Nehemiya
9 Ku musi ugira 24 w’ukwo kwezi kugira indwi, Abisirayeli bakoranira hamwe barisonzesha. Bari bambaye amagunira, biyoreyeko n’umukungugu+. 2 Nuko abakomotse kuri Isirayeli bitandukanya n’abanyamahanga bose+, maze barahaguruka batura ibicumuro vyabo n’amakosa ba sekuruza bakoze+. 3 Hanyuma bahagarara aho nyene bari, bamara amasaha atatu* basoma n’ijwi ryumvikana mu gitabu c’amategeko+ ya Yehova Imana yabo. Bamara ayandi masaha atatu batura ibicumuro vyabo bongera bunamira Yehova Imana yabo.
4 Maze Yeshuwa, Bani, Kadumiyeli, Shebaniya, Buni, Sherebiya+, Bani na Kenani bahagarara ku kintu gitaramutse+ cubakiwe Abalewi, maze bashira ijwi hejuru batakambira Yehova Imana yabo. 5 Hanyuma Abalewi Yeshuwa, Kadumiyeli, Bani, Hashabuneya, Sherebiya, Hodiya, Shebaniya na Petahiya bavuga bati: «Nimuhaguruke mushemeze Yehova Imana yanyu gushika ibihe bidahera*+.» Bongerako bati: «Mana, nibashemeze izina ryawe rininahaye. Nta majambo tworonka yo kuritazira no kurishemeza.
6 Ni wewe Yehova wenyene+. Ni wewe waremye* ijuru iyo riva rikagera n’ingabo zose zo kw’ijuru*, isi n’ibiri kuri yo vyose, n’ibiyaga n’ibiri muri vyo vyose. Vyose ubizigamira ubuzima, kandi ingabo zo kw’ijuru zirakwunamira. 7 Uri Yehova Imana y’ukuri. Ni wewe watoye Aburamu+ umukura i Uri+ h’Abakaludaya maze umwita Aburahamu+. 8 Wabonye ko umutima wiwe utaguhemukira*+, uca ugirana na we isezerano ryo kumuha igihugu c’Abanyakanani, Abaheti, Abamori, Abaperizi, Abayebusi n’Abagirugashi, ukagiha n’uruvyaro* rwiwe+. Kandi warashikije ivyo wasezeranye, kubera ko ugororotse.
9 Warabonye amarushwa ya ba sogokuruza bacu mu Misiri+, wumva n’amaborogo yabo ku kiyaga Gitukura. 10 Waciye werekana ibimenyetso, ukora n’ibitangaro kugira uhane Farawo n’abasuku biwe bose n’abantu bose bo mu gihugu ciwe+, kuko wari uzi ko bagize ubwibone+ bagafata nabi abantu bawe. Warihesheje izina ryabaye rurangiranwa gushika n’uyu musi+. 11 Wasatuye ikiyaga imbere yabo ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+, maze abariko barabakurikira ubaterera ibwina nk’ibuye batereye mu mazi yasebuye+. 12 Ku murango wabayobora ukoresheje inkingi y’igicu, mw’ijoro na ho ugakoresha inkingi y’umuriro, kugira ngo ubamurikire mu nzira bakwiye gucamwo+. 13 Waramanutse uza ku musozi Sinayi+ uvugana na bo uri mw’ijuru+, uraheza ubaha ingingo zigororotse washinze, amategeko y’ukuri*, ivyagezwe vyiza n’amabwirizwa meza+. 14 Wabamenyesheje ivyerekeye isabato yawe nyeranda+ wongera ubaha amabwirizwa, ivyagezwe n’amategeko biciye ku musavyi wawe Musa. 15 Wabahaye umukate uvuye mw’ijuru igihe bari bashonje+, ukura n’amazi mu rutare igihe bari banyotewe+. Waciye ubabwira ngo baje kwigarurira igihugu wari wararahiye* ko uzobaha.
16 Ariko ba sogokuruza bacu bagize ubwibone+, baba intagondwa*+, ntibumviriza amabwirizwa yawe. 17 Baranse kwumva+, ntibibuka ibintu vy’agatangaza wabakoreye. Ahubwo bigize intagondwa*, bagena umukuru ngo bisubirire mu bushumba bahoramwo mu Misiri+. Mugabo wewe uri Imana yiteguriye kubabarira*, y’impuhwe* n’imbabazi, iteba gushavura kandi ifise urukundo* rwinshi+. Ni co gituma utabahevye+. 18 N’igihe bihingurira igishusho c’inyana* mu cuma, bakavuga bati: “Iyi ni yo Mana yawe yagukuye mu Misiri+”, bagakora ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye, 19 na ho nyene ntiwabahebeye mu bugaragwa kubera imbabazi zawe nyinshi+. Ntiwakuye hejuru yabo ya nkingi y’igicu yabayobora ku murango canke ya nkingi y’umuriro yabamurikira mw’ijoro mu nzira bakwiye gucamwo+. 20 Wabahaye impwemu yawe nziza kugira ngo baronke ubukerebutsi*+. Ntiwigeze ubima manu bafungura+, kandi warabahaye amazi igihe bari banyotewe+. 21 Wamaze imyaka 40 ubaronsa ibifungurwa mu bugaragwa+. Nta na kimwe babuze. Impuzu zabo ntizaheze+, n’ibirenge vyabo ntivyavyimvye.
22 Wabahaye akarere k’ubwami n’amahanga, urakagabagura+. Baraheza bigarurira igihugu ca Sihoni+, ni ukuvuga igihugu c’umwami wa Heshiboni+, n’igihugu ca Ogi+ umwami wa Bashani. 23 Watumye abana babo bagwira nk’inyenyeri zo kw’ijuru+. Maze ubazana mu gihugu wari warasezeraniye ba sekuruza babo yuko bocinjiyemwo bakacigarurira+. 24 Abana babo barinjiye rero muri ico gihugu baracigarurira+, maze ubafasha kunesha Abanyakanani+ baba muri co. Watumye batsinda abami babo n’abantu baho kugira ngo babagenze uko bashaka. 25 Barafashe ibisagara vyabo bikingijwe ibihome+ n’akarere kimbuka*+, bafata n’amazu yuzuye ibintu vyizavyiza vy’ubwoko bwose, ibinogo vy’amazi vyari bimaze kwimbwa, imirima y’imizabibu, imirima y’imyelayo+ n’ibiti vyinshi vyama ivyamwa. Maze bararya barahaga, baradoha, baridagadura mu bintu vyiza vyinshi wabahaye.
26 Ariko baragambaraye barakugarariza+, banka gukurikiza amategeko yawe*. Barishe abahanuzi warungika ngo bababurire, babafashe kukugarukako. Barakoze ibintu vyo kukugaya bimwe bikomeye+. 27 Ivyo vyatumye ureka abansi babo barabatsinda+, bakaguma babateza amagorwa+. Mugabo igihe baba bari mu magorwa, barakuririra maze nawe ukabumva uri mw’ijuru, ukarungika ababakiza abansi babo kubera imbabazi zawe nyinshi+.
28 Mugabo bakimara kuronka agahengwe, baca bongera gukora ivyo ubona ko ari bibi+, nawe ugaca ubakurako amaboko, abansi babo bakabaganza*+. Baraheza bakakugarukako bakagutabaza+, nawe ukabumva uri mw’ijuru maze ukabakiza incuro n’izindi kubera imbabazi zawe nyinshi+. 29 Naho wababurira kugira ngo basubire gukurikiza amategeko yawe, baragize ubwibone banka gukurikiza amabwirizwa yawe+. Baracumuye barenga ku vyagezwe wabahaye, kandi ivyo vyagezwe bituma umuntu abaho iyo abikurikije+. Babaye intagondwa bagutera ibitugu, bakomantaza amazosi, banka kwumva. 30 Warabihanganiye+ imyaka myinshi, uguma ubaburira biciye ku bahanuzi bawe bayoborwa n’impwemu yawe, mugabo banka kwumva. Amaherezo wararetse abantu bo mu bihugu bibanyi barabatsinda+. 31 Mugabo kubera imbabazi zawe nyinshi, ntiwabatikije+ canke ngo ubahebe, kuko uri Imana y’impuhwe* n’imbabazi+.
32 None rero Mana yacu, Mana ihambaye, ikomeye kandi iteye akoba, wewe washikije ivyo wasezeranye ukerekana n’urukundo rudahera*+, turagusavye ntiwirengagize amagume yose yadushikiye twe n’abami bacu, abatware bacu+, abaherezi bacu+, abahanuzi bacu+, ba sogokuruza bacu n’abantu bawe bose, kuva mu misi y’abami ba Ashuri+ gushika n’uyu musi. 33 Mu vyadushikiye vyose, ntiwigeze uturenganya kuko wagumye uri umwizigirwa. Ni twe twakoze ivy’ububisha+. 34 Nayo abami bacu, abatware bacu, abaherezi bacu na ba sogokuruza bacu, ntibakurikije amategeko yawe canke ngo bumvire* amabwirizwa yawe n’ivyo wabibutsa* ubaburira. 35 No ku ntwaro z’abami bacu, igihe bari bakinezererwa ibintu vyiza vyinshi wabahaye, bibereye mu gihugu cagutse kandi cimbuka* wabaronkeje, ntibagukoreye+ kandi ntibahevye ingeso zabo mbi. 36 Ehe uyu musi turi abashumba+. Turi abashumba mu gihugu wahaye ba sogokuruza bacu ngo barye umwimbu waco n’ibintu vyiza vyaco. 37 Umwimbu waco mwinshi uja ku bami wemeye ko batuganza kubera ibicumuro vyacu+. Twebwe* n’ibitungwa vyacu batuganza uko bishakiye, kandi turi mu magorwa menshi.
38 Kubera ivyo vyose rero, tugize isezerano ntabanduka+ rishizwe mu nyandiko kandi ryemejwe n’ikidodo c’abatware bacu, Abalewi bacu n’abaherezi bacu+.»