Yesaya
Niwarangiza guhonya uzohonywa+,
niwarangiza guhemuka uhemukirwe.
2 Ewe Yehova, tugirire ubuntu+!
Ni wewe twizigiye.
3 Abantu bakira kwumva urwamo bagahunga.
Uhagurutse amahanga arashwiragira+.
4 Ivyo mwanyaze bizokwegeranywa nka kurya inzige zitema zigatongora zegerana,
abantu babisimbireko nka kurya kw’ibitero vy’inzige.
5 Yehova azoshirwa hejuru,
kuko yibera iyo hejuru.
Emwe, azokwuzuza Siyoni ubutungane n’ubugororotsi.
6 Ni we atuma wiberaho utekanye.
Ubukiriro+ bukomeye, ubukerebutsi*, ubumenyi n’ugutinya Yehova+
ni ryo tunga ryiwe*.
7 Raba! Intwari zabo ziborogera mu mabarabara,
intumwa z’amahoro zikarira cane.
8 Amabarabara makuru asigaye agaragara,
mu mayira nta wukihaca.
9 Igihugu kiragandaye*, cakabiranye.
I Libani hariye ivyatsi+, haboze.
I Sharoni habaye nk’ubugaragwa.
I Bashani n’i Karumeli hariko harahungurura amababi yaho+.
11 Musama inda y’ivyatsi vyumye, mukavyara ibishakara.
Agatima kanyu kazobaturira nk’umuriro, kabamare+.
12 Amahanga azomera nk’iminyota y’ishwagara baturiye.
Bazotongozwa umuriro nka kurya kw’amahwa batemye+.
13 Nimwumve ico ngiye gukora, mwebwe abari kure.
Namwe abari hafi, nimwemere ubushobozi bwanje.
Bavuga bati: “Ni nde muri twebwe yoba ahantu hari umuriro utema ugatongora+?
Ni nde muri twebwe yoba mu mbeya zitazima?”
15 Hari umuntu yama agendera mu bugororotsi+,
akavuga ibigororotse+,
yamirira kure inyungu mbi n’amayeri,
amaboko yiwe akanka igiturire aho kucakira+,
yiziba amatwi ngo ntiyumve imigambi yo gusesa amaraso,
agahumiriza ngo ntabone ikibi.
16 Azokwibera iyo hejuru.
Ubuhungiro bwiwe butagira inkomanzi* buzoba ahantu h’urutare hagoye gushika.
Azoronswa ivyo arya
kandi ntazokwigera abura amazi+.»
17 Amaso yawe azokwibonera umwami mu bwiza bwiwe.
Azobona igihugu ca kure.
18 Mu mutima wawe uzokwibuka* ivyaguca ivutu,
wibwire uti: «Umunyamabanga ari hehe?
Uwuharura iminara ari hehe?»
19 Ntuzosubira kubona rya hanga ritisonera,
ihanga rivuga ururimi rugoye cane* gutahura,
ihanga rigigimiza mu kuvuga ku buryo udashobora gutegera+.
20 Itegereze Siyoni, ca gisagara tugiriramwo imisi mikuru+!
Amaso yawe azokwibonera Yeruzalemu nk’ahantu ho kuba hatagira inkomanzi,
ihema ritazokwimurwa+.
Imambo* zaryo ntizizokwigera zirandurwa,
kandi nta n’umwe mu migozi yaryo uzocibwa.
21 Mugabo igihe tuzoba turi aho hantu, Yehova wa wundi ahambaye,
azodukingira nka kurya inzuzi canke imigende y’amazi yagutse bikingira ahantu
ntihagire amato basoza ajayo,
canke amato* akomakomeye acayo.
22 Kuko Yehova ari we Mucamanza wacu+.
Yehova ni we adushingira amategeko+,
Yehova ni we Mwami wacu+.
Ni we azodukiza+.
23 Imigozi y’amato y’umwansi wawe* izorekera.
Inkingi y’ubwato ntizoguma ihagaze, eka n’igitambara cabwo ntikizosanzwa.
Ico gihe ibintu vyinshi vyasahuwe bizogabanganywa.
N’uwucumbagira azosahura vyinshi+.
24 Kandi nta wuhaba azovuga ngo: «Ndarwaye+.»
Abantu baba mu gihugu bazoba bahariwe ikosa ryabo+.