Yohani wa mbere
4 Bavukanyi nkunda, ntimwemere ijambo ryose ryahumetswe*+, ahubwo nimusuzume amajambo yose yahumetswe* kugira mumenye ko ava ku Mana+, kuko abahanuzi b’ikinyoma benshi badutse mw’isi+.
2 Ng’iki ikizobereka ko ijambo ryahumetswe riva ku Mana: ijambo ryose ryahumetswe ryemera ko Yezu Kristu yaje afise umubiri, riba riva ku Mana+. 3 Mugabo ijambo ryose ryahumetswe ritemera icese Yezu, ntiriba riva ku Mana+. Iryo riba ari ijambo ryahumetswe na antikristu, uwo mwumvise ko ariko araza+, ubu rikaba rimaze gushika mw’isi+.
4 Bane banje, mwebwe mukomoka ku Mana kandi mwaratsinze abo bahanuzi b’ikinyoma+, kuko uwunze ubumwe namwe+ aruta uwunze ubumwe n’isi+. 5 Bobo bakomoka mw’isi+. Ni co gituma bavuga ivyiyumviro vy’isi, kandi isi irabumviriza+. 6 Twebwe dukomoka ku Mana. Uwuzi Imana aratwumviriza+, ariko uwudakomoka ku Mana ntatwumviriza+. Ukwo ni ko dutandukanya ijambo ryahumetswe ry’ukuri n’ijambo ryahumetswe ry’ikinyoma+.
7 Bavukanyi nkunda, tubandanye gukundana+ kuko urukundo ruva ku Mana, kandi umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arazi Imana+. 8 Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ari urukundo+. 9 Uku ni ko Imana yatweretse ko idukunda: yararungitse Umwana wayo w’ikinege+ kw’isi kugira turonke ubuzima biciye kuri we+. 10 Aha rero ni ho urukundo ruhagaze: si uko twakunze Imana, ahubwo ni uko yadukunze maze ikarungika Umwana wayo kugira abe ikimazi+ c’ibicumuro vyacu+ gituma dusubiza hamwe na yo*.
11 Bavukanyi nkunda, ko Imana yadukunze gutyo, na twebwe rero tubwirizwa gukundana+. 12 Nta muntu n’umwe yigeze kubona Imana+. Tubandanije gukundana, Imana igumana natwe, kandi urukundo rwayo ruca ruba urutagira akanenge muri twebwe+. 13 Iki ni co kitwereka ko tuguma twunze ubumwe n’Imana, na yo ikaguma yunze ubumwe natwe: ni uko yaduhaye impwemu yayo. 14 Vyongeye, twariboneye ko Data yarungitse Umwana wiwe ngo abe umukiza w’isi, kandi turabishingira intahe+. 15 Uwemera ko Yezu ari Umwana w’Imana+, Imana iguma yunze ubumwe na we, na we akaguma yunze ubumwe n’Imana+. 16 Twaramenye twongera turizera ko Imana idukunda+.
Imana ni urukundo+, kandi uwuguma yerekana urukundo aguma yunze ubumwe n’Imana, Imana na yo ikaguma yunze ubumwe na we+. 17 Ukwo ni ko urukundo rwagizwe urutagira akanenge muri twebwe, kugira tuze tuvugane umwidegemvyo*+ ku musi w’urubanza, kuko uko ameze* ari ko na twebwe tumeze muri ino si. 18 Nta bwoba buri mu rukundo+, ahubwo urukundo rutagira akanenge rurirukana ubwoba, kuko ubwoba budutangira. Mu vy’ukuri, uwufise ubwoba ntaba aragirwa uwutagira akanenge mu rukundo+. 19 Twebwe turakunda, kuko ari yo yabanje kudukunda+.
20 Iyo umuntu avuze ngo «Ndakunda Imana», mugabo akanka mwenewabo, aba ari umubeshi+. Kuko uwudakunda mwenewabo+ yabonye adashobora gukunda Imana atabonye+. 21 Iri ni ryo bwirizwa yaduhaye: uwukunda Imana ategerezwa no gukunda mwenewabo+.