ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w00 1/8 rup. 21-26
  • Ubwibone Bushikana ku Guteterwa

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubwibone Bushikana ku Guteterwa
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Kora​—Umugarariji w’Umunyeshari
  • Nunanire ‘Agatima ko Kugira Ishari’
  • Abusalomu​—Ntambirakaje Ahahamira Ubukuru
  • Amirira Kure Uguhahamira Ubukuru Kuranga Ubwikunzi
  • Sauli​—Umwami Atihangana
  • Niwirinde Kuba Uwutihangana
  • Nugamburukire Ubukuru bw’Imana Udahemuka
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2002
  • Bagarariza Yehova
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Woba uzwi na Yehova?
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
  • “Kugamburuka kuruta ikimazi”
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2011
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2000
w00 1/8 rup. 21-26

Ubwibone Bushikana ku Guteterwa

“Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, arik’ubgenge bubana n’[“abifata ruto,” “NW”].”​—IMIGANI 11:2.

1, 2. Ubwibone ni iki, kandi ni mu buryo ki bwashikanye ku kaga?

UMULEWI w’umunyeshari ayobora umugwi w’abagararije abakuru bagenywe na Yehova. Umuganwa ahahamira ubukuru ategura umugambi utagororotse wo kwigarurira ingoma ya se wiwe. Umwami atihangana afata minenegwe amabwirizwa atomoye y’umuhanuzi w’Imana. Abo Bisirayeli uko ari batatu bari n’ico bahuriyeko: ubwibone.

2 Ubwibone ni kamere y’umutima ihanamiye cane abantu bose. (Zaburi 19:13) Umuntu w’ubwibone ararenga akarimbi ataco yinona atahawe uruhusha rwo kubigira. Kenshi na kenshi ivyo bishikana ku kaga. Kukaba nk’ako, ubwibone bwarasenyuye abami bwongera buratembagaza inganji nganzabami. (Yeremiya 50:29, 31, 32; Daniyeli 5:20) Bwaranabereye umutego abasavyi ba Yehova bamwebamwe maze bubashikana ku guhona kwabo.

3. Dushobora gute kumenya ivyerekeye ingeramizi z’ubwibone?

3 Bibiliya ivuga bikwiriye iti: “Ubgibone buje, ni ho haza gutētērwa, arik’ubgenge bubana n’[“abifata ruto,” NW].” (Imigani 11:2) Bibiliya iraduha uturorero twemeza ukuri kw’uwo mugani. Twihweje tumwetumwe muri two biraza kudufasha kubona ingeramizi yo kuza umuntu ararenga akarimbi. Kubera ico, nimuze turimbure ukuntu ishari, uguhahamira ubukuru, hamwe n’ukutihangana vyatumye abo bagabo batatu twavuze mu ntango bakora ibintu mu buryo buranga ubwibone, bikabashikana ku guteterwa.

Kora​—Umugarariji w’Umunyeshari

4. (a) Kora yari nde, kandi ni ibintu ibihe vy’intibagirwa mu vyabaye ategerezwa kuba yaragizemwo uruhara? (b) Mu myaka yiwe ya nyuma, yabaye inkwezi y’ikihe gikorwa c’iciro ry’umugani?

4 Kora yari Umulewi wo mu muryango wa Kohati, akaba muvyara wa Musa na Aroni. Biboneka yuko yamaze imyaka mirongo ari intahemuka kuri Yehova. Kora yaratewe agateka ko kuba mu barokotse ku gitangaro baciye mu Kiyaga Gitukura, kandi bisa n’uko yagize uruhara mu gushitsa urubanza Yehova yaciriye ba Bisirayeli basenze imasa ku Musozi Sinayi. (Kuvayo 32:26) Ariko rero, amaherezo Kora yacitse kizigenza w’akagwi k’abiyamiriza Musa na Aroni karimwo n’abo mu muryango wa Reyubeni ari bo Datani, Abiramu hamwe na Oni bari kumwe n’abakuru b’Abisirayeli 250.a Babwiye Musa na Aroni bati: “Ivyanyu biratunaniye! Ereg’ishengero ryose n’iryera, iyo bava bakagera, kand’Uhoraho ari muri bo: none n’iki gituma mwishira hejuru y’ikoraniro ry’Uhoraho?”​—Guharūra 16:1-3.

5, 6. (a) Kora yagararije Musa na Aroni kubera iki? (b) Ni kuki bishobora kuvugwa yuko Kora bisa n’uko yakengereye agaciro k’ikibanza ubwiwe yari afise mu ndinganizo y’Imana?

5 Ni kuki Kora yagararije haheze imyaka n’iyindi ari umwizigirwa? Nta mazinda ko Musa atatwaza umukazo Abisirayeli, kubera yari “umugwaneza kurusha abantu bose bo mw isi.” (Guharūra 12:3) Yamara, bisa n’uko Kora yagiriye ishari Musa na Aroni maze akagira inzika ku bw’igiti bafise, hanyuma ivyo bimushikana ku kuvuga​—ukutariko—​yuko bishize hejuru y’ishengero batavyemerewe kandi mu buryo buranga ubwikunzi.​—Zaburi 106:16.

6 Mu ngorane ya Kora bisa n’uko harimwo ivy’uko atakunda uduteka ubwiwe yari afise mu ndinganizo y’Imana. Ego ni ko, Abalewi bo mu muryango wa Kohati ntibari abaherezi, mugabo bari abigisha b’Ivyagezwe vy’Imana. Barajana kandi ibikoresho be n’inzavya vyo mw’ihema igihe ivyo vyategerezwa gutwarwa. Ico nticari igikorwa ataco kivuze, kubera inzavya zeranda zashobora gukorwako gusa n’abantu badahumanye mu vy’idini no mu vy’ukwigenza runtu. (Yesaya 52:11) Ni co gituma, igihe Musa yahangana na Kora, mu vy’ukuri yariko amubaza ati: Woba ubona igikorwa washinzwe nk’ikintu gisanzwe ku buryo utegerezwa kurondera n’ubuherezi? (Guharūra 16:9, 10) Kora yarananiwe gutahura yuko iteka rihambaye, ari ugukorera Yehova adahemuka akurikije indinganizo yiwe​—atari ugushikira ubukuru canke ikibanza kanaka kidasanzwe.​—Zaburi 84:10.

7. (a) Musa yavyifashemwo gute kuri Kora be n’abantu biwe? (b) Ubugarariji bwa Kora bwashikanye gute ku nsozero y’agatikizo?

7 Musa yasavye Kora n’abantu biwe gutororokanira kw’ihema ry’ibonaniro bukeye mu gitondo bafise ivyotero vyabo n’imibavu. Kora n’abantu biwe ntibarekurirwa kwosa imibavu, kubera batari abaherezi. Igihe boje bazanye ivyotero n’imibavu, ivyo vyokwerekanye mu buryo butomoye yuko abo bantu bari baciyumvamwo yuko bafise uburenganzira bwo gukora bwa baherezi​—n’inyuma y’aho bari bamaze ijoro ryose bazirikana kuri ico kintu. Igihe barenguka bukeye mu gitondo, Yehova yaragaragaje bikwiriye uburake bwiwe. Abo mu muryango wa Reyubeni bobo, ‘isi yarasamye irabamira.’ Abasigaye, ushizemwo Kora, bayigijwe n’umuriro uvuye ku Mana. (Gusubira mu Vyagezwe 11:6; Guharūra 16:16-35; 26:10) Ubwibone bwa Kora bwamushikanye ku guteterwa bimwe vy’agaheta, ni ukuvuga ukwankwa n’Imana!

Nunanire ‘Agatima ko Kugira Ishari’

8. ‘Agatima ko kugira ishari’ gashobora kwigaragaza gute mu Bakirisu?

8 Inkuru ya Kora ni imburizi kuri twebwe. Kubera ko ‘agatima ko kugira ishari’ kariho mu bantu b’abanyagasembwa, karashobora no kwigaragaza mw’ishengero ry’Abakirisu. (Yakobo 4:5, UB) Nk’akarorero, dushobora kuba abirukira ibibanza. Nka kumwe kwa Kora, tugashobora kugirira ishari abafise uduteka twipfuza. Canke dushobora kumera nk’Umukirisu wo mu kinjana ca mbere yitwa Diyotirefe. Yaranegura cane ubukuru bw’intumwa, bikaba biboneka ko ari ukubera yashaka gushingwa amabanga. Nkako, Yohani yanditse yuko Diyotirefe “akunda kwishira imbere.”​—3 Yohana 9.

9. (a) Ni inyifato iyihe dukeneye kwirinda ku biraba amabanga yo mw’ishengero? (b) Ni uburyo bubereye ubuhe bwo kubona ivyerekeye ikibanza dufise mu ndinganizo y’Imana?

9 Birumvikana ko atari bibi ku muntu w’Umukirisu kurondera gushikira amabanga yo mw’ishengero. Paulo yaranaremesheje ingendo nk’iyo. (1 Timoteyo 3:1) Ariko rero, ntidukwiye kwigera tubona uduteka tw’umurimo bwa bimenyetso vy’uko dukwiriye guterwa iteka, nk’aho tudushikiriye tuba tudugijwe igiti. Niwibuke yuko Yezu yavuze ati: “Ūgomba kuba mukuru muri mwebge az’abe umukozi wanyu.” (Matayo 20:26, 27) Birumvikana ko vyoba ari bibi tugiriye ishari abafise amabanga ahambaye kuruta, nk’uko umenga agaciro kacu ku Mana gahagaze ku “kibanza” dufise mw’ishirahamwe ryayo. Yezu yavuze ati: “Mwese mur’abavukana.” (Matayo 23:8) Egome, yaba umwamamaji canke umutsimvyi, yaba uherutse kubatizwa canke umaze igihe kirekire ari intadohoka​—abakorera Yehova bose n’ubugingo bwabo bwose barafise ikibanza c’agaciro mu ndinganizo yiwe. (Luka 10:27; 12:6, 7; Ab’i Galatiya 3:28; Abaheburayo 6:10) Ni umuhezagiro vy’ukuri gukorana dusenyera ku mugozi umwe n’amamiliyoni y’abantu bariko bagwa bavyuka kugira ngo bashire mu ngiro impanuro ya Bibiliya igira iti: “Mukenyere ukwicisha bugufi kugira ngo mukorerane.”​—1 Petero 5:5.

Abusalomu​—Ntambirakaje Ahahamira Ubukuru

10. Abusalomu yari nde, kandi yagerageje gute kwitonesha ku baza ku mwami kugira ngo abacire urubanza?

10 Ingendo y’ubuzima bw’umuhungu wa gatatu w’Umwami Dawidi, ari we Abusalomu, iratanga icigwa mu vy’uguhahamira ubukuru. Uwo ntambirakaje yakoresha urwenge mu kwitonesha ku baza ku mwami kugira ngo abacire urubanza. Ubwa mbere yavuze akikiriza yuko Dawidi yirengagiza ivyo bakeneye. Yararetse guhinyika maze aratura ico ashaka. Abusalomu yavuze ahibongoza ati: “Yemwe, iyaba naragizwe umucamanza w’iki gihugu, umuntu wese yogize imbūrano cank’aje kwitwara, akanshikīra, nomuciriye urubanza rwiza!” Politike y’uruyeri ya Abusalomu ntiyagira akarimbi. Bibiliya ivuga iti: “Iyo hagize ūmwunamira ngw’amuramutse, yarāmvura ukuboko akamufata akamugumbira. Uko ni ko Abusalomu yagenza Abisilayeli bose baza kwitwara ku mwami.” Ivyo none vyavuyemwo iki? “[Abusalomu] atwara imitima y’Abisilayeli.”

11. Abusalomu yagerageje gute kwigarurira ingoma ya Dawidi?

11 Abusalomu yari yiyemeje kwigarurira ubwami bwa se wiwe. Imyaka itanu imbere yaho, yaricishije umuhungu mukuru wa Dawidi Amunoni, bikaboneka ko yabigize ku bw’uguhora ifatwa ku nguvu rya mushikiwe ari we Tamari. (2 Samweli 13:28, 29) Ariko rero, n’ico gihe nyene Abusalomu ashobora kuba yari ashinze ijisho ingoma, akabona igandagurwa rya Amunoni nk’uburyo bubereye bw’ugukuraho umukeba.b Ukwo vyari biri kwose, igihe kibereye kimaze gushika, Abusalomu yarabigiyemwo. Yaratumye vyamamazwa mu gihugu cose ko yabaye umwami.​—2 Samweli 15:10.

12. Nusigure ukuntu ubwibone bwa Abusalomu bwashikanye ku guteterwa.

12 Mu gihe kinaka, Abusalomu yaratunganiwe, kubera ko “inama y’ubugarariji [yaguma i]komera, kukw abantu bāgenda bagwirirana kuri Abusalomu.” Mu nyuma, Umwami Dawidi yabwirijwe guhunga kugira ngo anyage amagara. (2 Samweli 15:12-17) Ariko rero bidatevye, ivyo Abusalomu yakurikirana vyarahagaze igihe yagandagurwa na Yowabu, akamushiburira mu rwobo hanyuma akamurundako amabuye. Iyumvire​—uwo mugabo ahahamira ubukuru yashaka kuba umwami, apfuye ntiyanahambwe mu rupfasoni!c Ubwibone mu vy’ukuri bwashikanye Abusalomu ku guteterwa.​—2 Samweli 18:9-17.

Amirira Kure Uguhahamira Ubukuru Kuranga Ubwikunzi

13. Agatima ko guhahamira ubukuru gashobora gute gushinga imizi mu mutima w’Umukirisu?

13 Ugushikira ububasha kwa Abusalomu be n’itemba ryiwe ryakurikiye ni icigwa kuri twebwe. Muri iyi si y’iki gihe ataco yibanga, ni ibisanzwe mu bantu kuryosharyosha abakuru babo, bagerageza kwikundwakaza kuri bo kugira gusa bibonekeze canke kumbure bironkere agateka kanaka canke baduzwe igiti. Muri ico gihe nyene, barashobora kuvuga amajambo yo kwihayagiza ku bo batwara, bizigiye ko babatonesha canke babashigikira. Tutabaye maso, mwene ako gatima ko guhahamira ubukuru karashobora gushinga imizi mu mutima wacu. Bisa n’uko ivyo vyashitse mu bantu bamwebamwe bo mu kinjana ca mbere, bica biba nkenerwa ko intumwa zitanga imburizi zikomeye z’ukwirinda mwene abo bantu.​—Ab’i Galatiya 4:17; 3 Yohana 9, 10.

14. Ni kuki dukwiye kwirinda agatima ko guhahamira ubukuru, ko kwishira hejuru?

14 Yehova mw’ishirahamwe ryiwe nta kibanza afise c’ab’imigabo mibi bigira abahambaye bakagerageza “kwironderera icubahiro.” (Imigani 25:27) Ni co gituma Bibiliya ibura iti: “Uhoraho azokūrah’iminwa yose ihemana, n’ururimi rwihayagiza.” (Zaburi 12:3) Abusalomu yari afise akarimi gasosa. Yavuga ibintu vy’ukuryosharyosha abo yashaka kwitoneshako​—ivyo vyose akabigira kugira ashikire ikibanza yanohokera c’ubukuru. Ese ukuntu tweho duhezagiwe kuba hagati y’umuryango w’abavukanyi bakurikira impanuro ya Paulo igira iti: “Ntimugire ico mukora kubgo gukēbana cank’ukwifata uko mutari, ariko mwicishije bugufi, umuntu wese yiyumvire yuko mugenziwe amuruta.”​—Ab’i Filipi 2:3.

Sauli​—Umwami Atihangana

15. Sauli igihe kimwe yagaragaje gute ko yicisha bugufi?

15 Igihe kimwe Sauli, uwahavuye acika umwami wa Isirayeli yaricisha bugufi. Rimbura nk’akarorero ivyashitse mu myaka y’ubuto bwiwe. Igihe Umuhanuzi w’Imana Samweli yamuvuga neza, Sauli yishuye n’ukwicisha bugufi ati: “Mbega sind’Umubenyamini, ari wo muryango mutoya hanyuma y’iyindi yo mu Bisirayeli? Kand’inzu yacu si yo ntoya hanyuma y’ayandi mazu yose yo mu Babenyamini? None n’iki gitumye umbarira ben’ivyo?”​—1 Samweli 9:21.

16. Ni mu buryo ki Sauli yagaragaje inyifato yo kutihangana?

16 Ariko rero, mu nyuma ukwicisha bugufi kwa Sauli kwaranyitse. Igihe yari mu ntambara n’Abafilisitiya, yaragiye i Gilugali, aho yari yiteze kurindirira Samweli kugira atakambire Imana akoresheje ibimazi. Igihe Samweli atashika ku gihe yashinze, Sauli yagize ubwibone arenga akarimbi, yiyosereza ikimazi. Ubwo nyene ahejeje, Samweli yararengutse. Samweli yabajije ati: “Ivyo wakoze n’ibiki?” Sauli yishura ati: “Erega nabonye abantu biyonjoroye bāntaye, kandi nawe nyene utaje muri ya ndagano . . . Ni kwo gupfa guhāngāra, nosa ikimazi.”​—1 Samweli 13:8-12.

17. (a) Umuntu akivyumva, ni kuki ashobora kubona ko ivyo Sauli yakoze bisa n’ivyumvikana? (b) Ni kuki Yehova yahanye Sauli ku bw’ico yakoze kiranga ukutihangana?

17 Ukivyumva, ubona ko ivyo Sauli yakoze bishobora gusa n’ivyumvikana. Nakare, abantu b’Imana bari “babuze epfo na ruguru,” “bāri mu karindiro,” kandi bajugumira kubera bihebuye. (1 Samweli 13:6, 7) Nta nkeka, kwibwiriza si bibi mu gihe bikenewe.d Ariko rero, niwibuke yuko Yehova ashobora gusoma imitima agatahura imvo ibidutumye. (1 Samweli 16:7) Kubera ico, ategerezwa kuba yarabonye ibintu bimwebimwe vyerekeye Sauli bitavugwa mu buryo butomoye mu nkuru ya Bibiliya. Nk’akarorero, Yehova ashobora kuba yarabonye yuko ukutihangana kwa Sauli kwavyuwe n’ubwishime. Kumbure Sauli ashobora kuba yarashavuye cane ku buryo we​—umwami wa Isirayeli yose—​yabwirizwa kurindira umuntu yabona ko ari umuhanuzi yisaziye, arekera ibintu mu nzira! Uko vyari biri kwose, Sauli yumva yuko uguteba kwa Samweli kumuhaye uburengazira bwo kwifatira ibintu mu minwe no gufata ninenegwe amabwirizwa atomoye yari yahawe. Vyavuyemwo iki? Samweli ntiyashimye ukwibwiriza kwa Sauli. Ahubwo, yarahanye Sauli, mu kuvuga ati: “Ubgami bgawe ntibuzohangama . . . kuk’utumviye ic’Uhoraho yakugeze.” (1 Samweli 13:13, 14) N’iki gihe nyene, ubwibone bwashikanye ku guteterwa.

Niwirinde Kuba Uwutihangana

18, 19. (a) Dondora ukuntu ukutihangana gushobora gutuma amusavyi w’Imana w’iki gihe akorana ubwibone. (b) Dukwiye kwibuka iki ku vyerekeye ukuntu ishengero ry’Abakirisu rikora?

18 Inkuru y’igikorwa c’ubwibone ca Sauli yanditswe mw’Ijambo ry’Imana ku bw’ineza yacu. (1 Ab’i Korinto 10:11) Biroroshe kuri twebwe kurambirwa n’udusembwa tw’abavukanyi bacu. Nka kumwe kwa Sauli, turashobora kuba abatihangana, twiyumvira yuko niba dushaka ko ibintu bitunganywa mu buryo bubereye dutegerezwa kuvyifatira mu minwe. Ibaze nk’akarorero ko hari umuvukanyi ahebuje mu buhanga bwo kwungunganya ibintu. Yama akora ibintu vy’ishengero ku gihe, mu buryo bugezweko, kandi akaba afise ingabirano mu gushikiriza insiguro no mu kwigisha. Muri ico gihe nyene, yiyumvamwo ko abandi badashitsa utuntu dutoduto twose abona ko dukwiriye, be n’uko badashoboye na gato gukora ibintu nk’uko yobishima. Ivyo vyoba bimuha uburenganzira bwo kutagaragaza ukwihangana? Yoba akwiye kunebagura abavukanyi biwe, kumbure ahinyikiriza yuko iyo bitava ku twigoro twiwe ata na kimwe cokozwe kandi ko ishengero ryohungabanye? Ubwo bwoba ari ubwibone!

19 Mu vy’ukuri, ni igiki gituma ishengero ry’Abakirisu ridasabagira? Ni ubuhanga mu vy’ugutunganya ibintu? ugukora neza? ubumenyi bugera kure? Ntawohakana, ivyo bintu ni ngirakamaro kugira ngo ishengero rikore neza. (1 Ab’i Korinto 14:40; Ab’i Filipi 3:16; 2 Petero 3:18) Ariko rero, Yezu yavuze yuko abayoboke biwe ubwa mbere na mbere boranzwe n’urukundo rwabo. (Yohana 13:35) Ni co gituma abakurambere bitwararika, naho boba ari abanyarutonde, baratahura yuko ishengero atari urudandaza rukeneye guhagarikirwa mu buryo bunaniza, ahubwo ko rigizwe n’umukuku ukeneye kwitwararikanwa ikibabarwe. (Yesaya 32:1, 2; 40:11) Ugufata minenegwe n’ubwibone n’akantu ingingo ngenderwako nk’izo kenshi na kenshi bivamwo imitongano. Urutonde ruranga ukuyobokera Imana rworwo ruzana amahoro.​—1 Ab’i Korinto 14:33; Ab’i Galatiya 6:16.

20. Ni ibiki bija kwihwezwa mu kiganiro gikurikira?

20 Inkuru zo muri Bibiliya zerekeye Kora, Abusalomu, hamwe na Sauli zirerekana mu buryo butomoye yuko ubwibone bushikana ku guteterwa, nk’uko bivugwa mu Migani 11:2. Ariko rero, uwo murongo nyene wa Bibiliya wongerako uti: “Ubgenge bubana n’[“abifata ruto,” NW].” Ukwifata ruto ni iki? Ni uturorero utuhe two muri Bibiliya dushobora gufasha guhishura iyo kamere, kandi ni gute dushobora kugaragaza ukwifata ruto muri iki gihe? Ivyo bibazo biraja kwihwezwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Kubera Reyubeni yari imfura ya Yakobo, abamukomokako bigaruriwe na Kora kugira ngo bagararize, bashobora kuba bagize inzika yuko Musa, uwakomoka kuri Lewi, abafiseko ubukuru mu vy’ugutwara.

b Kileyabu, umuhungu agira kabiri wa Dawidi, ntiyasubiriye kuvugwa inyuma y’ivuka ryiwe. Kumbure ashobora kuba yapfuye imbere y’ukugarariza kwa Abusalomu.

c Mu bihe vya Bibiliya, ifubwa ry’ikiziga c’umuntu yapfuye cari igikorwa gihambaye cane. Ni co gituma ukudahambwa ryari ibara kandi kenshi na kenshi cari ikimenyamenya c’ukutemerwa n’Imana.​—Yeremiya 25:32, 33.

d Nk’akarorero, Finehasi yarahagurutse kugira ahagarike ikiza cahitanye ibihumbi mirongo vy’Abisirayeli, na Dawidi yararemesheje abantu biwe bagira bicwe n’ikigoyi gusangira na we imitsima y’ibiterekerwa mu “nzu y’Imana.” Muri izo ngendo zose nta n’imwe Imana yiyamirije ngo ni iy’ubwibone.​—Matayo 12:2-4; Guharūra 25:7-9; 1 Samweli 21:1-6.

Woba Uvyibuka?

• Ubwibone ni iki?

• Ni gute ishari ryatumye Kora akora mu buryo buranga ubwibone?

• Twigira iki ku nkuru ya Abusalomu yahahamira ubukuru?

• Dushobora gute kwirinda agatima ko kutihangana kagaragajwe na Sauli?

[Ifoto ku rup. 24]

Sauli yacitse uwutihangana aca akora mu buryo buranga ubwibone

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika