizigiro cacu ca gikirisu kigereranywa n’inkofero kubera ko gikingira ubwenge bwacu (1 Ab’i Tesalonike 5:8). Naho twagize imitima misha canke ubwenge bushasha biciye ku bumenyi ntagakosa bw’Ijambo ry’Imana, turacari abantu bagoyagoya kandi b’abanyagasembwa. Ubwenge bwacu burashobora kwononekara bitagoranye. Amahangiro aremeshwa n’uru runkwekwe rw’ibintu arashobora kudusamaza canke mbere agasubirira icizigiro cacu gitangwa n’Imana (Abaroma 7:18; 12:2). Mucokoranyi ntako atagize ngo ateshe umurongo Yezu mu kumwemerera “ubgami bgose bgo mw isi n’ubgiza bgabgo” (Matayo 4:8). Mugabo Yezu yaranse ashikamye ico kintu, Paulo na we avuga ku bimwerekeye ati: “Kubg’umunezero [Yezu] yashizwe imbere, yihanganiye [“igiti co kubabarizwako”, NW], ntiyagira ikindi isoni za[c]o, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana”.—Abaheburayo 12:2.
13. Dushobora gute kuguma twizigira ibizoba?
13 Ukwizigira nka kumwe Yezu yari afise si ikintu gipfa kwizana. Twujuje umuzirikanyi wacu indoto be n’amahangiro vy’uru runkwekwe rw’ibintu aho kugumiza umuzirikanyi wacu ku cizigiro kiri imbere, ukwizera dufise mu mihango Imana yatanze kuzorushiriza kugoyagoya. Mu nyuma, twoshobora mbere gutakaza icizigiro cacu buhere. Igihushanye n’ivyo, tuzirikanye ubudahorereza ku vyo Imana yasezeranye, tuzobandanya kunezererwa icizigiro twashizwe imbere.—Abaroma 12:12.
14, 15. (a) Inkota yacu y’ikigereranyo ni iki, kandi ishobora gukoreshwa gute? (b) Tanga akarorero k’ingene inkota y’impwemu ishobora kudufasha kunanira inyosha mbi.
14 Inkota y’impwemu. Ijambo ry’Imana, canke ubutumwa bwayo, ryanditswe muri Bibiliya rimeze nk’inkota ikarishe y’ubugi bubiri ishobora gutemagura ibinyoma vy’amadini ikongera igafasha abantu b’imitima igororotse kuronka umwidegemvyo wo mu vy’impwemu (Yohana 8:32; Abaheburayo 4:12). Iyo nkota yo mu buryo bw’impwemu irashobora kandi kudukingira igihe dutewe n’inyosha mbi canke ikadukingira abahakanyi bagerageza gusenyura ukwizera kwacu (2 ab’i Korinto 10:4, 5). Ese ukuntu dukura ubwatsi kubona ‘Ivyanditswe vyose vyarahumetswe n’Imana kandi bikaba bituronsa ibidukwiye vyose ngo dukore igikorwa ciza cose’!—2 Timoteyo 3:16, 17.
15 Igihe Yezu yageragezwa na Shetani mu bugaragwa, yarakoresheje neza inkota y’impwemu kugira ngo ahindure ubusa ivyiyumviro vy’ibinyoma be n’ibigeragezo biranga urwenge. Igihe cose Shetani yaba amwoheje, Yezu yishura ati: ‘Handitswe ngo’ (Matayo 4:1-11). Uwitwa David, akaba ari Icabona ca Yehova wo muri Esupanye, na we nyene yarabonye yuko Ivyanditswe vyamufashije gutsinda inyosha mbi. Igihe yari afise imyaka 19 y’amavuko, umwigeme umwe w’akaranga bakorana mw’ishirahamwe rijejwe isuku yamusavye yuko “bokwinezereza bari kumwe”. David yaranse ico kintu amusavye arongera asaba umuhagarikizi wiwe yuko yomurungika gukorera mu kandi karere kugira ngo ico kintu ntikize gisubire gushika. David yavuze ati: “Naributse ka karorero ka Yozefu. Yaranse kwisuka mu bushegabo kandi aca atungwa n’ayo yameze adatebaganye. Na jewe nagize nk’ukwo nyene”.—Itanguriro 39:10-12.
16. Sigura igituma dukeneye kwimenyereza kugira ngo ‘turamirize neza mw’ijambo ry’ukuri’.
16 Yezu yarakoresha kandi inkota y’impwemu kugira ngo afashe abandi kuva mu vyara vya Shetani. Yezu yavuze ati: “Izi nyigisho zanje s’izanje, n’iz’uwantumye” (Yohana 7:16). Kugira ngo twigane ukuntu Yezu yigisha abigiranye ubuhanga, turakeneye kwimenyereza. Ku vyerekeye abasoda b’Abaroma, umutohozakahise w’Umuyuda Josèphe yanditse ati: “Abasoda bose baragira imyimenyerezo ku musi ku musi, kandi ivyo bakabigirana ubwira bwinshi, nk’aho boba bari mu gihe c’intambara, ico kikaba ari co catuma bihanganira umuruho w’intambara bitabagoye na gato”. Mu ntambara yacu yo mu buryo bw’impwemu, turakeneye gukoresha Bibiliya. N’ikindi kandi, dutegerezwa ‘kwama tugira umwete wo kwiha Imana nk’abamaze kurama, abakozi batarinda guteterwa, baramiriza neza mw’ijambo ry’ukuri’ (2 Timoteyo 2:15). Vyongeye, urazi ukuntu dushira akanyota cane igihe dukoresha Ivyanditswe mu kwishura ikibazo kitarimwo uburyarya c’umuntu ashimishijwe!
Senga ibihe vyose
17, 18. (a) Ni uruhara uruhe isengesho rigira mu vyo kunanira Shetani? (b) Tanga akarorero kugira werekane agaciro k’isengesho.
17 Paulo amaze guca irya n’ino umwambaro wuzuye w’ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, arongerako iyindi mpanuro ihambaye. Kugira ngo abakirisu bananire Shetani, bakwiye kwungukira ku “buryo bgose bgo gusenga no kwinginga”. Kangahe? Paulo yanditse ati: “Musengere mu [m]pwemu ibihe vyose” (Abanyefeso 6:18). Igihe duhanganye n’inyosha mbi, ibigeragezo, canke ugucika intege, isengesho rirashobora kudukomeza cane rwose (Matayo 26:41). Yezu ‘yaringinze kandi arasenga cane iyashobora kumukiza urupfu, atakamba cane arira, kandi yarumviwe ku bwo kuyubaha kwiwe’.—Abaheburayo 5:7.
18 Uwitwa Milagros, akaba amaze imyaka 15 abungabunga umunega wiwe arwaye indwara idakira, avuga ati: “Iyo numvise ncitse intege, nditura Yehova mw’isengesho. Nta muntu n’umwe ashobora kumfasha kumurusha. Ego ni ko, birashika nkiyumvamwo yuko ntagishoboye kwihangana na gato. Mugabo incuro n’izindi, igihe naba maze gutura isengesho Yehova, naca niyumvamwo ko nsubiye kugira inkomezi nkongera nkiyumvamwo ko merewe neza kuruta”.
19, 20. Dukeneye iki kugira ngo dutahukane intsinzi mu ntambara turwana yo kurwanya Shetani?
19 Mucokoranyi arazi ko asigaranye igihe gito, ari co gituma arushiriza kugerageza kutwigarurira (Ivyahishuriwe 12:12,17). Dutegerezwa kunanira uwo mwansi w’umunyabushobozi kandi ‘tukarwana intambara nziza y’ukwizera (1 Timoteyo 6:12). Ivyo bisaba inkomezi zirengeye izisanzwe (2 Ab’i Korinto 4:7). Turakeneye kandi imfashanyo y’impwemu yera y’Imana, tukaba rero dukwiye gusenga tuyisaba. Yezu yavuze ati: “Mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha [im]pwemu [y]era aba[yi]musavye?”.—Luka 11:13.
20 Biratomoye ko bihambaye yuko twambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho Yehova atanga. Kwambara ivyo birwanisho bisaba yuko dutsimbataza kamere ziva ku Mana, nk’akarorero ukwizera hamwe n’ubugororotsi. Bisaba yuko dukunda ukuri nk’aho twoba tugukenyeye, ko tugira umutima ukunze wo kwamamaza inkuru nziza igihe cose akaryo kabonetse, be n’uko twamiza hafi mu muzirikanyi icizigiro kiri imbere. Dutegerezwa kwiga gukoreshanya ubuhanga inkota y’impwemu. Mu kwambara umwambaro ukwiye w’ibirwanisho biva ku Mana, turashobora kunesha canke gutahukana intsinzi mu kunyinyana kwacu n’ibinyabuzima vy’impwemu vy’ibibisha kandi tugashobora koko gutuma izina ryeranda rya Yehova rininahazwa.—Abaroma 8:37-39.
[Akajambo k’epfo]
a Mu buhanuzi bwa Yesaya, Yehova ubwiwe adondorwa ko yambaye “ukugororoka nk’icuma gikīngira igikiriza”. Gutyo, asaba yuko abacungezi b’ishengero bakurikiza ubutungane kandi bagakora mu buryo burangwa ukugororoka.—Yesaya 59:14, 15, 17.
Wokwishura gute?
• Ni nde atanga akarorero keza kuruta abandi bose mu vyo kwambara ibirwanisho vyo mu buryo bw’impwemu, kandi ni kubera iki dukwiye kurimbura akarorero kiwe twitonze?
• Dushobora gute gukingira ubwenge bwacu be n’umutima wacu w’ikigereranyo?
• Dushobora gucika abahanga gute mu vyo gukoresha inkota y’impwemu?
• Ni kubera iki dukwiye gushishikara gusenga ibihe vyose?
[Amafoto ku rup. 17]
Kwiyigisha Bibiliya tubigiranye ubwira birashobora kutuvyurira umutima wo gutangaza inkuru nziza igihe cose akaryo kabonetse
[Amafoto ku rup. 18]
Icizigiro cacu ntakekeranywa kiradufasha kwihanganira ibigeragezo
[Amafoto ku rup. 19]
Woba ukoresha ‘inkota y’impwemu’ mu busuku?