ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
Itangazo
Ururimi rushasha: Betsileo
  • Uno musi

Ku wa mbere, 27 Gitugutu

Abagabo bakwiye gukunda abagore babo nk’imibiri yabo bwite.—Ef. 5:28.

Yehova yiteze ko umugabo akunda umugore wiwe kandi akamuronsa ivyo akeneye mu vy’impwemu, mu vy’umubiri, akamubera n’umugenzi ashika. Gutsimbataza ubushobozi bwo kwiyumvira, kwubaha ab’igitsina-gore no kuba umwizigirwa, bizogufasha kuba umunega mwiza. Umaze kwubaka urwawe, hari aho wohitamwo kuvyara. Ni ibiki wokwigira kuri Yehova mu bijanye no kuba sebibondo mwiza? (Ef. 6:4) Yehova yarabwiye Umwana wiwe Yezu ko amukunda be n’uko amushima, kandi abivugira ku mugaragaro. (Mat. 3:17) Niwaronka abana, uritwararika kwama ubasubiriza umutima mu nda yuko ubakunda. Urama ubakeza ku bintu vyiza bakora. Ba sebibondo bigana Yehova barafasha abana babo kugira bazobe abagabo n’abagore bahumuye. Urashobora gutangura kwitegurira iryo banga mu kwitwararikana urukundo abo mu muryango wawe n’abo mw’ishengero. Wobigira kandi mu kubabwira ko ubakunda be n’uko ubashima.—Yoh. 15:9. w23.12 29 ing. 17-18

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa kabiri, 28 Gitugutu

[Yehova] ni we atuma wiberaho utekanye.—Yes. 33:6.

Naho turi abasavyi ba Yehova b’abizigirwa, na twebwe turashikirwa n’ingorane tukongera tukarwara cokimwe n’abandi bantu. Biranashika abatatwerekwa bakaturwanya canke bakaduhama. Naho Yehova atadukingira izo ngorane zose, aradusezeranira kudufasha. (Yes. 41:10) Aradufasha kugumana umunezero, gufata ingingo nziza no kuguma turi intahemuka naho twoshikirwa n’ibintu bikomeye gute. Yehova adusezeranira kuduha ico Bibiliya yita «amahoro y’Imana.» (Flp. 4:​6, 7) Ayo mahoro, ni ugutekana tugira mu mutima kubera ubucuti bwiza tuba dufitaniye na we. Ayo mahoro «a[ra]rengeye ugutahura kwose.» Nta co twoyagereranya. Vyoba birashika ugatakambira Yehova maze ugaca wumva uratekanye ku buryo nawe bigutangaza? Ico nyene ni co citwa «amahoro y’Imana.» w24.01 20 ing. 2; 21 ing. 4

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025

Ku wa gatatu, 29 Gitugutu

Ngira nshemeze Yehova. Ngira nshemeze izina ryiwe ryeranda n’umutima wanje wose.—Zab. 103:1.

Urukundo abasavyi b’Imana bayikunda, ni rwo rutuma bashemeza izina ryayo n’umutima wabo wose. Umwami Dawidi yaratahura ko gushemeza izina rya Yehova ari ugushemeza Yehova ubwiwe. Izina rya Yehova rero rirafitaniye isano n’ukuntu ameze, ni ukuvuga kamere ziwe nziza be n’ibikorwa vyiwe vy’agatangaza. Dawidi yipfuza kudasiga iceyi izina ryeranda ry’uwo Muvyeyi wiwe no kurishemeza. Yashaka kurishemeza “n’umutima wiwe wose.” Abalewi na bo nyene barafata iya mbere mu gushemeza Yehova. Bariyemereye bicishije bugufi yuko ata majambo abereye bokwigera baronka yoshemeza izina ryeranda rya Yehova. (Neh. 9:5) Nta gukeka ko Yehova yanezerejwe no kubona bamushemeza bicishije bugufi kandi babikuye ku mutima. w24.02 9 ing. 6

Twihweze Ivyanditswe ku musi ku musi—2025
Kaze!
Iki ni igikoresho c'ubushakashatsi kirimwo ibitabu vyo mu ndimi zitandukanye vyasohowe n'Ivyabona vya Yehova.
Ushaka kuvoma ibitabu, nuje kuri jw.org.
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika